Ijambo ry’Umunsi / Umutsima wa Buri Musi

25-1105

52-0713A Imigenderanire Na Mpwemu Yo mu Ntango

Imana yo mw’isezerano rya kera, Yari Yesu wo muri Rishasha, akaba na Mpwemu Yera uno munsi. Ivyo murabizi. Ivyo ntimuvyizera? Kurogota kuri Mpwemu Yera uyu munsi bizana igihano kidasanzwe, eka mbere bisumba kurogota kuri Yesu Kristo canke ku Mana Data. Ivyo ntimuvyizera?
Rero ni ikihe kindi? Rero itegereze. Asangwa isi idufata nk’abasazi, asangwa isi yiyumvira ko tudakomeye… Itegereze. Kuba ibi bimenyetso vyaragaragaye neza aho ndi, hamwe n’uyu Mumarayika w’Umwami, n’ibindi, ivyo ntibisigura yuko ari neza jewe bagenzi. Mbega ivyo bisobanura iki? Ni igiki Imana Iriko Iragerageza kubatahuza? Iriko Igerageza kubatahuza iki, ko ndiko ndababwira ukuri.

Umutsima wa Buri Munsi

Arababarira, ati Ni mwumve amajambo yanje; asangwa muri mwebge har’ uwo mvugisha, jewe Uhoraho nzomwimenyeshereza mw iyerekwa, mvuganire na we mu nzozi.
Guharura 12:6

25-1104

61-0521 Twereke Data

Ndakunda inkukuma, kuko Imana Igereranya abana baYo, Iragi ryaYo n’inkukuma. Kandi Imana ubwaYo, yiyita Inkukuma, ni Inkukuma Yehova—Inkukuma Data. Turi inkukuma zaYo ntonto.

Inkukuma ishobora kugurukira hejuru kurusha inyoni yose, asangwa ikinyakabaka kigerageje kuyikurikira coca kizimirira mu birere. Co kimwe na mwebwe, mugerageje kwigana ubuKristo mwocagagurikamwo ibice. Ni ivyo vyose. Ntaco vyobafasha. Ni mube inkukuma, vuka ubwa kabiri, kamere yanyu ibe yarahindutse. Rero murashobora kuduga ingazi ya Yakobo. Rero murashobora kuduga ahantu hejuru cane aho vyose bishobokera abizera. Ariko mutegerezwa kuba inkukuma, uwizera. Ntugerageze…

Igihe abaheburayo, nk’inkukuma bajabuka ikiyaga gitukura, abarwanizi bagerageje kubakurikira, abanyegiputa batakebwe bagerageje gukora co kimwe nka bo, batakaje ubuzima. Ntushobora kwigana ubuKristo ; ukeneye kuba umuKristo. Ukwo ni ukuri.

Umutsima wa Buri Munsi
Kuk’utagira ivyo ar’impumyi, abona ibiri hafi gusa, yibagiye umwuhagiro w’ivyaha vyiwe vya kera.
II Petero 1 :9

25-1103

61-1224 Bagenzi, turashaka kuraba Yesu

Ubutumwa bwanje kuri iyi Noheri, ni, munyemerere ndabarongerere ku musaraba, kuri uyu mugoroba. Amen. Kandi namwe rubuto rw’ingano, ni mugwe muri Kristo mupfire aho. Ng’aho muzoharonka Ubugingo bwiWe mw’Ijambo ryiWe, ni bwa bundi uyu munsi, ejo n’ibihe bidashira. Ubu ni bube ubutumwa bwanje bwa Noheri kuri mwebwe, sindabarongorera ku bwato bw’inka, ku gatanda k’uruyoya, kw’ishengero, kw’idini. Ariko « Bagenzi, turashaka kuraba Yesu. » Rero ndabarongorera kuri We. We, Abarongorera ku rupfu rwiWe, ku guhambwa kwiWe hamwe no kw’izuka ryiWe. Kandi namwe ni mureke urubuto rwanyu rw’ingano rugwe aho hanyuma mureke Ijambo ryiWe rigaragarire muri mwebwe. Rero muzobona yuko uko Yar’Ari ejo n’uyu munsi niko Ari kandi niko Azokwama ibihe bidashira. “Bagenzi, turashaka kuraba Yesu.” Ni wa wundi ejo, uyu munsi n’Ibihe Bidashira.

Umutsima wa Buri Munsi

Yesu Kristo uko yar’ari ejo, n’uyu munsi niko ari kandi niko azokwama ibihe bidashira. Abaheburayo 13:8

25-1102

55-0604 Yayiro uwizera wo mw’ibanga

Kandi nkuko amazi yabandanije kwisuka, haciye akanya Yesu yaciye avuga ati, “ Ntimutinye ni Jewe.”

Petero yavuze ati, “ Asangwa ari wewe, Mwami, impa gusa igipimo gitoyi.”

Hanyuma Musabe kandi muzoronka. Rero yamuhaye igipimo, kandi igihe yagerageza kubikora ubwiwe, yarananiwe, kandi buri wundi muntu azonanirwa. Ntiyasubiriye kubona Yesu hanyuma atangura kubona ingene imikuba yari myinshi. Igihe yabona ko imikuba yari itandukanye yaciye atangura gusoma nturi. Kandi umuntu wese azokwitegereza imibabaro yiwe yasengewe atankeka azokwibira.

Ntimwitegereze imibabaro yanyu. Hanga amaso kuwatanze isezerano, Umwami Yesu Kristo. Gumiza amaso kw’Ijambo ryiwe. Niwe yabisezeranye. Aravyihweza kugira abitunganye. Abigumiza mu kiganza ciwe, Bimase ibwina mu mutima wiwe. Amajambo yiwe vy’ukuri nayukuri.
Reka guhanga amaso indwara yanyu, ingorane zanyu. Gumiza amaso yanyu kuri Yesu

Umutsima wa Buri Munsi

Umwami Imana ntitebeje isezerano ryayo.
2 Petero 3:9

25-1101

61-0122 Nk’uko inkukuma ikangura ivyana vyayo mu cari

Ni nk’uko inkukuma papa yiyumvira kubw’abana baYo,yooo es’ ingene Igenda yiyemera. Arabakankamira ;nabo bakamusubiza.Ivuga iti, « Ni ivyo. Ndi uwo Nari .

« Amen Papa. »
« Ndi uwo Ndi. »
« Amen Papa. »
« Ndi Uwugiye kuza. »
« Amen Papa »
« Ndi wa Wundi ejo uno munsi no mu bihe bidashira.”
“Amen Papa.”
“Nguma Ndi Uwukiza indwara.”
“Amen Papa”
“Ndacatanga Mpwemu Yera”
“Amen Papa.”
“Ndi wa Wundi ejo uno munsi no mu bihe bidashira.”
“Amen Papa.”
“Amen.”
Igikona gitoya kivuga kiti, “a, a, a.
“ Wa gisiga gitoya we, ni igiki uzwiragirira?Sohoka uve muri ico cari. Wa kinyakabaka we,ivyo ari vyo vyose, wewe ntushobora kurya imfungurwa z’inkukuma.”Ukwo ni ukuri. Yoo, Mana We.

