Ijambo Ry'Umunsi
January 9, 2026
Nta kintu na kimwe kirashirwaho
.
.
.
.
25-1231
53-1130 Mbega Imana Ivugana na Mose wenyene
Umurwanizi arazi ingene yinjiza urutonde rwiwe
Mwebwe bantu b’idini ry’ukwera, yarabigishije ko mudakwiye kuja kuri sinema,”nivyo mwigisha abana banyu ng’aha nta gihe kirekire gishize, ariko satani yarabacakiye. Yinjije isinema mumazu yanyu. Ukwo ni ukuri. Ukwo ni ukuri. Bakavuga bati, “yooo ivyo nta kibi kirimwo.”Murabona, ya….
Murazi , abantu bahora bavuga bati Satani ntakiri mubigezweho, ariko ntiyahagaritse ibikorwa vyiwe. Ukwo ni ukuri. Abandanya ibikorwa vyiwe , kandi ni umuriganya kurusha uko yari ameze mbere; ku buryo abantu nabo babaye nk’uko; kubera ko yabibinjijemwo. Murabona?
MweneData, ndakubwira ko asangwa hari igihe woroye mu bwihisho , ni ubu nyene wotegerejwe kubikora. Ukwo ni ukuri. Hungira munsi y’amaraso ya Yesu Kristo. Birateye isoni kubona ibintu vyose dufise ubu hamwe n’iyi si ya none vyose ni umwimbu wa Hollywood ku rugero rwa mirongo umunani kw’ijana, kandi isi iracafatira akarorero kuri yo. Ni hariya i Hollywood aho ivy’iyi si vyose bizanana.
Umutsima wa Buri Munsi
Ntimushobora gusaba Imana n’itunga
Matayo 6:24
25-1230
55-0224 Amazi ava mu rutare
Kandi Imana Irafise gahunda yaYo, kandi Izogufata Igushire muri Kristo, mu mwanya aho uzoMukorera neza birushirije. Asangwa ugumye mu muhamagaro wawe.
Yaco urondera umuhamagaro w’uwundi muntu. Guma mu muhamagaro wawe ubwawe. Asangwa uri umugore wo muhira, guma uri umugore wo muhira. Ico Imana Yoguhamagarira gukora, guma aho gusa. Irazi ahantu Yoshira ikiganza caYo hejuru yawe no kugukoresha.
Igihe kimwe, Yari Ifise umugore w’intwari yitwa Hana, umugore mutoya wo mu nzu. Yari Izi ahantu Ikwiye kuMushira, n’ico Yari Igiye kuMukoresha. Yari Ifise umwe yitwa Mariya, Igihe kimwe. Yo, Mana we! Izogukoresha wewe ico Ishaka ko ukora asangwa gusa uYiretse ngo Ibikore. Gusa guma wicishije bugufi, uMwishikanire, hanyuma ushishikare ubandanya.
Umutsima wa Buri Munsi
Kand’ ivyo vyose mbikora kubg’ ubutumwa bgiza, kugira ngo mfatanye n’abandi muri bgo.
1 Ab’i Korinto 9:23
25-1229
54-0411 Ukwizera kwawe kwagukijije
MweneData, mushiki wanje, mvuze ibi mu kwicisha bugufi atari ukubikwegerako canke kugirirwa impuhwe. Impuzu mfise, ni impuzu abantu bampa. Iyi returuso nambaye, mwenedata Moore yari kumwe nanje, haheze imyaka ine ndayironkeye muri Suede. Uwu mwambaro w’ibirato ni umugore wanje yabinguriye. Ndafise iyindi returuso hariya, bampereye muri Floride. Ndafise iyindi naronkeye muri Finlande; zibiri nazironkeye mu Budagi, canke atari mu Budagi ahubwo muri Afrika . Izi mpuzu naho ziva, ni impuzu abantu bampa, zimwe ni impuzu zija zarambawe. Ukwo ni ukuri. Nararonkeye i returuso muri California haheze imyaka hafi nk’itanu, kandi ndayambara kuva ico gihe. Kandi yari ishaje imaze hafi imyaka itandatu canke indwi igihe nayironka. None bitwaye iki ? birampagije. Ariko We, Yari Afise impuzu imwe hanyuma yatiye imva y’uwundi muntu kugira ngo Ayishirwemwo.
