22-0414 Ukuvayo Kwa Gatatu

Ubutumwa: 63-0630m Ukuvayo Kwa Gatatu

Kuvoma Ubutumwa m4a

Kuvoma Ubutumwa ogg

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi MUGENI WUNZE UBUMWE Avuga IJAMBO,

Ni igihe gihambaye kuruta ibindi vy’ubuzima bwanje, bagenzi banje ! Tubona Ijambo Rishitswa neza imbere y’amaso yacu nk’uko bitigeze biba mbere. Ese ukuntu bikabura kumenya Uwo Ari We, n’ intumwa Yarungitse iyo ari yo, hamwe rero no KUMENYA ABO TURI BO ! Urakoze Data. Ntitwigeze twiyumvira ko ibi bintu vyoshika uku, ariko ng’ibi birashitse neza imbere y’amaso yacu, neza na neza uko umuhanuzi waWe yabivuze kw’ibande.

Mfise igishika cinshi co kubona Mpwemu Yera waYo Adukwegera irihande yaYo birushirije gusumba uko vyigeze kuba mbere kuri iyi mpera y’iyinga ya Pasika. Ndipfuza gutumira umwe wese muri mwebwe gufatanya natwe muri ubu Butumwa, hamwe n’Umugeni waYo kw’isi yose.

Rero, igihe ikintu gitoya gishitse, ni kuki wigenza nk’uruyoya ? Wotegerejwe kuba umugabo. Bwira iryo hanga uti, « amen, « hanyuma ubandanye ! » Amen. Ni ivyo. “Ntutake, Vuga!” Amen. Yooo, ivyo ndabikunda. “Ni kuki untakira? Bwira iryo hanga maze ubandanye ku ntumbero yawe. Ico ari co cose, namba ari indwara, canke ico ari co cose, kuzura abapfuye, canke ico ari co cose, vuga! Naravyemeje. Bwira iryo hanga.”

Ese akaryo dufise ko gukabura ukwizera kwacu, ku buryo natwe dushobora kuvuga IJAMBO. Ni muze mukorane n’Umugeni muri iyi mpera y’iyinga ya Pasika, mu gihe twitegurira Ukuvayo kwa nyuma. Ubuzima bwacu butegerezwa kuba bubereye Ubutumwa Bwiza, kuko uru runganwe ruri mu Kirego. ARIKO nta mpamvu UBU ku Mugeni yo gutaka, ATARI KUVUGA! Bandanya ku ntumbero yawe. Izina ry’Umwami Rishimwe.

Nk’uko dusanzwe dukora mu mpera y’iyinga ya Pasika, twishire kure y’isi uko dushobora kwose mu kuzimya amatelefone yacu kiretse mu gufata amafoto, kwumviriza Igisomwa c’Umunsi, no kuvuza amabande ku rubuga Lifeline canke ku rubuga tuvomamwo Ubutumwa. Ni muze twegurire rwose Umwami iyi mpera y’iyinga ihezagiye, maze ntitugire iyi Pasika umwanya w’ibirori, ariko ukwiyegurira Ijambo, mu mazu yacu. Nipfuza ko twese twunga ubumwe ku kirangaminsi gikurikira, mu gihe co mu Buseruko, kiretse habonetse ayandi mabwirizwa.

KUWA KANE

Hari kuwa kane mw’ijoro aho Umwami Yesu Yagira Isangira Ryera rya nyuma hamwe n’abigishwa biWe mu kwibuka Pasika imbere yo kuvayo kw’abana b’Abisirayeli. Ese akaryo ko gusangira n’Umwami mu mazu yacu, imbere y’impera y’iyinga ihezagiye, no kuMusaba kuduhezagira n’imiryango yacu, no kuduha twese ivyo dukeneye vyose mu rugendo rwacu.

Data Wo mw’Ijuru, turakenguruka kuri ibi, uwundi mwanya wo gukoranira hamwe, muri uru ruhande rw’Ibihe Bidashira. Kandi turindiriye iki gitondo kubw’ukwiyubura kw’inkomezi ziva kuri Wewe, zo kudutera intege kubw’urugendo ruturindiriye. Dukoranye nk’uko abana b’Abaheburayo bakoze, kare mu gitondo, kugira ngo baronke manu yaba yabonetse kubwabo mw’ijoro, yo kubashigikira ku munsi ukurikira. Dukoranye kubwa Manu ya mpwemu, iki gitondo, yo kuduha inkomezi z’urugendo.