Umutsima wa Buri Munsi

Nk’uko inkukuma ikangura ivyana vyayo mu cari, Igahungiriza amababa hejuru yavyo, Igasanza amababa, ikabijana, Ikabiheke ku mababa yayo.
Gusubira mu Vyagezwe 32: 11

25-1031

57-0307 Imana Ishitsa Ijambo ryaYo #2

Abantu benshi bavuga bati, « Yemwe ntatandukaniro bizana kuvyo nizera, mu gihe ndi imvugakuri mu vyo nizeye. » rero, asangwa bimeze uko, uwizera Mohamed yarakijijwe, uwizera Buda yarakijijwe, kandi abo bose ; abapagani barakijijwe.kuko mvuze yuko bashobora kudusumvya umunsi uwo ari wo wose, igihe hageze ugusenga, kwisonzesha, n’imishishimuko canke n’ibindi ; barashobora kudusumvya, kandi agakiza ntikerekeye canke ntigashingiye kuri ivyo, canke ikindi kintu kiretse Ijambo ry’Imana. Imana nuko itegerezwa kubivuga.

Agakiza ntigashobora gushingira kw’ishengero iryo ari ryo ryose, canke nemera iyo ari yo yose, nta kindi kiretse Ijambo ry’Imana, kuko ni Ijambo ry’Imana. Ijambo ry’Imana riratunganye rwose, nta kanyuguti na kamwe karYo kazonanirwa. Amajuru yose azonanirwa ; isi izonanirwa. Yohana yavuze mu—mu kizinga ca Patimo ati, « Nabonye Ijuru n’Isi nshasha, kuko Ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyakuweho. » ariko Ijambo ry’Imana ryarabandanije, co kimwe.

Umutsima wa Buri Munsi

Kuko, Abafise umubiri bose basa n’ivyatsi, Ubgiza bgabo bgose bumeze nk’amashurwe y’ivyatsi; Ivyatsi biruma, amashurwe agahunguruka, Arikw ijambo ry’Uhoraho ryamah’ ibihe bidashira.
1 Petero 1:24-25

25-1030

56-0715 Ikimenyetso c’igikoko

Ni mwumvirize. Ushobora kubaho utarya ibifungurwa umwanya muremure, ariko ntushobora kubaho utanywa amazi. Mirongo umunani kw’ijana vy’umubiri wawe bigizwe n’amazi. Ikintu ca mbere Imana Yigeze kuba iriko, Mpwemu w’Imana ahantu yigeze kuba Ari, hari ku mazi. Kandi asangwa ubugino bwawe bufise inzara yo gusenga ; umviriza mushingantahe, mu pentekoti, n’umu Piligrim Holiness, hamwe n’umu presipiteriano, umu batisiti, uwo ari we wese woba uri. Murabona ? asangwa ufise inzara, ukagira inyota, marisha inyota yawe Kristo, hanyuma Kristo Umugire Imana yaWe. Ntuhindukire hama ngo unywe kubiva mu vyobo vy’amazi aboze. Ica mbere womenya, urashobora gukora nk’umunyedini, ariko amatwi yawe akaba yarashizweko ikimenyetso k’ukuri. Hanyuma muribuka ? « Bazoba begereje cane ukuri kugeza aho bozimiza abatoranijwe… » Kandi kwanka Ubutumwa Bwiza, ni ugushirwako ikimenyetso ca ca gikoko. Imana ica Igushirako Ikimenyetso.

Umutsima wa Buri Munsi

…arikw amazi nzomuha azohinduka muri we imbizi y’amazi yiburuka azana ubugingo budashira.
Yohana 4:14

25-1029

63-0901E Ukwiheba

Kandi mwitegereze, ntiyikunda.Igihe Imana Yamwumva,nuko Yishura isengesho ryiwe Iraheza imuha umwana, nawe amushikanira Imana.Kandi kubera y’uko yari yiteguriye kutikunda, inyuma y’uko Imana Yishuye isengesho ryiwe, Yamuhaye umuhanuzi. Yooo,wabaye umuhezagiro w’inyongera.Yooo,Irayifise myinshi cane, y’ivyo bintu bito bito vy’inyongera Itanga.Atari umwana gusa, yamara umuhanuzi.Kandi nta kwerekwa kwari kukihari kuva imyaka n’iyindi muri Isirayeli.Samweli,umuhanuzi wa mbere kuva imyaka n’iyindi,kubera umugore yihevye mu masengesho yiwe,ntiyashobora kuronka umwana kuko yari yararenganye imyaka yo kwibaruka , yari afise imyaka nka mirongo itandatu canke mirongo irindwi.Nuko araheza asengana ukwiheba, yategerezwa kuronka uyu mwana, Vyari ibiki ?Imana Yari yavuganye nawe,ata gukekeranya.

Ntiwoshobora kwiheba, kiretse Imana hari ico yakubariye.Yooo, shengero, haguruka kandi winyiganyize ubwawe, iyumvire, haguruka, muri iki gihe, dutegerezwa kwiheba, canke duhone !hari ikintu kiriko kiraza kiva ku Mwami ! ndazi ko ari NIKO UHORAHO AVUZE.Ikintu kinaka kigiye kuza, Kandi dutegerezwa kwiheba.Ni ugupfa canke ukubaho.Ivyo bizoca hagati yacu kandi ntituzobibona.

Umutsima wa Buri Munsi

Kukw igihe gishitse c’uk’urubanza rutangurira mu b’inzu y’Imana : none ko rutanguriye kuri twebwe, iherezo ry’abatumvira ubutumwa bwiza bw’Imana rizomera rite ?
1Petero 4 :17

25-1028

63-0120E Irindi Rimwe Mwami

Imana Yahagurukije ishengero kugira ribe umunara w’umuco, rigaragaze inkomezi zaYo, rikize abagwaye, rizure abapfuye, ryirukane amadayimoni, ribeho ubuzima bwejejwe, ryigishe Ubutumwa Bwiza bwuzuye, riBugaragaze, ariko twatanguye kureka no kwururutsa inzitizo.

Twafashe uburorero bubi. Abagore bariganye umugore w’umwungere. Yamuretse ngo akore ibitabereye, amwe imishatsi yiwe, yambare uburyo bwose bw’impuzu zikwega ubusambanyi, ntiyamwiyamiriza. Hanyuma abandi bagore bavuga bati, “Namba Mushikiwanje naka na naka ashobora kubikora, nanje ndashobora kubikora.” Ntumwishimikize nk’akarorero. Murabona? Imana Yarakubwiye ico gukora, umira kuri Ico.

Umutsima Wa Buri Munsi
Kukw’Imana itaduhamagariye guhumana, ariko yaduhamagariye kwezwa 1 Ab’i Tesalonike 4:7

25-1027

57-0825E Abaheburayo igice ca kabiri Igihimba ca Kabiri

Nshaka ko mumera magabo kuri ibi bintu. Bibilia ivuga iti, “ni hagira umwe muri mwebwe ahaguruka akavuga ibi na biriya, hama ntibishike, ntimuze muvyumvirize, kuko atazoba ari Jewe Navuze. Ariko ni yavuga mw’Izina ryanJe, hama ivyo yavuze bigashika, rero ni muVyumvirize.” Amen. “kuko nzoba Ndi kumwe n’uwo muvugishwa, canke umuvugabutumwa canke uwundi. Asangwa ivyo avuze vyose bishitse rero ni muvyumvirize.”
Ubu bagenzi, ni Mumwumvirize, Mpwemu Yera avugira hagati yacu, akora ibitangaza bitandukanye n’ ibimenyetso, n’utwumiza. Ntimufate ivyo minenerwe nk’aho ari ibiriko bishika bisanzwe gusa. Twibuke ko ari Yesu Kristo—wa Wundi ejo uyu munsi n’ibihe bidashira— Yemeza Ijambo ryiWe. Dutegerezwa kubikora. Yooh, ni mubikore. Ni mugabe, ibindi bintu vyose bibe ibigira kabiri, naho yoba ari umuryango wawe, umugabo wawe, umugore wawe, abana bawe. Ico ari co cose, ukwo coba kiri kwose, kibe ikigira kabiri. Shira Imana imbere. Uvuge uti, “mweneData Branham hejuru y’abana banje?” Hejuru y’ibintu vyose. Ni muhe Imana ikibanza ca mbere. Ni Igire ikibanza ca mbere