Nari kuba umutunzi iyo nemera amafaranga yose abantu bampaye, ariko ndashaka kuba umworo nk’abo baza ng’aha imbere kugira basengerwe. Turi abenegihugu bo mu Bwami bw’Imana. Simvuze ibi kugira nivugire ikintu kinaka. Ndabivuze kugira ngo mubimenye kuko nshaka ko mumenya bagenzi banje, ko Ubwami bw’Imana butarajwe ishinga no kuronka ubutunzi bw’isi, impuzu nziza. Aho Imana Ikorera ni mu mutima wishikaniye Imana.
Umutsima wa Buri Munsi
Ko yakweretse iciza ic’ ari co, ga yewe muntu: mbega har’ ikindi Uhoraho akugombako, atar’ ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?
Mika 6:8
25-1228
65-0725E Ni Ukuhe Gukwega Kuri Ku Musozi ?
Nibaza yuko igihe abantu bipfuza gutwenga neza, baduga hejuru bagahagarara imbere y’urugi rw’ubwato maze bagatwenga. Bavuga bati « Hewe, wavuze yuko imvura igiye kugwa haraheze imyaka ijana ! Sogokuru yambwiye yuko yakwumvise aha hejuru uvuga yuko imvura igiye kugwa, none uracahondagura, kuri urwo rubaho ng’aha hejuru. Kuki utisubirako ? »
Ariko Yari Imana Yiteguriye kwemeza isezerano no gushitsa ubuvugishwa umuhanuzi wiWe yari yaratanze. Ibidasanzwe cane ! Imana Ishitsa isezerano kuri Nowa, mu gihe abandi bariko baratwenga. Imana Yariko Yitegurira naYo gukora amateka yo kwereka abandi, eka no muri iki gihe, yuko Ishitsa Ijambo RyaYo. Uko vyosa nk’ibitari ivy’ukuri kandi ata kwiyumvira kurimwo, Iguma Ishitsa Ijambo RyaYo.
Umutsima wa Buri Munsi
Ereg’ Imana s’umuntu ngw ibeshe, Kandi s’umwana w’umuntu ngo yisubiremwo! Ivyo yavuze, mbega ntizobikora? Ivyo yashinze ntizobishitsa?
Guharura 23:19
25-1227
60-0522E Kugirwa abana b’Imana #4
Ubwo nyene natanguye kugaruka. Nararavye, ndyamye hariya ku gitanda, maze mbona ikibiri canje gishaje ng’aha kiriko kirasaza kandi kizana iminkanyari, wahindutse kandi—urwaye kandi ubabajwe, maze mbona ibiganza vyanje inyuma y’umutwe, nuko ndiyumvira nti, « Yooo, mbega ndaja gusubira muri kirya kintu ubugira kandi ? »
Nuko nguma numva rya Jwi Rivuga Riti, « Bandanya urugendo ! Bandanya urugendo ! »
Navuze nti, « Mwami, namye nizera ugukira indwara kuva ku Mana, nzokwama ndavyizera. Ariko nzorushiriza cane kurondera ubugingo, rero Mfasha. Nzoba mfise benshi cane hariya nzo… Nyemerera mbeho, Mwami, nanje nzokwinjiza uwundi muriyoni hariya, niWanyemerera nkabaho gusa. »
Sinitaye ku bwoko bwabo, ivyizerwa, ubwenegihugu, ico bari, bose ni umwe iyo bageze hariya, kandi izo mbibe ziba zarenganye.
Umutsima wa Buri Munsi
Nk’uko nanje nezereza bose muri vyose, ntarondera ikigira ico kimarira ubganje, ariko nkarondera ikigira ico kimarira abenshi, kugira ngo bakire.
1 Ab’i Korinto 10:33
25-1226
61-0519 Bagenzi, turashaka kuraba Yesu*
Mpwemu Yera si iciyumviro, ni umuntu. « Igihe We, Mpwemu Yera Azozira…” kandi We ni insigarirazina muvugwa, rero ni—ni Ntavuguruzwa… Ni—ni umuntu wa Kristo mw’ishusho ya Mpwemu Yera Aba muri mwebwe. Yesu Yavuze Ati, « Jewe ndi umuzabibu, namwe muri amashami. »
Ariko umuzabibu ntiwama ivyamwa. Amashami niyo yama ivyamwa. Ni uko rero, Yategerezwa gukoresha wewe na jewe, amaso yacu, iminwa yacu, amatwi yacu canke indimi zacu, vyose… ni We Avugira muri mwebwe. « Jewe ndi umuzabibu namwe muri amashami. »
Rero hamwe twoshobora kuMubona Akora uyu munsi nk’uko Yakora kera. Aba Ari Kristo mw’ihanga ryiWe, kuko ni isezerano kw’Ishengero ryiWe. « Nimwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebwe, saba ico mushaka cose…” Yooo, rero amasezerano ibihumbi yiWe yoshobora kuvugirwa hano, ariko ni Kristo mw’ishengero ryiWe.
