All posts by admin5

20-0705 Kristo Ni Ibanga Ry Imana Ryahishuwe

Ubutumwa: 63-0728 Kristo Ni Ibanga Ry Imana Ryahishuwe

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

04/07/2020
Inkukuma Zirakoranira Hamwe

Bakundwa Mwatoranijwe,

Uyu munsi Umugeni wa Kristo aranezerewe nk’uko bitigeze bibaho mu mateka y’isi, kuko twisunze Ijambo Ry’Imana, Yaduhishuriye ko dufise Ubugingo Budashira kandi ko tutazoshirwa mu rukinja, ariko twavuye mu rupfu twashitse mu bugingo, kuko yishizeko urubanza rwacu.

Hanyuma Yaduhishuriye ikindi kintu kiruta, gihambaye kuruta. Muvuga muti GIHAMBAYE KURUTA ? Ego, kuko hambavu y’uko dufise Ubugingo Budashira (kuko hazoba ibihumbi n’ibihumbi vy’abantu bazoronka Ubugingo Budashira), Yaduhishuriye arongera Atubwira Ati : “Ndabafitiye ikintu kidasanzwe mwebwe gusa. Ikintu bo batazoronka, kubera iki, kuko MURI UMUGENI WANJE NAHISEMWO KANDI NATORANIJE, nico gituma nabateguriye ikibanza kidasanzwe RWOSE, CA MWE NA NJE GUSA.”

Musinzira, canke mudasinzira, mwakora ibi canke ntimubikore; aho mwohambwa hose, canke mbere ntimunahambwe na mba, uko biri kwose muzoza!
Nta na kimwe cobatangira. Muzoba muri hariya!

Tuzoba turi hariya kandi nta na kimwe coduhagarika, nta na kimwe! Kandi tumaze kuhashika, tuzubaka amazu, maze tuyabemwo. Tuzotera imizabibu, maze turye ivyamwa vyayo. Ntituzotera hanyuma hagire uwundi abiragwa, TUZOTERA imizabibu yacu bwite, twubake amazu yacu bwite, hanyuma tuyagumemwo. Tuzobana hamwe Ibihe Bidashira hamwe na We nk’Umugeni wiWe.

Turiko turitegura kuduga mumajuru kubw’inkomezi z’Imana. Turi ku gasongero ka piramide twitegurira Ukuzamurwa. None tumenya gute ko ibi bintu ari ukuri ? Mu guhishurirwa. Twaramenye umunsi wacu, twaramenye intumwa yacu, ubu naho twaramenye abo turi.

Ariko rero, ushobora kuzobayo mugihe uje uciye mu nzira yateguwe n’Imana gusa. Iyo nayo ni Ubutumwa bw’igihe bwavuzwe n’intumwa yatanzwe n’Imana. Ni yo nzira yonyene yateguwe n’Imana kuri uyu munsi.

Muri buri Butumwa, turaMwumva Atubwira ukuntu Yahisemwo Umugeni atazogwa, azoguma afashe kuri rirya Jambo ataraba ivyo isi yose yoRivugako. Bazofata iryo Jambo, kuko batoranirijwe kurihagararako kubera bo ni igice c’iryo Jambo. Ntibazoterwa isoni, ariko
bazishimira kuvuga bati : “ego, NDAFYONDA NKAVUZA.”

Murabitahura ? Mukaba mutabitahuye, muragaruka mwumvirize iyi bande ubugira kandi. Sinzi igihe nzomarana namwe uko kingana. Muribuka, uku ni Ukuri, ni UKU NI KWO UHORAHO AGIZE.
Ni Ukuri. Ni Ivyanditswe.

Twiteze n’igishika ivyo Azoduhishurira ubukurikira. Twarabonye ukuntu Yadukoranirije hamwe mu mazu yacu tuvuye mu mpande zose z’isi ngo twumvirize Imfungurwa ziWe Zabitswe. Turabona ukuntu Yariko Arahishura ibintu twari tumaze kwumva incuro nyinshi, nyinshi, imyaka
myinshi, ariko ubu akaba ariho biriko biragaragara.