Umutsima wa Buri Munsi

Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa.
Matayo 6:33

25-1026

58-0406S Ndazi ko umucunguzi wanje Ari Muzima

Ni intumbero y’Imana kuduha Mpwemu Yera Yahezagiwe. Ni intumbero y’Imana kutwereka ibimenyetso, utwumiza n’ibitangaza. Ni intumbero y’Imana, kandi nta kindi kintu coshobora kubisambura. Ubushobozi bwose bw’I kuzimu bwoshobora kubirwanya. Ariko ntibuzobishobora. Dufise isezerano rihoraho ry’Imana. Birashoboka ko twoshobora kugira abigisha, twoshobora kugira amadini, twoshobora kugira gahunda, twoshobora kugira ibintu vyerekana yuko iyo ntumbero izosambuka, ariko ntizokwigera isambuka. Intumbero y’Imana ni uko Yama Igavye ngo iyo ntumbero yaYo Igumeho. Rero isambuka canke idasambuka, ntibiba bivuye kuri jewe kandi ntibiba bivuye kuri wewe. Biva ku Mana. Kandi dushobora kuruhukira kuri ibi vyizigiro vy’Imana, ko Itazokwemera na rimwe ko ico twarazwe gisambuka, kubera ko intumbero yaYo ni iyo kuyiduha.

Umutsima wa Buri Munsi

N’Uhoraho: n’akore ico ashima.
1 Samweli 3:18

25-1025

50-0227 Imana mw’ihanga ryaYo

Hariho iriba ryuguruye , ritembera ahanntu hose neza. Inywa gusa gushika aho utosubira kunywa ubugira kandi. Igiti, iyo kitanywesheje agace kaco, yemwe, kizokwama cumye. Iyo niyo ngorane y ‘Abakristo. Ntibanywa bihagije. Utegerezwa kunywa gushika aho wumva utoshejwe kuburyo n’ umuntu munaka abibona. Murabona ? bandanya. Tanga igishingantahe. Bihereze Imana. Vyizere. Bibandanye. Saba isezerano ry’Imana. Bihereze gusa Imana. Vyizere. Hereza inzira zawe Umwami. » Azoshitsa ivyo ari vyo vyose ushaka.

Ariko Ntishobora kubikora gushika… Mu gihe ubifashe . Vuga uti, « Rero, nzoraba ko ndoranirwa hanyuma ndabeko ibi vyokoreka. Bimuhereze ; ibagira ibisigaye. Genda ushingire intahe n’ivyo mbere utabona. Vyizere. Si ivyo utabona, ni ivyo wizera. Si ivyo wiyumvamwo. Ntiyigeze avuga ati, « Wavyiyumvisemwo ? » Yavuze ati, « Uravyizeye ? »

Ukwo nikwo wakijwe n’ukwizera. Wakize indwara kubw’ukwizera. Kandi ukwizera ni ikintu kiriho c’ibintu twizigira, ikimenyamenya c’ibintu utabona, udahonja, udakorako, utamoterwa canke utumva,Vyizere gusa. Ukore nk’aho vyoba biriho. Amen.

Umutsima Wa Buri Munsi

Ukorere Uhoraho urugendo rwawe rwose, Abe ari we wishimira , na we azobishitsa
Zabuli 37:5

25-1024

57-0901 Abaheburayo igice ca gatatu

Hariho ikintu kijanye na … Aho uja , ishengero ukoraniramwo, n’umwigisha akwigisha. Warubizi ? ivyo – ni ngira kamaro. Kubwivyo dutegerezwa kurondera ikintu ciza ukwo dushoboye, kugira turonke ikintu ciza , si kubera ari inyigisho y’ukubana neza n’abantu n’ibindi, ariko ni inyigisho za Bibiliya.

Itegereze umusi umwe Isilayeli yajanye mu bugaragwa n’igisoda cayo hanyuma bagize urugendo rw’imisi indwi n’amaguru maze amazi arabaherana. Hanyuma bagira bapfe rubi, bavuze bati, « Yooo iyaba hariho umuhanuzi hano hafi ! »

Umwe muribo yavuze ati, « Turamufise hano, Elisa. Yasutse amazi mu biganza vya Eliya. » Murabona umwunganirizi wiwe? Mu yandi majambo, “ Ni Elisa yari umwunganirizi wa Eliya. Ijambo ry’Umwami riri kumwe nawe.” Murabitahura? Yari yarigishijwe neza.

Umutsima wa buri munsi

N’urungike se umuco wawe n’ukuri bindongore
Zaburi 43 :3

25-1023

56-0121 Igitambara c’Imbere

Igihe mumaze guterwa muri Yesu Kristo, ivyo mukeneye vyose mu rugendo rwanyu ng’aha kw’isi biba biri muri mwebwe igihe muronse Mpwemu Yera. Ico mukora gusa ni ukunywa, kunywa, hamwe no kuguma mukura. Nywa kugeza aho mutoshobora kunywa ubugira kandi. Asangwa mukeneye ugukira indwara kuva mw Ijuru, genda kw’Ijambo ry’Imana munywe kugeza aho haba ugukura. Mwumvise ugukenera Imana bigwiriranye muri mwebwe, shishikara munywa hamwe no gukura. Kristo naWe Ni Isoko y’Ubugingo idakama. Asangwa mwaratewe muri We, ico mutegerezwa gukora conyene, ni ukunywa ku kugiraneza kwiWe, no kwerekana ivyo mukeneye mu rugendo hano kw isi. Igikenewe ni ukunywa , kuruhuka, no kwibera mu mahoro. Nta kurwana kandi canke kwigwanirira no kugerageza kugira ico mukoze ico ari co cose mwebwe ubwanyu . Mu—muba mugiye mu kinyurane c’intumbero ubwayo muserukira mugihe mukoze ivyo.

Ubukristo si ikintu… Hamwe n’Imana nta gusegerereza ubugira kandi, kuvuza urwamo, kwinginga, kwisonzesha, kwigwabiza, no gukora ivyo bintu vyose kugira ngo muMushikire.

Umutsima wa Buri Munsi

Azoba nk’igiti gitewe hafi y’imigezi y’amazi, Cama igihe caco, Ibibabi vyaco ntivyuma: Ic’azokora cose kizomubera ko.
Zaburi 1:3

25-1022

55-1120 Hari iki mu kiganza cawe ?

Iyi Bibiliya ni icete c’Imana. Kandi Isezerano ryose Riri muri Yo ni rwawe, hamwe woRyizera ukaryemerana intumbero igororotse. Riri muri wewe, ivyizigiro vy’Ubwiza, Kristo.

Itegereze. Mbega mwinjira gute muri Kristo ubu ? Ubwa mbere, tumWakira kubw’ukwizera, mu kuMwizera. Ubwa kabiri, « Kubwa Mpwemu umwe niho twese twabatirijwe, kugira ngo tube Umubiri umwe. » 1 Ab’Ikorinto 12. Kubwo kuba umunywanyi gusa ? Kubwa Mpwemu umwe, twabatirijwe twese mu mubiri umwe. Abo ni Abizera bamaze kwizera Umwami Yesu Kristo, babatizwa na Mpwemu Yera umwe, kugira ngo bagire umubiri wa Yesu Kristo. Ivyo binyuranye n’inyigisho zanje z’iki Batisiti, ariko ni Bibiliya.