Umutsima wa Buri Munsi
Kandi Yohana ashinga intahe, ati Nabonye Mpwemu amanuka ava mw ijuru asa n’inuma, aguma kuri we;
Yohana 1:32
25-1225
62-1216 Ugusambuka kw’Isi
Imana Itegerezwa gucira urubanza isi ikoresheje ikintu kinaka. Hamwe Yoruca Ikoresheje ishengero, Izoruca Ikoresheje irihe ? Rero ntibishoboka kwizoruca Ikoresheje rimwe muri ayo. Hasigaye rero ikintu kimwe : Ijambo ryaYo—ni Irihoraho, nta kindi kintu na kimwe gishobora kwongerwako canke ngo gikurweko.
NaRimaditseko ubugingo bwanje, rero mu guca bugufi nashize ibiganza vyanje ku kimazi canje, nca natura ko ataco maze. Nta na kimwe kiri muri jewe, yooo Mwami Mana. Rungika uwo Mesiya kuri jewe hanyuma uhindure ibingize, mvuye muco nari, umbumbabumbe mu buryo bwawe ukwo Wewe Ushaka ko mba.
Ntaco bitwaye ukwo umuntu yoturira umubiri, ukuntu umuntu ashobora kwononekara, ukuntu yoshobora kuvugwa bamurwanya canke ico bovuga cose, umunsi umwe Azotuzura ubugira kandi. Kandi hariho Ubwami ubwo twakira budashobora kunyiganyizwa. Yooo, Mana Wee!
Umutsima wa Buri Munsi
Kandi k’umugororotsi akizwa agarukiye ku manga, utubaha Imana n’umunyavyaha bazoboneka hehe?
1 Petero 4:18
25-1224
59-1125 Kw’itanguriro si uko vyari bimeze
Kandi neza na neza tubona nyene ca kintu Yesu yari Yavuze ko kizoshika. Ijambo ryiWe ubwaRyo ryari ryabitangaje. « Uko vyari bimeze mu gihe ca Loti niko bizoba bimeze igihe umwana w’umuntu azozira ». Ikintu nk’ico nyene. Itegereze igihugu canyu ukungene cononekaye. Raba mubimenyeshamakuru. Mu bushakashatsi, nabonye, mubimenyeshamakuru ko abagabo barongora abandi bagabo vyaduze ku rugero rwa mirongo ibiri kw’ijana kuva mu mwaka uheze, mu gice c’uburengerazuba, icaha ca Sodomu. Itegereze ukuntu ikintu cose—ikintu cose kiriko kirononekara. Amazi, inzuzi, vyose vyaranduye. Indwara, imigera abaganga ataco bazi ku bivyerekeye… Turi mu gihe c’iherezo. Hungira ku Rutare. Hungira kuri Kristo. Injira muri We mwihuta shengero.
Ntimusamazwe no kutigishwa kwanje, no kutagira ubumenyi. Umviriza gusa ivyo ndababwira kubw’Ijambo ry’Imana. Kandi Imana irarishigikira Yerekana ko ari ukuri. Ni muMwizere mubone gukizwa.
Umutsima wa Buri Munsi
Kand’ashingira intahe ayandi majambo menshi, arabahanura, ati Ni mwikize ab’iki gihe kigoramye
Ivyakozwe n’intumwa 2:40
25-1223
56-0917 Umwagazi w’intama n’Inuma
Rero Bibiliya ivuga ko yabonye Mpwemu w’Imana Ameze nk’Inuma maze Avuga Ati, « Ehe umwagazi w’Intama. » Maze inuma ica iza ku mwagazi w’intama, igumaho… Ivyo ndabikunda. « Kugumako ».
Ariko twibaze ko umwagazi watanguye gutontoma nk’idubu, aho rero inuma yociye igenda.
