Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakunzi Mico Yagaragaye,
Ni muze dukoranire hamwe hanyuma duce twumviriza Ubutumwa bwavuzwe igenekerezo rya 29 kumugoroba, ukwezi kwa Kigarama umwaka w’1963: Hindukiriza Amaso kuri Yesu. Isaha zitandatu kw’isaha ya Jeffersonville ( akaba ari isaha cumi na zibiri z’umugoroba kw’isaha yo mu Burundi).
MweneData Joseph Branham
Ivyanditswe vyo gusoma mu kwitegurira kwumviriza Ubutumwa:
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Vyiyumvire gusa, Ya Mana, Yaremye ibintu vyose Ikabishira mu rutonde, Yaramanutse maze Yiha umubiri muri twebwe, kugira ngo Iducungure. Kandi rero Yotwubahirije cane n’ukuba ng’aha kwaYo kw’icubahiro, ku buryo Yobaye ng’aha kuri iyi si y’ikinyavyaha mu minsi ya nyuma, kandi Yemeje ko Ijambo ryaYo ari Ryo, kuko Yari Ifise inshingano kuri Iryo Jambo.
Mpwemu Yera Yagize Rizima Iryo Jambo kuri twebwe. Ryacitse Rizima. Kubw’ukwizera turabibona. Turazi yuko ariko biri, kuko Ijambo ari ko Ryavuze, kandi Mpwemu Yagize Rizima Iryo Jambo kuri twebwe. Ubu twagizwe umwe n’Ijambo ry’Imana Ryagaragaye mu mubiri, neza nk’uko umuhanuzi yavuze ko Ryobaye.
Uwizera araRyizera, yizera (iki?) Ijambo. Si nemera; Ijambo ! Si idini; Ijambo! Si ico umuntu munaka wundi avuga; ico Ijambo Rivuga! Rero, mwibuke, uwo ni uwizera. Uwizera ntabaza ibibazo. Uwizera ntavuga ati, “Bishoboka gute? Iyo mba nshobora kuRironka Risiguwe!” Uwo ni uwutizera. Uh-huh. Ni uwizera, yuko, uko Rimeze kwose, “Namba ari Ijambo, Ni Ijambo! Uko ni Ukuri.”
Umuntu wese ari ng’aha, hano, umuntu wese yumviriza iyi bande; kandi naho umunsi umwe ntegerezwa kuva muri iyi si, aya mabande azoguma ariho. Ivyo ni vyo. Murabona ? Kandi uri muri umwe muri iyi migwi. Utegerezwa kuba muri umwe muri yo.
Tubayeho mu minsi ya nyuma kandi utegerezwa kuraba ku buzima bwawe kandi ukaraba mugwi w’abantu urimwo uwo ari wo. Mbega uvuga uti, “Ndizera ko Imana Yarungitse umuhanuzi yagaragajwe n’Inkingi y’Umuriro?” Yatubwiye kwizera Ijambo Ryose. Kuvuga NEZA NA NEZA ibiri ku mabande no kudahindura Ijambo na Rimwe. Tuzocirwa urubanza n’ivyo YAVUZE, atari ivyo umuntu munaka yavuze ko yavuze, canke ico umuntu munaka avuga ko yashatse kuvuga, ariko n’ivyo amabande avuga.
Canke, ugiye kujana na Kora na Datani, kandi bo bavuga bati, “Si we muntu yera wenyene. Abandi bantu bahamagariwe gukora ibi bintu yakoze. Mushimikira cane rwose ku muhanuzi w’Imana. Mpwemu Yera Araturongora ubu. Iki ni igihe gitandukanye”.
Raba, muri muri umwe muri iyo migwi. Uko mumeze ubu nyene, uko ubwenge bwanyu bumeze ubu, yuko, mwebwe ng’aha muri iri koraniro riboneka, na mwebwe muzoba muri mw’ikoraniro ritaboneka ry’iyi bande, uko ubwenge bwawe buzoba bumeze umaze kwumviriza iyi bande, bikwemeza umugwi urimwo. Bikubwira neza na neza aho uri, namba uri uwizera Ijambo kandi uzogumana na Ryo, namba uzosohoka, canke uzimya iyo bande.
Nta na kimwe gishobora kuBigukurako. Nta n’umwe ashobora gutwara ikibanza cawe naho woba mutoya gute. Uvuga uti, “Ndi umugore wo mu hira gusa.” Nta n’umwe ashobora gutwara ikibanza cawe! Imana, mu butunzi bwaYo buhambaye, Yashize Umubiri wa Kristo mu rutonde, gushika aho ata n’umwe ashobora gutwara ikibanza cawe.