Ndi umu Batisiti mu gihe cose ivyo biguma muri Bibiliya ; hanyuma ndi Bibiliya.

Umutsima wa Buri Munsi

Mbega mwarahawe Mpwemu Yera igihe mwizera ?
Ivyakozwe n’Intumwa 19 :2

25-1021

59-0823 Imiranga y’inzige zikegeta, Izararaye, Izitaragurika n’iziyigiza

Rero, asangwa hari ikitagenda neza mw’ishengero, uyu munsi, asangwa ridatera imbere nk’uko ryotegerejwe, kubwanje twotegerejwe kugaruka ku rwandiko rwo kwa muganga rwerekana ingene umuntu afata imiti, kugira ngo turabe ikitagenda neza, turabe igituma ishengero rirwaye, turabe igituma indwara iri mw’ishengero ryacu, indwara y’icaha. Dutegerezwa rero kumenya ico umuganga yanditse, hamwe no kuraba nimba abungere bacu batanga imiti yanditswe. Kandi, mwibuke, mushobora kwongera ku canditswe cagaragajwe neza na neza, gutyo mugaca mwica umurwayi. Hama rero, simvuga yuko arivyo twakoze, yamara asangwa bamwe mu batanga imiti bacu boba bongeyeko ikintu k’umuti wanditswe n’Imana ? Asangwa barabikoze, bariko bica umurwayi, bariko batuma bapfira mu vyaha.

Umutsima wa Buri Munsi

Ntimuzimire, bene Data nkunda
Yakobo 1:16

25-1020

56-0404 Ukutihenda kw’Ijambo ry’Imana Ryavuzwe

Murazi, Jewe- nariko mvugana na bene-Data ndiko ndagaruka mu kanya gaheze, nababwira ko dukwiriye kuba abantu bahiriwe umwanya wose. Imana Ntishaka ko uba Umuntu yijiriwe. Murazi ivyo ukwijirirwa gukora ? kandi ubwo uburake ,ni kimwe mu bintu biteye ubwoba. Uburake ni- nibwo butera indwara hafi ibice mirongo itandatu kw’ijana y’indwara zose. Ego mugenzi, uku kwijirirwa- kuzanwa no gushangashirwa ukarenza urugero, ni mwibuke, iyo mukoze ivyo, uba uriko urizanira cancer, igikomere, canke ikindi kintu nk’ico. Iyo ushavujwe cane rwose n’umuntu kugeza aho uvuga uti ‘’sinzosubirayo na rimwe. Hinge kugeza ndababwiye uko ndavyiyumvira.’’ Ni vyiza. Mwibuke, ni wewe ugiye kuzovyishura. gusa guma unezerewe.

Hariho inkuru ntoya ivuga ko igitondo imwe akanyoni gatukura kari kw’ishami ry’igiti kavuza urihwa mu guhamagara kagenzi kako. Kagenzi kako karururutse kagahagarara impande yako maze kakabwira gati,’’ Urazi ndahaga- ndahagaritswe umutima n’ikintu kimwe.’’

Kavuze kati,’’ uti iki rero ?’’ Yavuze iti,’’Twebwe utunyoni dutukura ntitwigera na rimwe duhagarika umutima.

Ariko ico nibaza n’uko,abantu, ivyo biremwa bitobito, bagenda bijiriwe mu maso, bo, ndiyumvira ko badafise,Data wo mw’Ijuru abitwararika nka twebwe inyoni zitukura.’’

Ni uko bimeze ku bijanye n’ivyo. Ntiwigeze wumva na rimwe ko imwe murizo yafashwe n’ivuduka ry’umurindi w’amaraso, sivyo ?

Umutsima wa buri munsi

Mwame munezererwa mu Mwami wacu imisi yose; ndabivuze ubugira kabiri: ni munezerwe.
Ab’i Filipi 4:4

25-1019

60-0712 Ni muMwumvirize

Agaciro k’umuntu ntigapimirwa ku mitsi yiwe. Ivyo ni ivyo igikoko. Agaciro k’umuntu gapimirwa kuri kamere yiwe. Narabonye abagabo bapima ibiro mirongo icenda buzuye imitsi, yamara batari bafise muri bo ikintu na kimwe c’umuntu nyakuri. Umuntu yashobora gushikura uruyoya mu maboko ya nyina agaca amukorera ivya mfurambi, uwo si umuntu, ni igikoko, igipfamutima. Umuntu ni kamere. Ntihigeze haboneka na rimwe umuntu ameze nka Yesu Kristo.
Ariko Bibiliya itangaza ko ishusho yiWe itari ifise ikintu na kimwe co kuduhimbara. Ata nkeka Akagabo kagufiya k’ibitugu bihese canke ikindi… Twese ntitwipfuza kuMuraba. Yamara nti… ntihigeze haba na rimwe kamere isa n’iyo. Ng’uwo rero umuntu nyakuri. Ntupima agaciro k’umuntu kubw’imitsi yiwe ariko kubw’inkovu zo ku mavi y’imbere mw’i pantalo yiwe. Ivyerekana ko yamye arasenga. Iyo niyo nzira yo gupima agaciro k’umuntu; kubwa kamere. Ni ukuri.

Umutsima wa Buri Munsi

Kuk’ ubupfu bg’Imana burusha abantu ubgenge; kandi n’intege nke z’Imana zirusha abantu inkomezi.
1 Ab’i Korinto 1:25

25-1018

55-0403 Gufatanya kubwo gucungurwa

Igikoko ntikigira ubugingo.

Ariko umuntu arafise ubugingo. Kandi naho bimeze gutyo, ubwo bugingo cari igice c’Imana. Ikiremwa gihambaye mu biremwa vyose vyo kw’isi, naho ari mu gihagararo c’uwaguye, ni umuntu. Kandi, igihe yashiraho ugufatanya hamwe n’Umuremyi wiWe, yaciye aba nk’umuntu wo hejuru kurushiriza, kubera ari umwana w’Imana. Yariko ariga ingene yomenya umuremyi wiwe, Umuremyi w’ibintu vyose. Hanyuma igihe uwo muntu ng’aho yamenya Umuremyi wiWe, yaciye aba igice c’umuremyi wiWe. Aca aronka ugufatanya n’Umuremyi wiWe. Kuva ubwo, Ijambo ryose ry’Imana ryaciye riba kuri we, Irinyakuri, rizima, kandi akanaryizera.

Ntibitangaje ko abantu badashobora kwizera ugukiza indwara kw’Imana uyu munsi. N’uko atakiri muri bo cobatuma bizera. Mu gihe Imana Itarinjira mu mutima w’Umuntu, umuntu ntaco amaze na gatoya kurya kw’igikoko. Kubwo ubwenge bwiwe, azokwiyumvira ati ; « Ni gute ibi vyoshoboka ? » Hanyuma ace arondera insiguro zose zishoboka zo kuRihakana.

Ariko igihe Imana Ironse ikibanza caYo mu mutima w’umuntu, ukwiyumvira kwose kurazimangana. Imana Ikaza imbere ya vyose. Amen.