Murazi rimwe na rimwe, ndibaza asangwa ico ari co gituma hari ingorane nyinshi mw’ishengero. Asangwa turi imyagazi y’Imana, twotegerejwe kugira kamere y’imyagazi, mu bisanzwe, asangwa dushaka ko inuma ihaguma. Murizeye ivyo ? Jewe ndavyizeye.
Ubu, asangwa twitegereje inuma… igituma yagumye ku mwagazi, ni kubera ko kamere yazo ari imwe. Kandi igituma umwagazi uguma ku muKristo : Izoguma kuri we mu gihe we ari umwagazi. Ariko mu gihe afashe iyindi kamere itandukanye, Inuma ica yigurukira.
Umutsima wa Buri Munsi
None rero, uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ni mwitegereze uko mumeze!
Hagayi 1:5
25-1222
60-1125 Inama
Nta gihe kirekire giheze umuntu umwe yambwiye ati : « MweneData Branham uriko wigisha ubu bwoko bw’ubutumwa bwiza, sivyo ? »
Navuze nti, “oya mwene data.”
Yavuze ati: « ico mufise ng’aho si aka gakiza gashasha ? »
Navuze nti : « Oya. Ico mfise ng’aho, ni ikintu gishasha c’agakiza ka kera. » Ukwo ni ukuri. Navuze nti : « Ni agakiza ka kera kigeze kubaho »
Yavuze ati, «katangujwe ryari ? »
Navuze nti : « Imbere yuko isi ishirwaho. »
Yavuze ati : « Ni igiki kigutuma uvuga ivyo ? »
Navuze nti : ‘‘ Muri Yobu 7:27 havuga ngo : ‘Mbega wewe wari hehe, igihe nashirah’ amatanguriro y’isi? Igihe inyenyeri zo mu gaturuturu zaririmbira hamwe, N’abana b’Imana bose bagasesereza impundu? ’’’ Rero, ubu butumwa bwa kera bw’ikirere kitagira ibicu, bwica icaha, bugakora ku mutima, butuma umuntu avuza induru, yoo, ni ubwa kera kurusha Bibiliya. Ni ubwa kera kurusha imisozi. Ni ubwa kera kurusha isi. Ntabwo ari bushasha. Ni ikintu gishasha cabwo, ni ubwo. Ntimurondere urucanco rubugwanya. Ni muze mubwakire.
Umutsima wa Buri Munsi
Nk’uko yadutoranirije muri we, itanguriro ry’isi ritarashirwaho, kugira ngo tube abera tutagira agasembga imbere yayo, turi mu rukundo.
Abanyefeso 1 : 4
25-1221
60-0803 Aburahamu
Ubu Rero mwitegereze, n’ uNgureko umuti wo gusiga ku maso yawe. « Mana we ! » N’ uNgureko umuti wo gusomora, uzokugurura amaso yawe ku biba hirya no hino yacu. Ewe Mana, iyaba gusa noshoboye kumenya uburyo nokoresheje kugira ngo nzane ishengero ahantu ribone ivyo. Ni ungureko umuti wo gusomora. Umuti wo gusomora si uw’amazi. Kandi amavuta ni Mpwemu Yera. “Nyemerera nsige amavuta ku maso yawe kugira ngo ushobore kubona yuko Ndi wa wundi nyene ejo uno musi n’ibihe bidashira, reka ubone ko amasezerano nasezeranye mu misi ya nyuma ko ari hano. N’ungureko umuti wo gusomora
Umutsima Wa Buri Munsi
Ndakugira inama, ungurekw’izahabu yakuwekw’ikamba n’umuriro, ubone kuba umutunzi; ungureko n’impuzu zera, ubone kwambara, isoni z’ubgambure bgawe ntizigaragre; kand’ungureko n’umuti wo gusiga ku maso, ubone guhumuka
Ivyahishuriwe Yohana 3:18
25-1220
64-0719 kugenda inyuma y’insago
Imyaka amajana ane ata Jambo! Kuva ku muhanuzi umwe gushika ku wundi, Yaragiye, gushika ku muhanuzi wa nyuma Malaki, kandi ico gihe nta wundi muhanuzi yari ahari mu myaka amajana ane.
Hanyuma rero Imana Iza ku rubuga. Umunsi umwe Yagendeye muri bo ubugira kandi, ariko imigenzo yabo yari yatwaye ikibaza caYo muri bo, ku buryo Yababereye umunyamahanga. Imigenzo ya ba se, hariho ukwoza inzavya, Na—n’ingene basokoza, no kwambara ibipfungo binaka ku ma koti yabo, n’amakanzu y’abaherezi—abaherezi ata nkeka; kandi –kandi umwe ari Umufarisayo yiyemera n’uwundi ari Umusadukayo. Kandi ivyo vyari vyatwaye ikibaza c’Ijambo muri abo bantu, gushika aho, igihe Imana Yabagendera, Yabaye umunyamahanga.
