24-0426 Kugerageza Gukorera Imana Igikorwa Atari Ubugombe bw’Imana

Ubutumwa: 65-0718m Kugerageza Gukorera Imana Igikorwa Atari Ubugombe bw’Imana

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Ukundwakajwe,

Igihe kigeze kure. Igihe kiri hafi. Ingingo itegerezwa gufatwa. Imana Iriko Iragabisha abana baYo. Umwami Imana Yacu Yaradutangarije kandi Yaratwemeje ico ari co Ukuri kwiWe mw’Ijambo RyiWe, no muri Mpwemu WiWe. Si kubw’ubushobozi, si kubw’inkomezi, ariko ni muri Mpwemu WaNje, kandi Ijambo Ryawe Ni Ukuri.

Yaremeje neza Umugeni uno munsi ko Yesu Kristo uko Yar’ar’ejo, n’uyu munsi ni kw’Akiri, ni kw’Azokwama ibihe bidashira. Yaratweretse kandi Yaraduhishuriye ko Ubutumwa n’intumwa y’igihe ari ikintu kimwe. Yaraduhishuriye amabanga yiWe yose yari anyegeje mw’Ijambo. Yarabitwemeje na Mpwemu Yera WiWe.

Nta kibazo kiri mu vyiyumviro vyacu, mu mitima yacu canke mu bugingo bwacu. Ijwi RyiWe ku ma bande ni UKO NIKO UHORAHO AGIZE KU MUGENI WIWE.

Imana Yamye Yemera inzira nyinshi zo kuza kuri Yo. Ihindura ubugombe bwaYo bwo kwemera mu bugombe bwaYo butunganye. Kandi Yama Itanga UBUGOMBE BUTUNGANYE N’UBURYO BUTUNGANYE KU BANA BAYO. Benshi bagerageza kuza mu buryo butandukanye mu gukorera Imana igikorwa atari ubugombe bwayo butunganye. Ivyo bishobora gusa nk’ubugombe bwaYo butunganye ariko kandi bitajanye n’Ijambo RyaYo.

Mbere n’umuntu akomeye, aherutse gusigwa, avuye imbere y’Imana nyene, yararonse uguhishurirwa kwo gukorera Imana ikintu, kandi yashaka kugikorera Imana; ariko uguhishurirwa yari afise ntikwari kwo.

Umwe wese muri twebwe ategerezwa kuronka uburyo bwaYo butunganye Yatanze. Tuzomenya gute ko turi mu bugombe bwaYo butunganye, namba umuntu yasizwe vy’ukuri, avuye vuba imbere y’Imana nyene, afise uguhishurirwa, ari mu bugombe bw’Imana butunganye?

Hariho UBURYO BUMWE BWONYENE BWO KUBIMENYA NEZA, kandi Imana Yaratanze ubwo buryo ku Mugeni WaYo.

Ijwi Ry’Imana ubwaRyo Ryabwiye iri shengero, namwe mwese abantu mwumviriza amabande, n’abantu bari ku murongo hirya no hino mu bindi bice vy’isi, ico gihe n’UBU. Yatubwiye kwumviriza neza cane ivyo yariko aravuga, kandi ko TUTABIHUSHA.

Rero ndavuze, mw’Izina Rya Yesu Kristo : Ntiwongeremwo ikintu kimwe, ntimukuremwo, ntimushiremwo ivyiyumviro vyanyu bwite, mwebwe muvuge gusa ibivugwa kuri ayo ma bande, mukore gusa neza ivyo Umwami Imana Yategetse gukora; ntimwongereko!

Ntiyavuze, kandi ntibisigura, ko abavugabutumwa badashobora kwigisha Ijambo, abigisha badashobora kwigisha Ijambo, canke abungere canke abavugishwa badashobora gukora ivyo twahamagariwe gukora; bategerezwa kubikora, nanje ntegerezwa kubikora. Twarahamagariwe kandi twashinzwe kubikora. Dutegerezwa kwerekana no gusubiramwo ubu Butumwa n’intumwa ku bantu, kuko Ni Jambo ry’igihe cacu.