None Ubutumwa bukurikira buzoduhishurira iki ?

Umwami Abishatse, Nipfuza kuvuga, mu guheraheza uru rukurikirane rw’ibikorane kuva ndi ngaha, mu gitondo ku munsi w’iyinga, ku kintu gihambaye cane. … ico ngomba ngerageze gukora, Mpwemu Yera niYamfasha, n’ugutahura Ubutumwa hamwe n’aho Bugeze ubu, hanyuma nubakire aho bwatanguriye, maze ndabutondeke kugeza muri iki
gihe ca none.

Azotubwira aho Ijambo Ryatanguriye hanyuma agende araritondeka kugeza kuri uyu munsi. Mbega umunsi ku Mugeni wiwe.

Imana mu Mubiri waYo, Kristo; na Kristo mu Mubiri wiWe, Umugeni. Yoo, yoo, yoo, Mana we! Imana Yagaragarijwe muri Kristo; Kristo Yagaragarijwe mu Mugeni! Kandi uko Imana Yakuye mu mubiri wa Adamu umugore maze akagwa; rero Imana Yakuye mu mubiri wa Kristo, mu mara yiWe, Umubiri wiWe, ariWo Jambo, none Iriko Ikuramwo Umugeni atazogwishwa n’amadini canke imigenzo. Oya, mugenzi. Ariko agira agarukane n’Ijambo Ry’Imana Ritunganye, Ritavanze, Ririko Riragaragazwa. Nizera ko umugabo wese azumviriza iyi bande, n’umugore wese, azobitahura.

Twiteganye igishika kwumva Imana Ituvugisha Iciye mu ntumwa yiWe maze Ikatubwira ko turi Ijambo Ry’Imana Ritunganye, Ritavanze, Ririko Riragaragazwa mu kwumviriza bande.

Muze dukoranire hamwe ku vyuma vyacu bifata amajwi ku mabande tuvuye mu mpande zose z’isi kuri uyu munsi w’iyinga, aho tuzokwicarana hamwe ahantu ho mw’ijuru isaha indwi zo kumuhingamo mu masaha y’i Jeffersonville, maze twumvirize Ijwi Ry’Imana Riduhishurira, 63- 0728 Kristo ni Ibanga ry’Imana Ryahishuwe.

MweneSo Joseph Branham

20-0628 Imana NtIrengutsa Umuntu Mu Rubanza Itabanje Kumuburira

Ubutumwa: 63-0724 Imana NtIrengutsa Umuntu Mu Rubanza Itabanje Kumuburira

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Inkukuma Zirakoranira Hamwe

Bakundwa Tubohanywe,
Imbohe ntiganza ubuzima bwayo bwa minsi yose. Ibwirwa igihe ivyukira, igihe ifungurira, igihe igira mu busaswa, buri munota, buri saha, buri munsi. Hari umuntu aganje rwose ubuzima bwayo.

Imana Ishimwe. Ese ukuntu dushima ko turi imbohe nk’iyo kuri Yesu Kristo, aho Aganza rwose buri munota wa buri munsi w’ubuzima bwacu. Ntidutegerezwa kwiganyira ku vyerekeye ivyo twokora buri munsi canke ico buri munsi wotuzanira, kuko Arongora intambuko zacu mu nzira.
Nta kibi coza kitugana kuko Atubwira buri gitondo Ati, “Ntutinye, Nza kubana nawe uno munsi. Nta ho Nzoguta canke ngo Ndaguhemukire. Nzobana nawe aho uzoshira ikirenge hose mu nzira.”

Ese ugutekana n’amahoro Umugeni wiwe afise buri munsi. Ata bwoba bw’ivyozanana n’umunsi, turaruhutse, kuko NTA NA KIMWE codushikira atari ubugombe bwa Data. Icipfuzo cacu conyene ni ukuMukorera, tuMushirako umutima umunsi wose n’ijoro ryose mu kuguma mw’Ijambo
ryiWe no mu kwumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana natwe mu gihe tubwira Ati, “Muri Ijambo Ryanje Ryagaragajwe, Muri Ishengero ryaNje kuri uyu munsi.”

