26-0524 Ni Ukuhe Gukwegwa Kuri Kuri Wa Musozi?

Ubutumwa: 65-0725E Ni Ukuhe Gukwegwa Kuri Kuri Wa Musozi

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Nkona Zikoranira Hamwe,

None uku gukwegwa guhambaye kuriko kuraba kw’isi yose ni ibiki? Abantu bo kw’isi yose bakorana kw’isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville, bicaye mu ngo zabo no mu mashengero yabo bafise igishika cinshi cane, barindiriye kwumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana na bo.

Biratangaje cane kandi ntivyumvikana kw’isi kwumviriza gusa ama bande. Bavuga ko dushobora kwumviriza ama bande igihe cose. Ntaco bivuze kwumviriza mu mwanya umwe. Utegerezwa kwumviriza umukozi w’Imana umubona, umuvugabutumwa, atari ama bande gusa. Baboshwe n’imigenzo yabo.

Nta kintu nk’ico cigeze kiba muri kahise k’isi. Ni igiki cakweze abo bantu ngo bahurize hamwe bose ku mwanya umwe kugira bumvirize iryo Jwi Rihamagara Umugeni WaYo? Ni Imana Iriko Irashitsa Luka 17:30. Ni Imana Iriko Irashitsa Ivyahishuriwe Yohana 10:7. Ni Imana Ihishura Abaheburayo 13:8, Melekisedeki mu mubiri w’umuntu, nk’uko Yabigiriye Aburahamu.

Barindiriye kandi bibaza bati, « Azovuga iki? None hazoba iki ni Yatangura kuvuga? » Bashaka kuba ng’aho mu buryo bw’ugufatanya ku mihora kugira ngo bumvirize ikintu cose Avuga. Barabishaka. Bashaka kuvyumva vyose mu mwanya umwe n’Umugeni wo kw’isi yose. Kuko bizera ko ari we jwi Imana Yatoye ngo ribe Ijwi RyaYo ryo guhamagara no kurongora Umugeni WaYo.

Naho batandukanywa n’amasaha menshi mu buryo bw’igihe, ariko bose bari kumwe nk’UMUCE UMWE, bari ku muhora umwe, bumviriza Iryo Jwi Ribabwira bari mw’Ishengero ry’i Muhira. Bicaye mu nyonga h’Umwana, bariko barezeza kandi barindiriye Ukuza kwa Mesiya.

Imitima yabo iriko iriruka. Mpwemu Yera Ariko Arabahishurira ibiriko biraba. Imana Yarindiriye gushika n’uyu munsi kugira ngo Yerekane Ijambo RyaYo, Ikoranirize hamwe Umugeni WaYo. Biriko biraba, kandi bari igice caVyo. Ukuri kw’ibiriko biraba kuriko kuragwa mu mitima yabo. Bamaze ibinjana babisoma mu Vyanditswe, ariko ubu ni ikintu nyakuri. Uguhishurwa kw’Ijambo kuriko kuragaragazwa biciye muri bo. Ubuvugishwa bw’uwo muvugishwa buriko burashika.

Mu gihe bicaye munsi yuko gusigwa guhambaye kw’Ijwi RyiWe Ry’inkomezi, arabamenyesha ngo bitegure; kuko muri iri joro Agiye gusengera umwe wese muri bo. Aratubwira iyo Atanguye gusenga, kuja kurambika ibiganza ku barwaye, kuko ukubaho kw’Imana hose icarimwe kuri kumwe na bo hose, aho boba bari hose: Texas, hariya muri California, haruguru muri Arizona, muri Amerika y’Epfo, mbere no ku tuzu tw’ivyatsi mu mashamba yo ku rundi ruhande rw’isi. Aho bari hose kugira baze kwumviriza, barambikaneko ibiganza igihe dutangura gusenga kandi Imana Izokiza umwe wese muri bo, namba bizeye, kuko Ni Uko Niko Uhoraho Agize.

Ubu baratahura ko mu bihe vyose kandi biciye ku muvugishwa wese yabayeho canke azobaho, hazoba abantu bamwe bamwe batoranirijwe kwumviriza ubwo Butumwa, kandi bazoBukurikira. Bazokwirengagiza amasinzi y’abantu. Birengagiza ukunegura kw’uwutizera avuga ko ari bibi canke ko atari inzira Imana Yatanze. Nta mpari bagiriranira na bo. Bafise ikintu kimwe BATEGEREZWA GUKORA, ni ukwizera no kugira ngo bashobore kuronka igice cose c’Ivyo, ico bashobora cose, kuvyishiramwo nka Mariya yicara ku birenge vya Yesu. Nta nsoni bafise, barishimira cane kuvuga ko ari abahungu b’ama bande canke abakobwa b’ama bande bafyonda bakavuza.

Iryo Jwi Ryaramaze kubaburira ko mu gihe c’iherezo hazoba abasizwe, bazoronka ugusigwa gukomeye, Mpwemu Yera. Bazosubiramwo umuvugishwa n’Ubutumwa bw’igihe; bavuga ko ari abizera, ariko ni abasizwe b’ikinyoma.

Bazoba bari hafi cane y’ugusigwa nyakuri ku buryo vyohenda abatoranijwe nyene iyoba vyoshoboka, ariko barazi ko badashobora guhendwa, kuko BARI IJAMBO. Ni bo Mugeni w’ukuri Yagumanye n’Ijwi ry’Imana.

Iryo Jwi Ribamenyesha ko muri iki gihe Ritazoba indimu, canke umucungwe. Ivyo vyoba vyoroshe gutandukanya. Ariko izoba ari tangelo, igice c’indimu, igice c’umucungwe, ubwoko buvanze. Bizosa n’umucungwe gusa, ariko ntibizoba bisa, kuko iryo shami rishasha rizoba ari iry’inkomoko 100%. BazoGUMANA n’iryo Jwi-Jambo ry’inkomoko. Bazoba magabo. Bazogumana n’uwo Imana, Yo ubwaYo Yatangaje ko ari IJWI RYAYO, IJAMBO RYAYO, Yemeje biciye mu Nkingi y’Umuriro.

Ni igiki kiriko kiraba?

Uruvyaro rw’Imana Rwatoranijwe nta kindi Rushobora gukora atari ugukurikira no kwumviriza Iryo Jwi, kuko Risobanura ibirengeye ubuzima kuri bo. Mushobora kubaka ubuzima bwabo, ariko ntimushobora kubaka rino Jwi.

None ni ukuhe gukwegwa?

Imana, nk’uko bisanzwe, Ishitsa Ijambo RyaYo.

Nimuze mwifatanye natwe mube igice c’ubuvugishwa bw’umuvugishwa buriko burashitswa kuri iri yinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) mu gihe twumva Ivyanditswe biriko biragaragazwa.

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa: 65-0725E “Ni Ukuhe Gukwegwa Kuri Kuri Wa Musozi ?”

Ivyanditswe:

Matayo Mweranda 21:1-4

Zekariya 9:9 / 14:4-9

Yesaya 29:6

Ivyahishuriwe Yohana 16:9

Malaki 3:1 / Igice ca 4

Yohani Mweranda 14 : 12 / 15 : 1-8

Luka Mweranda 17 :22-30