Ijambo ry’Umunsi / Umutsima wa Buri Munsi

24-0426

47-0412 Ukwizera ni ikintu kiriho

Mose, umucunguzi, ingabire y’Imana ku bantu, ntibamutahura. Murabona ico nshatse kuvuga ? Ntibatahura Mose. Kandi Mose yiyumviriye ata nkeka, yuko botahuye ko yobaye ingabire yabo kugira ngo abacungure. Ariko ntibabitahura.

Kandi rero bagenzi, ntimuntahure nabi. Noshobora kuvuga ibi hamwe n’icubahiro mu mutima wanje, ndazi neza ko ndi umuntu ari mu rugendo agana mu bihe bidashira, azohagarara mu rubanza umunsi umwe.

Ibihumbi vy’abantu ntibazi ingabire yabo. Murabona? Ntibashobora kubitahura. Hanyuma bazokwitegereza maze bavuge bati, “Yooo, ni umuntu gusa.”

Ukwo ni ukuri, mbega yari Imana canke Mose yacunguye ba bantu? Yari Imana muri Mose. Murabona? Baratakamvye basaba umucunguzi hanyuma igihe Imana Yabarungikira umucunguzi, barananiwe kuMubona, kuko Yari nk’umuntu. Ariko ntiyari umuntu; Yari Imana mu muntu.

Umutsima wa Buri Munsi

Nuko mumenye yukw ako gakiza k’Imana karungitswe ku banyamahanga: kand’ abo bazokwumva.
Ivyakozwe n’intumwa 28:28

24-0425

55-0109E Itanguriro n’iherezo ry’ugukora kw’abanyamahanga

Ni murondere iki canditswe.
“Ijambo ry’Imana ni itara rimurikira ibirenge vyacu.” Rero du—dutegerezwa kurongorwa. Ni umuco ujana inzira iturongorera mu ntsinzi itujana mu yindi ntsinzi.
Ubu, imbere yuko mutsinda, hategerezwa kuba urugamba. Kuko ata rugamba, nta ntsinzi. Rero dutegerezwa kunezererwa intambara, n’ibigeragezo, kuko ni Imana Iba Iriko Iraduha akaryo ko gutsinda. Yooo, Mana Wee! ntimubona ko vyorosha ibintu? Murabona? Intambara iraje, umuntu munaka arakuvuzeko nabi, indwara iragusinzikaje. Nkeka ari Imana Ishaka kuguha iyo mibabaro mitoya kugira Ishobore kugukiza no kukwereka Imbabazi zaYo, Ikwereke ico Ikorera ivyo: Iragukunda.

Umutsima wa Buri Munsi

None rero mwana wanje, Uhoraho abane nawe; aguhe kugira ikiganza ciza, wubake ingoro y’Uhoraho Imana yawe, nk’uko yabikuvuzeko.
1 Ngoma 22:11

24-0424

61-0416 Aburahamu Hamwe N’Uruvyaro Rwiwe Inyuma Yiwe

Ntiwirabe wewe ubwawe ; raba Ikimazi cawe. Imana Ntikuraba ; Iraba Ikimazi cawe ari Co Kristo. Yaco wiraba. Simbereye ; ntubereye ; nta numwe abereye ; ariko We Arabereye. Sindiko mparura kuvyo nakoze, kuco ndi, kuko, nto—ntokwigera nshikayo. Ariko ndiko ndaba kuco Yakoze. Ico nico nishimikiza : Ico Yakoze. We ni Ikimazi canje. Simbereye gukira indwara. Oya, mugenzi. Mwami,mba narapfuye haraheze igihe kirekire, simba naravutse. Ariko mbayeho; mfise Ubugingo Budashira ; ndiko nja mw’Ijuru. Kubera iki ? Kuko Yakoze ivyo kubwanje. Ni We Yabikoze. Yafashe ikibanza canje. Amavi yanje yari yaramugaye, amaso y’imirazi mu buryo bwose ariko Yafashe ikibanza canje. Mu buryo bwa Mpwemu, nari narazazaniwe, mu ruzazane rushoboka ; ariko Yafashe ikibanza canje ; gutyo Yangize umuhungu w’Imana atunganye, umukobwa w’Imana atunganye. Ikimazi ciWe Cakoze ivyo, atari icanje. Nta kintu na kimwe nakoze muri ivyo. Mu buryo bwose navutse meze nabi uko bishoboka. Ariko jewe—jewe sinishimikiza kuvyo nakoze. Nishimikiza ku co We Yakoze (murabona ?), ico We Yari, ni ukwo vyari bimeze.

Umutsima wa Buri Munsi

Kuk’Umwana w’umuntu ataje guhonnya ubugingo bw’abantu, ariko yaje kubukiza. Luka 9 :55

24-0423

50-0227 Imana mw’ihanga ryaYo

Hariho iriba ryuguruye , ritembera ahanntu hose neza. Inywa gusa gushika aho utosubira kunywa ubugira kandi. Igiti, iyo kitanywesheje agace kaco, yemwe, kizokwama cumye. Iyo niyo ngorane y ‘Abakristo. Ntibanywa bihagije. Utegerezwa kunywa gushika aho wumva utoshejwe kuburyo n’ umuntu munaka abibona. Murabona ? bandanya. Tanga igishingantahe. Bihereze Imana. Vyizere. Bibandanye. Saba isezerano ry’Imana. Bihereze gusa Imana. Vyizere. Hereza inzira zawe Umwami. » Azoshitsa ivyo ari vyo vyose ushaka.

Ariko Ntishobora kubikora gushika… Mu gihe ubifashe . Vuga uti, « Rero, nzoraba ko ndoranirwa hanyuma ndabeko ibi vyokoreka. Bimuhereze ; ibagira ibisigaye. Genda ushingire intahe n’ivyo mbere utabona. Vyizere. Si ivyo utabona, ni ivyo wizera. Si ivyo wiyumvamwo. Ntiyigeze avuga ati, « Wavyiyumvisemwo ? » Yavuze ati, « Uravyizeye ? »

Ukwo nikwo wakijwe n’ukwizera. Wakize indwara kubw’ukwizera. Kandi ukwizera ni ikintu kiriho c’ibintu twizigira, ikimenyamenya c’ibintu utabona, udahonja, udakorako, utamoterwa canke utumva,Vyizere gusa. Ukore nk’aho vyoba biriho. Amen.

Umutsima Wa Buri Munsi

Ukorere Uhoraho urugendo rwawe rwose, Abe ari we wishimira , na we azobishitsa Zabuli 37:5

24-0422

53-0405s Genda ubwire abigishwa banje

Igihe uyu muhanuzi yinjira muri Mpwemu, Imana Yaciye Imwereka ivyari bigiye gushika ; ko hari uwari agiye gukura ivyaha vy’abari mw’isi, kandi ko Yozutse ubugira kandi. Yarabonye ukuzuka kw’Umwami.Rero, ndakunda ivyo, igihe ndavyiyumviriye. Yavuze ko Yahagurutse arinyiganyiza ubwiwe.

Yari yicaye ku kirundo c’umunyota. Mana wee ! Ivyo twokwita amahirwe mabi yari yashikiye umuryango wiwe. Abana biwe bari bishwe bose. Ubutunzi bwiwe bwari bwaheze, amagara yari yasinzikaye, yari yicaye hariya, umuKristo, canke uwizera, yicaye hariya, yibagiwe. Abantu eka mbere n’ishengero ryiwe bari bamuhaye umugongo. Yari yicaye hariya yiyagarisha urujo rw’inkono.

Ariko igihe Mpwemu w’Umwami yaza kuri we, akabona ukuzuka kw’ico gitondo, murabizi, yarahagurutse aca avuga ati, “ Ndazi ko Umucunguzi wanje Ari Muzima kandi ko kw’iherezo ry’ibihe Azohagarara kw’isi. Kandi urukoba rwanje ni rwamara kubora, nzobona Imana mfise umubiri; Uwo nzobana n’a…” Yarazi ko azomubona mu gihe c’iherezo kuko hobaye izuka, izuka rusangi.

