23-0312 Ahantu Umukwe Wo MwIjuru NUmugeni Wo Kw Isi Bazoba Muri Kazoza

Ubutumwa: 64-0802 Ahantu Umukwe Wo MwIjuru NUmugeni Wo Kw Isi Bazoba Muri Kazoza

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni wo kw’isi,

Malaki 4 ni Ijambo ry’Imana, kandi ryavyaye uko ubwoko bwaryo buri, TWEBWE, Umugeni waYo. . Ni Mpwemu Yera, Umuntu wa Yesu Kristo, mu gikorwa, atsimbataye mu mitima yacu. Tugirwa bazima n’Ijambo RYOSE Avuga, kuko, « Intama zanje zumva Ijwi ryanje ; uwo zitazi ntizomukurikira. »

Mbega ukuntu aya mezi aheze yabaye ay’igitangaza, mu gukurikira Umuhanuzi I Jeffersonville. Imana yavugiye mu Mumalayika wayo w’inkomezi maze atugaburira ku mfungurwa zibistwe zivuye MU KIGEGA GITOYI mu gihugu cose. Ni Manu ihishijwe, y’Umugeni waYo gusa.

Kuri buri Butumwa twumviriza, turafatanya hanyuma tukanezerererwa hamwe ; « Ndazi yuko numvirije ubu Butumwa incuro nyinshi mbere, ariko SINIGEZE ndabwumviriza nkuko ndabwumviriza ubu. » Ni isoko vyukuri y’amazi mazima abiragirira imbere muri twebwe. Twokwiyuzuza bigoranye twebwe ubwacu. Ni ivyo vyose dushaka kuvugako. Ntitwigeze tumenya vy’ukuri mu buzima bwacu, ico turi hamwe naho turiko turaja.

Ntakwiyumvira ukundi :
« Gusa sindabizi. Narakoze ibintu vyinshi biteye ubwoba mu buzima bwanje. Naratetereje Imana kenshi. Bigaragara yuko NAMA nkora ibintu bitaroranye. »

Ntakwizigira ukundi :
« Ndizera vy’ukuri yuko ndi Umwana w’Imana. NDASHAKA kumuba. Ndasaba kuba we. »

Iyo minsi yose yararenganye YARARENGANYE Ubu TURABIZI. Imana Ishimwe!!

Mbega tubimenya gute? Imana yavuganye natwe Idaciye ku ruhande biciye mw’Ijwi ryaYo kuri bande, Itubwira kandi yongera Itubwira iti,”Ndi muri mwebwe, namwe muri muri Jewe. Turi UMWE. Nabatoranije imbere yuko isi ishirwaho. Muri akara ko mu mubiri wanje, akagufa ko mu magufa yanje.”

Ese ingene Ubutumwa Imana Yatubwiye kuri uwu w’iyinga bwari butunganye bw’ukuntu iyi si tubayemwo Atari rwacu, ari Edeni ya Satani. Ukuntu yahenze Eva kuva ku ntango mukumutuma yibaza kandi akekeranya IJAMBO RIMWE. Yikuyeko umwitwikiro wera w’Imana, hanyuma yiyambika umwitwikiro w’ubumenyi, hanyuma amaso yiwe yaruguruwe maze abona yuko yari amenya.

Satani yononye Ijambo ry’inkomoko, kandi ubu yaramuhumishije kugira agume ari amenya akandi atabizi. Yahindutse umwamikazi wa satani kandi iyi si ni ubwami bwa Edeni bwiwe.

Ku w’iyinga, Umukwe wacu wo mw’Ijuru ashaka kwibutsa Umugeni wo kw’isi wiwe aho inzu yacu yo muri kazoza izoba iri hamwe n’ukuntu izoba imeze. “Yewe Mukunzi, rero narakubwiye ivyerekeye iyi si n’ukuntu ari Edeni ya Satani, Nshaka kukubwira UBUGIRA KANDI kubijanye n’inzu yawe yo muri kazoza hamwe nanJe.

Nshaka kubabwira mw’ido nido. Ndazi yuko mwanyumvise ndabivuga kenshi, ariko rindira, iki gihe biza gusa nk’uko mutigeze munyumva ndabibabwira mbere.

Nshaka kuvyinjira mu mizi. Nshaka kubahishurira yuko muri mu bugombe bwanje butunganye mu kugumana n’Ijambo ryanje n’Umuhanuzi wanje. Nshaka kubaha ikigereranyo c’ivyo muriko murakora ubu nk’ikigereranyo gitunganye c’umurwa mushasha muzobamwo.

Vy’ukuri tugiye kwinjira mu kintu kinaka. Ngiye kwongerako akantu gatoyi, kandi ndazi muzoGatahura. Muzobana nanJe kuri wa mugwa. Umuhanuzi wanje azoba ari umwishikira wanyu. Azoba ari umubanyi wanyu. Muzogendera mu mabarabara y’inzahabu hanyuma munywe kw’isoko yanJe. Muzogendera muri Paradiso y’Imana, hamwe n’Abamalayika bagendagenda mukirere bongera baririmba indirimbo zihayagiza uwo murwa.

Muzoba muri utubuyenge mu gitsibo c’Umuhanuzi wanJe. Muzokayanganira ikintu cose mw’isi, kuri urya munsi. Hariho vyinshi nzobahishurira ku w’iyinga. Mbega igihe gitangaje tuzogirira hamwe.”

Aradufitiye vyinshi mu kigega mu ndwi nkeyi zizokurikira, Ataje hanyuma ngo adutware imbere y’ico gihe. Indwi ku yindi, atubwira, abo turi, aho turiko turaja, uko bizoba bimeze hariya. Azoturongorera ku ndwi ya Pasika y’ubwiza tutigeze tugira, ata kindi twuzuye kiretse ugutazira no kuMusenga.

Mbega igihe kinezereje. Turiko turabona ubuvugishwa bushitswa imbere y’amaso yacu. Tubona Ijambo rigaragazwa MURI TWEBWE. Ukuza kwiwe gushobora kuba igihe ico ari co cose. Duhagaze ku muryango dufise Umugwi w’amashurwe mubiganza. Dushobora kwumva umuhindo w’amafarasi maze umusenyi ukanyerera mumakurudumu.

Umukogote wa kera uzohagarara vuba. Tuzova muri uwu mubiri ushaje hanyuma dukorokere mu biganza vyiwe. Azotwitegereza hanyuma avuge ati,” Vyose birarangiye, mukunzi, Ngira ndagutware ubu mu nzu yawe yo muri kazoza.”

Muratumiwe kuza kwifatanya muri iyi minsi ihambaye isi itigeze kubona. Inkukuma zizoba zikoraniye hamwe kw’isi yose mu kwumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana n’Umugeni waYo kandi Rimubwira ivyerekeye: Ahantu Umukwe wo mw’Ijuru n’umugeni wo kw’isi bazoba muri kazoza 64-0802, Isaha zitandatu ku muhingamo, Isaha ya Jeffersonville(Hazoba ari isaha icumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi)
MweneData Joseph Branham

Kwibutsa: Ntimwibagire uguhinduka kw’igihe c’ici.

Ibisomwa vyo gusoma imbere y’ukwumviriza Ubutumwa :
Matayo 19:28
Yohana 14:1-3
Abanyefeso 1:10
2 Petero 2:5-6/ Igice ca gatatu cose
Ivyahishuriwe yohana 2:7/6:14/21:1-14
Abalewi 23:36
Yesaya igice ca 4 cose /28:10/65:17-25
Malaki 3:6