26-1108 Kugirwa Abana bImana 3

Ubutumwa: 60-0522M Kugirwa Abana bImana 3

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakundwa Mwebwe Mwagizwe Abana b’Imana,

Amareta yo kw’isi ariko arabwira abantu ati: “Nimwitegure, mwitegurire umunsi w’amakuba. Nimubikire imiryango yanyu imfungurwa n’amazi kugira ngo mube mufise ibikwiye kubw’ibigiye kuza.” Isi iri mu gatengo. Ni ibiki bigiye gushika? Ejo hazozana iki?

Turiko turabona ubuvugishwa bushitswa imbere y’amaso yacu. Isi iriko irasambuka. Ubwoba n’agatengo biriko birakwiragira isi yose, abantu batazi ikigiye kuza. Kazoza kazozana iki? Dushobora gukora iki? Mbega uyu ni umuhero?

Muri ico gihe nyene, Imana Data na Yo Yamye Itugabisha kandi Idutegura. Yaramaze kutubikira Imfungurwa n’amazi vyacu, kandi turiko turafungura ku mazimano tunanywa kw’iriba ryacu rya arutwaze. Turiteguye, atari ku bw’umunsi w’amakuba, ariko kubw’Izamurwa !!

Umugeni wa Kristo ntiYigeze Agira umunezero no kunyurwa nk’ubu. Imana Data Iriko Irabwira Umugeni WiWe mutoyi wo kw’isi yose Iti: “NTIMUGIRE UBWOBA, munezerwe. Muri abo Nahisemwo. Ndiko Ndabategurira Izamurwa, Umunsi w’Ubukwe bwanyu. Ndiko ndabakura muri aka kajagari. Muri Abahungu n’Abakobwa Nagize abana b’Imana. Ukunengesera kw’igihe kuriko kuraza.”

Mbega umunezero mwinshi turiko turagira! Ijambo Ryose twumva ni akabuye k’izahabu kuri twebwe. Turagafata maze tukaguma tugahanagura gusa, tukongera tukagahanagura twisubiriza. Hanyuma tuvuga tuti :

“Uwera, Uwera, Uwera, ku Mana.” “Uwera, Uwera, Uwera, ku Mama.” “Uwera, Uwera, Uwera, ku Mana.”

Amaso yacu tuyahanze i Karuvariyo, kandi nta kintu na kimwe kizoduhagarika! Turiko tugenda mu Nzira y’Umwami, dusizwe amavuta y’agaciro, twinjira Ahera Cane.

Igihe umwansi agerageje kutubwira ko twazimiye kandi ko tutari Umugeni waYo, duca dufyonda gusa tukavuza maze Igasemerera kandi Ikatubwira Iti:

“Kura ivyo mu bwenge bwawe ko ugiye kuzimira kandi ugiye gukora iki, kandi ufise ubwoba bw’iki. Ntugire ubwoba bw’ikintu na kimwe, kuko Ariko Aragerageza kukubwira aho uri, abo turi bo, n’ingene duhagaze.”

Isi iri mu BWOBA, kandi muri uwo mwanya nyene Imana Data, Iriko Iratubwira Ati: “NTIMUGIRE UBWOBA BW’IKINTU NA KIMWE, Ndiko Ndababwira abo muri bo n’aho muriko muraja.” … IMANA ISHIMWE!!

Mu ntege nke zacu za kimuntu turananirwa buri munsi. Dukora amakosa menshi cane. Dukora ibintu vyinshi tutotegerejwe gukora. Hanyuma umurwanizi akadukubita, akongera akadukubita, avuga ati: “Twoba Umugeni gute?”

Ariko twarakomeye. Turazi neza na neza ico gukora: gufyonda no kuvuza kugira ngo twumve ico Imana Data Ivuga.

Rero, twoshobora gukora ibintu bibi, kandi igihe cose ukoze ikintu kibi, uzogihanirwa. Ego, mugenzi, uzokwimbura ico wabivye! Ariko ivyo nta ho bihuriye n’agakiza kawe. Iyo wavyawe na Mpwemu w’Imana, uba ufise Ubugingo Budashira kandi ntushobora gupfa nk’uko Imana Idashobora gupfa. Uri igice c’Imana, uri umwana w’Imana.

Vyarahimbaye Imana kudutoranya. Vyarahimbaye Imana kutugira Abahungu n’Abakobwa. Vyarahimbaye Imana kutugira abana b’Imana. Vyarahimbaye Imana kuduha Uguhishurirwa nyakuri kw’Uwo Ari We n’abo turi bo. Vyarahimbaye Imana kujana umumarayika waYo hakurya y’igihuzu c’igihe no kumwereka hakurya y’iguhuzu TWEBWE, ku buryo twoshobora kunezerwa no KUTAGIRA UBWOBA.

Ikibabaje, aya mabande si ay’umuntu wese. Ni ay’ishengero ry’umuvugishwa gusa… Imana Ishimwe, abo ni twebwe. Umwanya wose tubishoboye, kandi igihe cose dukoraniye hamwe, ico twipfuza gukora gusa n’ugufyonda no kuvuza kugira ngo twumve Ijwi ry’Imana.

Abandi barabifise vyose. Gusa ntibabibona nk’uko twebwe tubibona. Barabifise kwa kundi nyene, ariko kuri twebwe… Ese ukuntu ari vyiza kubiraba; kuko turazi ko Ari Inzira Imana Data Yateguye uyu munsi.

Buri munsi isi n’abantu bayo barushiriza kwihebura. Ibintu vyose birushiriza kwirabura n’ugucura umwiza gusa. Ariko ku Mugeni, buri munsi uzana ugukaburwa n’Uguhishurirwa kurushirije. Turaruhutse, twuzuye Mpwemu Yera WaYo, twicaye hamwe ahantu ho mw’Ijuru.

Mbega mwarigeze mwibaza uko vyari bimeze ku Munsi wa Pentekote, igihe haza ijwi rimeze nk’iry’umuyaga ukomeye uhuhuta n’inguvu maze Mpwemu Yera Akuzura icumba n’umuntu wese yari ng’aho?

Ntukongere kuvyiyumvira gusa. Ingo wifatanye natwe kuri uyu w’Iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe Ikoraniriza hamwe Inkona zaYo, Ikuzuza icumba cawe Mpwemu Yera waYo, kandi Ikadutegurira Ukuza kwiWe kuri hafi mu kutugaburira Imfungurwa zaYo Zabitswe. Muzoba muriko murafungura kandi munywa mu bubiko bwaYo, Ijwi Ry’Imana Riri ku mabande.

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa

Kugirwa Abana b’Imana #3 60-0522M

Ivyanditswe:

Matayo 28:19
Yohana 17:7-19
Ivyakozwe n’Intumwa 9:1-6, Ivyakozwe n’Intumwa ibice vya 18 na 19
Abaroma 8:14-19
1 Ab’i Korinto 12:12-13
Ab’i Galatiya 1:8-18
Abanyefeso, Igice ca 1
Abaheburayo 6:4-6, 9:11-12