Iyo tuba twoshobora kubigumiza mu vyiyumviro vyacu, kandi twisunze Ijambo ry’Imana, yuko muri iyi minsi ya nyuma Agiye kuronka Ishengero, Agiye kuronka abantu, n’ibi bintu Yasezeranije, Agiye kuzobikora. Yavuze ko Azobikora, kandi turi muri ico gihe. Niho turi. Ubu ariko Aragerageza kutugira imbohe nyazo gusa, twugaranye hamwe naWe.

Umubiri wa Kristo utegerezwa kuba wugaranye naWe, mu kibanza cawo, bijanye neza, twunze ubumwe n’Ijambo RyiWe. Ubu Butumwa, Ijambo RyiWe Ryavuzwe, nico kintu conyene kizobishitsa.

Buri munsi tubaho, tubona Ijambo Ririko Riragaragazwa muri twebwe no mw’isi. Twumva Rirya Jambo Rivugana natwe kandi Ritubwira yuko turi rirya Shami Rishasha, Icamwa co mubushorishori bw’Igiti, Adamu wiWe yashumbushijwe, rya Shengero Yavuze ko Azogira ritazogira imyumvikano kw’Ijambo na Rimwe.

Hanyuma tubona Ijambo Ririko Riragaragazwa muri iyi si tubamwo buri munsi. Ubuvugishwa buriko burashitswa. Urubanza ruri kw’isi. muhanuzi yaratuburiye aho yariko araba kure maze akabona hari ikintu citeguriye kuba. Hanyuma atubwira ico yariko araraba hamwe n’ico kintu
kizoba. Yarabivuze, kandi nta kintu kiri mw’isi cobihagarika.

Imana Yasezeranije ko Itazoca urubanza kw’ isi Itabanje kuburira abantu. Ntaco Yigera Ikora Itabanje ubwa mbere kukivuga biciye mu muhanuzi waYo, ico Yiteze gukora. Imburi yamye itangwa kenshi. Ibi bintu tubona biriko biraba mw’isi uyu munsi ntibiriko birapfa kuba. Ni ugucirwa urubanza kuriko kurashika impande zacu zose. Nizera yuko iyi ari imburi ya nyuma y’Imana kw’isi. Nizeye yuko iyi ari mburi ya nyuma y’Imana kw’Ishengero. Mbega muracamase ku bintu vy’isi ? Imana Ishaka ko twitandukanya n’isi yose, ntitugerageze kubana n’isi hamwe n’Imana. Yatuburiye ngo ntitugerageze kwifata nk’isi, ahubwo twifate nk’Imana. Yo muYishire hamwe n’Ijambo ryaYo imbere ya vyose.

Mbega muhagaze he kuri buno Butumwa bw’igihe. Icishimikizo Ntanyiganyizwa cawe ni ikihe ? Uhagaze he kuvyerekeye ukutihenda kw’Ijambo Ryavuzwe biciye mu muhanuzi waYo ? Urizera buri Jambo Ryose ? Mbega ukurikira inzira yaciwe n’Imana muri iki gihe canke uhanze amaso abandi bantu canke akagwi k’abantu ?

Ugucirwa urubanza kuri hejuru y’isi, uyu ni umuhamagaro wanyuma. Araje kubw’Umugeni wiWe. Ukuzamurwa kuregereje. Yateguye inzira yo guhunga mu gihe ca Nowa. Nowa yateguye abantu; yari umuhamagaro w’imbabazi imbere y’urubanza. Mu gihe ca Mose, Imana Yari Yaraciye inzira, wategerezwa kwizera Mose. Uburyo bwonyene bwo gushika mu gihugu c’isezerano bwari ukwizera buri Jambo ryose no gukurikira intumwa yiWe, canke ugahona.

