Category Archives: Uncategorized

22-1218 Mbega Imana Yoba Yigera Ihindura Ivyiyumviro VyaYo Kw Ijambo RyaYo?

Ubutumwa: 65-0418E Mbega Imana Yoba Yigera Ihindura Ivyiyumviro VyaYo Kw Ijambo RyaYo?

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi ba Mesiya batoya,

Turi abasizwe n’Imana ; basizwe na Mpwemu WaYo umwe, n’ibikorwa bimwe, n’Ubushobozi bumwe, n’ibimenyetso bimwe. Vyava ku nkukuma bija ku nkukuma, biva kw’Ijambo bija kw’Ijambo, gushika aho ukunengesera kwa Yesu Kristo kugaragazwa mu mibiri yacu yose, mu vy’umubiri, mu vya mpwemu, canke ico dukeneye cose. Burya Bushobozi buzana ubuzima bwibera kandi bugerera muri twebwe. Turi ba Mesiya batoya b’Imana.

Buri yinga Uguhishurirwa kw’ubu Butumwa ; abo turi, aho tuva, n’aho turiko turaja, kugenda kurushiriza kuba uguhambaye. Turibaza n’igishika cinshi, ukuntu kwoshobora kuba ukw’ubwiza kurushiriza ? Ukuntu kwoba ukugaragara birushirije ? Ariko hamwe n’ibande yose nshasha twumviriza, Imana Ivugana natwe umunwa ku gutwi kandi Ihishura vyinshi vy’Ijambo RyaYo kuri twebwe, kandi Iraturemesha, ABO TURI.

Icipfuzo gihambaye gusumba ibindi c’umutima w’uwizera wese ni ukuba mu BUGOMBE BUTUNGANYE bw’Imana. Nta na rimwe dushaka kuba mu ruhusha rutari ubugombe bwaYo. Imitima yacu iramanyagurika kandi turajanjagurwa iyo twumva ko twakoze ico ari co cose kitoYihimbara. Turazi ko Imana Ifise Ubugombe Butunganye, kandi dushaka gusa kuba mu MUGAMBI W’UBUGOMBE BWAYO BUTUNGANYE.

Mu buzima bwanje, nafashe ingingo ikomeye mu kuvuga ko nizeye ko ikintu c’ingira kamaro kuruta ibindi uwugize Umugeni wese ashobora gukora, bose hamwe abaKristo basanzwe n’abakozi b’Imana, ni UGUFYONDA UKUVUZA. Nizeye ko ari Ijwi ry’Imana Rwagaragajwe RYONYENE ry’iki gihe cacu dutegerezwa kwumviriza no kugamburukira Ijambo Ryose.

Navuze ko nizeye ko umukozi w’Imana akeneye kugarukana mweneData Branham kuri alutari zabo no kuvuza amabande mu mashengero yabo, mu gihe ari ryo Jwi rimwe ry’ingirakamaro gusumba ayandi abantu bategerezwa kwumviriza.

Nararonse abanegura benshi mu buzima bwanje kubera kuba narerekanye aho mpagaze ku vyo nizera ko ari Umugambi waYo n’Ubugombe bwaYo butunganye. Ntivyatahuritse kandi bavuze ko ntizeye amabango atanu yo mu Banyefeso 4.

Naravuze kenshi, kenshi ko atari vyo. Sinigeze mvuga, canke nizere ivyo. Hariho benshi bahinduye amajambo yanje maze babwira abantu ibintu ntigeze mvuga canke nizera, ariko vyategerezwa kuba gurtyo.

Hategerezwa kuba ukuri kw’Ijambo rya Bibiliya. Namba uvuga ko wizeye ubu Butumwa, rero dutegerezwa gufata ivyo umuhanuzi yavuze, mu gihe ari insiguro nyene y’Ijambo ry’Imana. Kuko we ni umusiguzi WENYENE w’iryo Jambo.

Iyo mba nategerezwa kubaza umwe wese muri mwebwe nti, “Ni nde ashaka kuba mu bugombe bw’Imana butunganye?” Umwe wese muri mwebwe yovuga ati, “EGO, ico ni icipfuzo c’umutima wanje.” Rero dutegerezwa kuraba ku co umuhanuzi yavuze ko ari Ubugombe bw’Imana Butunganye.

ICITONDERWA : Namba ubu Butumwa buri kw’ibande atari Icishimikizo Ntanyiganyizwa cawe, kandi utizeye Ijambo Ryose, HAGARIKA GUSOMA IRI KETE. Kubwanje, nturi uwizera, rero si ivyawe. Nshobora kugumana n’ivyo Imana Yavuze kw’ibande gusa.

Dushaka ivyo Yavuze ; atari ivyo ishengero ryavuze, ivyo Umuhinga Jones yavuze, ivyo uwundi muntu munaka yavuze. Dushaka ivyo UKO NIKO UHORAHO AGIZE yavuze, ivyo Ijambo Ryavuze.

Dutegerezwa ubwacu kwubaha Ubugombe bwaYo n’Ijambo RyaYo. Ntidutegerezwa kuRyibazako. Dutegerezwa kuRyizera gusa. Ntugererageza kurondera uburyo bwo kuRica iruhande. Rifate gusa uko Rimeze.

Benshi cane bashaka guca iruhande no kuja mu yindi nzira kanaka. Ni wabikora, Imana Izoguhezagira, ariko uriko ukorera mu ruhusha rutari Ubugombe bwaYo, kandi atari mu Bugombe bw’Imana Butunganye. Imana Izokwemerera gukora ikintu kinaka, kandi Inaguhezagire mu kubikora, ariko ntibuba buraba Ubugombe bwaYo butunganye.

Imana Yarungitse intumwa mumarayika w’indwi waYo kw’isi gusohora Umugeni waYo. Twizeye ko yari Umwana w’Umuntu Yihishura ubwiWe mu mubiri w’umuntu. Ni Ijwi nyene ry’Imana Ryafashwe kw’ibande kandi Ryabikiwe Umugeni WaYo.

Imana ubwaYo yabwiye umuhanuzi waYo, ngo “ni wazana abantu kukwizera WEWE, nta na kimwe kizohagarara mu nzira yawe.” Yari uwatorewe n’Imana kurongora Umugeni WaYo. Nta n’umwe ashobora gufata ikibanza ciwe. Uko ba Kora bahaguruka bangana , canke ba Datani uko bangana, yari William Marrion Branham Imana Yahamagariye kurongora Umugeni waYo.Uyu ni Umugambi w’Imana n’UBUGOMBE BWAYO BUTUNGANYE.

Namba abantu badashaka kugendera mu Bugombe bwaYo Butunganye, Ifise uruhusha rutari ubugombe bwaYo Ikureka ukagenderamwo.

Rero, Imana Ni Nziza…Irungika Ijambo RyaYo. Namba utizeye Ijambo RyaYo, rero Ishira mw’Ishengero ibikorwa bitanu bitandukanye. Ubwa mbere, intumwa, abahanuzi, abigisha, abungere, abavugabutumwa. Bariho kubw’ugutungana kw’Ishengero.

Rero, igikorwa c’Imana cahagurukijwe gusa kuko abantu mu bihe vyarenganye batokwemeye UMUGAMBI W’UBUGOMBE BUTUNGANYE W’Imana; Ijambo ryaYo ryavuzwe n’ umuhanuzi wayo. Dutegerezwa gusa kwizera Ijambo umuhanuzi w’Imana yavuze. Ntidukeneye uwundi muntu canke ikindi kintu.

Rero igikorwa c’ivugabutumwa ni ukugarukana abantu mu Mugambi w’Ubugombe bwiWe butunganye, ari co: KUGUMANA N’AMABANDE, KUKO NIWO MUGAMBI UTUNGANYE W’IMANA. Rero ugumiza urya MUGAMBI W’UBUGOMBE BUTUNGANYE imbere yabo igihe cose mu : GUFYONDA UKUVUZA.

Utegerezwa kugaruka maze ugahera aho watanguriye, canke aho wahagarariye, no gufata Ijambo Ryose Ry’Imana.

None n’iki utegerezwa gukora kugira ngo ube mu BUGOMBE BWAYO BUTUNGANYE : Gufyonda Ukavuza.

Abungere bategerezwa gukora iki kugira ngo babe mu BUGOMBE BWAYO BUTUNGANYE : Gufyonda Bakavuza.

Ni igiki umuhanuzi w’Imana yakoze igihe yaja mu bikorane ? Gusengera abarwaye gusa, n’ibintu nk’ivyo ? Yavuga ibintu mu buryo buziguye ku buryo intama zovyumva, kuko tuzi Ico Yavuga. Ahandi ho, cari icambu kw’igera. Yaberetse ibimenyetso nko gusoma ivyiyumviro, kandi yari azi amabanga yari mu mitima yabo, kugira ngo akabure abantu gusa. Ariko rero yavuze ikintu c’ingirakamaro gusumba ibindi :

Ikintu ca mbere mwomenya, ibande yakorokeye mu nzu yabo. Biratahuritse, rero. Namba ari intama, izoza neza hamwe nayo. Namba ari impene, izoterera ibande hanze.