Reka mvuge ibi mu rukundo n’icubahiro, ariko kugira ngo vyumvikane. Ni co kimwe uyu munsi. Ntivyahindutse na gatoya.
Umutsima wa buri munsi
Ico Imana yageze murakireka ngo mwumire ku migenzo mwabwirijwe n’abantu. Mariko 7:8
25-1219
58-0309 Mbega Ishengero Rizogenda Imbere Y’Imibabaro?
Ntihigeze habaho igihe gishingiye ku bikorwa vy’urudandazwa nk’uyu munsi. Imiduga idandazwa yigeze gukora yuzuye ku badandaza, hamwe n’ibindi. Bigeze aho ushobora kugura I refrigerateri uyu mwaka ukayigura hafi amadorari amajana ane canke amajana atanu, hanyuma mu mwaka ukurikira nta n’umwe aba akiyikeneye. Ntiba igiharawe. Murabona neza, sivyo, murabona ko isi yo kugura ibategeka gupfira ku kazi?
Murashobora kugura imodoka ntoya yo kugenderamwo uno mwaka, hanyuma mu mwaka ukurikira izoba ikiri imodoka nziza nk’iyo mwoshoboye kugura muri uyo mwanya nyene, ariko izoba yakorotse amadorari igihumbi kuko bahinduye akarumyo ka radiyateri canke bashizeko akantu gatoya bahinduye ataco kavuze . Ni ibibanza vyo kugurisha bifise intego yo gushitsa Bibiliya. “Ivyashitse mu gihe ca Nowa… no mu gihe ca Loti…”
Umutsima wa Buri Munsi
Kukw’ariko bari bameze mu minsi umwuzure utari bgabatere: bararya, baranywa, bararongora, barashingira, bageza kuri wa munsi Nowa yinjiye muri bga bgato.
Matayo 24:38
25-1218
56-0108 Imana Irafise inzira Yateguye
Yoo, Ingene ari ivy’igikundiro ! Murazi, nkumbure twese turi utwana tw’Imana, tugaburirwa hakoreshejwe agacupa gatoyi, nkumbure nuko twobivuga. Kandi Imana Yaratanze uducupa tubiri dutoyi two kugaburirwamwo gusa, isezerano rishasha n’isezerano rya kera, kandi twose yadusizemwo Amavitamine. Kandi igihe tumwegamiye, tugaburirwa, ntituba duhagijwe gusa, ariko tuba kandi dukijijwe indwara. Turafise Amavitamine yo muri Mpwemu. Ibidutuma buri gihe dutera tuja imbere , bikadutuma tugira inkomezi. Ni vyiza. Hariho Calcium kubwo amagufa. Ego. Hariho amavitamine y’umugwi wa B kubwo amagufa. Yoo, vyose birimwo hariya. Iduka ry’imiti ry’Imana ryarashizweho. Vyose vyarashizwe mu gacupa gatoyi ko kugaburirwamwo, biri muri ako gacupa , kandi yakugururiye I Karuvariyo.
Rero, biciye I Karuvariyo, turashobora gusubira kugaburirwa ku mihezagiro yacunguwe ariyo Yesu Yapfiriye.
Umutsima wa buri munsi
Uhoraho n’inkomezi z’abantu biwe, Uwo yarobanuje amavuta amubera ubuhungiro bw’agakiza. Zaburi 28:8
25-1217
60-0609 Ntimutinye
Reka ndababwire mwebwe bantu b’idini hano, b’abametodisiti, Abapresipiteriyano. Igihe aba bantu hano biyita ubwabo Abapentekoti, Ivyo ntibisobanura y’uko ari idini. Ntushobora kugira idini Pentekoti. Urashobora kugira Idini. Ariko Pentekoti ni imigenderanire kuri uwo wese ashaka kuza, yaba ari Umubatiste ,Umumetodiste , Umupresipiteriyano, Umwirabure, Uw’umuhondo, Uw’inginagina, canke Umuzungu. Ntibiraba uko urukoba rwiwe rwoba rusa, uko yoba ari mutoya gute, uko yoba ari umuntu asanzwe gute, uko yoba ari mubi gute, nta tandukaniro vyozana, ni kubwo uwo wese ashaka. Ni uburyo bw’Imana bwo kweza ishengero ryayo. Ntutegerezwa kuba Umunyabwenge, ntutegerzwa kuba uri umuntu yize . Higeze kuba umuntu umwe mu mugwi wiwe yari yarize, nawe yari Paul. Hanyuma Paul yavuze y’uko yategerejwe kwibagira ikintu cose yari azi kugira ngo aronke Kristo. Imana ntimeneyekana kubwo ubushobozi bw’ubumenyi ; Imana Imeneyekana kubwo imigenderanire biciye muri Mpwemu Yera.