Umutsima wa Buri Munsi

Ariko jewe ubwanje nzi yuk’Umucunguzi wanje ariho kandi ko kw’iherezo azohagarara kw’isi: kand’urukoba rwanje ni rwamara kubora nzobona Imana nambaye umubiri. Yobu 19:25-26

24-0421

63-0901 Ikimenyetso

Mbega habaye iki ? Bari babahojeje. Nta muvyuro ushobora kubera hano! Idini ryacu ntirishobora gushigikira ikintu nk’ico. “Nta bupfu nk’ubwo twogenda twemeye hagati yacu. Ndababujije mwese kuja muri ico gikorane”. Huh! Yeriko, iri mu nzira ijana mu mahonero!

Ariko beneData bamwe, bafise ama bande, barashoboye kwinyovya ahantu hanaka kubw’imbuto zatoranijwe. Barasimbiye mu nzu iwe hanyuma bavuza ama bande, bahinduye i—inzu yiwe bwite ishengero ryategekanirijwe kwakira ubutumwa.

N’uyu musi haracariho. Ubutumwa bwarashikiriye imbuto zatoranijwe ukwo vyogenda kwose. Ntituzi ingene bwashitseyo, ariko bwarashitseyo. Nico gituma abagororotsi batazohonera hamwe n’abagabitanya. Kandi Imana Iritwariritse ico kintu uyu munsi. Ego. Mu buryo ubu canke ubundi, ubutumwa burinjira. Ntituzi ukwo bigenda. Naho banka kubushigikira. Yamara hariho imbuto zimwe zimwe hariya zatoranijwe.

Umutsima wa Buri Munsi

Ukwizera ni kwo kwatumye Rahabu, maraya, ataranduranwa n’abatumviye Imana, kuko yakiranye amahoro abaje gutata.
Abaheburayo 11:31

24-0420

65-0829 Edeni ya shetani

Rero, namba Eva yaripfuje ubumenyi, cari icaha.

Kandi iyo twipfuje ubumenyi, dushaka urupapuro rw’umutsindo muvy’imibereho y’abantu, urupapuro rw’umutsindo rw’ikirenga Ph.D., LL.D., ni icaha gukora ivyo. Iyo ni imvugo iremereye, ariko ukwo ni Ukuri. Uko yoba iremereye kwose, iguma ari Ukuri, murabona. Kwipfuza ubumenyi, gutahura !

Ikihari uyu munsi, ni uko tutagerageza gutsimbataza Ijambo Ry’Imana mu mitima y’abantu. Tugerageza gushinga imizi twebwe ubwacu. Amashengero ariko agerageza gutsimbataza inyigisho z’ishengero, mu mitima y’abantu.

Twahawe itegeko ryo gutsimbataza Ijambo Ry’Imana. Paulo yavuze ati, « Sinaje kuri mwebwe mfise amajambo y’ubwenge yo kwemeza y’umuntu, kugira ngo ukwizera kwanyu ntiguhagarare mu bwenge bw’umuntu ; ariko naje iwanyu mu bushobozi ; mu kugaragara kwa Mpwemu Yera, kugira ngo ukwizera kwanyu guhagarare mu Mana. » Ng’ivyo.

Umutsima wa Buri Munsi

Ntimwaribgabimenye? Ntimwaribgavyumve? Ntimwaribgabibarirwe uhereye mbere na mbere? Ntimwaribgabitahure uhereye ah’ itanguriro ry’isi ryashiriweho?
Yesaya 40:21

24-0419

53-1114 Icegeranyo c’urugendo rwo muri Afrika

Iyo uronse Agakiza,Yesu ntamanuka kubacungura uwo mwanya .Mwaracunguwe kuva igihe Yesu Yapfa,ariko muba muhejeje gusa kwemera Agakiza kanyu. Nimba mutakemeye ,nta ciza muzokwigera mukuramwo, Ukwo ni ukuri . ariko igihe yapfa, yataye kure icaha cose c’isi . rero Imana,ku ruhande rwayo ntishobora kubona icaha kuko kiba gitwikiriwe n’amaraso ya Kristo. Ariko iyo upfuye ukagenda udafise ayo maraso, rero uba umaze gucirwako iteka .kuko ,Imana yaramaze kuvuga iti: umunsi mwakiriyeko uwo munsi muzoba mupfuye, rero ansangwa mutari …ansangwa mutemeye amaraso ya Kristo ,ansangwa mutakiriye Agakiza kava kuri Kristo, rero ivyanyu biba birangiye,nivyo. asangwa mwarakakiriye, rero mwaracunguwe kandi ivyo-bikemura ikibazo.

Kandi ubu kubwayo maraso nyene yavanganiye harya kubw ’imishishagu yiwe,mwarakijijwe indwara. ansangwa muvyizeye ,muvyakiriye, ntaco bitwaye uko mwoba mwiyumva kwose. si kubwo kwiyumva,kubwo kwiyumvira … Yesu ntiyigeze avuga narimwe ati : “Uravyiyumvamwo?”ivyo …ntaco bitwaye uko woba wiyumva ,vyizere gusa . ntiwacunguwe kuko wiyumva ko wacunguwe- sivyo?sinacunguwe kuko niyumva ko nacunguwe . umugwanizi ashobora kubibereka n’amabara yose kubwo kwiyumva. Mwenedata, nacunguwe kuko nakwije ibisabwa vy’Imana. Ngico igituma nacunguwe. Reka rero aze Ahurire nanje aho hantu. Ni ivyo Imana Yatangaje. Ivyo niyumvamwo ntaho bihuriye navyo. Ariko Bibiriya itangaza ko nacunguwe kuko nashikije ibisabwa vy’Imana, rero nico gituma nzi ko nacunguwe. Ata nkeka urumva ikintu kanaka kijana navyo ariko si kwiyumvamwo vyonyene; ni Bibiliya ibivuga uko. ico nico gituma…

Umutsima wa Buri Munsi

N’ukuri n’ukuri ndababwire: Uwumva Ijambo rYanje, Akizera Uwantumye, Ni we afise ubugingo budashira, kandi ntazoshirwa mu rukinja arikw aba avuye mu rupfu, ashitse mu bugingo.
Yohana 5:24

24-0418

62-1014M Igihagararo c’umuntu atunganye

Rero, Imana Yera Ntiyashobora kwihanganira icaha, ku buryo ata kintu na kimwe cashobora gukora ku musozi aho Imana Yaba Iri.

Rero Imana Yihaye umubiri maze Ibana natwe, mw’ishusho ya Yesu Kristo, Umwana waYo, Ikiremwa caYo. Rero urya Mwami Yatanze ubuzima bwiWe, kandi akaremangingo k’Amaraso y’Imana karamenywe, kugira ngo Ubuzima bushobore kuva muri ayo Maraso, kubwacu.

Kubw’ayo Maraso turejejwe. Kandi ubu amaraso yacu, ubuzima bwacu, bwaje mu kubaho biciye mu kwipfuza kw’umubiri, vyazanye ubuzima bwacu mw’isi. Amaraso ya Yesu Kristo Aratweza, Ahindura kameremere kacu mu kurungika Mpwemu Yera kuri twebwe; rero, twinjira muri kameremere y’Imana, tugacika ikibanza co kubamwo c’Imana.

