Ubutumwa: 65-0718e Imfungurwa Za Mpwemu Mu Gihe Gikwiriye
- 26-0503 Imfungurwa Za Mpwemu Mu Gihe Gikwiriye
- 24-0728 Imfungurwa Za Mpwemu Mu Gihe Gikwiriye
- 23-0108 Imfungurwa Za Mpwemu Mu Gihe Gikwiriye
- 21-0912 Imfungurwa Za Mpwemu Mu Gihe Gikwiriye
- 20-0329 Imfungurwa Za Mpwemu Mu Gihe Gikwiriye
- 18-0714 Imfungurwa Za Mpwemu Mu Gihe Gikwiriye
- 16-1221 Imfungurwa Za Mpwemu Mu Gihe Gikwiriye
Mugeni mukundwa,
Ijwi twese dukunda kwumviriza Rizovuga kuri uyu w’iyinga, kandi Rituzanire Ubutumwa Budasanzwe bw’Ikete ry’Urukundo, ry’Umugeni wa Yesu Kristo gusa.
Iryo Jwi Ryabwiye isi gusa kandi Ribaburira Riti: “Ntimugerageze kuNkorera igikorwa kitari mu bugombe bwaNje. Mfise inzira yatanzwe itunganye Nagukoreye, Mugeni Wanje. Ibuka Amajambo Yanje, uvuge gusa ivyo navuze ku ma bande yaNje, kuko uriko urinjira mu rubanza. Imbabazi zaranswe. Ariko nezerwa, kandi ukenguruke, kuko Natanze kandi Naguhaye Imfungurwa Zihishijwe, Imfungurwa za Mpwemu, kugira ngo ubeho ku neza n’imbabazi vy’Uguhishura kwa Yesu Kristo.
Ubu rero hariho amapfa mu gihugu y’ukumva Ijwi RyaNje. Ntibabatahura kuko muvuga ngo muri abantu bumviriza bande, kandi mushaka gusa kwumviriza Ijwi RyaNje ku ma Bande; ariko Narabahamagaye kandi narabahishuriye inzira yaNje itunganye yatanzwe y’iki gihe.
Ntiwifatanije n’abatizera mu gihe c’amapfa. Naguhaye Ijwi Ryanje ngo Rigufashe. Mu kuvuza Ijwi RyaNje, igiseke cawe ntikizokwigera kigaragara, n’agakarabo kawe ntikazokwigera gakama, gushika umunsi Nzoza maze Nkagutwara nk’Umugeni WaNje.
Iyo ni yo mpamvu nyene yatumye Ijwi RyaNje Rifatwa amajwi, ku buryo mwogira ahantu hatunganye hatanzwe ho kuja, aho ata makosa, ata nsobanuro ikenewe, Ijwi ry’Imana Ritagira agatosi gusa. Ahantu ushobora kuja ku buryo ushobora kwumviriza neza na neza ivyo Navuze : Uko Niko Uhoraho Agize.
Ngiye kuzovugana namwe neza mu buryo butomoye ku munsi w’iyinga. Ndashaka ko utazokwigera wibagirwa ivyo ngiye kukubwira. Aya ma bande ni Imfungurwa zawe za Mpwemu muri iki Kihe. Zirakungahaye birenze kuri bamwe muri bo; ntibashobora nyene kuZifata. Ntivyabahishuriwe, ariko NaraBAtoye, Nabahaye Uguhishurirwa kw’inzira yaNje itunganye yatanzwe.
Kuri wewe, Ni Imfungurwa Zihishijwe, aho ubayeho ku neza n’imbabazi z’Ijambo Rizima.
Igihe nari mbayeho mu mubiri mu Mwana WaNje, ntibashobora gusa kwakira Uwo Nari We: Imana hamwe n’umuntu. Rero Nasezeranye ko Nzosubira kugaruka mu minsi y’iherezo no kubaho mu mubiri w’umuntu ubugira kandi nk’uko Nabigize imbere ya Aburahamu, kandi Nomanuka maze Nkihindura umubiri w’umuntu nk’uko Nabikoze ico gihe.