Ariko Iratubwira mu buryo butomoye ko twese dushobora gusigwa, n’ugusigwa kw’ukuri, kwuzura Mpwemu Yera WaYo, n’uguhishurirwa gushasha, kandi turi inyuma y’ubugombe bwaYo. Mu gihe cacu, Yaratanze UBURYO BUTUNGANYE bwo kumenya neza ko twumviriza Ijwi ry’Imana, Rivuye ku Mana ubwaYo. Ni bwo buryo BWONYENE butunganye.

Umukozi w’Imana ntategerezwa gusubiramwo no kwigisha ubu Butumwa gusa, dutegerezwa kuvugiriza abantu Ijwi ry’Imana ku ma bande. Nta GUSIGWA KURUTA kwumviriza Ijwi ry’Imana. Nta bundi buryo bwo kumenya tudakekeranya na gatoya ko ivyo turiko turumviriza ari vyo Imana Yavuze NEZA NA NEZA.

Muri iki gihe, gusumba ikindi gihe muri kahise k’isi, Imana Yatanze uburyo butuma bidashoboka kubihusha, namba uri Umugeni WaYo Yatoranijwe. Vyaremejwe kandi vyarahishuwe n’Inkingi y’Umuriro ubwaYo ko ari Ijwi Ry’Imana UbwaRyo Rivugana n’Ishengero RyaYo Ritaziguye.

Mu myaka igihumbi yose, abana b’Imana baripfuje kandi bagize inzara yo kwumviriza Ijwi Ry’Imana ubwabo. Ese ukuntu bipfuje ko boba bari ng’aho uwo munsi igihe Yesu Yabwira Ubutumwa abantu ibihumbi n’ibihumbi ku musozi. Kwumviriza ingene Yavuga Ijambo RyiWe n’urukundo n’ikigongwe. Kwumviriza ingene Yashimika kw’Ijambo Ryose. Ingene vyavuga kandi vyaremesha imitima yabo.

Turi bazima ubu kandi turi imbere y’Imana twumviriza Ijwi Ry’Imana.

Umunsi umwe vuba cane ntituzosubira muri ubu buzima nk’ubwo kandi. Tuzogaruka nk’ikiremwa kidapfa. Icaha kizoba cakuweho. Satani azobohwa imyaka igihumbi kandi tuzoba kuri iyi si Umwami Imana Yaduhaye.

Turuzuye 100%. Ntitwigeze tunezerwa nk’uko canke ngo tube abatagira ibibazo mu buzima bwacu. Turi Umwe na Yo hamwe n’Ijambo RyaYo. Turi Ijambo RyaYo. TURI MU BUGOMBE BWAYO BUTUNGANYE MU KUGUMANA N’IJWI RYAYO, IJAMBO RYAYO. Izogaruka umunsi uwo ari wo wose ubu kugira Itujane na Yo.

Urakoze Mwami Yesu!

Umwami Imana yanyu Yarabatangarije Ukuri ico ari co. Umwami Imana Yawe Yaremeje Ukuri uko ari kwo, mw’Ijambo RyiWe no muri Mpwemu WiWe. “Si kubw’ubushobozi, si kubw’inkomezi, ariko ni kubwa Mpwemu wanje.” Kandi, Mpwemu, “Imana Irondera abaYisenga muri Mpwemu no mu Kuri.” “Ijambo RyaWe ni Ukuri.” Kandi Yaremeje neza ko Yesu Kristo uko Yar’ar’ejo, n’uyu munsi ni kw’Akiri, ni kw’Azokwama ibihe bidashira. Yaberetse Imbuto z’umugoroba. Yarabibahishuriye, mw’Ijambo. Yarabibemeje, biciye kuri Mpwemu WaYo.

N’umutima wanje wose ndatumiye umwe wese muri mwebwe kuza kwifatanya n’igice c’Umugeni WaYo mu gihe dufatanya kw’isi yose isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), kugira ngo twumvirize Ijwi RyaYo Rivuga biciye ku ntumwa mumarayika waYo w’indwi kandi Rituzanira Ubutumwa: Kugerageza Gukorera Imana Igikorwa Atari Ubugombe bw’Imana 65-0718M.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Gusubira mu Vyagezwe 4:1-4

Gusubira mu Vyagezwe 4 :25-26

1 Ngoma 13

1 Ngoma 15:15

Zaburi 22

Mariko Mweranda 7 :7

Yoweli 2 :28

Amosi 3 :7

Malaki 3

Matayo Mweranda 11:1-15

1 Ab’i Korinto 13:1