Mbega uri intama canke uri impene ? Umugwi mutoya w’Imana utumbereye kuri iryo Jambo. Turi mu Bugombe bwaYo Butunganye mu Gufyonda Tukavuza nk’uko vyamye, kandi biri, umugambi waYo w’inkomoko.

Gumana neza n’Ijambo RyaYo, kuko ivyo ni vyo bigiye kuzosohoka kw’iherezo, Ijambo, Ijambo kw’Ijambo. “Uwo ari we wese azokurako Ijambo Rimwe kuri Ryo, canke yongereze ijambo rimwe kuri Ryo!” Ritegerezwa kuguma ari, rirya Jambo.

Ndakengurukira Umwami cane kumenya, mu Guhishurirwa kwa mpwemu, ko ndi mu Bugombe bwaYo Butunganye bijanye n’Ijambo RyaYo. Sinongerako insiguro yanje kuri Ryo, canke ugutahura kwanje kuri Ryo, ariko numva n’amatwi yanje bwite ico ari co UKO NIKO UHORAHO AGIZE hamwe n’Ubugombe bwaYo Butunganye .

Ndabatumiye kuza no gusesengura hamwe natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza : Mbega Imana Irigera Ihindura Iciyumviro caYo kw’Ijambo Ryayo ? Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 18 ndamukiza ku mugoroba, umwaka wa 1965. Harimwo utuvunguka twinshi tw’izahabu muri ubu Butumwa, mugiye kuba ABATUNZI muri Mpwemu Yera WaYo ni twabikora.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma :
Kuvayo igice ca 19
Guharura 22:31
Matayo 28:19
Luka 17:30
Ivyahishuriwe Yohana igice ca 17

22-1211 Ni Uguseruka Kw Izuba

Ubutumwa: 65-0418M Ni Uguseruka Kw Izuba

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Shengero ry’Inkomezi

Umuntu yamye yipfuza mu mutima wiwe kuba nka Aburahamu igihe yari muhira iwe umuhingamo umwe nk’isaha zitanu. Yunamuye amaso maze abona abagabo batatu baje bamugana bafise umukungugu ku myambaro yabo. Yarirutse ningoga abagana maze avuga ati, « Mutungwa. » Yari Melekisedeki Ahambaye Ahagaze imbere yiwe, mu mubiri w’umuntu Avuga.

Kuri uyu w’iyinga, ico cipfuzo kiri mu mitima yacu kizoba kuri umwe wese muri twebwe. Tuzoba dukoraniye hamwe kw’isi yose, twumviriza Urya Melikisedeki Ahambaye nyene Avugana NATWE. Umuntu Atagira se, nta nyina, nta tanguriro ry’iminsi canke iherezo ry’ubuzima, Imana, Yihinduye, Ivugana natwe biciye mu kanwa k’umuntu, neza nk’uko Yakoze urya munsi kuri Aburahamu.

Nta bundi buryo bwo kwumva rirya Jwi kiretse UFYONZE UKAVUZA. Ntihari bwigere haba igihe muri kahise aho Umugeni Yahurijwe hamwe kw’isi yose no kwumviriza Ijwi rya Melikisedeki Rivuga mu mwanya umwe neza na neza. Imana Iriko Irahuriza hamwe Umugeni WaYo na Rirya Jwi.

Twararonse Ijambo Ry’Imana, imyaka myinshi. Ubu dufise Imana y’Ijambo, murabona, kandi ng’aha nyene tugendera Ijambo RyaYo. Rero ni ukuri, kimwe mu bimenyetso vya nyuma bihambaye vyasezeraniwe Ishengero imbere y’Ukuza kw’Umwami.

Uyu w’iyinga, Umugeni Agiye kuronka Ubutumwa bwa Pasika muri kigarama ; kandi mbega Ubutumwa tugiye kwumviriza.

Ibikorwa vy’ubwenge bw’umuntu, Inkomezi, Ubushobozi butanga ubuzima, Kristo Yazutse, Abana b’Imana Bagaragajwe. Iyo mpwemu nyene yaba muri Kristo iba muri twebwe. Ubwo Buzima nyene, inkomezi zimwe, benevyo nyene, Yari Afise, turabifise. Icemezo ntasubirwamwo c’itongo. Urubuto rwa mbere Rweze Rwazungagijwe imbere y’abantu. Ubu turi ubura bw’ubura bwaYo, igufa ry’igufa ryaYo; Ubuzima bw’Ubuzima bwaYo, Inkomezi z’Inkomezi zaYo ! Turi Yo!

Yesu Kristo Yazutse; Melekisedeki UbwiWe, Azosemerera maze ATUbwire Ati, “Mfise Ijwi RyaNje Ryafashwe mu majwi kandi Ryashizwe kw’ibande ku buryo Noshobora kubakwegera kuri Jewe, kandi Noshobora kuvugana namwe nk’uko Navuganye na Aburahamu. Nshaka ko muNyumviriza bidaciye ku ruhande.

Muri Ishengero RyaNje Ryatoranijwe, Ryagenywe mbere! Imibiri yanyu ni urusengero rw’Inkomezi, kuko kuva mbere na mbere mwari igice c’ibikorwa vy’ubwenge bw’umuntu.

Ukwo ni kurya guhishura kuvuye ku Mana kw’Ijambo Ryihaye umubiri. Namba Ryari umubiri muri kirya gihe mu Mwana, Umukwe, Ni umubiri uno munsi mu Mugeni. Murabona ?

Izo Nkomezi Zizana Ubuzima, zibayeho muri twebwe. Ntidutegerezwa gutinya NA KIMWE. Uwo Mpwemu Umwe Yari muri We, ubu Ari muri twebwe kandi Agira muzima umubiri wacu upfa. Ntituvyizigiye, TURABIZI. Twamaze kubikora, Yarabidukoreye.

Rero, mu guheraheza umuhingamo, Melikisedeki Azovuga, Avuge rindi rimwe kandi Avuge ;

Aba bantu, abenegihugu b’Ubwami, bene Ubushobozi buzana ubuzima, Bugire buzima kuri bo, Mwami, ubu nyene. Kandi ese Mpwemu Yova ku nkukuma Ija ku nkukuma, Yova kw’Ijambo Ija kw’Ijambo, gushika aho ukunengesera kwa Yesu Kristo kugaragara mu mibiri yose, mu vy’umubiri, vya mpwemu, canke ico bakeneye cose, mu gihe turambikanyeko ibiganza. Mw’Izina Rya Yesu Kristo.

Kuva ku nkukuma uja ku nkukuma, Ijambo kw’Ijambo, ukunengesera kwa Yesu Kristo kuzogaragazwa mu mibiri yacu yose. IMANA ISHIMWE !

Ibi gusa bishobora gushika mu GUFYONDA UKUVUZA, rero muze mufatanye natwe kandi dusangire muri yubire y’ugufungura ku Mfungurwa Zabitswe, mu gihe tuzokwumviriza Rirya Jwi, kuw’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha imwe mw’ijoro mu Burundi) Rizotuzanira Ubutumwa, Ni Uguseruka kw’Izuba, Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 18 ndamukiza mu gitondo umwaka wa 1965.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma :
Abalewi 23:9-11
Matayo 27:51
Matayo 28:18
Mariko 16:1-2
Luka 17:30
Luka 24:49
Yohana 5:24
Yohana 14:12
Ivyakozwe n’Intumwa 10:49
Ivyakozwe n’Intumwa 19:2
Abaroma 8:11
1 Abatesaloniki 4:16
Abaheburayo 13:8

22-1204 Uyu Melekisedeki Ninde

Ubutumwa: 65-0221E Uyu Melekisedeki Ninde

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Ciyumviro c’Imana,

Nizigiye ko mwiteguriye uyu w’iyinga kuvuga ivy’ukuntu imitima yacu igiye kuzogurugumbira muri twebwe mu gihe Izovugana natwe mu nzira tugiye mu mihana yacu no mu mashengero… RINDIRA GUSA.

Muri uku kwezi guheze, Yatubwiye kugira twinjire mu bwato bw’ukuri… kandi niho turi. Yatubwiye ko Urubuto Rw’Imana Rw’ukuri Rutazoraganwa n’igishishwa… rero Yavuze ko, TURI RURYA RUBUTO. Hanyuma, twumvise n’amatwi yacu, Imana Ivugira mu muntu kandi Idutangariza ngo, Uyu Munsi, Iki Canditswe Kirashitse imbere y’amaso yacu nyene. Yatubwiye ku munsi w’iyinga ukurikira ko turi Ahantu Imana Yatoranije ho Gusengera, kandi kubera ari ho turi, NTITWASAMBANYE n’Ijambo ryaYo. Rero, turi Umugeni Jambo WaYo w’Inkumi Atagira agatosi.