Umutsima wa Buri Munsi

Ku musi Imana yaremeyek’ umuntu, mw ishusho yayo ni ho yamuremye;
Itanguriro 5:1

25-1017

61-0207 Ibirindiranwe Ivyizigiro

Ariko igihe muzokoranira hamwe, yoo, Mana wee, n’ivyo, igihe muzokwubaha bikwiye Imana. «Nimwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko muri abigishwa banje. » Igihe muzoshira hanze igice ca tewolojiya maze mukahashira urukundo rukeya hariya imbere, ivyo bizozana ibikorwa, n’utwumiza, hamwe—hamwe n’ibitangaza. Ariko dutegerezwa kugira ivyo. Kubwa nde? Kubw’abantu bose. “Yoo, kuri wa murwi w’aba Assemblies of God, canke wa murwi w’aba Church of God, canke aba Oneness, canke aba Threeness, canke aba Fiveness, canke ikindi ico ari co cose bari, jewe ndabakunda? Sinshobora kubakunda, ari ba antikristo.” Igihe wiyumvira ivyo, uba wazimiye mweneData. Ukwo ni ukuri. Ntuba utunganye ku Mana. Nimba udashobora gufasha umwansi wawe ruhasha kandi ukagerageza kumuzana kuri Kristo, aho rero Impwemu ya Kristo ntiba Iri muri wewe. “Yaje mu biwe, arikw’abiwe ntibaMwakiriye.” Yamara Yitangiye abansi biwe. Yarabikoze. Mbega ukuntu ari ivy’ukuri.
Kandi ya Mpwemu y’Imana Iri muri wewe, Ituma wiyumva kurya nyene no ku bandi bantu.

Umutsima wa Buri Munsi

Nuko rero, ko mwejesheje imitima kwumvira ukuri, kugira ngo mukunde bene Data bitar’ uruheyiheyi, mukovye mu gukundana bivuye mu mitima.
1 Petero 1:22

25-1016

60-0723 Bwira Urutare hanyuma Ruzozana Amazi yarwo

Ishengero ni ahanntu h’urubanza, Ijuru ni ahantu h’urubanza ruhambaye rw’Imana. Rero amariba matoya yerekana amashengero mato mato hose, kandi urubunza rutangurira mu nzu y’Imana. Murabona ? Aho niho urubanza rutangura .

Nico gituma … Ntabona impamvu benshi bidoga yuko nkavya mu kuvuga , kandi ngerageza gushira ku murongo abantu, hanyuma nkababwira ukuntu babayeho, ukuntu bambara bagaca bambwira ko ndiko nonona igikorwa c’ibango ryanje, mu gihe ahantu habera urubanza ari inzu y’Imana. Ukwo ni ukuri. Aho niho rutegerezwa gutangurira, aha nyene aho ubutungane n’ukuri, hamwe n’urubanza rw’Imana rutangurira kuri Alutari.

Umutsima Wa Buri Munsi

Kukw igihe gishitse c’uk’ urubanza rutangurira mu b’inzu y’Imana.
1Petero 4 :17

25-1015

60-0522E Kugirwa abana b’Imana #4

Ubwo nyene natanguye kugaruka. Nararavye, ndyamye hariya ku gitanda, maze mbona ikibiri canje gishaje ng’aha kiriko kirasaza kandi kizana iminkanyari, wahindutse kandi—urwaye kandi ubabajwe, maze mbona ibiganza vyanje inyuma y’umutwe, nuko ndiyumvira nti, « Yooo, mbega ndaja gusubira muri kirya kintu ubugira kandi ? »

Nuko nguma numva rya Jwi Rivuga Riti, « Bandanya urugendo ! Bandanya urugendo ! »

Navuze nti, « Mwami, namye nizera ugukira indwara kuva ku Mana, nzokwama ndavyizera. Ariko nzorushiriza cane kurondera ubugingo, rero Mfasha. Nzoba mfise benshi cane hariya nzo… Nyemerera mbeho, Mwami, nanje nzokwinjiza uwundi muriyoni hariya, niWanyemerera nkabaho gusa. »

Sinitaye ku bwoko bwabo, ivyizerwa, ubwenegihugu, ico bari, bose ni umwe iyo bageze hariya, kandi izo mbibe ziba zarenganye.

Umutsima wa Buri Munsi

Nk’uko nanje nezereza bose muri vyose, ntarondera ikigira ico kimarira ubganje, ariko nkarondera ikigira ico kimarira abenshi, kugira ngo bakire.
1 Ab’i Korinto 10:33

25-1014

57-0303A Kubera iki abaKristo benshi babona ko ari ikigoye kubaho ubuzima bwa GiKristo?

Raba neza ubu, “Nzobaha impwemu nshasha, kandi nzoshira Mpwemu wanje…” Itegereze: umutima mushasha washizwe hagati na hagati y’ico muri. Kandi Impwemu nshasha yashizwe hagati na hagati y’umutima wanyu mushasha. Hanyuma Mpwemu wiwe yashizwe hagati na hagati y’impwemu yanyu nshasha.
Ni nka ka kuma gatuma ubwoko buzwi bw’isaha izunguruka, igihe u… igihe ubwo bwoko bw’akuma buri hagati na hagati mw’isaha, gasuzuma ugukora kw’iyo saha. Kandi ni aho hari ingorane bagenzi. Ubu niyumvira ko muzobibona . Kandi simvuze ibi kugira ngo ngire… nonone canke nzane icemezo c’ubudasa; asangwa ndabivuze n’uko nzi ko umunsi umwe nzorenguka mu rubanza hamwe na mwebwe. Murabona, Asangwa Mpwemu Yera Ari hagati na hagati y’Impwemu yanyu… kandi n’ako kuma nyamukuru k’iyo saha gatuma ugukora kuja ku murongo neza na neza bijanye n’iyi saha, kugira ngo yerekane neza na neza igihe nyaco. Igihe Mpwemu Yera Ari hagati na hagati y’impwemu yanyu, ivyo Bizana ibikorwa vya Mpwemu Yera biri muri mwebwe bija ku murongo neza na neza ata guhusha ku gukora kw’Imana, Bibiliya. Ni vyiza.

Umutsima wa Buri Munsi

Kandi nzobaha umutima musha, mbashiremw’ impwemu nsha; nzokura umutima ukomeye nk’ibuye mu mibiri yanyu, mbahe umutima woroshe nk’inyama. Kandi nzobashiramwo Mpwemu wanje, ndabagendeshereze mu vyagezwe vyanje, namwe muzokwitondera amabgirizwa yanje, muyashitse. Ezekiyeli 36:26-27

25-1013

61-0108 Ivyahishuriwe Yohana, Igice ca Kane Igihimba ca III

Mugihe mubona ingabire n’ibindi binyengetera mw’ishengero, n’izo ngabire zikora ibikorwa. Imbere yo kuzireka ngo zije mu bikorwa n’ibindi, ubwa mbere… Mwumve igisunika mu mutima wanyu… Ubu, umwansi agira uburiganya vy’ukuri. Murabona? Kandi ivyo ni vyo nyene bisambura amashengero bikayacamwo ibice igihe cose, ni ingabire y’ukuri yakoreshejwe nabi. Murabona? Ikintu kinaka Imana Igerageza gukora, kandi cakoreshejwe nabi, gusa kizo—gusa kizo… Ntikizobagirira nabi gusa, ariko kizosambura ishengero ryose. Murabona? Mugisuzume, mugifatire muri Bibiliya, hanyuma mukigerageze kandi murabe namba ari Imana canke atari Yo. Mugume gusa mugisuzuma kandi mukigerageza, murabe namba kiri ku murongo wa Bibiliya mu buryo butunganye kandi kijanye n’Ijambo. Rero muzoba mumeze neza cane, murabona.

Mu gihe Ijambo Ryavuze ko vyoba biri ng’aha, vyokora mu buryo bunaka, guma neza hamwe na vyo. Ntuzokwigere ubija kure, ico umuntu uwo ari we wese yokora, ukuntu vyosa n’aho vyoba ari ivy’ukuri. Namba bitagaragara mu Vyanditswe kuva kw’Itanguriro gushika mu Vyahishuriwe Yohana, bireke. Ntimwite mu mutego, turi mu minsi ya nyuma aho Satani ari umubeshi gusa ukwo ashobora kuba.