Umuhanuzi yaratuburiye kuri iyi minsi, none ubu turabona iriko iragaragazwa. Urabe neza ko uri mu bwato bw’’Imana bw’iki gihe, Ijambo RyaYo, ubu Butumwa.

Aho tuzoba dukoraniye mu mpande zose z’isi ubugira kandi kuri uyu munsi w’iyinga, isaha indwi zo ku muhingamo mu masaha y’i Jeffersonville, kugira ngo twumvirize 63-0724 Imana NtIrengutsa Umuntu mu rubanza Itabanje Kumuburira, muze tuzoshime Umwami ko
Yaduhishuriye Inzira yiWe yonyene yo guhunga urubanza rwiWe : jambo RyiWe.

MweneSo Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza ubutumwa
Yesaya 38 : 1-5
Amosi Igice ca 1

20-0614 Ugushumbushwa KwIgiti-Mugeni

Ubutumwa: 62-0422 Ugushumbushwa KwIgiti-Mugeni

Kuvoma Ubutumwa

Mukundwa Giti-Mugeni,
N’ibiki biriko biraba kw’isi kuri uyu munsi nyene? Ubuvugishwa buriko burashitswa. Uguhungabana rwose, abantu bicana, ukuzazanirwa kuri benshi, isi yose yataye ubwenge bwose. Ariko Umugeni wiWe aratekanye rwose kuko bariko baraba umwe na Data. Imana Iriko Iregeraniza hamwe Umugeni waYo gushika aho umwe wese anywana
neza n’uwundi hamwe n’Imana. Isengesho ryaYo ririko ririshurwa, turiko turaba Umwe naYo.
Dusa naYo, mu bumwe bwaYo, mw’ishusho itunganye y’Imana Nzima, kuko tuba abahungu n’abakobwa. Tudatandukanijwe, ariko Impwemu Imwe, Imana Imwe, Umuntu Umwe, twunzwe mu buryo bw’ubugeni n’Uhoraho. Murabona ko Imana yateguye ko tutoba dutandukanye, ariko tuba We! Atari uwundi muntu kanaka wo mu bundi bwoko, ariko ukwiyunga vyukuri, uruvyaro rw’Ushobora vyose, bikozwe n’ukwiyunga kwera.
Inzira yonyene yo kuba Umwe na Yo mu bumwe n’ukutagira imyumvikano canke guca kuruhande rw’Ijambo na Rimwe. Dutegerezwa kwizera buri Jambo Ryose.
Iri kumwe natwe kumurango, Iraturongora, Itugaburira n’Imfungurwa ZaYo Zabitswe. Idukunda kandi Isangira natwe umwanya wose, ubu turiko turaba mw’Ishusho y’Imana, tugira ugufatanya gutunganye hamwe naYo biciye mw’Ijambo ryaYo. Kristo n’Umugeni wiWe n’Umwe.
Turi ikintu kimwe, Impwemu Imwe, ibikorwa bimwe, ibimenyetso bimwe, n’ibindi vyose. Ni iherezo ry’umunsi wa gatatu, Yariyeretse Umugeni waYo ubugira kandi, Iriko Iregeraniriza hamwe Umugeni waYo Ikoresheje Ijambo RyaYo Ryavuzwe.
N’iki kiriko kiraba uyu munsi ku Mugeni waYo kw’isi yose?
Ni Pasika kandi ku bizera b’ukuri b’Ijambo ryaYo Ridahemuka. Ni Pasika. Ni ukuzuka. Imana Ifise abantu ahantu hose. Ni Pasika kuri bo…
Urubuto Cami Rwaranyegejwe mu mizi, Ijambo, Rwanyegejwe aha inyuma muri Iri Jambo, imyaka n’imyaka, n’imyaka, ubu akaba ariho Rutanguye guhishurwa. N’igihe ca Pasika. Iri Shengero Ryatoranijwe kuva isi iremwa, Ritanguye guhagarara.
Turiko turaronka ukuzuka kwa Pasika nk’uko Yabikoze ku Mukwe. Umuco wo kukagoroba Waraje maze Urimenyekanisha imbere y’urubuto rwaYo rwatoranijwe. Ni Igiti-Muhanuzi Gitunganye, cigisha Ijambo Ritunganye ry’Umuhanuzi, n’ibimenyetso vy’Umuhanuzi bitunganye, n’ibishikwako n’Umuhanuzi bitunganye, ivyamwa vya Mpwemu bitunganye.