Kuri uyu w’iyinga, Izoduhuza rindi rimwe kandi Ivugire mu muhanuzi mumarayika waYo ahambaye kandi Itubwire ngo, NDI UYU MELEKISEDEKI, kandi Nzobihishurira ubwaNje mu mubiri w’umuntu, neza nk’uko Navuze ko Nobikoze mw’Ijambo RyaNje.

IMANA ISHIMWE! Muranezerewe? Murahezagiwe birushirije? Rero, HARI NA VYINSHI BIGIYE KUZA. Igiye guheraheza iyi nkuru ihambaye.

Muvyiyumvire gusa, TWARI mu vyiyumviro nyene vy’Imana kuva mbere na mbere. Imyaka ibihumbi bine imbere yuko Yesu aza kw’isi, n’imyaka ibihumbi vyinshi imbere yuko muza kw’isi, Yesu, mu Vyiyumviro vy’Imana, Yapfiriye ivyaha vyacu. KANDI RERO, AMAZINA YACU yashizwe mu Gitabu C’Ubugingo C’Umwagazi W’Intama.

Mbega biriko birinjira mu bwenge bwanyu ? Amazina yacu yagenywe n’Imana kandi yashizwe mu Gitabu C’Ubugingo C’Umwagazi W’Intama itanguriro ry’isi ritarashirwaho. Yari Azi amaso yacu, igihagararo cacu, ico turi cose. Twari mu vyiyumviro vyaYo mbere na mbere… mu vyiyumviro vy’Imana! Rero, ikintu turi cose ni Ijambo Ry’Imana Ryavuzwe. Inyuma y’ukuRyiyumvira, YaraRivuze, kandi niho turi.

Biragoye gutahura. Imana Itubwira ibi bintu vyose. Yaradukunze cane rwose kandi Yashatse kumenya neza ko twoRyumviriza Rivuye kuri Yo ubwaYo Ridaciye ku ruhande, rero Yakoze ku buryo Rifatwa mw’ijwi kugira ngo ku w’iyinga, igenekerezo rya 4 kigarama, umwaka wa 2022, Yoshobora guhuriza hamwe ubugira kandi Umugeni waYo kandi Itubwire Iti : “Ibi vyose nabikoreye mwebwe. Nashatse ko muRyumva Rivuye kuri Jewe Ridaciye ku ruhande. NDABAKUNDA. MURI UMUGENI WANJE. NZOZA KUBWANYU VUBA CANE.”

Ni yo mpamvu tuzi ko igihe tugiye mu Nyonga h’Imana, ikintu kinaka muri twebwe kitubwira ko tuva ahantu hanaka, kandi tugiye gusubirayo ubugira kandi muri burya Bushobozi Budukwega.

Imana Yakuye icitwikiro ku kintu cose kandi dushobora kuYibona. Imana, Yihinduye, Yitwikiriye mu Nkingi y’Umuriro. Imana, Yihunduye, mu Muntu Yitwa Yesu. Imana, Yihinduye, mw’Ishengero ryaYo. Imana hejuru yacu, Imana hamwe natwe, Imana muri twebwe; Ukwicisha bugufi kw’Imana.

Nta na kimwe dufise co gutinya na gatoya. Nta na kimwe co gutuma duhagarika umutima, n’urupfu. Iyo tuvuye ng’aha, nta n’ubwo tuba dupfuye. Namba uru rusago rwo kw’isi ruzimanganye, dufise rumwe RWAMAZE kuturindira, Rwihinduye.

Ndindiranye igishika kuMwumva Atubwira kandi Ahishura ibi bintu vyose kuw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha imwe z’ijoro mu Burundi). Muze dufatanirize ahantu honyene mushobora kwumva IJWI RY’IMANA Ryagaragajwe Ritubwira umunwa ku gutwi Uwo Ari We, abo TURI BO, n’aho tugiye. FYONDA MUVUZE.

Uyu Melekisedeki Ni Nde ? Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma ku mugoroba, umwaka wa 1965.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma:

Itanguriro igice ca 18
Kuvayo 33:12-23
Yohana 1:1
Abaroma 8:1
2 Ab’i Korinto 5:1
2 Ab’i Tesaloniki 4:13-18
1 Timoteyo 3:16
1 Timoteyo 6:15
Abaheburayo 7:1-3
Abaheburayo 13:8
Ivyahishuriwe Yohana 10:1-7
Ivyahishuriwe Yohana 21:16

22-1127 Ukurongora n Ukwahukana

Ubutumwa: 65-0221M Ukurongora n Ukwahukana

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Busho bw’Umuhanuzi,

Mwibuke, mvuga ibi ku mugwi wanje wonyene. Hamwe n’abumviriza bari kure, mvuga ibi ku bankurikira bonyene. Ubu Butumwa bugenewe abo bonyene, n’ivyo ngiye kuvuga ng’aha.

Umukozi w’Imana wese, u , ni ivyiwe, ego, ni umwungere w’ubusho bwiwe, akore ico ashaka cose. Ni hagati yiwe n’Imana. Umupatiri wese, umuvugabutumwa wese, ni ahawe, mweneData.

Mvugira ng’aha honyene muri Jeffersonville, ahantu honyene novugira ibi, ni ukubera ari ubusho bwanje bwite. Ni ubusho Mpwemu Yera Yampaye gutahura ko mbereye umugenduzi kandi Azobumbaza. Kandi aba ni bantu banje baronkeye agakiza ng’aha mu gihugu cose, narongoreye kuri Kristo.

Mbega ibuye ry’ukunengesera ku mpera y’iyinga ry’amashimwe. Ndakenguruka cane kuba igice c’ubwo busho butoya Akigenzura hamwe n’umwe wese muri mwebwe. Nta handi hantu twoshobora kuja.

Data Yaraturungikiye inkukuma ihambaye iguruka yo kurongora Umugeni WiWe. Hariho amajwi menshi atera intege abantu kandi avuga Amajambo Yavuzwe n’umuhanuzi wiWe, ariko hariho IJWI RIMWE ryonyene ryarungitswe kurongora no guhuza Umugeni.

Amajambo umuhanuzi w’Imana yavuze kw’ibande ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa cacu. Ntidutahurika kuko tuvuga ko twizeye IJAMBO RYOSE, ariko twategetswe n’Umuhanuzi w’Imana gukora ivyo neza na neza.

Niko mvuze, mw’Izina Rya Yesu Kristo : Ntimwongereko ikintu na kimwe, ntimukureko, ntimushireko ivyiyumviro vyanyu bwite muri Ryo, muvuge gusa icavuzwe kuri ayo mabande, mukore gusa neza na neza ico Umwami Imana Yategetse gukora ; ntimwongere kuri Ryo !

Ikangure wa si we. Igihe kiregereje, Amajambo umuhanuzi w’Imana yavuze, IMANA YADUTEGETSE : kwizera, kuvuga no gukora, NEZA NA NEZA ivyo yavuze ku mabande. Si ivyo mvuga, si ivyo umupatiri wawe canke abavugabutumwa bawe bavuga, ariko ivyo umuhanuzi w’Imana yavuze KW’IBANDE.

Nta na kimwe c’ingirakamaro gusumba kwumviriza Rirya Jwi kw’ibande, NTA NA KIMWE. Tugiye kuzocirwa urubanza n’ivyavuzwe KU MA BANDE. Si ivyo jewe navuze, ariko ivyo WE YAVUZE.

Ndabaronderera VYIZA CANE GUSUMBA IBINDI. Amajambo yanje makeya ni ayo kubahimiriza, neza nk’uko umwungere uwo ari we wese yobikora, kwizera
Ijambo Ryose. Sindabigisha : gukekeranya ico ari co cose mwumva kw’ibande, ko hariho amakosa ku ma bande, ko mutegerezwa kunyumviriza co kimwe n’uko mwumviriza umuhanuzi. Ndabandikira amajambo makeya yo kubahimiriza KUGUMANA N’IJAMBO RY’INKOMOKO, GUFYONDA MUKAVUZA. Nshaka ko muba Umugeni Jambo Atagira agatosi kandi Atiyanduje.

Imana Yashize Amajambo YaYo kw’ibande muri iki gihe ku buryo icaremwe kizima cose coshobora kwumviriza Ijwi RyaYo. Mu gihe ca Paulo, bari bafise gusa abanditsi bo kwandika ivyo yigisha, ariyo Bibiliya. Ariko MURI IKI GIHE, Imana Yashatse ko biba IBIHAMBAYE BIRUSHIRIJE. Dushobora gufyonda tukavuza no kwumviriza n’amatwi yacu bwite Yesu Kristo Yazutse Avugana natwe, umunwa ku gutwi.

