21-0808 Mbega Imana Irahindura Ivyiyumviro VyaYo

Ubutumwa: 65-0427 Mbega Imana Irahindura Ivyiyumviro VyaYo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

INKUKUMA ZIRAKORANIRA HAMWE

Mukunzi Mugeni Bugombe Butunganye,

Ewe Mana Mukunzi, ntidushaka ubugombe bwaWe bwo gupfa kwemera, Data. Reka Tugendere mu bugombe bwaWe butunganye. Ntidufate gusa—gusa Ijambo ng’aha na hariya, maze tuRijanishe n’ivyizerwa canke nemera, canke ikintu kinaka. Reka Dufate Ijambo nk’ukwo Riri, twizeye Ubutumwa Bwiza bwose, ivyo Yesu Yatwigishije vyose gukora.

Ico nico cipfuzo cacu gihambaye kandi c’ibwina, kuba mu bugombe bw’Imana butunganye. Ntitwigere na rimwe tuMubabaza, ariko tuMuhimbare mu vyo tuvuga no muvyo dukora vyose. Dushaka kuba mu bagizwe abahungu n’abakobwa biWe kandi bagaragaye.

Ni hehe tubona ukuntu tuba mu bugombe bwiWe butunganye kandi tukaMuhimbara? Dutegerezwa kuja kw’Ijambo ryiWe, kuko turazi ko Ijambo ryiWe ari ukuri n’ubugingo. Ijambo ryiWe Ryama ari rya rindi, integuro yiWe yama ari yayindi, kuko Ntashobora guhinduka.

Ijambo Ritubwira, uburyo Yakoze ibintu ubwa mbere, Azokwama Akora co kimwe. Ategerezwa kuguma Ari Wawundi ibihe vyose. Intumbero yiWe yamye ari yayindi. Ibikorwa vyiWe vyamye ari vya bindi. Uburyo Akora ibintu, uburyo Akiza abantu, uburyo Arongora abantu biWe, Azoguma iminsi yose ari Wawundi.

Bibiliya Itubwira mw’Ijambo ryiWe Ridahinduka ko Ijambo ry’Uhoraho Riza ku bahanuzi biWe bonyene. Ntiyigeze Arihishurira abakuru b’amadini canke umunyatewolojiya, ku bahanuzi biWe gusa. Yavuze kandi ko Atakoze ikintu na kimwe Atabanje kucereka abahanuzi biWe.

Umuntu yamye ashaka uburyo bwo gukora kw’abantu, umugwi w’abantu bo kubarongora. Ariko ivyo ntivyigeze biba inzira y’Imana, Yamye Arungika umurongozi yahamagawe n’Imana, umuhanuzi yagenywe hamwe n’Ijambo ryo kurongora ihanga ryiWe. Uwo muhanuzi yagaragazwa kandi yatorwa kugira ngo abe umurongozi wabo w’ico gihe.

Imana Yatoye kandi Yashize mu kibanza abarongozi benshi bandi bagenywe buzuye Mpwemu Yera; kandi bafise ahantu habo, ariko Yagabishije abo barongozi Ati, “mugume kure y’Inkingi y’Umuriro.” Ni igiki iyo Nkingi y’Umuriro ikora… IRONGORA IRYO HANGA UMURANGO N’IJORO. Rero Ijambo Ritubwira Riti, “Nk’ukwo vyari bimeze mu minsi ya Sodomu, niko bizomera mu minsi y’aho Umwana w’umuntu Azohishurirwa.” Bijanye n’Ijambo ryiWe muri Malaki 4, n’Ivyanditswe vyinshi, Ategerezwa kugaruka mw’Ishengero ryiWe mw’ishusho y’umubiri, mu bantu, mu biremwa muntu, mu buryo bwo kuba umuhanuzi.

Tuzomenya gute uyu muhanuzi ? Azokwemeza uwo ari we biciye mw’Ijambo. Azomenya amabanga nyene ari mu mitima. Azohishurira abantu Ijambo Ryose. Azogaragazwa n’Inkingi y’Umuriro kugira ngo Arongore Umugeni. Imana Izoba Inafise ifoto yaYo yafashwe Iri kumwe n’umuhanuzi waYo.

Bamwe bazoba nka Yohana ku kizinga ca Patimo maze bagerageze kumusenga, ariko azovuga ati, “Raba ntubikore, kuko ndi umugurano mugenzawe, kandi uwo mu bavugishwa n’Imana, asenga Imana.” Umugeni azomenya ko atari kumusenga uwo muntu, kiretse gusenga Imana MURI URYA MUNTU.

Tuzomenya ko ariwe Imana Yahisemwo kuvuga Ijambo ry’ukutihenda. Azomenya ko yari irya ntumwa mumarayika ndwi yatowe n’Imana. Isi izobona kandi izokwumva Ijwi ry’Imana Rivugira muri We kandi izobona Adamu wa mbere yashumbushijwe umurava.

Azorongora Umugeni n’Inkingi y’Umuriro. Azokura aya makuru muri Logos maze ayahe Umugeni ari mu nzira yiwe ija mu Gihugu casezeranywe. Umugeni Azoronka uguhishura kandi Azomenya iyi ntumwa Imana Yateguye. Iyi ni inzira Imana Yateguye. Ubu ni UBUGOMBE BUTUNGANYE bw’Imana.

Muze dufatanye kuw’iyinga isaha umunani, isaha y’I Jeffersonville, maze twumvirize : Imana Irahindura Ivyiyumviro vyaYo? Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 27 ndamukiza umwaka wa 1965.

MweneData Joseph Branham

Icanditswe co gusoma imbere yo kwumviriza ubutumwa

Guharura 22:31