Umutsima wa Buri Munsi

Uwo musi muzomenya ko ndi muri Data, namwe muri muri jewe, nanje ndi muri mwebwe. Yohana 14 :20

24-0417

63-1128E Ikimenyetso

… Aho mwoba muri hose, igihe kiraje. Abantu bose barashobora kubona ukudendebukirwa kw’ishengero uyu munsi. Abantu bose barashobora kubona ko benshi, benshi mu banywanyi b’ishengero bapfuye. N’uko mwafashe ibintu minenerwe, mwahengamiye mu mishishimuko yanyu, mwongera muhengamira ku bindi bintu, mwiyeguriye ubumenyi bw’umuntu, muri tewolojiya y’idini, mw’ishengero aho nyoko yari ari no mu mwungere avugangwa. Ariko ivyo vyose ni ibintu vyiza. Nta na kimwe muri vyo ndwanya, ni nk’ugukebwa ku Bayuda, nta n’ikindi, ariko iyo siyo yari intumbero y’Imana. “Ninabona amaraso”, rero ni ivyo gusa…

Hanyuma uno munsi, Mpwemu Yera ni isezerano Imana Yasezeraniye ihanga ry’isezerano ry’Imana. Mpwemu Yera, Ubuzima bwa Kristo Yazutse, butegerezwa kuba mw’ishengero, mu bantu, bugaragaza ko ukwo Yari Ari ejo, n’uyu munsi niko Ari kandi niko Azokwama ibihe bidashira.

Umutsima wa Buri Munsi

Yarungikiye abantu biwe ugucungurwa, Yageze isezerano ryiwe kuba iry’ ibihe bidashira; Izina ryiwe n’iryera kandi n’iry’ igitinyiro.
Zaburi 111:9

24-0416

57-0915E Abaheburayo Igicwe c’Indwi .1

Ariko, igihe Imana Yarivuga, hariya, Ijambo ryose ry’Imana Rigira ububasha. Ntirinyiganyiga, Ntiricibwamwo ibice. Ntirishobora kwihenda. Kandi igihe Imana Yatanga Umwana waYo kw’ikimazi imbere yuko isi ishirwaho, Yatanzwe ko ikimazi ico gihe kurya nyene kw’I kaluvariyo. Ni igikorwa giherahejwe, igihe Imana Ibivuze. Kandi mwibuke, igihe umwagazi Watangwa ko ikimazi, Agakiza kawe kari muri ico Kimazi, kuko Bibiliya ivuga yuko izina ryawe “ryari ryanditswe mu Gitabu c’Ubugingo c’Umwagazi w’Intama imbere yuko isi ishirwaho.”
Ivyo mubivuze ko iki? Rero ni igiki tugiye gukora? Ni Imana Igira imbabazi. Ni Imana Yaguhamagaye. Ni Imana Yagutoranirije muri Kristo imbere y’uko isi ishirwaho. Yesu Yavuze Ati, “Si mwebge—si mwebwe mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije. Kandi nari ndabazi imbere yuko isi ishirwaho.” Ni ivyo.

Umutsima wa Buri Munsi

Natwe twarabibonye, tubishingira intahe, yuko Data wa twese yatumye Umwana wiwe kuba Umukiza w’isi yose. 1 Yohana 4:14

24-0415

61-0101 Ivyahishuriwe Yohana Igice ca Kane Ikigabane ca 2

Mbega, iyoba Yesu Yoje hano kw’isi hanyuma Akavuga Ati, “Ndi Yesu, Ndi Umwana w’Imana,”ntihagire ico Akora, Yovuze Ati, “Ndu—Nduze hano maze Niyunge n’ishengero”? Uyo Yobaye Umwana w’Imana?

Ni iki Yavuze? “Ni Ntakora ibikorwa vya Data, nuko ntiMunyizere.”

Yoo, Mana wee! Murabona? Imana Yivugira ubwaYo, Ikunda gukora ivyo. Ni Yehova. Ikunda kwimenyekanisha ubwaYo. Yoo, ndanezerewe kubw’ivyo. Ego, mugenzi. Yatumye ndaYimenya, ndazi ko Yabibakoreye namwe. Bamwe muri mwebwe rwaruka muhejeje gukizwa, nubwo muda… mushobora kuba mutaYizi mu nkomezi n’ibintu bihambaye abaKristo bakijijwe mbere bakora, ariko muriko mubijamwo. Muriko muja neza na neza ku nzira ndende y’Umwami. Ntimu… mugume gusa muraba munasunika n’inkomezi uko mushobora. Mwiruke, mwiruke, mwiruke rwose gusa uko mushobora. Ntimuhagarare kubw’ikintu kinaka, mugume gusa mubandanya.

Umutsima wa Buri Munsi
mbandaniriza gushika aho dutanguranirwa, ku mpera y’umuhamagaro w’Imana muri Kristo Yesu wo kuja mw ijuru.
Ab’i Filipi 3:14

24-0414

54-0303 Ivyabona

Bibiliya Ivuga ko ata muntu ashobora kuvuga Yesu ko Ari Kristo, atari gusa kubwa Mpwemu Yera. Mpwemu Yera Ategerezwa kubikwemeza : Utegerezwa kuba warahuye n’Imana. Nizera ko mubona ivyo.
Ntibiraba kangahe uja kw’ishengero, ukwo izina ryawe ryashizwe ku ma dirisha y’ivyuma yaryo, canke ahandi, canke mu gitabu caryo, ntaco bizosigura kuri wewe, kugezaho ubaye Icabona c’ukuzuka kwa Yesu Kristo mu kwuzura inkomezi za Mpwemu Yera. Mwishimikiza ijambo ry’uwundi. Rero, noca mvuga…
‘’ Yemwe, mweneData Branham, ndazi ko Yesu Ari Kristo, kubera ari ko Bibiliya Ivuga.’’ Bibiliya Ntibesha, ariko n’iki ubiziko ? Murabona ? Ni ibiba kuri buri muntu wese. Buri muntu wese ategerezwa kugira igishingantahe ciwe kugira amenye ko Yesu Kristo Ari Umwana w’Imana, igihe Impwemu yiWe Ishingira intahe impwemu yawe mu kuvuka bushasha, ubugira kabiri hanyuma ugataka uti,” Abba, Data.”

Umutsima Wa Buri Munsi
Kand’ Imana izi imitima, yarabashingiye intahe, hamwe yabaha Mpwemu Yera, nk’uko yamuduhaye natwe;
Ivyakozwe n’Intumwa 15:8

24-0413

62-1230M Icishimikizo Ntanyiganyizwa

Nivyo. Nta kintu na kimwe muri bino bintu gishobora kunyiganyiza, kuko nashinze inanga yanje. « Yoo, kuva aho nahuye naWe, » Paulo yavuze ati, « Muri irya nzira, niho nashinze inanga yanje. Yarampindukije. Yansubije inyuma. » Mwibuke, Paulo yegukira nawe idini, rinini mu gihugu, ariko yabohewe ku cishimikizo ntanyiganyizwa.

Nimwumve. Nshaka kubabwira ikintu kimwe. Yari Afise intumbero mu kuncungura. Yari Afise intumbero mu kugucungura. Kandi nanje niyemeje, kubw’ukugomba kwaYo, kubikora ; kutongera kuri Ryo, canke kugabanya kuri Ryo. Ivyahishuriwe Yohana 22 :19, nimba ushaka kuvyandika. Nivyo. « Umuntu wese akurako… » Niyemeje. Niteguriye Guheba ishengero, kandi murabizi. Kandi rero Nariyemeje kugumana gusa na buno Butumwa mu gihe nzoba nkiriho, Imana niyamfasha. Huh ! Mwibuke, ng’ubu ubuntu. Hari ama miriyoni y’abantu yariko apfira mu caha igihe Yancungura. Nari nde kugira Ategerezwe kuncungura ? Yari Afise intumbero, Ancungura, kandi niyemeje gushitsa iyo ntumbero. Sindajwe ishinga. Iherezo ryanje rishobora rero, kuba riri nkumbure, hafi. Ariko, n’aho vyogenda gute, narashinze inanga yanje. Ntivyigeze bihinduka.