Mbega umunsi tubayemwo. Hamwe n’isi isenyagurika bimwe biboneka hirya no hino yacu hose, dufise ahantu hatanzwe dushobora kuja no kwisanzura gusa. Tuharonka kw’IBANDE. Twicara ahantu hapfutse ho mu vyumba vyacu maze tukagirira umunsi mukuru ku
Bifungurwa Vyabitswe mu kigega. Umuhanuzi wacu ashobora kuba yaragiye kuva kera, ariko turacibuka ko ibi bintu ari ukuri, kandi dukora nyene nk’uko Imana Yadutegetse gukora, KUGUMANA N’AMABANDE.

Ni muze muronke umunsi mukuru w’amashimwe mutigeze gufungura kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe Ijwi Ry’Imana Rivugana natwe mu Butumwa : Ukurongora n’Ukwahukana, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 21 ruhuhuma mu gitondo, umwaka wa 1965.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma :
Matayo 5:31-32
Matayo 16:18
Matayo 19:1-8
Matayo 28:19
Ivyakozwe n’Intumwa 2:38
Abaroma 9:14-23
1 Timoteyo 2:9-15
1 Abakorinto 7:10-15
1 Abakorinto 14:34
Abaheburayo 11:4
Ivyahishuriwe Yohana 10:7
Itanguriro igice ca 3
Abalewi 21:7
Yobu 14:1-2
Yesaya 53
Ezekiyeli 44:22

22-1120 Ahantu Ho Gusengera Imana Yatoranije

Ubutumwa: 65-0220 Ahantu Ho Gusengera Imana Yatoranije

BranhamTabernacle.org

Mukunzi Mupfasoni wa Yesu Kristo,

Ese ukuntu dukunda kwumva amazina yacu ahamagawe. Kwiyumvira gusa, ko turi Abo Agiye kuzira. Umugeni w’Umwami ku Mwana w’Umwami Yasezeranye. Urubuto Cami Rudasanzwe RwiWe Rwa Aburahamu Rwabaye Urw’ukuri kandi Rw’urwizigirwa kw’Ijambo Ryose.

Ntitwasambanye, canke nta n’ubwo twayuvye, hamwe n’irindi jambo; twagumye gusa ubwacu tutagira agasembwa kandi twagumanye n’Ijambo Ryose.

Hariho abagore b’abaKristo benshi beza mw’isi iki gihe, abagore b’inyankamugayo; ariko hariho Umupfasoni Umwe gusa wa Yesu Kristo. Turi Abatahana Muhira na We. Turi Umukenyezi WiWe Yatoranije.

Yatubwiye mw’Ijambo RyiWe ko Yogaruka rindi rimwe, neza mu buryo Yaje mbere. Kandi Yari hariya, Yihishura ubwiWe mu mubiri w’umuntu, Asoma Ijambo kandi Atubwira Ati, “Uyu munsi ibi Vyanditswe birashitse mu maso yanyu,” kandi twaraMumenye, kandi twacitse Umugeni WiWe Umupfasoni wa Yesu Kristo.

Twarabihishuriwe ko uwo M-w-a-n-a Nyene w’Imana Yaje mu buseruko kandi Yigaragaje nk’Imana mu mubiri, Ari Wa M-w-a-n-a w’Imana nyene mu karere k’uburengero, Yimenyekanishije ubwiWe hagati mu Mugeni WiWe. Umuco Wo ku kagoroba w’Umwana Waraje.

Kandi namba nobaza ikibazo cerekeye ico ari co cose, hategerezwa kuba inyishu y’ukuri. Hashobora kuba ikintu kinaka kivyegereye; ariko hategerezwa kuba inyishu y’ukuri, irashe ku kibazo cose. Rero, kubw’ivyo, ikibazo cose cadutse mu buzima bwacu, hategerezwa kuba inyishu y’ukuri, itomoye.

Mu gihe cacu hariho ibibazo vyinshi n’impari mu bantu.
• Ni ingirakamaro gute kwumviriza amabande y’umuhanuzi w’Imana ?
• Ni ingirakamaro gute kwumviriza no kwizera Ijambo Ryose?
• Ni ikihe Cishimikizo Ntanyiganyizwa Cacu ? Ni ico yavuze kw’ibande, canke Mpwemu Yera Arongora umuntu wese gufata ingingo y’ikiri Ijambo canke ikitari Ijambo?
• Mbega dutegerezwa kuronka umuntu, canke umugwi w’abantu, bo kuRidutomorera ?
• Mbega Ijambo Rivuga ko inyuma yo kurungika Eliya umuhanuzi, Azorungika umugwi w’abantu bategerezwa kuRibasigurira?
• Mbega dukeneye umuntu munaka wo gusigura Ijambo canke kuRidutomorera ?
• Twotegerejwe kwumviriza gusa amabande mu mazu yacu, mu modoka, n’aho kunywera igitoro honyene, no kwumviriza umukozi w’Imana igihe tugiye kw’ishengero?
• Twotegerejwe kwumviriza amabande mu mashengero yacu?
• Mbega ni Ijwi ry’Imana ryo mu gihe cacu canke si Ryo?

Rero, namba ari ikibazo co muri Bibiliya, gurtyo hotegerejwe kuboneka inyishu yo muri Bibiliya. Ntiyotegerejwe gushobora kuva mu mugwi w’abantu, mu gufatanya kunaka ukwo ari ko kwose, canke mu murezi munaka, canke idini rinaka. Yotegerejwe kuza ivuye neza mu Vyanditswe…

Rero namba dushaka kuronka inyishu itomoye ku bibazo vyacu, dutegerezwa kuja mu Vyanditswe. Igikurikira, dutegerezwa gufata ingingo, y’umusiguzi w’Ivyanditswe ava ku Mana munaka. Mbega umuntu wese afata ingingo yiwe ubwiwe ?

Umuhanuzi ntibisigura gusa kuvuga Ijambo, ariko vyongeye ni ugutangaza, kandi ni umusiguzi ava ku Mana w’Ijambo, Ijambo Riva ku Mana Ryanditswe.

Kubw’ivyo namba umuhanuzi ari umusiguzi w’Ivyanditswe ava ku Mana, rero ico uwo muhanuzi yavuze ni Ijambo ry’Imana Ryamaze gusigurwa, NTA KINDI.

Ibi ntaco bikura ku gikorwa c’Imana, canke igihagararo Imana Yabahamagariye. Bahamagawe n’Imana kugira ngo bitondere rirya Jambo Ryavuzwe n’umuhanuzi w’Imana imbere y’ubusho bwabo. Bategerezwa kurongorera ihanga ryabo kuri irya ntumwa n’Ubutumwa bw’igihe.

Ijambo ryose bigisha ritegerezwa gusuzumwa n’Amajambo umuhanuzi w’Imana yavuze kw’ibande. Ntibashobora guhindura, nta n’ubwo bashobora gusigura, IJAMBO NA RIMWE. Ivyanditswe vy’Imana bisigurwa GUSA n’umuhanuzi waYo.

Rero, umwe wese muri bo, ata nkeka, woshobora kubona iciyumviro cabo, kandi sinshobora kubarenganya. Umwe wese avuga ko ari ukuri, ko afise ukuri. Kandi abantu bahurikiye muri ayo mashengero bovyizera, kubera bashingiye amerekero yabo—yabo, amerekero yabo y’Ibihe Bidashira, ku nyigisho z’arya mashengero. Kandi baratandukanye cane rwose, gushika aho bizana ibibazo bitandukanye amajana icenda n’ibindi.

Namba ubu Butumwa bwavuzwe n’umuhanuzi w’Imana atari Icishimikizo Ntanyiganyizwa cawe, ariko ari ivyo umuntu munaka canke abagabo bavuga ko ari Ijambo, rero amerekero yawe y’Ibihe Bidashira ashimikiye ku co BAVUGA.

Amajambo yanje asa n’ayarwanya cane bimwe canke ibikorwa vy’Imana vyose. Si vyo. Nizera ko Imana Yashize abagabo b’ukuri mw’Ishengero RyaYo no ku busho bwaYo bo kugumya Ubu Butumwa imbere yabo. Nibaza ko bigisha kandi bizera Ubu Butumwa. Ariko ni kuki badasubiza mweneData kuri alutari zabo nk’Ijwi
Rihambaye gusumba ayandi ryo kwumviriza ? Ni kuki bashira igikorwa c’Imana cabo ku rugero rumwe na Rirya Jwi, kandi nk’aho gihambaye nka Ryo?

Malaki 3 havuze hati, « Umve ngira Ntume integuza imbere yaNje, indoranirize inzira imbere yaNje. » Kandi uwatumwe kuroranya inzira, yaramenye ko aho ahantu, yari We. « Ni We ! Nta kosa rihari. Ni We ! Ndabona ikimenyetso kiMukurikira. Ndazi ko ari We ; Umuco Umanutse Uvuye mw’Ikuru kandi Ugiye kuri We. » Vyari vyo, yari We.