Imana Ishimwe… Haleluya… Kwumviriza Imfungurwa z’Imana Zabitswe bigenda nyene birushiriza kuba IBIHAMBAYE. Uko turushiriza kwumviriza Imana Ivugira mu ntumwa yaYo Yatoranije itubwira abo turi bo, ni ko Ukwizera kwacu kurushiriza kuba kuniniya. Umunezero utagira agasembwa wo kumenya ko : • Turi “ABIZERA B’INKOMOKO” • Turi “UMWE MURI BO” • Turi “UMUGENI”
Ndipfuza KUBATUMIRIRA GUFYONDA MUKAVUZA hamwe na nje, Branham Tabernacle, n’igice c’Umugeni wo kw’isi yose isasita, kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icuumi na zibiri ku mugoroba kw’isaha y’i Burundi), mu gihe tuzoba dukoranye kuva mu Buseruko, Uburengero, Uburaruko n’Ubumanuko kwumviriza : Ubwoko Butatu bw’Abizera, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 24 munyonyo ku mugoroba, umwaka wa 1963. Ibi ni vyo Mpwemu Yera Aturongorera gukora. Uyu ni umugambi w’Imana.
• Fyonda Uvuze : Ibande iyo ari yo yose Imana Igushize ku mutima. • Fyonda Uvuze : Wumvirize igihe ico ari co cose uhisemwo. • FYONDA UVUZE : Ni bwo ubutumwa bwanje kuri mwebwe.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakunzi Nkukuma Ni muze dukoranire hamwe hanyuma twumvirize ubutumwa bwavuzwe itariki 24/11/1963mu gitondo- None Yesu Yitwa Kristo We NdaMugire Nte ? kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu kw’isaha ya jeffersonville (isaha cumi na zibiri zo ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi)
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni w’Ukwizera Gushitse,
Ubugira kandi, mbona ko bidashoboka gushira mu majambo ico ubu Butumwa, amakete y’Urukundo y’umwihariko y’Imana, yanditswe n’Amaraso yiWe, yavuzwe n’Ijwi ryiWe, Busigura kuri twebwe. Ikindi kintu cose ntaco kivuze. TuraMukunda kuva ibwina mu mutima wacu kandi Vyaduhaye Urukundo Rushitse rwaYo. Nta na kimwe gishobora kudukura kuri iryo Jambo. Nta kundi kunyurwa mu buzima bwacu nko kuMwumviriza Avugana natwe nk’Umugenzi ku mugenzi.
Nta n’ubwo ari twebwe, ni We Aba muri twebwe, Yihamagara ubwaYo. Ni ubwina buhamagara ubundi bwina. Umunezero mwinshi wo gufyonda tukavuza no kwumviriza Imana Ikoresha ijwi ry’umuntu mu kutubwira, ko turi abatoranijwe baYo. Itubwira ko Idukunda imbere y’itanguriro y’isi; kuko Yamenye ko twoYikunze hamwe n’ivyari muri twebwe vyose, kandi ko twogumye turi abizigirwa kuri Yo no kw’Ijambo ryaYo.
Ico twakeneye cose, Yarakiduhaye. Nta na kimwe kibuze. Yari Ifise Ijambo ryaYo ryanditswe mw’ishusho ry’inyuguti kandi YaraRizigamye imyaka ibihumbi ku buryo Yashobora kutubwira Urukundo rwose rwari mu mutima waYo.
Hanyuma urukundo rwaYo rwabaye n’uruhambaye birushirije kuri twebwe mu gihe Yatubwiye Iti, “Nzoza mu mubiri ubugira kandi maze Mvugane namwe umunwa ku gutwi ku buryo hatazoba ukudatahura, uruzazane, ugukenera insiguro. Nzofata umwanya waNje maze Ngaragaze Urukundo rwaNje kuri mwebwe, kandi muzoshobora kurwumva musubire murwumve mwongere murwumve ubugira kandi. Nshaka ko mumenya, ko Data Ari muri Jewe, Ndi muri mwebwe, muri muri Jewe, turi UMWE. Umubiri wanyu ni Umubiri wanje, igufa ryanyu ni Igufa ryaNje, impwemu yanyu ni Mpwemu YaNje.