Ni muze mwese dutangure isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba kw’isaha y’aho duherereye, maze tuMwumvirize Atutwira ko turi mu Kuvayo kwa nyuma, mu gihe dukoranye dukikuje Intebe yiWe twumviriza Ubutumwa : Ukuvayo kwa Gatatu, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi mu gitondo, umwaka wa 1963.

Inyuma y’ubwo Butumwa, tuzokoranira hamwe n’imiryango yacu mu mazu yacu maze dufate Ingaburo y’Umwami.

Tuzoronka vuba umuhora wo kuvoma ibande n’igikorane c’Ingaburo Yera, canke bizoboneka ku gihe c’igikorane categekanijwe kuri The Voice Radio, ku muhora wa Lifeline.

KUWA GATANU

Ni muze tuje mu masengesho hamwe n’imiryango yacu isatatu zo mu gitondo (isacenda kw’isaha yo mu Burundi) , hanyuma rero ubugira kandi isasita zo ku murango (isakumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi) , dutumire Umwami kuba hamwe natwe n’Umugeni wo kw’isi yose kuri iyi mpera y’iyinga idasanzwe ; no kwuzuza amazu yacu Mpwemu Yera WiWe mu gihe twishikanye ubwacu kuMusenga.

Ivyiyumviro vyacu bihindukirire urya munsi kuri Kaluvariyo, haraheze imyaka irenga 2000, kugira ngo tubone Umukiza Wacu Amanitswe ku musaraba, kandi rero twiyemeze nyene gukora iminsi yose ibihimbara Data.

Ubu ni mwitegereze. Igihe Yaza mw’isi, mu gihe hari ukutizera kwinshi, nk’ukwamye kuri mw’isi ubu nyene, ntivyaMutumye Akora bigurintege. Yabandanije yigisha vya bindi nyene; AKiza indwara kwakundi nyene. Ntivyigeze biMuhungabanya. Hariho abanegura. Uwo Mugabo Yaneguwe kuva igihe Yari Akiri Uruyoya gushika Apfiriye ku musaraba. Mbega vyaraMuhagaritse? Oya, mugenzi. Intumbero yiWe yari iyihe ? Gukora iminsi yose ico Data Yanditse. Gukora iminsi yose ikiMuhimbara.

Hanyuma isasita n’igice, (isakumi na zibiri n’inusu mu Burundi), twiyumvire dushimitse ku kibazo c’inkoramutima mu buzima bwacu, mu gihe dukoranye dukikuje Intebe yiWe kugira ngo twumvirize Ubutumwa : Mbega Ubuzima bwacu Bubereye Ubutumwa Bwiza? Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi ku mugoroba umwaka wa 1963.

Hanyuma dusubire duhurire hamwe mu masengesho isacenda ku muhingamo (isatatu z’ijoro mu Burundi) mu kwibuka ukubambwa kw’Umwami Wacu.

KUWA GATANDATU

Twunge ubumwe twese mu masengesho isatatu zo mu gitondo, (isacenda mu Burundi) na sasita ku murango (isakumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) kandi dutegure imitima yacu ku bintu bihambaye Azodukorera hagati yacu.

“Amaze kuzana ikirego ku bagenzi banje—banje b’abakuru b’amadini hariya, kandi nategerezwa kuvuga ibi bintu bigumye, ariko, Mwami, nabikoze mu guhumekerwa kwaWe. Numva Warambwiye kubikora. Ubu bimvuye ku bitugu, Mwami, nda—ndanezerewe ko bimvuyeko. Babikoreshe ico bashaka, Data, ndasaba ko bazovyakira. Ndasaba ko Uzokiza umwe wese, Mwami. Haze umuvyuro w’abagororotsi, n’Ubushobozi buhambaye buze hagati mw’Ishengero neza imbere yuko Rigenda. jewe… Si ibigoye gusaba ivyo, kuko Warabisezeranye. Kandi turindiriye, Mwami, kurya gukwegwa kwa gatatu, tuzi ko Uzoshitsa ibintu bihambaye hagati yacu.”