*Rero, mweneData, nshaka kukubaza ikintu kimwe, mu guheraheza. Twoshobora kuvuga ibi. Muri Malaki 4, naho ntitwasezeraniwe iyindi nkukuma, Inkingi y’Umuco yokurikira, yo kwerekana ishengero riri mu kinyoma iki gihe ko We Ari Abaheburayo 13 :8, « Wawundi ejo, uno munsi no mu bihe bidashira » ? Ntitwasezeraniwe uwundi azoza aguruka ava mu bugaragwa ?

Tuzoba dukurikira iki ? Irya Nkingi y’Umuco. Ni nde irya Nkingi y’Umuco ? Irya nkukuma, Malaki 4. Ni nde yari afise Inkingi y’Umuriro hejuru ku mutwe wiwe yo kugaragaza uwo yari we ? William Marrion Branham.

Igihe cose dukoranye, dutegerezwa kugumiza rirya Jwi imbere y’abantu. Dutegerezwa kuzana Ijwi ry’Imana UBWA MBERE. Atari ugusenga urya muntu, ariko gusenga Imana Iri muri urya muntu.

Uwo niwe muntu Imana Yatoranije wo kurongora Umugeni WaYo. Urya muntu ni we mugabo Imana Yatoranije gusigura Ijambo RyaYo. Urya muntu ni we muntu Imana Yatoranije guhishura amabanga yaYo yose. Urya muntu ni we Imana Yavuze Iti, “Uzane abantu KUKWIZERA”, SI UWUNDI MUNAKA CANKE ICO UWUNDI MUNAKA AVUGA, WEWE, WILLIAM MARRION BRANHAM. Urya muntu niwe azotumenyekanisha kuri Yesu Kristo.

Umugabo canke umugore uwo ari we wese yongera ico ari co cose kuco Mvuga, ntiyizera ico Mvuga.

Muze kandi mucike Umupfasoni wa Yesu Kristo hamwe natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha imwe mw’ijoro mu Burundi) mu gihe tuzokwumviriza akanwa k’Imana katoranijwe kandi katubwira ngo : Ahantu Imana Yatoranije Ho Gusengera, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 20 ruhuhuma, umwaka wa 1965.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma :

Gusubira mu Vyagezwe 16:1-3
Kuvayo 12:3-6
Malaki Ibice vya 3 na 4
Luka 17 :30
Abaroma 8 :1
Ivyahishuriwe Yohana 4 :7

22-1113 Ivyo Vyanditse Birashitse Uyu Muns

Ubutumwa: 65-0219 Ivyo Vyanditse Birashitse Uyu Muns

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Ruvyaro Cami rwa Mpwemu rwa Aburahamu,

Ni irihe shengero ushobora kujamwo kandi ukamenya, ata gukekeranya na gatoya, ko Ijambo Ryose wumviriza ari Uko Niko Uhoraho Agize ? Nta na hamwe, kiretse wumviriza Ijambo Ry’Imana Rivuganira nawe ku mabande.

Turi inkukuma z’Imana kandi zitogira imyumvikano kw’Ijambo na Rimwe. Dushaka Manu Nshasha Yonyene kuri buri gikorane kandi ntishobora kuza ari nshasha gusumba kuYumviriza Ivuye neza ku Mana ubwaYo. Turushiriza kuguruka twatiriye ijuru uko twumviriza buri Butumwa. Uko tuduga hejuru, niko dushobora kubona birushirije. Namba ata Manu iri muri iri shengero, inkukumaz’Imana ziraduga hejuru gatoya birushirije gushika ziYibonye.

Ese ukuntu imitima yacu isimbishwa n’umunezero igihe twumva Imana Itubwira ko turi Ishengero Ry’Imana RyiWe ry’inkomoko, Ryavutse ubwa kabiri, Ryizeye Ijambo Ryose ry’Imana imbere y’ikintu ico ari co cose, tutaravye ico ari co, kuko turi Umugeni Jambo wiWe w’inkumi Atavanze.

Hari uruzazane hagati mu bantu iki gihe. Nk’uko vyari mu gihe ca Yesu, abo bigira abizera bafata insiguro y’ivyo umuherezi yavuga ku Vyanditswe. Bizera insiguro y’umuntu kw’Ijambo. Ni yo mpamvu bananiwe kubona Ukuri kw’Imana, kuko hariho insiguro nyinshi birenze z’abantu kw’Ijambo
ry’Imana. Imana Ntikeneye umuntu n’umwe wo gusigura Ijambo RyaYo. Ni umusiguzi waYo Bwite.

Wibaza ko iyo uba warabayeho mu gihe ca Yesu, woba warizeye Ijambo Ryose Yavuze, utaravye ico umuherezi wawe yavuze ? Woba warabwiye umuherezi wawe ko kwumviriza Yesu ko cari ikintu c’ingira kamaro gusumba ibindi ushobora gukora ? Woba waramubwiye ko Amajambo ya Yesu adakeneye insiguro ? Iyo baba bari bafise amabande ya Yesu Avuga Ubutumwa, woba warabwiye umuherezi wawe ko ushaka ko afyonda akavuza ku buryo ushobora kwumviriza neza na neza ico Yesu Yavuze n’ukuntu Yakivuga ?

Yemwe, nticari igihe cawe ; iki ni igihe cawe, uyu ni umwanya wawe. Bibiliya Yavuze ngo, Ni Wawundi ejo, uno munsi no mu bihe bidashira. Ico ukora n’ico uvuga ubu ni co woba warakoze neza na neza ico gihe.

Twizera ko U-m-w-a-n-a w’Imana nyene Yaje mu buseruko Yigaragaje ubwiWe nk’Imana Yagaragaye mu mubiri, ari uwo M-w-a-n-a w’Imana nyene mu kirere c’uburengero Yimenyekanishije ubwiWe muri twebwe. Twizeye ko uno munsi Iki Canditswe Gishitse imbere yacu.

Ndizera vy’ukuri ko uyu ari umwaka w’ubuntu, umwaka wa yubire. Namba wipfuza kuguma uri umuja kandi utizera ko Ubu Butumwa ari Uko Niko Uhoraho Agize; namba Ubutumwa bwiWe atari Icishimikizo Ntanyiganyizwa cawe; namba wizera ko hategerezwa kuba umuntu wo gusigura Ubutumwa; namba wizera ko ari bibi kuvuza amabande mw’ishengero ryawe; Rero utegerezwa gufatwa maze bagatoboza ugutwi kwawe uruhindu, hanyuma rero uzotegerezwa gukorera urya mutware iminsi yawe yose isigaye.

Ariko Ishengero Mugeni nyaRyo Ry’inkomoko Ryizera Ijambo Ry’Imana Ryose mu kunengesera kwaRyo n’inkomezi zaRyo. Turi Ishengero Ryatoranijwe Ryavuye muri ivyo bintu kandi Rija ku ruhande, n’ukugaragara kw’Imana kwatumye tumera magabo. Turi Rurya Ruvyaro Cami Rwa Mpwemu Rwa Aburahamu.

Turabakengurukiye kubwo kuba ng’aha kwanyu no munezerererwa aka karyo k’uku gufatanya natwe, turindiranye igishika c’ivyo Imana Igiye kuduha muri iki gikorane.

Kubw’ivyo turabatumiye kwifatanya natwe kuw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha imwe y’ijoro mu Burundi) mu gihe tuzokwumviriza Uyu munsi Ibi Vyanditswe Birashitse, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 19 ruhuhuma, umwaka wa 1965. Dufise igishika c’ivyo Imana Igiye gukora muri ibi bikorane. Umuco w’akagoroba w’Umwana Waraje.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kumviriza Ubutumwa

Yohana 16
Yesaya 61:1-2
Luka 4:16

22-1106 Urubuto Ntiruraganwa N Igishishwa

Ubutumwa: 65-0218 Urubuto Ntiruraganwa N Igishishwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Jambo Nkumi,

Turi ng’aha. Twashitse. Igihe kirageze. Igishishwa caritandukanije n’Urubuto. Twarabaye mu Nyonga z’Umwana, tweze. Tuzoguma muri izo Nyonga gushika aho umugwi wacu mutoya uba uweze cane kuri Kristo, gushika aho ducika umutsima ku meza yiWe. Ishimwe ribe ku Mana !

Ubu Butumwa Bwagaragaje Malaki 4, Bwagaragaje Luka 17 :30, Bwagaragaje Abaheburayo 13 :8, Bwagaragaje Uwera Yohana 14 :12, Bwagaragaje Ivyahishuriwe Yohana igice ca 10, ukwugururwa kw’Udushashara Ndwi, amabanga y’Imana, uruvyaro rw’inzoka, ukurongora n’ukwahukana n’aya mabanga yose yandi yari yaranyegejwe munsi y’inkingi muri iyi myaka yose.

Turi inkumi kw’Ijambo. Ntidushobora kandi ntizokora ku kindi kintu ico ari co cose. Hamwe n’Ubutumwa bwose twumva, ni Bushasha kandi Bw’iki gihe; Manu Nshasha Ihejeje gukoroka Ivuye mw’Ijuru.