Umutsima Wa Buri Munsi
Haza igihinda kivuye mw’Ijuru giturumbuka, nk’uguhuhuta kw’umuyaga w’inkomezi, gikwira hose munzu bicayemwo.
Ivyakozwe n’intumwa 2 : 2
25-1216
53-0507 Ibirindiranwe Ivyizigiro
Gukora icaha rero ntibisigura kuja kunwa inzoga hamwe no gusubira kwigenza nabi. « Genda kandi ntuzusubire gukora icaha. » Amen. N’uko bimeze. Murazi ku bwanje, ingorane ihambaye y’ishengero rya Pentekoti uyu munsi iyo ari yo ? Ntibazi umwanya wabo uwo ari wo. Muri abahungu n’abakobwa b’Imana. Kandi kenshi mwama murindira ibintu bihambaye ko bishika, mu gihe ikintu gihambaye mwamaze kukironka. Rero turi abahungu b’Imana, atari tuzoba, ubu tuja turi bo. Kandi twicaye hamwe ahantu ho mw’ijuru muri Yesu Kristo neza na neza ubu. Mana weee ! Igihe ukwizera nk’uko kwamaze kugerera mw’ishengero, umurwanizi aca arivamwo. Rero ubu mufise i…
Satani ntafise uburenganzira na bumwe ku muKristo, igihe cose umuntu yakiriye agakiza, Imana Yandika umurundo w’ama sheke nk’uku, munsi yayo ma sheke Igashirako Izina ryaYo, kandi Igaca Ivuga Iti : « Ng’izo nimuzuzuze. » Mbega muratinya kubikora ? Nimuzuzuze. « Ivyo muzosaba vyose muriko murasenga, izere ko mwabironse. Muzobibona.
Umutsima wa Buri Munsi
kuko yavuze, iti Mu gihe co kwemererwamwo ndakwumvise, No ku musi wo gukirizwako ndagutabaye. Ehe none n’igihe co kwemererwamwo, ehe none n’umusi wo gukirizwako.
2 Ab’i Korinto 6:2
25-1215
59-1123 Bwira Uyu Musozi
Ubu, ngomba gufata umwanya kugira ngo ndabereke ukutihenda kw’Ijambo ry’Imana (Murabona ?). Ubwa mbere, nshaka ko mumumenya ko Imana Idafise iherezo, Iragororotse cane kuburyo Yari Izi ikintu cose cari kigiye gushika. Murizera ivyo ? Asangwa Itagira iherezo Yari Izi imbere y’uko isi inaremwa, ko tuzoba turi ng’aha kuri uyu mugoroba. Asangwa Ifise iherezo, aho rero si Imana. Asangwa Ifise aho igarukira, rero Imeze nka twebwe. Ariko ukutagira iherezo, nta nzira iriho yo kubisobanura. Kandi ico Imana ivuga cose kiragororotse ; ntishobora guhinyanyura canke ngo Isubiremwo ico ari co cose. Kiragororotse kuko Imana Itunganye n’Amajambo yaYo aratunganye. Amasezerano yaYo ntashobora kunanirwa. Rero, igihe musoma Bibiliya, ni ubwo bwoko bwo kwizera ng’aho mutegerezwa kugira mu Mana, kugira ngo mushobore kwizera amasezerano yaYo. Mutegerezwa kwibuka ko Igororotse. Amajambo yaYo Aragororotse ntashobora kwihenda, ntashobora guhinyanyurwa ; aratunganye kuva ku ntago
Umutsima wa Buri Munsi
Imana yo, inzira yayo iratunganye rwose, Ijambo ry’Uhoraho ryaravugutiwe: Ni we nkinzo ikingira abamuhungirako bose.
2 Samweli 22:31