Umutsima wa Buri Munsi

Kuk’ukw ari k’Uhoraho Nyeningabo agize,ni we Mana y’abisirayeli,ati ba kamenyi banyu baba muri mwebwe n’abapfumu banyu ntibabahende,kandi ntimukumvire inzozi babarotera.
Yeremiya 29:8

25-1012

57-0901e Abaheburayo Igice ca Kane

Ntimutegerezwa kugira amakenga ku kintu ico ari co cose c’Imana. “Kuko intambuko z’umuntu zishigikiwe n’Uhoraho.” Kandi ingorane yose iza kuri wewe, kugira ikugerageze. Kandi Bibiliya Yavuze Iti, “Nivyo kwipfuzwa kuruta izahabu.” Nuko namba Imana yoreka ingorane zisanzwe nkeya zigushikire, mwibuke, ni kubw’ukugukosora. “Umwana wese aza ku Mana ategerezwa gukangirwa n’Imana, akageragezwa, umwana yigishijwe.” Ntawuvamwo. “Umwana wese aza.” Kandi zino ngorane ziraba kugira harabwe ingendo uzofata. Murabona? Ni Imana, hano ku rubuga rw’igeragezwa. Isi yose, ni aho kugeragerezwamwo, kandi aho We Agerageza kukugerageza.

Umutsima wa Buri Munsi

Dusugerezwa impande zose, ariko ntidushika mu mbombane; turazazanirwa, ariko ntituranduka umutima; 2 Ab’i Korinto 4:8

25-1011

61-0427 Izere gusa

Ngira ndababaze ikibazo. Ishengero Pentekoti ryoba rihagaze neza kuri uyu mugoroba, kubera ko ryigabuyemwo ibice vy’amadini miringo itatu atandukanye, canke ryari rihagaze neza igihe ryatangura? Murabona? Nimwibaze ico kibazo. Tuguma tubandanya kumera nabi. Abagabo n’abagore bo mu mashengero yacu ya Pentekoti basa n’abera, barasenga? Nimunyereke ahantu mu gisagara aho bagira amakoraniro y’amasengesho ijoro ryose, umunsi ku munsi, kubw’ivyaha vyakorewe mu gisagara, nk’uko babikora kera. Twoba turi beza cane? Turushiriza kuba babi.

Yooo, inyubako zacu zirushiriza kuba izishajije. Yooo, dushitse ku rwego rumwe nk’ayandi mashengero. Ariko ninde yipfuza kumera nk’ayo? Jewe, nshaka kumera nka Yesu. Kandi umuntu wese yotegerejwe kwipfuza gusa nawe: na Kristo. TuYizane ku rubuga. Murabona? Hama twebwe… a—a—amashengero ariko arapfa. Rero, dutegerezwa gukora ikintu. Dutegerezwa kwihuta. Ntidutegerezwa… ntidutegerezwa kurindira gushika mu nganji y’imyaka igihumbi kugira ngo tubikore. Asangwa tugiye kubikora, tubikore ubunyene, Atari ukwo, azoba ari urupfu. Ikintu kinaka kigiye gushika.

Umutsima wa Buri Munsi

…Ni nde ari ku ruhande rw’Uhoraho? N’aze hano aho ndi.
Kuvayo 32:26

25-1010

56-0223 Isezerano ry’Imana kuri Aburahamu no k’uruvyaro rwiWe

Rero, mu murima wa Edeni hari ibiti bibiri. Kimwe muri vyo tuvuge, k’uruhande rw’iburyo hari igiti c’Ubugingo ; k’uruhande rw’ibubamfu hari igiti c’ubumenyi. Kandi igihe cose umuntu yariye ku bivuye ku giti c’Ubugingo yarabayeho, ico cari ukwizera. Ariko igihe ca mbere yumvirije akarya ku giti c’ubumenyi, yitandukanije ubwiwe n’ugufatanya n’Imana. Murabibona?
Kandi murabe kuva ubwo, mu kwitandukanya ubwiwe, yabandanije ahonja kuri ico giti. Yabandanije yirira kuri ico giti. Rero yarakizanye gushitsa aho yagerageje gufatanya ubwo bumenyi hamwe no gufatanya n’Imana. Kandi Imana ntiYigeze na rimwe Irema umuntu ngo aYimenye biciye mu bumenyi bwiwe . Kandi ubumenyi bwose dufise ntibokwigera butahura Imana. Imana Imenyekana kubwo ikintu kimwe naco ni ukwizera.

Umutsima wa Buri Munsi

arikw igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi ntuz’ ukiryeko: kuk’ umusi wakiriyeko, uzopfa nta kabuza.
Itanguriro 2:17

25-1009

64-0125 Atsa Itara

Ugukayangana ni umuco utariwo.

Ni nk’ibikeke mw’ibarabara. Uriko uragenda mw’ibarabara ugaca ubona ibikeke. Ni ugukayangana kw’izuba kutari kwo. Kandi iyo ugeze hariya, nta na kimwe uhasanga atari ubusa. Kubera ko, udashobora gutambukira mu gukayangana kw’izuba, kuko ni ibikeke, bikwereka minsi yose ikintu kitari co.

Kandi iyo abantu bagerageza kukubwira ko Yesu Atari wa wundi ejo, uno munsi n’ibihe bidashira, baba bariko bakurongorera mu bikeke. Ivyo ni vyo. Hanyuma iyo winjiye mw’ishengero ukiyunga naryo, muri za nemera zikanye canke ikintu kimeze gutyo, nta kiri hariya, kirengeye ico wari ufise mw’Isi.

Reka ndakubwire, ntuhakana umuco w’Ubutumwa bwa Yesu Kristo, buzana imishwarara ishushe ya Mpwemu Yera kuri wewe, ikakugira icaremwe gishasha muri Kristo Yesu. Ntugerageze kugendera mu gukayangana kw’ikindi gihe.

Umutsima wa buri munsi

Abo n’amasoko akamye, kandi n’ibipfungu bikubebwa n’igihuhuta, barindirijwe umwiza w’umuzitanya. 2 Petero 2 :17

25-1008

53-0906A Ivyo uravyizera

Kandi hamwe abagore, iyaba gusa mwokwiyumviye ama miliyaridi y’ama dollar abagore batanga buri mwaka muri Amerika muvyo kwipodora, ivyo mushira ku mavi… ku minwa. Sinzi ivyo arivyo, ivyo bintu. Muri make, ni ama miliyoni y’ama dollar abo bantu baronka kubw’ivyo bintu bisiga mu maso hamwe no kwipora n’ibindi…

Mugihe hari abana bakiri bato hariya hanyuma kandi aba misiyonari bakaguma hano, ataco bakora, kubera ko badashobora kugenda. Ntibafise amahera akwiye kugira ngo babandanye. Muzobibazwa imbere y’Imana ku munsi w’urubanza. Ivyo ni vyo. Ukwo ni ukuri.

Nivyo Bakristo, mwigira abaKristo, hanyuma mugashika mwitunganije neza kandi mwipodoye.Harabaye umugore umwe muri Bibiliya yipodora mumaso Uwo ni Yezebeli. Mbega murazi ico Imana Yamukojeje ? Yamugaburiye imbwa. Ukwo ni ukuri.

Kandi iyo mubonye umugore yigenza mwene ukwo maze akiyita umuKristo, mubwire muti, « Mwaramutse nkumi gatsima k’imbwa we. » Ico noco ari :agatsima k’imbwa.Imana Yamugaburiye imbwa.Ego mugenzi.