Ariko Yaratugabishije ko mu gihe c’iherezo hobaye impwemu zibiri zoba zegeranye cane, zozimiza n’abatoranijwe, namba vyari gushoboka. Rero, dutegerezwa kuba maso kuri iyo mpwemu mu gihe izoba imeze nk’Umugeni ubwayo.

Mwitegereze, murabe ukuntu isa n’iyiri hafi. Matayo yavuze, Uwera Matayo 24:24, yavuze ko, “Izo mpwemu zibiri mu minsi ya nyuma,” impwemu y’ishengero y’abantu b’ishengero, n’Impwemu y’Umugeni y’abantu b’Umugeni “zoba zegeraniye cane hamwe gushika aho vyohenda Uwatoranijwe nyene namba bishoboka.” Ni uko kuntu vyegeranye.

Yavuze IMPWEMU y’abantu b’ishengero n’IMPWEMU y’abantu b’umugeni bizoba vyegeranye cane. Ivyo
vyosigura ko impwemu y’abantu b’ishengero botegerejwe kuvuga ko bizeye Ubutumwa bw’igihe kugira ngo bibe IVYEGEREYE CANE.

Ntiboba ari aba Metodisiti, Batisiti, Peresipiteriyano, canke n’aba Pentekoti; bari kure cane y’Ijambo kandi barananse Ubutumwa. Nta n’umwe muri bo afise impwemu yegeranye n’iy’Umugeni.

Satani yaragerageje, kandi yarabishoboye cane, kuba umubeshi cane. No kuva kw’itanguriro, yavuze gusa ati, “Ata nkeka,” abwira uko Eva gukoresha ukwiyumvira kwiwe kandi ko yotegerejwe kumwumviriza kandi ntiyumvirize Ijambo gusa. Hariho ikintu kimwe conyene yategetswe gukora : kugumana n’Ijambo.

Ibiriho :

Namba ufise ikibazo, hategerezwa kuba inyishu. Ivyo ni vyo umuhanuzi yatubwiye. Inyishu itegerezwa kuva mw’Ijambo. Ijambo Riza ku muhanuzi wenyene. Umuhanuzi ni we musiguzi wenyene w’Ijambo. Namba
hari umugabo canke umugore abo ari bo bose baguhaye inyishu, itegerezwa kuba ico umuhanuzi yamaze kuvuga. Ntibishobora kuba insiguro yabo, iciyumviro canke ugutahura vyabo. Bategerezwa kubishigikiza n’Ijambo Ryavuzwe n’umuhanuzi yagaragajwe n’Imana. Si ijambo ry’umuhanuzi ryongeweko, ni ico umuhanuzi yavuze gusa.

Hariho imigwi ibiri ihuza ivyiyumviro.

1: Mutegerezwa kwizera Ijambo Ryose Riri ku ma bande nk’Ubutumwa nyamukuru buruta ubundi mutegerezwa kwumviriza.

2: Ntimutegerezwa kwizera Ijambo Ryose Riri ku ma bande, kandi igikorwa c’Imana ubu gifise ubutumwa nyamukuru buruta ubundi mutegerezwa kwumviriza.

Hariho ubwoko bwinshi, bwinshi butandukanye ku ciyumviro ca kabiri : Mpwemu Yera Azondongora canke umwungere wanje ategerezwa kutubwira ikiri canke ikitari Ijambo. Dukeneye vyinshi gusumba ivyo mweneData Branham yavuze gusa kw’ibande. Utegerezwa kuronka igikorwa c’Imana co gusigura canke gucagagura Ijambo. Ata gikorwa c’Imana ntushobora kuba Umugeni.

Hariho ukudasenyera ku mugozi umwe kwinshi, ariko ntibishoboka kubidondagura vyose. Ariko nta bitandukanye canke ukudasenyera ku mugozi umwe ku ciyumviro ca mbere. Ni WIZERE IJAMBO RYOSE, gusa.

Nk’abizera ubu Butumwa bw’igihe c’iherezo, utegerezwa kwibaza ubwawe ibi bibazo :

1: Urizera ivyo umuhanuzi yavuze ku ma bande ko ari Icishimikizo Ntanyiganyizwa cawe, canke wizera ko ari Mpwemu Yera muri wewe canke umwungere wawe?

2: Urizera ko igikorwa c’Imana kirimwo bitanu gifise ubutumwa nyamukuru gusumba ubundi Umugeni Akeneye kwumviriza, canke ni Ubwo Butumwa buri ku ma bande ?

Namba umwungere wawe, umuvugabutumwa, umwigisha, umuvugabutumwa canke umuhanuzi atakubwira ko kwumviriza amabande ari UBUTUMWA NYAMUKURU GUSUMBA UBUNDI utegerezwa kwumviriza, ni UW’IKINYOMA, KANDI IMPWEMU UMUHANUZI YATUGABISHIJE YOBA YAJE.

Namba avuga ko ARI Ubutumwa nyamukuru gusumba ubundi ushobora kwumviriza, ariko akanka kuvuza amabande mw’ishengero ryiwe, HARIHO IKINTU KINAKA KITAGENDA NEZA. Namba vy’ukuri yizeye ko kwumviriza amabande ari co kintu nyamukuru mushobora gukora, rero yovuza amabande UBWA MBERE, hanyuma akavuga ubutumwa namba yumva arongowe.

Akarorero gasanzwe :

Namba nababwiye, ko kunywa amazi atagira agatosi ari co kintu kimwe nyamukuru mushobora gukora kubw’amagara yanyu, kandi hariho ubwoko BUMWE bw’amazi yemewe kandi yemejwe ko ari amazi yo kunywa atagira agatosi… ariko iyo muje mu nzu yanje gufungura, sindabahe ayo mazi yemewe. Ndababwira nti, “mushobora kunywa arya mazi iwanyu ariko iwanje, mutegerezwa kunywa ivyo ndabahaye.”

Namba arya mazi ari co KINTU CIZA GUSUMBA IBINDI nshobora kubaha kubw’amagara yanyu, azobaha ubuzima, rero ikintu ca mbere ndabaha iyo mwinjiye mu nzu yanje ni arya mazi yo kunywa atagira agatosi.

Mbega mfise amakosa mu kuvuga nti, “VUZA AMABANDE MU MASHENGERO YANYU, ni co kintu ciza kuruta ibindi mushobora gukorera abantu banyu. Ni Uko Niko Uhoraho Agize.”

Canke, bafise amakosa mu kuvuga bati, “Ni bibi kuvuza amabande mw’ishengero, mweneData Branham ntiyigeze avuga kuvuza amabande mw’ishengero ryanyu. Tubwira abantu kuvuza amabande mu mazu yabo, mu modoka zanyu, igihe cose, ARIKO mw’ishengero bategerezwa kwumviriza JEWE.”

Ni iyihe Mpwemu Ikurongora? Mbega uvuga uti, “ibivugwa ku ma bande ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa canje n’ikintu nyamukuru kuruta ibindi nshobora kwumviriza”? canke, uvuga uti, “Amabande ntahagije. Si Icishimikizo Ntanyiganyizwa canje kandi si ikintu nyamukuru gusumba ibindi co kwumviriza, coba ari igikorwa c’Imana ?”

Ubu ni igihe c’Urubuto, canke igihe c’Umugeni. Ibishishwa vyarapfuye. Ibishishwa vyarumye. Igihe c’Ijambo Nkumi, Ritakozweko. Ni inkumi, mwibuke, igihe c’Inkumi- Jambo.

Ni mwumvirize Manu Nshasha Ihejeje gukoroka Ivuye mw’Ijuru uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza Urubuto Ntiruraganwa n’Igishishwa, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 18 ruhuhuma umwaka wa 1965.

MweneData Joseph Branham.

22-1030 Umuntu Ahunga Mu Nyonga Z Uhoraho

Ubutumwa: 65-0217 Umuntu Ahunga Mu Nyonga Z Uhoraho

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Myagazi y’Intama y’Umwami,

Ese ukuntu imitima yacu inihira kubw’iki gihe ca buri yinga igihe dushobora guhurira hamwe kw’isi yose kwumva Ijwi ry’Imana Ritubwira Ijambo ry’Ubugingo Budashira. Nta kindi kintu na kimwe gihaza ubugingo bwacu kandi kitumara inyota atari Ijwi ry’Imana.

Waratubwiye, Data ko umurima uhambaye w’ivyimburwa wera, weze kandi ubu urutete rwiteguriye kuja mu gihe gihambaye c’iyimburwa. Urutete ubu ruri mu Nyonga h’Umwana kandi rwerera Ubwami bw’Imana.

Duhagarariye, Data, ivyizerwa vyacu vy’ivyo tuzi ko ari Ukuri ; Ijwi RyaWe kw’ibande ni ryo Jwi RYONYENE rizotunganya, Umugeni WaWe.

Biragoye mu gihe tudatahurwa namba na beneData na bashikibacu. Tubasaba kandi tubinginga kudahunga mu Nyonga hiWe, yamara birukire mu Nyonga hiWe.

