20-0819 Inkukuma Zikoranira Hamwe

Mugeni Mukundwa,

Ese ukuntu imitima yacu yari ihimbawe ku munsi w’iyinga aho twari dukoraniye hamwe mu ntumbero imwe, kumenya ukuba ahantu kwa Yesu Kristo hagati muri twebwe. Yaraduhaye amaso ngo tubone, amatwi kugira ngo twumve, ariko igihambaye kuruta, Yaraduhaye uguhishurirwa, kugira TWIZERE.

Ntakintu gihambaye kuruta uguhishurirwa Yaduhaye. Kumenya Uwo Yari We, uwo Ari We, hamwe no kumenya ABO TURI ubu. Urutonde rwiWe ruhambaye rwararangutse, Yashumbushije Umugeni wiWe Amusubiza kw’Ijambo Ry’inkomoko. TURI Rirya Jambo Mugeni Ryavuzwe, AMASHIMWE!!

Mbega twoMubwira gute ico bisigura kuri twebwe? Gusenga gushika aho tumenya ko turi mu Nyonga z’Imana, hanyuma tukaMubwira ico bisigura kuri twebwe.

Umwe umwe wese muri mwebwe bantu mushinga intahe ko muri abaKristo, ni mutekane imbere yiWe, ntimureke ukumesura impuzu ngo bibatangire. Ntimureke akazi ngo kabatangire. Ntimureke ikintu na kimwe ngo kibatangire. Ntimureke umuntu n’umwe ngo amenye ico muriko murakora. Ja imbere yiWe gusa, duga ahantu mu gashamba. Hagarara ku ruhande rw’ibarabara. Uje haruguru mu nzu yawe, wugare urugi. Abana bagiye kw’ishure, aho ja kumavi yawe. Mwarumvirije ubwoko bwose bw’amajwi ahantu hose, ariko manuka gusa kugeza aho ayo majwi yandi mutakiyumva maze mutangure kuduga. Bizobahindura. Bizotuma muba abandi, nkuko vyagize uyu Samweli mutoya. Nimwabikora gusa bizogira ico bibamariye. Rero, bizotuma muba abo mwategerezwa kuba. Bizotuma muba ba baKristo mwategerezwa kuba.
58-1005m – Umva Ijwi ryiWe

MweneSo Joseph Branham