21-0815 Urubuto Ntiruzoraganwa nIgishishwa

Ubutumwa: 65-0429b Urubuto Ntiruzoraganwa nIgishishwa

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

INKUKUMA ZIRAKORANIRA HAMWE

Mukunzi Kara ko Mu Mara Yiwe,
Ndanezerewe cane yuko Imana Idahindura ivyiyumviro vyaYo kubijanye n’ Ijambo ryaYo. Uko yari ejo, niko ari nuno musi kandi niko azokwama ibihe bidashira. Ukuntu yakoze ibintu uhereye ku ntango, Abikora co kimwe n’uno musi. Imana, UbwaYo, Yigaragaje mu mubiri w’umuntu, kubw’Amaraso ya Yesu Kristo, kugira ngo yeze ubuzima yari gushobora kwiyerekaniramwo.
Intumwa yacu uyu munsi ifise ivyemezo vy’Ivyanditswe Vyayo hagati muri twebwe. Ni Mpwemu yera, Ubwayo, yitunganiriza insobanuro yayo bwite. Ntibikenewe kuva kuri uyu tuja kuri uriya kugira ngo turonke ukuri canke insobanuro; Mpwemu Yera yarahaye Ishengero Ryayo Abanyefeso 4, vyose mu muntu umwe, Umuhanuzi Wayo yagaragajwe.
Umuhanuzi: Intumwa bisigura” Uwarungitswe,” canke, “ Umumisiyonari.” Ndi umu Misiyonari.
Umuhanuzi: uranyizera ko ndi Umuhanuzi w’Imana?
Umuvugabutumwa: “ Kora igikorwa c’ Umuvugabutumwa. Shitsa icemezo cuzuye c’Ibango ryawe. Igihe kizoza aho batazohangana n’Ijwi ry’Inyigisho.”
Umwungere: Wanyise,” Mwungere wanyu”; kandi muvuga vyo,kuko ari ko ndi.
Umwigisha: Nshaka kuvuga kuvyerekeye Ijambo, canke kwigisha iki cigwa c’ishure ryo kuw’iyinga, kw’Ijambo ry’Ikimenyetso.
Bingana= Ndabazi, beneData, munyitezeko kuba icishimikizo ntanyiganyizwa .. mu gihe nigana Imana, nk’uko Paulo yavuze mu vyanditswe ati,” Munyigane, nk’uko nigana Kristo.’’

Ubu Butumwa ni icishimikizo ntanyiganyizwa cacu. Kubw’ivyo tumwigana nk’uko yigana Kristo.

Nsishatse kuvuga yuko hariho Imana nyinshi twokwita abagabo b’abanyefeso 4 bahawe amabango maze bagahamagarwa n’Imana gushitsa ibi bikorwa, kubw’ UBUNTU Bwiwe, ndi Umwe muri Bo. Ariko turi bato, Umumarayika w’ Indwi Muhanuzi W’Imana niwe MUKURU.

Kubari kw’isi yose bita” Branham Tabernacle’’ Ishengero ryo muhira’’ ryabo. Umwungere wacu, Ibango ryacu rizima, Icishimikizo cacu ntanyiganyizwa, abanyefeso 4 bose bari kuri Bande. Turizera ko ari igikorwa c’inkomoko yari afise igihe yari hano kw’ isi.

Mbega amahoro, uburuhukiro, ntaco twigera twinona canke ngo tugire ikibazo, canke uruhagarara igihe turiko turumviriza Ijambo. Ryaremejwe, Ijambo ry’Imana Ryagaragajwe, manu nshasha buri gihe turayumviriza kandi ico dutegerezwa gukora gusa ni ukwicara maze tukahimbagwa igihe imitima yacu ididagirizwa muri twebwe mu gihe avugana natwe buri gihe.

‘’Kandi abo Data yampaye bose bazoza. Intama zanje, Inuma zanje zumva Ijwi Ryanje uwo zitazi ntizomukurikira.” None Ijwi ry’Imana ni irihe? Ni Ijambo ry’ Imana. Ijwi ry’ umuntu wese n’iki Kiretse Ijambo ryayo? Ni Ijambo ry’Imana; bazokwumviriza Ijambo ry’Imana

Kandi haracariho BENSHI kubwo Ishengero ryiwe si gusa kumenya iki gihe n’ubutumwa bwaco, Ijambo ry’iki gihe, ariko umunezero uhambaye watanzwe ku muntu warashikijwe. TURI Igice C’Impwemu Yiwe, turi igice c’Umubiri Wiwe; akara ko mu mara Yiwe, igufa ryo mu magufa Yiwe;
Ijambo ry’ Ijambo ryiwe, ubuzima bw’ubuzima bwiwe, TURI UMUGENI WA KRISTO!

Imana ishimwe!! Izina ry’Umwami rihabwe icubahiro!! Haleluya!! Umugeni wiwe yaritahuye kandi ariko aritegura kubwo Ijambo ryayo.

Nico Ishengero ririko rirakora uyu musi, kuko Yesu ni Ijambo kandi ni Umukwe kandi Umugeni ni igice c’umukwe. Kubw’ivyo Ijambo ritegerezwa gushitswa iki gihe, nica gice nyene c’Ijambo ryashikijwe mu gihe ciwe, kandi nirya Jambo nyene, kwa kugiriranira imigenderanire nyene, bwa buzima nyene.

Ni muze hanyuma tugiriranire imigenderanire n’Ijambo muri kwa kugiriranira imigenderanire nyene, bwa buzima nyene kuri uyu w’Iyinga isaha umunani z’umuhingamo isaha y’i Jeffersonville maze twumvirize: *Urubuto ntiruzoraganwa n’igishishwa 65-0429 B. *
Mwenedata Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma :

Matayo 1:18-20/24:24
Luka 17:30
Yohana 5:24
Ab’I Galatiya 4:27-31
Itanguriro 2:15
Yesaya 9:6
Malaki 4