Umutsima Wa Buri Munsi

Ariko simbabaye ubugingo bganje nk’ah’ ar’ubg’ igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n’igikorwa nahawe n’Umwami Yesu, co gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana.
Ivyakozwe n’Intumwa 20:24

24-0412

55-0223 Yobu

Murazi, umusi umwe havuzwe; sinzi ko ari ukuri canke atari vyo, aho aba missiyonari bambariye muri—muri Palestina. Nuko, yavuze ko yabonye u—umwungere yazananye n’umukuku w’intama. Hanyuma avuga ati, “Intama imwe, yarayiziritse, kandi igiti cari kiboheye ku kuguru kwayo. Hanyuma yavuze ati, “Mbega intama yaguye, mugenzi, maze ibabara ukuguru kwayo?”
Yavuze ati, “Oya.”
Yavuze ati, “N’iki cashikiye ukuguru kwayo.”
Yavuze ati, “Nakuvunye.”
Yavuze ati, “Wakuvunye?”
Yavuze ati, “Utegerezwa kuba uri umwungere mubi kugira ukore ivyo.”
Yavuze ati, “Oya.” Yavuze ati, “Ehe, ino ntama ntiyanyumviriza, yagumye yona, kandi nari ndabizi ko yari igiye kwicwa. Nuko nategerezwa kuvuna ukuguru kwayo kugira ndayigarurire hafi yanje,

hanyuma ndayivure vy’umwihariko, ndayigaburire n’amaboko yanje. Kandi ivyo vyotumye inkunda rwose.”
Nuko nkumbure Imana, rimwe na rimwe, Itegerezwa gusa kureka ikintu kinaka gitoya kikagushikira, kugira Ishobore kukwiyegereza gatoya, kugukunda gatoya birushirije, maze ikakuvura vy’umwihariko, ugukira, hanyuma ukazovuga uti, “Nivyo, Mwami, nizera ko Uri Ndiho.” Murabona? Ukwo ni ukuri. Murabona ukwo Imana Ibikora? Mbega s’Igitangaza? TuraMwizeye.

Umutsima wa Buri Munsi
Kuk’ uwo Uhoraho akunda ari we ahana, Imigani 3:1

24-0411

57-0301

24-0410

62-1014M Igihagararo c’Umuntu Atunganye

Iyo upfuye, ukuramwo amaraso mu muntu, ukamusiga ngo ntabore. Ingorane yavyo n’ukwo, benshi muri bo ntibigeze basigwa ngo ntibabore. Ukura amaraso mu muntu, yapfuye. Rero ikintu conyene ukora n’ukumusubizamwo ayandi maraso; azosubira kwongera kubaho. Ukuramwo amaraso yiwe.

Kandi ubu twarashizwemwo Amaraso ya Yesu Kristo, murabona, kandi ivyo Bizana ukwizera kwa Yesu Kristo, ingeso nziza za Yesu Kristo, ubumenyi bwa Yesu Kristo, ukwirinda kwa Yesu Kristo, ukwihangana kwa Yesu Kristo, ukwubaha Imana kwa Yesu Kristo, urukundo rwa beneData rwa Yesu Kristo, n’urukundo rw’Imana, arirwo Yesu Kristo. Ni Umutwe kandi Arakugenzura. Kandi ibirenge vyawe ni umushinge, ukwizera. Amina! Turongorwa n’Umutwe, ufata i…?… Ng’ivyo. Harya hari umuntu w’Imana atunganye, iyo afise izo ngeso nziza.

Umutsima wa Buri Munsi

Mwebwe ni mube agahore nk’uko So wo mw ijuru ar’agahore.
Matayo 5:48

24-0409

60-1225 Ingabire y’Imana Ihishijwe

Kubera iki Imana Yatoye Betelehemu ntoya, maze rero ntitore ibi bisagara bihambaye ? Kandi vyari bifise amazina ahambaye n’amateka kurushiriza mu vya Mpwemu.

Ariko, murazi, Imana Ifise uburyo bwo gukora ibintu, uburyo bwaYo bwite bwo gukora ibintu. Nezerejwe n’uko Ibufise. Murabona ? Rimwe na rimwe Ifata ibintu bidafise amateka mu vya Mpwemu, canke bidafise amateka na makeyi. Kandi nico gituma Ari Imana ; Ishobora gufata ikintu kinaka ata co kiri co, maze ikagikuramwo ikintu kinaka. Kandi, ivyo, ni vyo biYigira Imana. Ni vyo bituma tuYikunda. Ni vyo bituma twebwe abantu b’aboro tuYishima, kuko burya naho twebwe, aboro, tutagira amateka, yamara Imana Ishobora kudukoresha ibintu bihambaye Iramutse Idushize munsi y’uburongozi bwaYo.

Umutsima wa Buri Munsi

S’uko dushobora ubgacu kwiyumvira ikintu cose nk’ah’ ari twebge candurutseko, ariko dushobozwa n’Imana; 2 Ab’i Korinto 3:5

24-0408

65-1031M Ubushobozi bwo guhindura

Kandi ndizera yuko ari Dawidi yavuze ati, « Nopfuma mpagarara ku gisapfu c’ingoro y’Imana yanje, Hako noba mu mahema y’abanyakibi. » Murabona, ntaco bitwaye ukwo vyoba biri kwose « Fata ikibanza canje. »
Rimwe na rimwe, utegerezwa kwitandukanya n’ibintu wari ufise vy’agaciro kw’isi, kugira ngo uje mu kibanza Imana Yaguhamagariyemwo. Ndizera ntakekeranya yuko mushobora gusoma hagati y’imirongo y’ivyo ndiko ndavuga. Murabona ? Rimwe na rimwe umuntu akubereye uwo agaciro ng’aha kw’isi, utegerezwa kumuramutsa umukoze mu ntoki, ugaca ugenda gufata ikibanza cawe muri Kristo, kirya Imana Yaguhamagariye. Urabona ? ariko mbega Imana Iba Iriko Irakora iki ? Kuguhindura Igukura mu co wari. Birashoboka umukobwa canke umuhungu canke ikintu nk’ico, co mu muryango mukundwa rimwe na rimwe, wewe, Igushira ahandi hantu. Kuko nibwo buryo bwo gukora ibintu kwaYo, murabona : Kubwo guhindura gushasha ubwenge bwawe, kugira ngo wubahe Ijambo ry’Imana, ukwo igiciro cavyo coba kingana kwose. Murabona ? Ivyo bintu ntibikorwa… ntibisaba…
Incungu yacu ntiyari ikintu gisanzwe, Umwana w’Imana yategerejwe kudupfira. Murabona ?ntabwo ari… Ibintu vy’agaciro biva mu bintu vy’agaciro gahambaye.

Umutsima wa Buri Munsi

Mbeg’ umuntu yotanga iki ngw acungure ubugingo bgiwe?
Mariko 8:37

24-0407

53-0611 Twereke Data Hanyuma Bizoba Bidukwiye

Kandi rero, iyo urupfu rukubise agashurwe gatoya, itegereze, ingene gaca kunamika umutwe wako n’icubahiro cinshi. Amashurwe agahunguruka, amababi akagwa kandi n’akabuto gatoyi kirabura kagakoroka. Urukurikirane rwo kuja guhambwa. Imvura iragwa, ikagwa mu gatasi, hanyuma igaca ihamba rya shurwe ritoya.

Kandi rero hagaca haza ikinyota. Birashoboka ko ka kabuto gatoya koba kari musi y’ivu, harya ya mvura y’urushana yagahamvye. Hanyuma mu mwanya mutoyi, uru… igihe co gukanya cane kigashika, rero ako kabuto gatoya kagaca kabomba. Igishishwa c’inyuma kigaca cisatura, kigaca kiva ku rubuto. Urubuto rugaca rwiyugurura, igishishwa kigaca kivako. Hanyuma agatasi kagaca gakurikira hamwe n’ibihuhusi, ibihuhusi n’ibindi bihuhusi.