Hanyuma, isasita n’igice (isakumi na zibiri n’igice i Burundi), tuzoja hamwe twese kwumviriza IJAMBO : Ikirego, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 7 mukakaro mu gitondo, umwaka wa 1963. Mbega UMUNSI UHAMBAYE ugiye kuba ku Mugeni kw’isi yose.

Hanyuma dusubire duhurire hamwe mu masengesho isacenda ku muhingamo (isatatu z’ijoro mu Burundi) mu kwibuka ukubambwa kw’Umwami Wacu.

KUW’IYINGA

Mbega umunsi uhambaye wo kutagisubira gutaka, kiretse KUVUGA! Mbega igitondo c’izuka ! Ni muze tuvyuke kare nk’uko mweneData Branham yakoze kirya gitondo, igihe umugenzi wiwe mutoya, irya nyoni bita rouge gorge, yamukanguye isakumi n’imwe zo mu gitondo. Dushimire gusa Umwami ko Yazuye Yesu mu bapfuye.

“Isakumi n’imwe muri iki gitondo, umugenzi wanje mutoya w’igikiriza gitukura yagurukiye kw’idirisha maze arankangura. Nkaho umutima wayo mutoya woturika, ivuga iti, “Yazutse.”

Isatatu zo mu gitondo (isacenda ku muhingamo mu Burundi) ni muze twifatanye ubugira kandi bivuye ku mutima mu murongo wacu w’amasengesho, dusengeranira kandi twitegurira kwumva Ijwi ry’Imana.

Isasita n’igice ku muhingamo (isakumi na zibiri n’igice zo ku mugoroba mu Burundi) tuzoja hamwe kwumviriza Ubutumwa bwacu bwa Pasika : Ni kuki Utaka ? Vuga! Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 14 mukakaro mu gitondo umwaka wa 1963.

Inyuma y’iki gikorane, ni muze twunge ubumwe ubugira kandi mu masengesho, tuMushimira ku MPERA Y’IYINGA Y’IGITANGAZA YADUHAHE HAMWE NA WE N’UMUGENI WIWE KW’ISI YOSE.

Kuri beneData na bashikanje bo hakurya y’amazi, ndipfuza kubatumira kwunga ubumwe natwe kuri ibi birori kw’isaha ya Jeffersonville, mu bihe vyose vy’amasengesho vyo kuri iki kirangaminsi no kw’ibande izovuzwa kuw’iyinga mu gitondo. Ndatahura, uko biri kwose, ko kuvuza Amabande ku wa kane, ku wa gatanu no kuwa gatandatu ku muhingamo kw’isaha y’i Jeffersonville vyoba bigoye cane kuri benshi muri mwebwe, ku bw’ivyo ndabasavye muzokwumve umwidegemvyo wo kuvuza ubwo Butumwa ku gihe ico ari co cose c’umunsi kibabereye ciza. Nipfuza, uko biri kwose, kuri twese ko dukoranira hamwe kuw’iyinga isasita n’igice ku murango kw’isaha ya Jeffersonville, (isakumi na zibiri n’igice ku mugoroba mu Burundi) kwumviririza hamwe Ubutumwa bwacu bwo kuw’iyinga.

Nipfuza kandi gubatumira mwebwe n’abana banyu kuba mu bikorwa vya Creations na tutorials n’ama quiz y’abakiri batoya ivyo umuryango wanyu wose unezerererwa hamwe. Twibaza ko mubikunda mu gihe vyose bishingiye kw’IJAMBO tuzoba twumviriza iyi mpera y’iyinga.

Kubw’ikirangaminsi c’impera y’iyinga, amakuru ku gutegura igikorane c’Ingaburo Yera, ibikoresho bizokenerwa ku nteguro za Creations, ama quiz ya Pasika, n’ayandi makuru, rabe imihora iri munsi.

Ni iteka kuri jewe kubatumira mwebwe n’umuryango wanyu kuza hamwe n’Umugeni kw’isi yose w’impera y’iyinga yuzuye UGUSENGA, UGUHIMBAZA N’UGUKIRA INDWARA. Nizeye ko vy’ukuri izoba impera y’iyinga izohindura ubuzima bwanyu ibihe vyose.

MweneData Joseph Branham.