Yooo, ico dukeneye uyu munsi, ni kwa gukaburwa kubwa Mpwemu Yera kwa kera hagati mu bantu, kubwo kuzana ubugira kandi abagabo n’abagore ku Mana Nzima.

Umutsima wa Buri Munsi

Kwitwaririka ivy’ umubiri kuzana urupfu, ariko kwitwaririka ivy’ impwemu kuzana ubugingo n’amahoro.
Abaroma 8:6

25-1007

61-1119 Inkomezi zitunganye mu ntege nke zitunganye

Rero ni ivyo. Tu—turamwirukana. Tumushiburira kure yacu. Kuva ku bakene gushika ku batunzi bo muri twebwe. Kuva kuri batoya gushika ku bahambaye. Twigiza Imana kure y’ubuzima bwacu twebwe ubwacu.

Kenshi na kenshi namye mvuga nti, « Umwansi wa mbere mfise ni Branham, niwe yishira mu nzira y’Imana. Niwe anebwa, nwe yishira mu kibanza aho ashobora kwiyumvira ko yogira ico abikozeko. Kandi igihe abikoze, ivyo vyigiza kure ugukora kw’Imana. Hanyuma igihe nigiye kure y’uyo muntu, igihe mvuye mu murongo. Rero Imana Irashobora kuza gushitsa ivyo William Branham yirengagije.

Aho niho Imana Ishobora gukoresha umwe wese muri mwebwe, Ashobora gukoresha umuntu wese mu gihe twivanye mu nzira. Ariko mu gihe twijanye mu nzira, rero ntitwoshobora ikintu na kimwe.

Umutsima wa Buri Munsi

Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i we, dusangire.
Ivyahishuriwe Yohana 3:20

25-1006

60-1126 Kubera iki?

Yooo, Mana we ! Twiyunga n’ibintu vyose vy’inyigisho kandi turababara, tukagira n’ubwoba. Ntimutinye. Ijoro riheruka, naravyigishijeko nti, “Ntimutinye ni Jewe.” Ikintu cari gishoboye kubafasha bari ku mpfiro, basugerejwe… Satani yagira abacakire, kandi bibajije ko yari umuzimu, impwemu mbi. Ikintu kimwe gusa cari kubafasha.

Kandi niko biri n’uno munsi, ikintu co nyene gishobora kubakiza kanseri. Ikintu kimwe gusa gishobora kubakiza indwara y’umutima. Ubuganga ntibufise umuti kuri ivyo. Ikintu gishobora kugukiza ni ikintu mufitiye ubwoba: Mufise ubwoba ko yoba ari Impwemu mbi kanaka. Ni Impwemu, Mpwemu Yera, Kristo Agaragajwe mu buzima bwacu. Ni MuMwizere ubu.

Umutsima wa Buri Munsi

Uwo mwanya Yesu arababwira, ati Humura, ni jewe, ni mureke gutinya
Matayo 14:27

25-1005

64-0403 Yehova Yire #2

Ariko Imana Ntikeneye umuntu n’umwe wo kuYisigura. Ni Umusiguzi waYo ubwaYo, Itanze isezerano, rero Irarishitsa, kandi Iyo niyo nsiguro yayo. Ntawushobora kurisigura. Imana Ntibisaba umuntu n’umwe. “Bibiliya ntisobanurwa ukwo umuntu avyigombeye.” Umuntu wese agerageza kuvuga ngo Isigura iki, kirya. Reka Imana Ivuge ubwaYo. We niWe Yisigura. Yatanze isezerano rero Izorishitsa. Ikorera ivyo abizeye.

Ariko abatizeye ntaco baronka, si ivy’abo. Barapfuye, kuva ku ntango. Ntibigeze bagaragazwa. Nta kintu kiri muri bo, ni ibikankara vyapfuye, ntiwipfuze kumera nkabo.

“Uzura Mpwemu!”

Umutsima wa Buri Munsi

Kandi bazonyavuta bakubite ku kiyaga baje ku kindi; bazojarajara bakubite n’I buraruko baje n’I burasirazuba, kugira ngo barondere ijambo ry’Uhoraho, yamara ntibazoribona.
Amosi 8:12

25-1004

61-0124 Impumyi Barutimayo

Asangwa mutizera ko Mpwemu Yera ariho, basi guma kw’isezerano, hama ugumane na ryo. gumana na ryo nturirekure. Nturirekure. Nimba mutizera ko Ari ukiza indwara, uko indwara yawe yoba imeze kwose , canke ingorane yawe uko yoba imeze kwose, ubu nyene nturindire umurongo wo gusengera abarwaye ; ahubwo fata urigumye rero maze uvuge uti, Mana ndi mu biganza vyaWe.

Hama Satani azovuga ati, « ntumeze neza. »

Ibi nivyo Yambariye, « raba hano, wewe unteshe umutwe. Asangwa udashobora…hamwe wobishaka…nimba ushaka kunyumva nshingira intahe ubwiza bw’Imana, guma mu micungararo.Umenye ko utazoshobora kumpagarika. Hamwe gusa woba ukunda kwumviriza ibishingantahe vy’Imana n’amashimwe yo gukira indwara kw’Imana, guma mu micungararo, ngiye gutangura kwumvikanisha ijwi ryanje mu buryo bwose bushoboka ata guhagarara. Guma ng’aho uheze uvyumvirize. Guma mu micungararo. »

Umunsi wa mbere, nta mitende ; uwukurikira nta gahengwe ; uwukurikira nta kigenda. Nzobandanya nshinga intahe, nshima Imana, ndengana ibicu vy’umwijima. Yaratanze isezerano. Kandi munyuma, ryarashitse. Azokwihebura hama ace ahunga.

Umutsima wa Buri Munsi

Nuko mugamburukire Imana, ariko murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga. Yakobo 4:7

25-1003

65-0718M Kugerageza Gukorera Imana Igikorwa Atari Ubugombe Bw’Imana

Ntimuzigere mutanguza canke mugerageze gushinga idini. Ntimugerageze kuryubakako ikintu ico ari co cose.

Ariko guma muciye bugufi imbere y’Umwami Imana Yanyu, kuko bisa n’irembo rishobora kubugururirwa ngo mwinjire mu Gihugu mwasezeraniwe vuba. Rero twinjire n’indirimbo z’ukuri n’umunezero igihe Umugeni n’Umukwe bazofata icicaro ku Ntebe y’Ubwami.

Baho mu guca bugufi. Baho mu gukundana. Mukundane. Ntimukagire ikintu na kimwe hagati yanyu. Namba mubonye ikintu kinaka kije mu mitima yanyu kirwanya umuntu kanaka, gisohore ningoga. Ntimureke…

Kandi satani azokora uko ashoboye aze muri mwebwe. Murabona ? Ntimureke ivyo ngo bishike. Birashoboka ko umuntu afise akarimi gasosa ashobora kuza kandi akagerageza kubashiburira kure y’Ivyo. Mwibaza ko bari kubwira Mose ngo ave mu Nyonga h’Imana, aho yari ahagaze harya kandi yaYibonye ? Oya, Mugenzi. Oya. NtidukuraKo canke ngo twongereKo. Bigumye gusa nk’uko Umwami Yabivuze. Ntidushaka idini. Ntidushaka idini. Ntidushaka imigambi y’abantu. Ntidushaka uburiganya. Ntidushaka abashwana. Dushaka Imana, kandi niWe Jambo.