Hanyuma, mu mwanya kanaka nko mu kwa kabiri, mu mpera z’ukwa kabiri, mu ntango z’ukwa gatatu nta mutumba uba ukiriho, nta n’ishugwe, nta n’urubuto, nta n’agatimatima, nta n’ibabi ry’ishurwe, nta shurwe. Nta na kimwe kiba gisigaye. Mbega ryoba ari iherezo ry’iryo shurwe? Oya mugenzi. Reka izuba risubire gushusha isi ubugira kandi hanyuma iryo shurwe risubire kubaho. Kuki? Hariho umugera w’ubuzima muri iryo shurwe, ata muntu n’umwe ashobora kuwutora canke urushana ngo ruwuhindure urubura. Imana Yawukoze mu buryo bwaYo. Urwo rubuto rutoya rw’ubuzima rwagenewe kubikwa mw’ivu, gutyo iryo shurwe rizoshobora gusubira kubaho.

Kandi rero asangwa Imana Yaratanze uburyo kugira ngo ishurwe risubire kubaho, bimeze bite ku muntu yakozwe mw’ishusho yaYo? Ubuzima bwo gusubira kubaho buriho harya hantu hanaka.

Umutsima wa Buri Munsi

Umuntu ni yapfa, mbeg’ azosubira kubaho? Nokwihanganiye imisi y’intambara yanje yose, Nkarorera igihe canje co kurekurwa.
Yobu 14:14

24-0406

Urizera ivyo ?
51-1003

Sindaba incuro zingahe z’ibi, biriya n’ibindi ubugira kandi, hategerezwa kuba ikintu kigufata, mweneData, ni vyo bimara ibihari ibihe vyose. Ni ukwizera.

Yesu ni Umuherezi Mukuru w’ukwatura kwanyu. Ivyo mwatura vyose ko Akora, nivyo Azobakorera. Mu…

Abantu benshi baraba ku bimenyetso vy’indwara. Muvuga muti, « Yemwe, mweneData Branham, ikiganza canje ntikigororotse. » Ntikizigera kigororoka, mu gihe ukiraba. Ntituraba kuri ivyo ; turaba kw’isezerano ry’Imana.

Tuvuze ibimenyetso vy’indwara, raba Yona mu nda y’urufi. Namba hari umuntu yoshobora kuba yari afise ibimenyetso vy’indwara, yari abifise : uwasubiye inyuma, ibiganza biboheye inyuma yiwe ; mu kiyaga hagati, igihuhusi kiravyuka, baramujugunya, urufi ruramumira, aramanuka aja ibwina mu kiyaga Ifi iyo ari yo yose iyo i … – iriye iragenda ikaruhuka a – amababa yayo adakubita ibwina mu kiyaga. Rero ng’iyo, munsi hariya inda yayo ihaz’ umuvugabutumwa yasubiye inyuma, igaramye ku nkengera, i… hariya, ibwina mu kiyaga, igihuhusi mu kiyaga Uwasubiye inyuma, mbega ukuntu yari amerewe. Yaravye hano, yari inda y’urufi, yaravye hariya, hari inda y’urufi, ahantu hose yaraba yari inda y’urufi Murazi ivyo yavuze ? Yavuze ati, « Si ndiko ndaraba kuri iyo nda y’urufi. » Yavuze ati, « Ibintu bitagira ikimazi vy’ibinyoma » Yavuze ati, « Mwami, irindi rimwe, ndabona Urusengero rwaWe rwera. » Haleluya. Ntiyabona inda y’urufi, yabonye Urusengero rw’Imana.

Umutsima wa Buri Munsi

Aberekeza umutima ku bitagira ikimazi vy’ibinyoma baba bataye guharirwa. Yona 2:8

24-0405

53-0405E Ivyabona

Yesu Yari Azi ko imbere yuko abigishwa bosohotse no kuba ivyabona bibereye, bategerezwa kugiriranira imigenderanire n’Imana y’ivyo bashingira intahe. Ntivyoba bibereye uyu munsi, sivyo? Nimba iseminari yose yokoze co kimwe, nimba umuKristo wese yokoze ico kintu nyene? Asangwa boje kw’ishengero bakavuga bati mu bisanzwe , “Ubu ndemeye Yesu nk’Umucunguzi wanje, ku giti canje. Sinzonyiganyiga mva aho, kugeza maze kuronka umubatizo wa Mpwemu Yera, mu nyuma nzoca ngenda nje kuba icabona.” Murabona? Ibintu vyoba bitandukanye. Mweho ntimubibona ukwo? [Ishengero rivuze riti, “Amen.”—Umwanditsi.] Ntitwohengeshanije kugira ibishingantahe vyamaho.
Abantu bashinga intahe bavuga ko ari abaKristo, bagaca bagenda kubaho ubuzima butandukanye. Uwutizera yinjiye akabibona avuga ati, “Ehe rero, ndabira ivyo! Mbega ni uko ba…” Eka ni umurwanizi nawe nyene, azokwama abatunga urutoki. Menya ko ivyo ari ukuri. Ni umugwizatunga. Ntimukengere ibikorwa vyiwe n’aho abikorera. Kubera azi vyose ku bijanye na vyo.

Umutsima wa Buri Munsi

Kuko muboneka ko mur’ icete Kristo yatwandikishije, nk’ukw igikorwa cacu kiri; kitandikishijwe wino, ariko candikishijwe Mpwemu w’Imana nzima; kitanditswe ku bisate vy’amabuye, ariko canditswe ku bisate ni vyo mitima y’inyama.
2 Ab’i Korinto 3:3

24-0404

24-0403

61-0128 Kuki ?

Igihe Imana Yarema umuntu, Yamuhaye… Yamuretse… Umurwanizi yatwaye umutwe wiwe. Imana Yahisemwo umutima wiwe. Umurwanizi, aciye mu vyiyumviro, atuma yiyumvira ibintu vyose bitandukanye—akamuha insinguro y’ubwenge bw’ivyanditswe. Ariko Imana Yinjira mu mutima wiwe maze Ikamurongora kubwa Mpwemu ; Ikamutuma yizera ibintu ubwenge bwiwe butazi na gato. Amen! Igihe niyumviriye ivyo, niyumva ko ndi uwa Mpwemu gatoya, murabona ?

Igihe Imana Yigaruriye umuntu, yinjira mu mutima wiwe. Ni icicaro c’Imana Igenzuriramwo. Kandi igituma abantu banywa inzoga, banywa itabi, bakina akamari, biba, bakitwara nabi, n’uko baba bashaka guhaza irya nyota ikomeye iri mu mutima wabo. Imana Yabaremye gutyo nyene, kugira Ishobore kwinjira maze ihaze inyota yose mufise. Ariko, ni gute umuntu yokwubahuka kuzibira iyo nyota ihambaye hamwe n’ibintu vy’isi?

Umutsima wa Buri Munsi

Maz’ amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu.
Ab’i Filipi 4:7

24-0402

56-0612 Ubugingo nibwo bukiza

Umurwanizi ntashobora kurema. Umurwanizi aronona gusa. Ntashobora kurema, aronona.
Kandi ubwa mbere ategerezwa kuba afise umugambi. Muze mubaze abaganga. Namba umubiri wawe wari ukomoye nk’uko Imana Yawuremye kw’Itanguriro, ntivyokunda ko ugwara. Ariko, kugira yonone, umurwanizi ategerezwa kurondera intege nke ahantu hanaka.

Nico kimwe n’ubugingo bwanyu. Igituma mutizera ugukira indwara kuva ku Mana, n’uko umurwanizi yabonye ahantu h’intege nke muri wewe, maze aca arahonona. Imana niYo Mukizaw’indwara. Kandi twaturutse ku Mana, turi abahungu n’abakobwa b’Imana, tuvyizeye nk’uko Data Wacu Avyizeye.

