25-0316 Agashashara ka Mbere

Ubutumwa: 63-0318 Agashashara ka Mbere

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi waNje Mwamikazi wo mw’Ijuru,

Ndafise vyinshi cane ndababikiye kuri uyu w’iyinga. Ubwa mbere, muzokwumva ukwasirana kw’Umuturagaro. Rizoba Ari Ijwi Ryanje, Ijwi ry’Imana Rivugana namwe, Mugeni WaNje. Nzoba Ndiko Ndabahishurira Ijambo RyaNje nk’uko bitigeze biba mbere. MuzoMbona Jewe, Umwagazi w’Intama Uva amaraso Wari Warishwe kuva kw’itanguriro ry’isi, mufate mwugurure Igitabu, mumenagure Udushashara, maze muKirungike kw’isi, ku ntumwa umumarayika waNje w’indwi, William Marrion Branham, kugira ngo aBAhishurire amabanga yari yaranyegejwe kuva kw’itanguriro ry’isi!

Hazoba ukuvuza induru, ugusemerera, na za haleluya kw’isi yose mu gihe Mvugana naMwe. Intambwe izoba iriko iraroha; abasizwe, ubushobozi, ubwiza, ukugaragara bizoba birenze amajambo. Mwebwe Umwamikazi WaNje, Muzoba Mwicaye hamwe ahantu ho mw’ijuru mu gihe Nzovugana naMwe kandi Ndabaha Ukwizera kw’Izamurwa.

Mwibuke, mutegerezwa kugira ukwo Kwizera kwahawe abera rimwe risa. Narababwiye, mutegerezwa kwumviriza umumarayika waNje Nabarungikiye.

Ategerezwa “gusubiza Ukwizera kw’abana kuri ba se.” Ukwizera kwa Bibiliya, kw’inkomoko gutegerezwa kugarukanwa n’umumarayika w’indwi.

Amajambo YaNje Ababwira, ko mu minsi y’Ijwi ry’umumarayika w’indwi, ukuvuga kwiwe, kuvuza inzamba y’Ubutumwa Bwiza; ategerezwa guheraheza amabanga yose y’Imana. Nta kintu na kimwe gishobora kwongerwako kandi nta kintu na kimwe gikurwako mu vyo navuze ku mabande; muvuge gusa ivyo navuze biciye ku ntumwa mumarayika waNje. Ni co gituma nabifashe amajwi, kugira ngo mushobore gusa GUFYONDA MUKAVUZA maze mwumve neza na neza ivyo navuze, n’ingene nabivuze. Bizobaha Ukwizera kw’Izamurwa.

Mukunzi waNje Mwamikazi, mu Maso YaNje, mu buryo butunganye, mu buryo budasubirwako nta caha Ugira imbere yaNje. Ntuhagarike umutima, NTUZOCA mu mibabaro; kuko wemeye Amaraso Yanje, Ijambo RyaNje, umumarayika waNje, Ijwi RyaNje, gutyo nta caha ufise rwose imbere yaNje.

Ndafise ibintu bihambaye Ndabafitiye mu bubiko. Murabona Ijambo RyaNje Ryuguruka imbere y’amaso yanyu ku munsi ku munsi. Nashize ibimenyetso mu kirere kugira ngo Ndababwire ko hariho ikintu kiri hafi kuba. Ndiko Ndaza, mwitegure. Mushire Ijambo RyaNje, Ijwi RyaNje, imbere mu buzima bwanyu.

Mushire vyose ku ruhande, nta na kimwe gihambaye kuruta Ijambo RyaNje. Ndazi ko umwansi ariko aragerageza kubakubita hasi, ariko Narabasezeraniye ko Nzobaduza. Ndi kumwe naMwe, mbere no MURI MWEBWE. Mwebwe naNje Turiko Turaba Umwe uko Ndabahishurira Ijambo RyaNje.

Murazi mu mutima wanyu, ko MURI Umugeni Umwamikazi WaNje. Murazi ko Nabatoranije. Murazi ko NdaBakunda. Murazi ko Ndi kumwe naMwe ku musegonda wose umunsi ku munsi. Murazi ko NTAZOKWIGERA NDABASIGA.

Tuzoba turiko Turagira ibihe vyiza mu gihe Nzobahishurira vyinshi k’uw’iyinga wose, ku munsi ku munsi, mu gihe MuNyumva Mvuga biciye mu murarayika waNje. Abandi boshobora kudatahura canke kubona ivyo mubona, ariko Vyaramase mu mutima wanyu ko iyo ari Inzira yaNje Yatanzwe.

Mbega ubuhungiro Nabahaye. Mushobora gusa Gufyonda Mukavuza igihe cose, ku murango canke mw’ijoro, kugira ngo mwumve Mvugana namwe. Nzozana ukwirurwa ku bugingo bwanyu mu gihe Ndabahishurira Ijambo RyaNje kandi Ndababwira abo muri bo. Ubutumwa bwose ni ubwanyu, kandi ni ubwanyu gusa. Turashobora gufatanya no gusengera hamwe igihe cose mushaka.

K’uw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) igice c’Umugeni kizoba gikoranye kw’isi yose kugira ngo cumve ayo mabanga ahambaye ahishurwa. Ndabatumiye kuza kwifatanya natwe mu gihe twumviriza, 63-0318 « Agashashara Ka Mbere ».

MweneData Joseph.

Ivyanditswe vyo gusoma mu kwitegurira kwumviriza Ubutumwa :

Uwera Matayo 10 :1/11 :1-14/24 :6/28 :19
Uwera Yohana 12 :23-28
Ivyakozwe n’Intumwa 2 :38
2 Ab’i Tesalonike 2 :3-12
Abaheburayo 4 :12
Ivyahishuriwe Yohana 6 :1-2/10 :1-7/
12 :7-9/13 :16/19 :11-16
Malaki Igice ca 3 n’ica 4
Daniyeli 8 :23-25/11 :21/9 :25-27