Nzobabwira ibiri mu mutima waNje vyose ido n’ido. Nzobigaragaza neza ku buryo muzomenya ata gukekeranya, ko Amajambo Nanditse kandi Navuze ari Ayanyu, kandi Ntazokwigera Atsindwa.
Nzobaha Ukwizera Gushitse, kandi Kuzoba Umutware w’ibishika vyose. Ico umwansi avuga cose, Kuzokiganza mu gihe mufise Ukwizera Gushitse muvyo Ijambo Rivuga ko muri. Ico umwansi agerageza kubabwira, nta n’ubwo mumwumviriza. Amatwi yanyu yarapfuye ku kindi kintu ico ari co cose kiretse ico Mpwemu Wanje Yamaze kubabwira. Kimase mu mitima yanyu, kandi nta na kimwe kizokwigera kibatuma muva kuri ivyo.
Ukwo Kwizera Gushitse dufise mu kumenya ko ubu Butumwa ari Uko Niko Uhoraho Agize, dushira uko KWIZERA GUSHITSE nyene kw’isezerano ryose Yatubwiye ko ari iryacu mw’Ijambo ryaYo. Namba turwaye kandi dukeneye ugukira, ni iryacu. Namba dukeneye ico ari co cose, dushobora kukironka, kuko twabaye abasizwe na Mpwemu WaYo. Turi ba mesiya baYo basizwe b’igihe c’iherezo, berekana ukuzuka kwa Yesu Kristo.
Ni ikintu c’urukundo mu gihe Yisutse ubwaYo muri twebwe. Twacitse Umwe hamwe na Yo kubw’ariya Mazimano y’Ubukwe Ahambaye. Mpwemu Wayo Ari ng’aha hamwe natwe no muri twebwe. Dufise ikintu kimwe gusa co gukora, ni ukuvyizera, ni ukuvyakira.
Ntituri intumwa mumarayika w’indwi waYo, ariko turi abahungu n’abakobwa baYo. Ibiganza vyacu ni Ibiganza vyaYo. Twizeye ibivugwa kw’ibande ko ari Uko Niko Uhoraho Agize. Ni Ijambo Rizima.
Umuhanuzi waYo ni umwungere wacu. Mu gihe twumviriza Ijambo Ryafashwe kw’ibande, twizera ko ari Imana Ivugana natwe Idaciye ku ruhande. Dufise Ukwizera Gushitse kwo kuvyizera.
Ejo ntuzosa n’uwundi munsi n’umwe. Tuzofata Ukwizera Gushitse Kwacu Yaduhahe kandi tuzoGushira ku co ari co cose dukeneye, kandi tuzokironka mu gihe Inkingi y’Umuriro Izovugira mu ntumwa yaYo Yatoye kandi atubwira ati :
Murazi ico nabakoreye? Mwanyise, « umwungere wanyu » ; kandi mwavuze ukuri, kuko ndi we. Namba jewe, umwungere wanyu, nashingiwe intahe na Yesu Kristo yuko nkora igikorwa ciWe, rero mwizere Ijambo Ryanje. Mu gukora iki gikorwa c’ukwizera, mu kubarambikako ibiganza, ndirukanye indwara n’imibabaro bibagora. Ni mwizere ibi, kugira ngo mwishurwe imitwaro yanyu, ukwo yoba iri kwose, kuko ibintu vyose bishobokera abizera. Kandi iyo musenga, mwizera ko mwaronse ivyo mwasavye. Kandi ndagerageza kwizera ko nabironse, kandi mu mutima wanje ndakiriye ugukira ukwo ari kwo kwose kwanyu, ndakwakiriye, ivyo vyakoretse. Ndavyizeye, ndavyizeye n’ibiri muri jewe vyose.
Twizera hamwe n’ibiri muri twebwe vyose, ko Ubu Butumwa ari Ijwi ry’Imana, Ryavuzwe, Ryafashwe kw’ibande Ryagaragajwe kandi Ryabikiwe iki gihe. Twizeye ko ico dusaba cose, tuzokironka, kuko ni UKO NIKO UHORAHO AVUZE KO ARI IVYACU.
Ni muze dufatanye ku w’iyinga isasita, kw’isaha y’i Jeffersonville (isakumi na zibiri kw’isaha y’i Burundi) kugira ngo mwakire ico mukeneye cose mu gihe twumviriza umuhanuzi w’Imana atubwira ukuntu twakira : Ukwizera Gushitse, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo ya 23 myandagaro ku mugoroba, umwaka wa 1963.