20-0614 Ugushumbushwa KwIgiti-Mugeni

Ubutumwa: 62-0422 Ugushumbushwa KwIgiti-Mugeni

Kuvoma Ubutumwa

Mukundwa Giti-Mugeni,
N’ibiki biriko biraba kw’isi kuri uyu munsi nyene? Ubuvugishwa buriko burashitswa. Uguhungabana rwose, abantu bicana, ukuzazanirwa kuri benshi, isi yose yataye ubwenge bwose. Ariko Umugeni wiWe aratekanye rwose kuko bariko baraba umwe na Data. Imana Iriko Iregeraniza hamwe Umugeni waYo gushika aho umwe wese anywana
neza n’uwundi hamwe n’Imana. Isengesho ryaYo ririko ririshurwa, turiko turaba Umwe naYo.
Dusa naYo, mu bumwe bwaYo, mw’ishusho itunganye y’Imana Nzima, kuko tuba abahungu n’abakobwa. Tudatandukanijwe, ariko Impwemu Imwe, Imana Imwe, Umuntu Umwe, twunzwe mu buryo bw’ubugeni n’Uhoraho. Murabona ko Imana yateguye ko tutoba dutandukanye, ariko tuba We! Atari uwundi muntu kanaka wo mu bundi bwoko, ariko ukwiyunga vyukuri, uruvyaro rw’Ushobora vyose, bikozwe n’ukwiyunga kwera.
Inzira yonyene yo kuba Umwe na Yo mu bumwe n’ukutagira imyumvikano canke guca kuruhande rw’Ijambo na Rimwe. Dutegerezwa kwizera buri Jambo Ryose.
Iri kumwe natwe kumurango, Iraturongora, Itugaburira n’Imfungurwa ZaYo Zabitswe. Idukunda kandi Isangira natwe umwanya wose, ubu turiko turaba mw’Ishusho y’Imana, tugira ugufatanya gutunganye hamwe naYo biciye mw’Ijambo ryaYo. Kristo n’Umugeni wiWe n’Umwe.
Turi ikintu kimwe, Impwemu Imwe, ibikorwa bimwe, ibimenyetso bimwe, n’ibindi vyose. Ni iherezo ry’umunsi wa gatatu, Yariyeretse Umugeni waYo ubugira kandi, Iriko Iregeraniriza hamwe Umugeni waYo Ikoresheje Ijambo RyaYo Ryavuzwe.
N’iki kiriko kiraba uyu munsi ku Mugeni waYo kw’isi yose?
Ni Pasika kandi ku bizera b’ukuri b’Ijambo ryaYo Ridahemuka. Ni Pasika. Ni ukuzuka. Imana Ifise abantu ahantu hose. Ni Pasika kuri bo…
Urubuto Cami Rwaranyegejwe mu mizi, Ijambo, Rwanyegejwe aha inyuma muri Iri Jambo, imyaka n’imyaka, n’imyaka, ubu akaba ariho Rutanguye guhishurwa. N’igihe ca Pasika. Iri Shengero Ryatoranijwe kuva isi iremwa, Ritanguye guhagarara.
Turiko turaronka ukuzuka kwa Pasika nk’uko Yabikoze ku Mukwe. Umuco wo kukagoroba Waraje maze Urimenyekanisha imbere y’urubuto rwaYo rwatoranijwe. Ni Igiti-Muhanuzi Gitunganye, cigisha Ijambo Ritunganye ry’Umuhanuzi, n’ibimenyetso vy’Umuhanuzi bitunganye, n’ibishikwako n’Umuhanuzi bitunganye, ivyamwa vya Mpwemu bitunganye.
Umuco wo kukagoroba waje mu ntumbero imwe n’iy’Umuco wo mugatondo, gushumbusha kandi Ijambo ry’Imana Ryose, ukugaragara kwuzuye kwa Kristo mw’Ishengero ryiWe. Ico Yakoze cose, uko Yari Yaragikoze nyene kirya gihe, niko Yasubiye kugikora.
Yaduhishuriye ko Igiti-Mukwe, ata Mugore, Kidashobora kwama icamwa, rero Itegerezwa kugira Igiti-Mugeni kugira Ishitse Ijambo ryaYo. TURI kirya Giti-Mugeni. Tugizwe n’ikintu c’ubwoko bumwe, Ijambo Ryambaye umubiri mu Giti.
Mbega igihe co guhimbarwa ku Mugeni. Tuzongera kuba igice c’ubuvugishwa bushitswa kuri uyu munsi w’Imana mu gihe tuzoba dukoraniye hamwe isaha zitandatu zo kumuhingamo mumasaha y’i Jeffersonville kugira twumvirize: Ugushumbushwa kw’IgitiMugeni 62-0422.
Ndasenze ngo Mpwemu Yera Azojane naRyo kuri ayo mabande, no mu mahanga. Kandi hamwe nokurwa kw’isi, Iri Rizobeho, Mwami. N’Ijambo Ryawe. Reka Umuco wo kukagoroba ukayangane Mwami, garagaza uyu Mugeni wa Kristo Ateye igomwe. Rihezagire Mwami. Ntirikugarukeko ubusa, Rizosozere ico Ryategekanirijwe gukora. Bikore, Data. Amashimwe yose Azoba ayaWe.
Ya Mpwemu Yera Nyene Yavuze ubu Butumwa haraheze imyaka 58, Izoba Iri kumwe n’umwe wese muri twebwe mu mazu yacu, mu mashengero yacu, mu bitaro, aho tuzoba dukoraniye hose kugira ngo twumvirize Iri Jambo. Ishengero, ryose hamwe, Ririko Riraja hamwe mu bumwe, umwe ngaha uwundi hariya. Turagize Umugeni wiWe.
MweneData Joseph Branham
Yoweli 1 : 1 – 4
Yoweli 2 : 25
Itanguriro 20 : 7
Zaburi 1
Abanyefeso 1 : 5
2 Timoteyo 3 : 1 – 5
1 Yohana 5 : 7 – 8

Disclaimer for Translations done at the Branham Tabernacle

Translations of the services are done live and are not to be used for audio duplication, transcription, or reproduced in any way. The interpreters have the best intentions to accurately relay what is said during each service, but there will be missing words and mistakes which are humanly unavoidable during live translations. The sermon translations are NOT intended as standalone translations, and may NOT be up to the normal standards of Voice Of God Recordings.

Our motive behind the translated audio stream is to give those who do not speak English the opportunity to worship with us in the services. The Branham Tabernacle is a missionary-minded church that has a great burden for the Bride of Christ in the mission fields around the world. We are thankful for the opportunity the Lord has given us to reach them through our prayers, love offerings, and now, a fellowship around the Word by the way of streaming. We trust these services will be a blessing to you and your family.

–This announcement was created in collaboration with the Branham Tabernacle