Umutsima wa Buri Munsi

Mugerageze vyose, mugumye ivyiza,
1 Ab’i Tesalonike 5:21

25-1002

62-0621E Ukwemezwa Hamwe n’Ikimenyamenya

Mwibuke, yuko tudategerezwa kuza kw’ishengero kugira twigire ko dusenga. Ntidutegerezwa kuza kugira gusa dukore igikorwa c’Imana co kugenda kw’ishengero. Dutegerezwa kuza kugira dusenge mu Mpwemu no mu kuri. Dutegerezwa kuba vy’ukuri no mu buryo bwimbitse… Dutegerezwa vy’ukuri kwerekana ico tuzira hano. Iminsi iriko iraba mibi. Igihe ni kibi. Kandi dushaka gu—dushaka gukoresha buri munota neza, na cane cane igihe turi mu ngoro y’Uhoraho.

Umutsima wa Buri Munsi

Buno Yesu aramubgira, ati Mvako, Satani, kuko vyanditswe ng’Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’abe ari yo usaba yonyene. Matayo 4 :10

25-1001

55-0223 Yobu

Murazi, umusi umwe havuzwe; sinzi ko ari ukuri canke atari vyo, aho aba missiyonari bambariye muri—muri Palestina. Nuko, yavuze ko yabonye u—umwungere yazananye n’umukuku w’intama. Hanyuma avuga ati, “Intama imwe, yarayiziritse, kandi igiti cari kiboheye ku kuguru kwayo. Hanyuma yavuze ati, “Mbega intama yaguye, mugenzi, maze ibabara ukuguru kwayo?”
Yavuze ati, “Oya.”
Yavuze ati, “N’iki cashikiye ukuguru kwayo.”
Yavuze ati, “Nakuvunye.”
Yavuze ati, “Wakuvunye?”
Yavuze ati, “Utegerezwa kuba uri umwungere mubi kugira ukore ivyo.”
Yavuze ati, “Oya.” Yavuze ati, “Ehe, ino ntama ntiyanyumviriza, yagumye yona, kandi nari ndabizi ko yari igiye kwicwa. Nuko nategerezwa kuvuna ukuguru kwayo kugira ndayigarurire hafi yanje,

hanyuma ndayivure vy’umwihariko, ndayigaburire n’amaboko yanje. Kandi ivyo vyotumye inkunda rwose.”
Nuko nkumbure Imana, rimwe na rimwe, Itegerezwa gusa kureka ikintu kinaka gitoya kikagushikira, kugira Ishobore kukwiyegereza gatoya, kugukunda gatoya birushirije, maze ikakuvura vy’umwihariko, ugukira, hanyuma ukazovuga uti, “Nivyo, Mwami, nizera ko Uri Ndiho.” Murabona? Ukwo ni ukuri. Murabona ukwo Imana Ibikora? Mbega s’Igitangaza? TuraMwizeye.

Umutsima wa Buri Munsi
Kuk’ uwo Uhoraho akunda ari we ahana,
Imigani 3:12

25-0930

59-1227M Ikimenyetso c’Igitangaza

Mwenedata , Igihe mbonye Imana, Imana Yo mw’Ijuru, Ihevye Intebe yayo, Ubwiza bwaYo, n’ibintu vyose yari Ri, kugira ngo ivukire hejuru y’ikirundo c’Umwavu, Izingirwa mu mpuzu z’uruyoya, kugirango ikekezwe kubwo ibimenyetso vyayo n’utwumiza, ikitwa umurwanizi ; Noshobora guterwa isoni naWe ? Oya, mugenzi, Reka isi ya kera ikore ivyo ishaka gukora. Kubwanje ni ikimenyetso Gitangaje. Mpwemu Yera muri jewe avuza akaruru. Vyontuma nkora ibintu bitangaje bikantuma imba umusazi, kubwo iyi si, ariko sinshobora kwihakana Uwankoreye vyinshi. Yafashe ikibanza canje mu rupfu, yafashe ikibanza canje I Karuvariyo, Yakoze ibi bintu vyose. Yavuye mw’Ijuru, ava ku ntebe Yera y’utubuyenge, kugira ahinduke umuntu ; maze ahonja umubabaro, aca mu bigeragezo vyanje, kugira ashobore Kumenya Ukuntu yoba umuhuza muri jewe, kugira ngo andongorere kandi anyoborere ku Bugingo Budashira. Hanyuma kubwo ubukene bwiwe, Nahindutse umutunzi. Kubwo urupfu rwiwe, naronkejwe Ubugingo, Ubugingo Budashira.

NtiMumwanke. Ntimuterwe isoni nawe. Ntimuterwe isoni nawe. Ariko muMugumbire, Hanyuma navuze nti, « Ego, mukunzi Mwami wanje, nkorera nka bimwe bakorerwa ku munsi wa Pentekoti, Mwami, Numpe Mpwemu Yera. Musuke mu mutima wanje. Ntaco bintwaye ico abayabaga bovuga. Ntaco bintwaye ico isi yovuga. Sindiko ndabitegereza. Ndiko ndaKwitegereza. » Ni ibiki ? Kwiyunga n’Ishengero ? Oya. Ikimenyetso c’Igitangaza, Imanuweli , Imana Iri kumwe natwe.

Umutsima wa buri munsi

Nico gitumye Uhoraho Ubwiwe ari we agira abihere ikimenyamenya : Raba, inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu, Izomwita Imanuweli. Yesaya 7 :14

Ntushobora kwigira ico utari. Nimba uriko urigana ubuKristo , naho woba wigisha Ubutumwa Bwiza, ukeneye ihamagarwa ryo kuri Alutari mu bugingo bwawe. Ukwo ni ukuri. nimba uriko ugerageza kwigira nk’urya muntu w’umuKristo, urateye agahinda, kuko urabizi yuko ibwina mu mutima wawe ko utari we.
Kandi asangwa ivyamwa vya Mpwemu bitagukurikira: Ukwirinda, kugira neza, ubugwaneza, ukwitonda, ukwihangana, rero ukeneye ihamagarwa ryo kuri alutari mu mutima wawe. Wagize ubwoba gusa bwa Gehinomu, uca ugerageza guhinduka umuKristo. Imana Itegerezwa kuguhamagarira kuba umuKristo. Imana niyo Yahamagaye Aburahamu. Yamuhaye… Niyo Yamutoranije.

Umutsima wa Buri Munsi

None se utubaha Imana agira ivyizigiro ki, Iy’ Imana imuciye, ikamwaka ubugingo bgiwe? Yobu 27:8

24-1202

63-0803E Ukwandukizwa
Rero, igihe umumarayika yahura na Mariya mu gitondo, igihe yari agiye kw’iriba hanyuma akamubwira ko agiye kuronka umwana « atigeze amenyana n’umugabo ». vyamushize mu gikorwa. Vyihuta, yaciye aja kubwira abantu bose ko « agiye kuronka umwana atabonanye n’umugabo ». ntaco bitwaye ico ivyo vyasobanura kubandi bantu, ivyo bavuga. Yari yahuye vy’ukuri n’umumarayika w’Imana, kandi vyamushize mu gikorwa yarumva ko Mpwemu Yera ari kuri we ko azoremera muri we Ubuzima.

Yooo, iyaba gusa twomenye ivyo ko Mpwemu Yera ari kuri twebwe, ariko araremera muri twebwe ukwizera, ariko ararondera kwiyerekana mu buryo butandukanye n’ingabire zitandukanye kugira aremere ukwizera ishengero rizozamurwa. Vyotegerejwe kudushira mu gikorwa.

Umutsima wa Buri Munsi

Kandi mube abakora ivy’iryo jambo, ntimube abaryumva gusa mwibesha.
Yakobo 1:22

An Independent Church of the WORD,