Turazi ko hariho abagabo benshi basizwe Watoye kandi Washizeho kuragirango baragire ubusho bwaWe, bakunda ubu Butumwa n’imitima yabo yose, ariko Data, bananirwa gushira Ijwi RyaWe Ryagaragajwe kumabande imbere yabo. Bananirwa kubabwira ko ubu ari Ubutumwa bw’umuntu umwe kandi kandi ko Watoye uwo mugabo wo kurongora Umugeni WaWe. Bananirwa no kubabwira ko Ijwi RyaWe ari ryo Jwi RYONYENE Rizohuza kandi Ritunganye Umugeni WaWe.

Ntegerezwa “Kubivugiriza induru.” Kuvugiriza induru ikintu cose, n’abantu bose, ko ari ukurwanya kuvuza Amabande YaWe mu mashengero yabo. Kuvugiriza induru igikorwa cabo, kuvugiriza induru ishengero ryabo, kuvugiriza induru abahanuzi babo, kuvugiriza induru abakozi b’Imana babo, kuvugiriza induru abaherezi babo. Ntegerezwa kuvugiriza induru ico kintu cose!

« Vuga, naje kwifatanya namwe mwebwe bantu . Murazi, nibaza ko nzobabwira ico nzokora. Mfise gusa ikintu gitoya ng’aha nizeye ko nshobora kukigira i… tuje hamwe twese, maze dukore iki, kiriya canke kirya kindi. »

Ntegerezwa kubivugiriza induru, mu gihe Ijambo ryaWe Ryonyene, Ryavuzwe n’umuhanuzi waWe, Rishobora kudushira HAMWE.

Ukuvuga ubutumwa kwabo kubishobora gute? Bose ntibemeranya kandi babona ibintu ukuntu gutandukanye, kiretse ikintu kimwe, bose bemeranya ku… KUTAVUZA AMABANDE MU MASHENGERO YABO. Ivyo bishoboka gute, ga Data?

Watubwiye ko dutegerezwa kugira ICISHIMIKIZO NTANYIGANYIZWA KIMWE, naco ni Ijambo RyaWe. Watubwiye ko Ijambo Ryawe Riva ku muhanuzi waWe, WENYENE. Watubwiye ko ari we WENYENE ashobora gusigura Ijambo RyaWe. Watubwiye ko umukozi w’Imana wese, umuKristo asanzwe, umuntu wese, ashobora KUVUGA ICO YAVUZE CONYENE. Ijwi RyiWe ni ryo JWI RYONYENE ryagaragajwe n’Inkingi y’Umuriro ko ari Uko Niko Uhoraho Agize.

Sindiko ndavuga ko ari ab’ibinyoma canke batovuga ubutumwa. Nta n’ubwo ndiko ndavuga ko Umwami Atari kumwe nabo, canke ko batasizwe kandi bahamagariwe kuvuga ubutumwa, ariko ntegerezwa kubavugiriza induru igihe batazobwira abantu babo ko kwumviriza amabande ari co kintu c’ingira kamaro gusumba ibindi bashobora gukora.

Guhindura akanyuguti kamwe canke akarongo kamwe ni urupfu. Waratanze uburyo ku Mugeni WaWe bwo kwumviriza Uko Niko Uhoraho Agize n’amatwi yabo bwite. Bashobora gute kutigisha abantu babo ko ari bwo Butumwa bw’ingirakamaro gusumba ubundi bategerezwa kwumviriza? Ni bwo Butumwa Bwonyene nshobora kuvuga AMEN kw’Ijambo Ryose, mu gihe atari Ijambo ry’umuntu canke insiguro y’umuntu y’Ijambo RyaWe, ni Ijambo RyaWe Ritagira agatosi.

Wavuze ko Ubutumwa n’intumwa ari co kimwe. Umuhanuzi wawe yaraRivuze kandi ko Worishikije. Ijambo RyaWe Ryavuzwe n’umuhanuzi waWe Ntirikeneye insiguro mu gihe ari Umwana w’Umuntu Avugana n’Umugeni WiWe Adaciye ku ruhande.

Ntegerezwa kwinginga abantu, nimugaruke ku rukundo rwanyu rwa mbere. Mugaruke ku co muzi ko ari UKO NIKO UHORAHO AGIZE. Namba mwamye mwibaza inzira yo kujamwo canke ico mutegerezwa gukora, muje ku bwato hamwe natwe iri joro. Tumanutse i Ninewe, gusemerera. Dufise inshingano imbere y’Imana, n’ubu Butumwa kw’ibande.

Twizeye ko Ukuza k’Umwami kuri hafi, kandi Agiye kugira Umugeni, kandi turiteguye. Nta kindi dushaka kiretse Ijambo Ritagira agatosi ry’Imana Ryavuzwe n’umuhanuzi waYo. Tugiye mu Bwiza, muze tujane mu bwato bwacu.

Namba mwizeye ko ubu Butumwa ri Ukuri, kandi bibereye kububamwo, bibereye kubupfira, muze dufatanye kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha y’i Jeffersonville,(isaha icumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi) mu gihe tuzokwumviriza Ubutumwa twizera ko ari ngirakamaro kandi bwihutirwa kuri twebwe kwumviriza : Umuntu Ahunga mu Nyonga z’Uhoraho, bwavuzwe kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma umwaka wa 1965.

Muri imyagazi y’intama yanje. Bimeze gute ? Muri imyagazi y’intama z’Umwami Yampaye kugaburira.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma :

Yona 1:1-3
Malaki 4
Yohana 14:12
Luka 17:30

22-1023 Ibibazo n Inyishu #4

Ubutumwa: 64-0830E Ibibazo n Inyishu #4

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi mweneData Joseph,

1.            Narumvise uvuga ko wizera ko IJAMBO RYOSE ry’ubu Butumwa ari NIKO UHORAHO AGIZE.

Kuva i bwina mu mutima wanje hamwe n’ibimbamwo vyose NDAVYIZEYE. Ni Ijwi ry’Imana nyene Rivugana n’Umugeni WaYo umunwa ku gutwi.

Imana Yavugiye mu muhanuzi waYo Ivuga Iti :

Nivyo mvuze, mw’Izina rya Yesu Kristo! Ntimwongereko ikintu na kimwe. Ntimukureko, ntimushire ivyiyumviro vyanyu bwite muri Ryo. Muvuge gusa ikivuzwe muri izo bande. Mukore gusa neza na neza ico Umwami Imana Yategetse gukora. NtimwongereKo.

Namba uvuga ko wizera ubu Butumwa bw’igihe c’iherezo, utegerezwa no kwizera BURI JAMBO RYOSE kugira ngo ube Umugeni waYo. Satani agerageza kuRyoza biciye mu gikorwa c’Imana kandi avuga ati, “Igihe mweneData Branham yavuga inkuru z’uguhiga canke avuga ati ‘mufise umutetsi wa mbere mu gihugu’, canke ati, ‘simfise Icanditswe c’ivyo, ariko ndababwira ico niyumvira,’ ntimutegerezwa kwizera ico gice. Mpwemu Yera Ari ng’aha kugira ngo Aturongorere gutahura Ijambo iryo ari Ryo, niritari ryo.” IYO NI YA DAYIMONI NYENE YAVUGANYE NA EVA KANDI YAVUZE, ATA NKEKA… NTIYASHAKA KUVUGA IJAMBO RYOSE. Hari ico bibibutsa?

Bakora neza na neza ico YABATEGETSE kudakora. Yavuze KUVUGA ICAVUZWE ku ma bande, atari gushira ivyiyumviro vyanyu canke ugutahura kwanyu kuri Ryo. Ntiyavuze “ikintu cose KIRETSE iki gice na kirya gice, kandi umwungere wanyu azobabwira igihe Mpwemu Yera Yariko Aravuga n’igihe yari jewe nariko ndavuga.” Ndi akabuye gatoya gusa ku nkombe muri aya mabuye maniniya.

2.            Wiyumvira ko mweneData Branham hamwe n’amabande yiwe / canke amabande yiwe ari icishimikizo ntanyiganyizwa?

MweneData Branham si Icishimikizo Ntanyiganyizwa canje ariko Ubutumwa yavuze kw’ibande ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa canje c’ukuri.

Abantu benshi bavuga ko ivyo atari vyo, ko Bibiliya ari Icishimikizo Ntanyiganyizwa. Mugenzi wanje, Bibiliya n’ubu Butumwa bwo kw’ibande ni ikintu kimwe.

Nico nyene kigize ubu Butumwa. Ubu Butumwa bwo kw’ibande ni insiguro ya Bibiliya. Ni bimwe kandi ni ikintu kimwe.