Umutsima wa Buri Munsi

Ni we aha inkomezi abandendebukiwe, kand’utagira intege nke amwongereza amwongereza inkomezi.
Yesaya 40:29

24-0401

60-1225 Ingabire Y’Imana Ihishijwe

Kubw’ivyo, Kristo Yankwa muri iki gihe nk’uko Yanswe kirya gihe. Nta kibanza, muri iri joro, mu mashengero yacu meza, amashengero yacu manini, amashengero yacu aryoheye ijisho. Mu makoraniro y’amadini yacu nta kibanza ca Mpwemu Yera kihari. Ntibabishaka. Ivyo, Bibagira bato imbere y’inzego z’igihugu. Birabatesha agaciro kwiyumvira ko bicisha bugufi ngo bamanuke kuri alutari, barire kandi barindirire aho gushika buzuye Inkomezi ziva Hejuru, bahaguruke bavuye aho n’Ubuzima bushasha; kureka abagore ngo bareke imishatsi yabo ikure, hanyuma bitware nk’uko abagore bategerezwa; gutuma abagabo bata kure amatabi yabo, no kureka kunywa inzoga kwabo, no gufata imiryango yabo neza. Ni ibigoye kuri bo. Rero baguma kuri nemera zabo, z’ishengero ryabo, aho kwakira Ingabire y’Imana, Ingabire ya Noheri y’Imana.

Umutsima wa Buri Munsi

yaje mu vyiwe, arikw abiwe ntibamwakiriye. Yohana 1:11

24-0331

60-0805 Umwagazi w’intama n’inuma

Igihe Imana Yarema umuntu ubwa mbere, Yamuremye muri mpwemu arimwo umugabo n umugore . Yamuremye mw’ishusho yaYo bwite., kandi Imana ni Mpwemu. Igihe Yamutandukanya, maze Ikamushira mu mubiri, yashize impwemu y’ikigabo mu mugabo, n’impwemu y’ikigore mu mugore. Kandi namba hariho ikintu ico ari co cose kinyuranye n’ico,haba hariho ukwononekara gutoya hariya . Neza na neza. Ubonye umugore agerageza kwigenza nk’umugabo,aho haba hariho ikintu kinaka kitagenda neza . Uturemangingo twaravanganye ahantu hanaka. Ivyo ni vyo. Ubonye umugabo yigira nk’umugore ku buryo adashobora kwigisha arwanya icaha canke ikindi kintu nk’ico, kugira ngo ntababaze ibishobisho vy umuntu munaka,haba hariho ikitagenda neza n’aho nyene, atari mu kuvuka kwiwe gusanzwe, ariko mu kuvuka kwo muri mpwemu.

Yooo, ico dukeneye uno munsi ni uko umugabo aba umugabo, umugore, akaba umupfasoni. Imana Yabitegekanije ko biba gurtyo : kwambara mu buryo butandukanye.

Uvuga uti, « Uriko urahahaza twebwe abagore.” Ubu ngiye kubabwira kuvyerekeye umugabo. Umugabo uwo ari we wese areka umugore wiwe akanywa itabi, kandi akambara amakabutura, kandi akigenza gurtyo, ubugabo muri we buba budakwiye , ku vyo niyumvira.

Umutsima wa buri munsi

Nuko Imana Irema umuntu mw’ishusho yaYo, mw’ishusho y’Imana ni ho Yamuremye; Irema abantu bari uburyo bubiri. Itanguriro 1:27

24-0330

61-0205M Ibirindiranwe Ivyizigiro

Rero, ntushobora kugira uburiganya : Mutegerezwa kukironka. Ntimushobora kugira uburiganya. Nta buriganya bwokunda. Satani ntari u… Aramenya namba uriko urabesha canke utariko urabesha. Kandi niyo mutabeshe, arabimenya. iyo ikintu kinaka kimase ibwina mu mutima wawe, kikubwira ko bimeze uko, rero ikintu kizoba.

Aburahamu yaravyizeye. Yarizeye Imana. Yizeye Ijambo ry’Imana. Kandi no mu kurindirana ivyizigiro, yararindiriye igihe c’Imyaka mirongo ibiri n’itanu, Ivyizigiro vyarushiriza gukomera. Maze umwana arateba aravuka, kuko yaramurindiriye.

Yaritandukanije. Kandi muravye neza, igituma co kurindira… Imana Yari Yamubwiye ko yokwitandukanya n’umuryango wiwe wose, rero Imana Ntiyamuhezagiye kuko ntiyari bwamwubahe bikwiye. Igihe cose Se wiwe yagumanye nawe, rero, uwo mutama yateye ingorane. Mu nyuma, yisanga ari kumwe na Loti, maze Loti azana ingorane. N’ibindi… gushika yitandukanije no kuvavanura n’ukutizera, kuvavanura n’ivyo vyose. Hanyuma Imana Ica Iramanuka, Iravugana nawe, maze haca hakoreka ikintu.

“Co kimwe, iyo twitandukanije n’impwemu z’ukutizera maze tukizera amajambo y’Imana…” Ivyo ari vyo vyose naka yoba yavuze canke naka, Imana Yarasezeranye. Mpagaze ng’aha.” Rero Imana Izokwishura.

Umutsima wa Buri Munsi

Nuko muve hagati ya ba bandi, Mubitandukanyeko, ni k’Uhoraho agize, Kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; Nanje nzobakira,
2 Ab’i Korinto 6:17

24-0328

63-0317M Imana Yihisha mu biciye bugufi, Hanyuma Ikihishura muri ivyo nyene

Rero, inzira y’iroro y’ukwera, abantu bagerageza kwigira abera. Kandi iyo ubikoze, ni nk’uko gusa nabivuze mbere, umengo… Vyoba nk’igisiga kigerageza kwiyambika amababa y’inuma kugira ngo cihindure inuma, mu gihe kamere yaco iguma ari iy’igisiga. Murabona? A, ni… Vyoba nk’igikona kigerageza kwiyambika a—amababa y’inuma, canke inyoni bita paon, kandi kivuga kiti, “Murabona, ndi inyoni nziza.” Murabona, ni ikintu cahinyanyuwe.

Ariko inyoni bita Paon ntitegerezwa kugira ingorane namba ija kuronka amababa ya paon canke itoyaronka. Inuma ntitegerezwa kugira ingorane namba ija kuronka amababa y’inuma canke itayaronka. Mu gihe kamere yayo ari inuma, izogira amababa y’inuma.

Kandi, murabe, abantu bo mu kwera batangura kuvuga bati, « Abagore bategerezwa kugira imishatsi miremire n’impuzu z’amaboko maremare, n’i—n’ivyo bintu vyose hariya, n’amajipo maremare, kandi ntibambara impeta z’ubukwe n’ibidede vy’ubwoko ubwo ari bwo bwose. Murabona, bicika ukwera ko kwigira umugororotsi. Murabona ? Murabona ?, Murabona ? Ukwo—ukwo ni—ukwo ni ukwera guhinguwe.

