25-1026 Hindukiriza Amaso Kuri Yesu

Ubutumwa: 63-1229E Hindukiriza Amaso Kuri Yesu

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Abumviriza ama Bande,

Igihe kirageze aho umuntu wese ategerezwa kwibaza ati: “Igihe numviriza ama bande, ni Ijwi irihe numviriza? Mbega ni ijwi rya William Marrion Branham gusa, canke numviriza Ijwi ry’Imana ry’iki gihe cacu? Mbega ni ijambo ry’umuntu, canke ndiko numviriza Uko Niko Uhoraho Agize? Mbega nkeneye umuntu wo gusobanura ivyo ndiko ndumva, canke Ijambo Ry’Imana ntiRikeneye insobanuro?”

Inyishu yacu ni iyi: Turiko twumviriza Ijambo Ryavuzwe Ryihaye umubiri. Twumviriza Alufa na Omega. TuraMwumviriza, Inkingi y’Umuriro, Avuga biciye mu minwa y’abantu nk’uko Yavuze ko Yobikoze mu gihe cacu.

Ntitwumviriza umuntu, twumviriza Imana, wawundi ejo, uno munsi, n’ibihe bidashira. Ijwi ry’Imana Rizima, Rifise ubukuba Rifise ubugi buruta ubw’inkota zose Rikinjira n’aho Ritanya ubugingo n’impwemu Rigatanya ingingo n’umusokoro, Risuzuma ivyo umutima wiyumvira ukagabira.

Twarahishuriwe ko ico Yari igihe Yagendagenda i Galilaya Ari co nyene Ari muri iri joro i Jeffersonville; ni naco Ari muri Branham Tabernacle. Ni Ijambo ry’Imana Ririko Riragaragazwa. Ico Yari ico gihe, ni co Ari muri iri joro, kandi nico Azoba ibihe bidashira. Ivyo Yavuze ko Yokoze, Yarabikoze.

Uwo mugabo si Imana, ariko Imana Iracariho kandi Ivugana n’Umugeni WaYo biciye kuri uwo mugabo. Ntidushobora gusenga uwo muntu, ahubwo dusenga Imana Iri muri uwo muntu; kuko niwe muntu Imana Yahisemwo ngo abe IJWI RYAYO kandi arongore Umugeni WaYo muri iyi minsi y’iherezo.

Kubera ko Yaduhaye uku Guhishurirwa guhambaye kw’iki gihe c’iherezo, ubu turashobora kumenya ABO TURI BO, Ijambo Ryihaye umubiri mu gihe cacu. Satani ntashobora kuduhenda, kuko turazi ko turi Umugeni Jambo WiWe w’inkumi Yashumbushijwe.

Iryo Jwi Ryatubwiye Riti: Ivyo dukeneye vyose TWARAMAZE kubihabwa. Ntitubirindira. Vyaravuzwe, NI IVYACU, TURAVYEGUKIRA. Satani nta bubasha afise kuri twebwe; yaratsinzwe.

Ata nkeka, Satani ashobora kuduteza indwara, akabonge, n’imibabaro yo mu mutima, ariko Data Yaramaze kuduha ubushobozi bwo kumuta HANZE…TUVUGA IJAMBO GUSA, na we ategerezwa kugenda….s’ukubera tuvuga gutyo, ariko kubera IMANA YABIVUZE GUTYO.

Iyo Mana nyene Yaremye inkezi, igihe ata nkezi zariho. Ivyo vyahaye mushiki wacu Hattie icipfuzo c’umutima wiwe: abahungu biwe babiri. Ivyo vyakijije Mushikiwacu Branham ikivyimba imbere y’uko ukuboko kw’umuganga kumukorako. Ni IYO MANA NYENE Itari kumwe gusa natwe, ARIKO IRIHO KANDI IGERERA MURI TWEBWE. TWEBWE TURI IJAMBO RYAGIZWE UMUBIRI.

Iyo turavye kandi twumvirije Ijwi riri ku ma bande, turabona kandi twumva Imana Yihishura mu mubiri w’umuntu. Turabona kandi twumva uwo Imana Yatumye ngo aturongore tuje mu Gihugu c’Isezerano. Twemera ko Umugeni wenyene Azogira uko Guhishurirwa, nuko ducika abatagira ubwoba. Ntibikenewe kugira uruhagarara, guhagarika umutima, kubabara, gucika intege, kwibaza canke kwiganyira…TURI UMUGENI.

Umviriza maze ubeho mweneData, ubeho!
Umviriza Yesu ubu nyene maze ubeho;
Kuko Vyafashwe amajwi ku ma bande, haleluya!
Ni ivyo vyonyene twumviriza maze tukabaho.

Yoo Mugeni wa Yesu Kristo, mbega igihe c’ubwiza tubayemwo. Ivyo turindiriye, umunota ku munota. Umwanya n’umwanya tuzobona abakundwa bacu, hanyuma, mu kanya nk’ako gukubita urugohe, tuzoba tuvuye hano kandi tuzoba turi kumwe na bo hakurya. Ni hafi cane bisa nk’aho dushobora kuvyumva…IMANA ISHIMWE !!

Ngwino Mugeni, reka twongere gufataniriza kw’Ijwi ry’Imana kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe twumviriza Atubwira Ijambo ry’Ubugingo Budashira.

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa: 63-1229E Hindukiriza Amaso Kuri Yesu

Ivyanditswe:
Guharura 21:5-19
Yesaya 45:22.
Zekariya 12:10 .
Uwera Yohana 14:12