Ikintu gisanzwe nuko,  1 : Bibiliya Ni Ijambo. 2 : Ijambo Riza ku muhanuzi. 3 : Umuhanuzi ni we WENYENE musiguzi w’Ijambo ava ku Mana. 4 : Umuhanuzi wacu, William Marrion Branham, ni Ijambo Ryagaragajwe ry’igihe cacu kandi yarungitswe gusigura Ijambo. 5 : Ijambo ry’Imana NtiRikeneye insiguro. Ico Ivugiye mu muhanuzi waYo kw’ibande NI INSIGURO Y’IJAMBO RYAYO.

Bibiliya Itubwira ko Yaje ubugira kandi, kandi Akaba mu mubiri nka kurya nyene Yakoze hamwe na Aburahamu na Yesu Kristo. Yavuze ko Yari Agifise ibintu vyinshi vyo kutubwira. Yavuze ko Yohishuye aya mabanga yose ahambaye anyegejwe mw’Ijambo RyiWe. Yavuze ko bitari bikeneye insiguro. NtiYigeze Avuga ko Yorungika umugwi wo kurongora no guhuza ihanga ryiWe, WE UBWIWE YORONGOYE IHANGA BICIYE MU MUHANUZI WIWE NK’UKO YAMYE ABIKORA. IJAMBO RYIWE NTIRISHOBORA GUHINDUKA.

3.            Wizera ko abungere botegerejwe kuvuza amabande mu mashengero yabo?

Umwungere wese ategerezwa gukora nk’uko yumva arongowe n’Umwami gukora, mu gihe ishengero ryose ryigenga. Ndizera, kandi narabivugiye kenshi kuri alutari, ko abungere botegerejwe kugarukana mweneData Branham kuri alutari yabo mu kuvuza amabande. Sinigeze mvuga ko bategerezwa guheba kuvuga ubutumwa, ko bategerezwa kuvuza amabande gusa. Ariko bakoresha icitwazo cose kibaho kugira ngo ntibavuze  Ijwi ry’Imana mu mashengero yabo.

Nzoreka umuhanuzi avuge uko niyumva igihe abungere batazovuza iryo Jwi mu mashengero yabo.

Rero, mweneData Junior Jackson yari afise uburenganzira bwo kutemeranya n’ivyo. Ashaka ko ishengero ryiwe… Abantu bose bashaka uvuga mu ndimi n’ibindi mw’ikoraniro. Izo ni zo ngorane za mweneData Junior, ivyo ni—ivyo biramuraba. Ariko Junior Jackson yizera ubu Butumwa co kimwe na… n’uwo ari we wese muri twebwe. Ni umwe muri twebwe.

4.            Wizera ko abakozi b’Imana botegerejwe guhagarika kuvuga ubutumwa ?

Oya, sinigeze mvuga ivyo nta n’ubwo ndavyizera. Ijambo Ritubwira, kandi  mweneData Branham yaratomoye neza muri ubu Butumwa bw’Ibibazo n’Inyishu, kugira ngo abakozi b’Imana babandanye.

Numva ndongowe gusa, kw’ishengero ryanje, gukora intangamarara yihuta; canke nkoresheje ikete ubu, hanyuma rero gufyonda tukavuza no kwumviriza Ijwi ry’Imana RYONYENE Ryagaragajwe Ryo muri iki gihe. Navuze kenshi ko mfise igikorwa c’Imana gihambaye kurusha ibindi mw’isi, nshobora gushikiriza Ijwi ry’Imana ishengero ryanje buri munsi w’iyinga.

5.            Abantu bavuga ko wumva ko udakurikiye ibikorane vya Branham Tabernacle utaba uri Umugeni?

Nta NA RIMWE navuze ivyo canke ngo ndanavyiyumvire, beneData na bashikanje. Uwo ari we wese yovuga ikintu nk’ico yoba yihenze. Nk’umwungere wa Branham Tabernacle, numva ndongowe kuvuza amabande ya mweneData Branham. Nizera yuko rirya Jwi ari co kintu conyene kizohuriza hamwe Umugeni.

Nk’uko navuze kare, nizera ko ikintu cose kiri ku ma bande ari Niko Uhoraho Agize kandi ntigikeneye insiguro. Nshobora kuvuga amen kuri buri Jambo Ryose numva. Nizera ko William Marrion Branham yarungitswe guhamagarira Umugeni gusohoka. Ikibanza canje mu bikorwa vy’Imana bitanu ni ukurongorera abantu kuri irya ntumwa hanyuma rero gufyonda ukavuza. Nta kintu na kimwe kiruta kwumviriza rirya Jwi. Ugusigwa guhambaye kwa mbere kuri, kuri ayo mabande, none ni kuki noshaka guha ishengero ryanje ikindi kintu na kimwe?

Buri munsi w’iyinga ntumirira isi kwumviriza Ubutumwa Imana yashize ku mutima wanje bwo kuvugiriza ishengero ryanje. Umwe wese ahawe ikaze kugira ngo yumvirize mu mwanya umwe.

Nkoreshe ivyo mweneData Branham yavuze ku ma bande nk’umurongozi wanje.

Kandi twaronse ubu buryo bwo gukorera kw’iterefone ubu, akaba ari vyiza cane, cane. Abantu bashobora kwicara neza mu mazu yabo canke… gukoranira mu bibanza vyabo, amashengero yabo, n’ibindi, maze bakwumviriza igikorane. Ndabinezererwa.

Rero, mwungere, ndashaka ko umenya ko, ko, ibi bintu ari ikoraniro ryanje ryonyene ndabibwira. Kandi mfise uburenganizira bwo kubikora, kuko nashiriweho na Mpwemu Yera kwitwararika izi ntama.

Ubu Butumwa, n’ubundi Butumwa bwose mvuga, bugenewe ikoraniro ryanje. Si ubw’ikoraniro ryawe kiretse bashaka kuBwakira. Ariko Bugenewe aba bantu ng’aha.

Kandi ni iyo si idukikuje. Kandi abantu bavyuka mu gicugu mw’ijoro, mu bihugu vya kera, bagumya uyu murongo w’amasengesho mu mwanya umwe. Mu mvugo isanzwe, ibihumbi n’ibihumbagiza basengera mu mwanya umwe. Imana Itegerezwa kwumva ; neza mu—neza mu—neza kubw’amasengesho yanyu muriko muregereza Ijuru, murabona, rero Itegerezwa kwumva.

6.            Mbega ni bibi kuja kw’ishengero ?

Sinigeze mvuga ivyo canke nizera ivyo. Iyo mba nizera ivyo ni kuki nogira ishengero? Kuri Branham Tabernacle twari dufise ibikorane 3 kw’iyinga gushika aho bicika ibigoye cane kuri jewe kugira ivyo bikorane vyinshi buri yinga no gukora igikorwa  kuri VGR. Twaciye tugira rero ibikorane bibiri buri yinga kuri Tabernacle gushika aho vyabaye ibidashoboka kuhakwiza abantu. Rero twimukiye mu nyubako yacu twakoresha ku bakiri bato, nayo yari inzu y’imyimenyerezo yo kunonora imitsi.

Umwami Yanshize ku mutima gukora itangazo umunsi umwe wo kuw’iyinga mu gitondo. Navuze ko naho bokwugara iyi miryango y’ishengero umunsi umwe, ntitwosimba umutima mu gihe umwungere wacu yoshobora kuvugana natwe aho twoba turi hose. Inyuma y’ukwezi kumwe, haje COVID yugaye amashengero kw’isi yose.

Numvise ndongowe muri ico gihe, ko koba akaryo keza ko gusubiramwo iyo nyubako yo kunonoreramwo imitsi, mu gihe twari dukeneye aho dusengera. Rero, twaranezerewe mu mazu yacu, twunze ubumwe kandi twumviriza umuhanuzi w’Imana kw’ibande hamwe n’igice c’Umugeni kw’isi yose, mu gihe ishengero ririko rirasubirwamwo.

Ubu turiko turaheza inyubako, ariko neza nk’igihe mweneData Branham yari ng’aha kuri Branham Tabernacle, twaramaze kurengera igituro twubatse. Tuzotegerezwa gusenga no kuraba ukuntu Umwami Arongora.

Ndazi ko hariho ibindi bibazo umurengera, vyinshi rwose ku mitima y’abantu. Hariho ibintu vyinshi navuze vyatahuwe nabi. Namba mweneData Branham yatahurwa nabi, bizocura iki kuri jewe ?

Nshobora kwihenda mu vyo navuze. Nshobora kuba nabivuze neza kuruta canke narabitomoye neza kuruta uburyo navyerekanye. Ariko hariho ikintu kimwe NZI yuko ari co, UBU BUTUMWA BURATUNGANYE. Ntimutegerezwa kwumviriza jewe canke ico mvuga, ariko MUTEGEREZWA GUFYONDA MUKAVUZA NO KWIZERA BURI JAMBO RYOSE.

Ubugira kandi, ndabatumiriye kwifatanya na Branham Tabernacle kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe twumviriza : Ibibazo n’Inyishu igice ca 4, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 30 myandagaro ku mugoroba, umwaka wa 1964.

MweneData Joseph Branham.