Ng’ibi ivyo bahushije, ico gihe n’ubu, ariko Sinigera Nshaka ko mwibagira. Imfungurwa Zabitswe Ndiko Ndabagaburira, hamwe n’intumwa yanje, ni zimwe. Ntimushobora kubitandukanya. Ubutumwa n’intumwa ni kimwe. Nababwiye mw’Ijambo Ryanje ivyo Nzokora muri iki gihe. Niyo mpamvu ari ubugombe bwaNje gushira Ijwi Ryanje mu mashengero yanyu, mu ngo zanyu, aho muja hose; kuko Ni Ijwi Rihambaye kuruta ayandi yose mutegerezwa kwumviriza. Ni Ryo Jwi RYONYENE Ryemejwe Rivuga Uko ni ko Uhoraho Agize.
Imbabazi zaranswe. Ubu muriko mubeshwaho n’Ijambo Ryanje. Narabahaye Uguhishurirwa kw’Uwo Ndi We n’uwo URI WE. Nta gukekeranya na gutoya gukwiye kuba mu mitima yanyu no mu vyiyumviro vyanyu. Muri Umugeni Wanje Yatowe, Yahiswemwo, Yatoranijwe. Muri Ijambo RyaNje Ryavuzwe Ryari muri Jewe mu ntango.
Mufise uburenganzira bwo kuronka Imfungurwa, Imfungurwa za Mpwemu, isi ataco iziziko na kimwe.
Mufise uburenganzira bwo gukira ku mibiri yacu igihe abaganga bananiwe; Ni kimwe mu Mfungurwa Nasezeranye kandi Nabahaye mu gihe ca nyuma.
Nasezeranye guhishura amabanga yo mu mitima yanyu no gukora ibi bintu. Ndi muri mwebwe. Muri igice caNje, nanje Ndi igice canyu. Ibi bimenyetso bizokurikira abizera.
Kuri uyu w’iyinga nzoba ndiko ndahuza Umugeni Wanje wo kw’isi yose n’Ijwi RyaNje. Nzobabwira ngo murambikaneko ibiganza. Ntiwisengere, sengera uwo washizeko ibiganza, kuko bariko baragusengera. Tuzosengera hamwe, kandi ntihazobaho umuntu w’intege nke aho ari ho hose kw’isi yose namba mwizera.
Ni wizera, kandi udakekeranya mu mutima wawe, nzotangaza nti,
Satani, waratsinzwe! Yesu Kristo Yaragutsinze! Yarazutse mu bapfuye, Ari hagati muri twebwe muri iri joro, Yemeza ubu Butumwa bw’igihe c’iherezo. Muve muri aba bantu! Mubareke, mw’Izina rya Yesu Kristo ! “Mw’Izina RyaNje bazokwirukana amadayimoni,” kandi urirukanywe. Mw’Izina rya Yesu Kristo, va muri iri koraniro !
Hazoba ugukira kuzoba kw’isi yose nk’uko bitigeze biba mbere.
Ni kuki twosubira kurindira, mweneData mukundwa, mushikanje, ng’Uyu, Mpwemu Yera, Imana ; ng’aha nyene, Ikintu nyene twavuzeko.”
Ndatumiye isi kuza kwifatanya natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) maze wumvirize Ubutumwa n’intumwa yiWe batuzanire : Imfungurwa Za Mpwemu Mu Gihe Gikwiriye, Imfungurwa Zihishijwe z’Umugeni.
MweneData Joseph Branham
Ubutumwa: Imfungurwa Za Mpwemu Mu Gihe Gikwiriye 65-0718E
Intumwa: Rev. William Marrion Branham
Ivyanditswe:
1 Abami 17:1-7
Amosi 3:7
Yoweli 2:28
Malaki 4:4
Luka 17:30
Yohana Mweranda 14:12