Umutsima wa buri Munsi

Ingendo zose z’umuntu ziba izitunganye mu maso yiwe ubgiwe, Arik’ Uhoraho agera imishaha ku munzane. Imigani 16:2

24-0327

62-0118 Kwemezwa Hanyuma Ukegwa
Abigisha barahamagarwa. Abavugishwa n’Imana, n’abavugaButumwa, hamwe n’abarongozi, n’abandi, baronka Mpwemu Yera, hanyuma rero ingabire yo gukora bino bintu.
Ariko Imana Ntigira utwuzukuru canke abuzukuruza. Bose ni abana, kuri Yo. Ukwo ni ukuri ata nkeka. Kandi ahantu hawe hakubereye ni kwicara neza rero mu bibanza vy’Ijuru muri Kristo Yesu, n’ubushobozi bwose.
Muvuga muti, « MweneData Branham, nije muto mw’ishengero. Ndi akantu ataco kamaze.”
Ariko, mwibuke, igihe Yaduga mw’Ijuru, murabona, mwazukanye na We. Uri muri uyo Mubiri. Kandi uri kumwe na Kristo neza hano, wicaye mu bibanza vyo mw’Ijuru. Namba uri urukoba ruri musi y’ikirenge, buri dayimoni iri musi yawe. Ukwo ni ukuri. Ata nkeka ni ukuri. Ishengero! Ahari umutwe, niho umubiri uba uri. Kandi niyo twahambwa, dupfuye, tugahambwa muri Kristo, nuko tuzozukana na We mw’izuka ryiWe, maze twicare mu Bibanza vyo mw’Ijuru muri Kristo Yesu, kandi buri muriro w’ikuzimu uri musi yacu. Amen. Nivyo. Ntibitwaye uko woba uri muto kwose, idayimoni yose iri musi yawe.

Umutsima wa buri Munsi
Nuko mwigane Imana, nk’abana ikunda. Abanyefeso 5:1

24-0326

62-1123 Inzira yo kugaruka

Imana Yamye Ifise ihanga, ahantu hanaka, Yashobora gutunga urutoki Ikavuga Iti, « Ni vyiza. » Yooo, nshaka kuba muri ico gitigiri. Ata gukekeranya ndazi ko twese dushaka kuba muri co. Ni icipfuzo c’umutima wose. Dushaka kuba muri ico gitigiri, ico Imana Ishobora kuvuga Iti, « Ng’iri ihanga ryaNje. Ni mubitegereze. Bo ni akarorero k’ico Ndi. Mu buzima bwabo, bagaragaza ubuzima bwaNje. Barahevye ubuzima bwabo,nanJe ngaragaza Ubuzima bwanJe mu bwabo.» Mbega ikintu ciza! Mbega u—ukuntu Imana Itegerezwa kwiyumva neza mu kumenya ko Ifise umuntu Ishobora kugirira icizere.

Umutsima wa Buri Munsi

…arik’ unyizigira ni we azoganza igihugu, kandi ni we azoragwa umusozi wanje wera.
Yesaya 57:13

24-0325

60-0308 Ukurobanura impwemu

Ubu, muri iki gihe tubayemwo, hari ibintu vyinshi bijanye n’ « ingabire ». rero hari abantu benshi bacira urubanza abantu baravye ingabire bafise. Nuko, ndizera ko izo ari ingabire. Kandi ndizera ko ivyo tubona biriko birashika, ari ingabire kandi ni ingabire zatanzwe n’Imana. Ariko, tutazikoresheje neza mu buryo bwashizweho n’Imana, rero turashobora gukora nabi birengeje kubw’izo ngabire kurusha aho tutoba tuzifise. Irindi joro nakoze iri tangazo kuri alutari mvuga ibi, « Ko nokwifuje kubona urukundo rwa beneData ruri mw’ishengero naho tutoba dufise ugukira indwara na kumwe canke ikindi kintu. Murabona. Dutegerezwa kumenya igituma izo ngabire ziri ng’aho.

Umutsima wa Buri Munsi

Naho novuga indimi z’abantu n’iz’ abamarayika, ariko ntagira urukundo, noba ncitse umuringa uvuga, cank’ icuma kivuzwa kigasama.
1 Ab’i Korinto 13:1

24-0324

47-1123 Abana ba Isirayeli

Data wa twese wo mw’Ijuru, uyu munsi, ndi ng’aha ndushe imbere y’uno mugwi w’abantu, kandi nduhijwe, n’ingingo zanje zinyokera, zinambabaza, kandi nsunika nongera nkwega. Ewe Kristo, umunsi umwe reka umusavyi waWe yigire amahoro, kugira dushobore kujabuka hakurya y’uruzi. Nizera y’ukwo uzompa kuruhuka hariya hakurya.

Data, urazi ukwo niyumva uno munsi, ukuntu nakunda kuba muhira k’ubwo Umunsi w’Amashimwe, gushobora kwicarana n’umugore hamwe n’umuryango, ariko, ewe Mana, kurya kuboroga n’ugukwegwa muri Portland, muri vyo, Oregon, n’ibisagara vyo hakurya, hamwe n’aba bakunzi hano i Phoenix, bava mu bihugu bitandukanye, abantu batandukanye, baza hamwe kugira bakire.

Kandi Data, umunsi umwe, ese twogira hamwe Umunsi w’Amashimwe, igihe Wambikwa igitsibo c’Umwami w’abami hamwe n’Uganza abaganza, urya Munsi uhambaye w’Amashimwe, igihe abera bose bazokoranira hamwe. Mana, Dufashe gukora kubw’uyo Munsi mugihe turi hano kw’isi, kandi ese Woduha inkomezi ziva ku Mana.

Kandi Data, mugihe twugurura Ijambo ryaWe ubu mu mwanya mutoya, ese Mpwemu Yera Yomanuka maze Afate ibintu vy’Imana hanyuma Abishikirize neza muri uyu mugwi mukundwa w’abantu, kandi Abibe imbuto y’urukundo no gukoranira hamwe muri rino shengero, kugeza aho ishengero ryose rizohezagirirwa, hanyuma abantu batangure umuvyuro, Mwami, hagati y’abo, maze bazane ubugingo bwinshi bwazimiye muri bino bikorane bitatu biza. Ubiduhe, Data, kandi tuzo biGushimira, kuko tubisavye mw’Izina ryaWe. Amen.

Umutsima wa Buri Munsi

Mushike mu birimba vyiwe mushima, No mu nyubakwa ziwe muhimbaza ; Mumukengurukire, mushemagize Izina ryiWe.
Zaburi 100 :4

24-0323

47-1123 Abana b’Isirayeli

Rero bagenzi, hariho inzira imwe yonyene mw’isi ushobora gukirizwamwo indwara kandi iyo nayo ni ukwizera kwonyene mu Mana. Rero ntibiraba ukuntu Imana Yonyemerera , kwirukana Impwemu muri mwebwe kubw’ukwizera kwanje, kiretse gusa ubandanyije inzira uja imbere ukizera Imana, ugakorera Imana kandi ukagumana ivyizigiro mu Mana, Izogaruka neza na neza kuri wewe . Yesu Ntiyavuze Ati, « Ni wigire, guhera ubu ntuz’ usubire gukora icaha, atari uko, ibizogushikira bizoba ibihambaye ? »

Ntuze wigere na rimwe uza mu murongo w’amasengesho kiretse uharura gukorera Imana kugeza imisi yawe usigaje yo kubaho yose. Ukwo ni ukuri. Imisi yose, ntuze wigere na rimwe ubaho ubuzima bw’icaha, kuko uzoshikirwa n’ibintu bibi, bibi birushirije. Imana Yasezeranye ko uzoshikirwa n’ibintu bibi kurusha ivya mbere.

Umutsima Wa Buri Munsi

Raba wakize; ntugasubire gukora icaha, kugira ngo ntuz’ ubone ibiruta ivya mbere.
Yohana 5:14

24-0322

65-0418M Ni Uguseruka kw’ izuba

Iyoba hariho umugenzo wera, wari kuza ku munsi w’isabato, wari umusi w’indwi w’iyinga, ariwo wa gatandatu. Ariko mwarabonye, muri iki cibutso, bawuzungagiza ku munsi wambere w‘iyinga ?
« Umukama, wari wo wa mbere w’urubuto wateragiye, igihe rweze rugahishira, waca ukata uwo muganda ugaca uwushira umuherezi. Hanyuma agaca awutwara agaheza akawuzungagiriza imbere y’Uhoraho, k’ubw’ukwemerwa kwawe, ko wemewe. Waca uzanana n’uwo muganda wawe, agaca awuzungagiza imbere y’Uhoraho, ku…’’
Si kw’Isabato, umusi w’indwi; ariko ku musi wa mbere, uwo twita Uwiyinga, U-w-i-y-i-n-g-a.