Umuco wo kukagoroba waje mu ntumbero imwe n’iy’Umuco wo mugatondo, gushumbusha kandi Ijambo ry’Imana Ryose, ukugaragara kwuzuye kwa Kristo mw’Ishengero ryiWe. Ico Yakoze cose, uko Yari Yaragikoze nyene kirya gihe, niko Yasubiye kugikora.
Yaduhishuriye ko Igiti-Mukwe, ata Mugore, Kidashobora kwama icamwa, rero Itegerezwa kugira Igiti-Mugeni kugira Ishitse Ijambo ryaYo. TURI kirya Giti-Mugeni. Tugizwe n’ikintu c’ubwoko bumwe, Ijambo Ryambaye umubiri mu Giti.
Mbega igihe co guhimbarwa ku Mugeni. Tuzongera kuba igice c’ubuvugishwa bushitswa kuri uyu munsi w’Imana mu gihe tuzoba dukoraniye hamwe isaha zitandatu zo kumuhingamo mumasaha y’i Jeffersonville kugira twumvirize: Ugushumbushwa kw’IgitiMugeni 62-0422.
Ndasenze ngo Mpwemu Yera Azojane naRyo kuri ayo mabande, no mu mahanga. Kandi hamwe nokurwa kw’isi, Iri Rizobeho, Mwami. N’Ijambo Ryawe. Reka Umuco wo kukagoroba ukayangane Mwami, garagaza uyu Mugeni wa Kristo Ateye igomwe. Rihezagire Mwami. Ntirikugarukeko ubusa, Rizosozere ico Ryategekanirijwe gukora. Bikore, Data. Amashimwe yose Azoba ayaWe.
Ya Mpwemu Yera Nyene Yavuze ubu Butumwa haraheze imyaka 58, Izoba Iri kumwe n’umwe wese muri twebwe mu mazu yacu, mu mashengero yacu, mu bitaro, aho tuzoba dukoraniye hose kugira ngo twumvirize Iri Jambo. Ishengero, ryose hamwe, Ririko Riraja hamwe mu bumwe, umwe ngaha uwundi hariya. Turagize Umugeni wiWe.
MweneData Joseph Branham
Yoweli 1 : 1 – 4
Yoweli 2 : 25
Itanguriro 20 : 7
Zaburi 1
Abanyefeso 1 : 5
2 Timoteyo 3 : 1 – 5
1 Yohana 5 : 7 – 8

Disclaimer for Translations done at the Branham Tabernacle

Translations of the services are done live and are not to be used for audio duplication, transcription, or reproduced in any way. The interpreters have the best intentions to accurately relay what is said during each service, but there will be missing words and mistakes which are humanly unavoidable during live translations. The sermon translations are NOT intended as standalone translations, and may NOT be up to the normal standards of Voice Of God Recordings.

Our motive behind the translated audio stream is to give those who do not speak English the opportunity to worship with us in the services. The Branham Tabernacle is a missionary-minded church that has a great burden for the Bride of Christ in the mission fields around the world. We are thankful for the opportunity the Lord has given us to reach them through our prayers, love offerings, and now, a fellowship around the Word by the way of streaming. We trust these services will be a blessing to you and your family.

–This announcement was created in collaboration with the Branham Tabernacle

20-0607 Ubumwe

Ubutumwa: 62-0211 Ubumwe

20-0517 None Yesu Yitwa Kristo We Ndamugire Nte?

Ubutumwa: 63-1124M None Yesu Yitwa Kristo We Ndamugire Nte?

20-0510 Icishimikizo Ntanyiganyizwa

Ubutumwa: 62-1230m Icishimikizo Ntanyiganyizwa