Umutsima Wa Buri Munsi

Kand’arababwira, at’ Isabato yabayeho kubw’umuntu, arik’umuntu siwe yabayeho kubw’isabato.
Mariko 2 :27

24-0321

56-0403 Umwungere w’umukuku w’intama

Sinipfuza kuryohererwa imihezagiro no gufungura izo nyandiko. Nshaka kuba intama. Nshaka kuMumenya mu nkomezi z’ukuzuka kwiWe.
KuMumenya We, ni ukuronka Ubugingo. Kumenya I katikisimu yanyu, ntibitanga Ubugingo. Uburyo bwo guhimbaza Imana, kumenya umugenzo w’intumwa, ntibitanga ubugingo. S’ukumenya Bibiliya, neza cane, bitanga ubugingo. Ariko kuMumenya We, bitanga Ubugingo. Kandi ni kuri abo gusa- igihe umwijima utanguye kuza buke buke, maze izuba ry’ubuzima bwacu rigatangura kurenga, rero nshaka kwumva hariya, ku rundi ruhande rw’umusozi runtandukanya n’ubwiza, ndashaka kwumva ijwi ry’Umwungere rimpamagara rivuga riti, “MweneData Branham, wakoze akazi keza, umukozi wanje mwiza w’umwizigirwa.” Ndizera ko ari co kimwe no kuri mwebwe mwese.

Umutsima wa Buri Munsi

Kuko kubganje kubaho ari Kristo, kandi gupfa ar’ inyungu.
Ab’i Filipi 1:21

24-0320

61-0117 Mesiya

Mwoba mwariyumviriye ibi ? Reka ndababaze ikintu . Ni mundabe akanya gatoya. Iki ni ikiganza canje ; uru ni urutoki rwanje ; uku ni ugutwi kwanje ; iri ni izuru ryanje ; ariko jewe ndi nde ? Ibi si jewe. Ni ibintu vyanje binyegukira. Murabona ? Iki ni ikiganza canje, ninde mwene iki kiganza ? Murabona,uru ni urusago gusa ndiko mbamwo. Ni ubuhe bwoko bw’i…

Yemwe hategerezwa kuba ikintu imbere citwa « jewe ». Iyo jewe itegerezwa kuba iri ahantu hanaka kuko ibi ari rwanje. Murabibona? Uyu Jewe ni umuntu kuko mfise ikintu. Mfise ikiganza. Ni icanje. Rero, ninde uyu « jewe » yegukira ? Iyo ni impwemu yawe. N’ uko ivyo bivana n’ubwoko kanaka bw’impwemu. Uri umuja w’umuntu uwo weguriye ingingo zawe.

Umutsima wa Buri Munsi

Kuko mwaguzwe igiciro. Nuko rero, mushimishe Imana mu mibiri yanyu.
I Ab’i Korinto 6 :20

24-0319

54-0718A Umuvyuro uhambaye urashitse hamwe n’ugusukwa kwa Mpwemu Yera

“Umuco uzogaragara mu gihe c’akagoroba.” Ibicu vyakamanganye. Ukuboha kw’amadini kwarasambuwe (Haleluya!), kandi abantu binjiye mu mubatizo wa Mpwemu Yera hamwe n’ibimenyetso n’utwumiza nk’ivyo bari bafise kw’itanguriro. “Umuco uzogaragara mu gihe c’akagoroba.”
Kandi mwibuke, ni mu gihe c’akagoroba, aho umugeni yahiswemwo. Rebeka yajanywe mu gihe c’akagoroba. Ni mu gihe c’akagoroba yahuye na Isaka; yari mu murima. Turi mu gihe c’akagoroba. Umuvyuro wacu w’abanyamahanga ugeze kw’iherezo. Abayuda bagiye kuronka uwo muvyuro. Mu gihe bashobora kubona ubushobozi bw’Imana bugaragara hanyuma bakakira Mpwemu Yera, bazokwiragiza Ubutumwa Bwiza. Iminsi y’abanyamahanga irarangiye. Nimwinjire mu Bwami mu gihe mu—mufise uburyo bwo kwinjira mu—mu Bwami.

Umutsima wa Buri Munsi

Ni hagira umuntu adakunda Umwami wacu, arakavumwa. Maranata.
1 Ab’i Korinto 16:22

24-0318

56-0917 Umwagazi w’intama n’Inuma

Rero Bibiliya ivuga ko yabonye Mpwemu w’Imana Ameze nk’Inuma maze Avuga Ati, « Ehe umwagazi w’Intama. » Maze inuma ica iza ku mwagazi w’intama, igumaho… Ivyo ndabikunda. « Kugumako ».

Ariko twibaze ko umwagazi watanguye gutontoma nk’idubu, aho rero inuma yociye igenda.

Murazi rimwe na rimwe, ndibaza asangwa ico ari co gituma hari ingorane nyinshi mw’ishengero. Asangwa turi imyagazi y’Imana, twotegerejwe kugira kamere y’imyagazi, mu bisanzwe, asangwa dushaka ko inuma ihaguma. Murizeye ivyo ? Jewe ndavyizeye.

Ubu, asangwa twitegereje inuma… igituma yagumye ku mwagazi, ni kubera ko kamere yazo ari imwe. Kandi igituma umwagazi uguma ku muKristo : Izoguma kuri we mu gihe we ari umwagazi. Ariko mu gihe afashe iyindi kamere itandukanye, Inuma ica yigurukira.

Umutsima wa Buri Munsi

None rero, uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ni mwitegereze uko mumeze! Hagayi 1:5

24-0317

58-0309 Mbega Ishengero Rizogenda Imbere Y’Imibabaro?

Ntihigeze habaho igihe gishingiye ku bikorwa vy’urudandazwa nk’uyu munsi. Imiduga idandazwa yigeze gukora yuzuye ku badandaza, hamwe n’ibindi. Bigeze aho ushobora kugura I refrigerateri uyu mwaka ukayigura hafi amadorari amajana ane canke amajana atanu, hanyuma mu mwaka ukurikira nta n’umwe aba akiyikeneye. Ntiba igiharawe. Murabona neza, sivyo, murabona ko isi yo kugura ibategeka gupfira ku kazi?

Murashobora kugura imodoka ntoya yo kugenderamwo uno mwaka, hanyuma mu mwaka ukurikira izoba ikiri imodoka nziza nk’iyo mwoshoboye kugura muri uyo mwanya nyene, ariko izoba yakorotse amadorari igihumbi kuko bahinduye akarumyo ka radiyateri canke bashizeko akantu gatoya bahinduye ataco kavuze . Ni ibibanza vyo kugurisha bifise intego yo gushitsa Bibiliya. “Ivyashitse mu gihe ca Nowa… no mu gihe ca Loti…”

Umutsima wa Buri Munsi
Kukw’ariko bari bameze mu minsi umwuzure utari bgabatere: bararya, baranywa, bararongora, barashingira, bageza kuri wa munsi Nowa yinjiye muri bga bgato.
Matayo 24:38

24-0316

Ingabire 56-1207

Uko ibisasu ruhonya nganda bafise vyoba bingana kwose, ibisasu vyo mu bwoko bwa hydrogen, uko bavuga ibi canke ko birya bizoba. Ntimugire ubwoba. Imana Irabigenzura. Irazi neza uko Ibigenza. Irazi neza uko bizohera. Rero ntaco dufise na kimwe twotinya, ariko tube gusa umuntu mwiza, ataco yinona, ahanze amaso Data buri munota, kandi ari We twiteze ngo Atuje imbere, Aturongore, maze Adushikane iyo tuja kubw’ubuntu bwiWe.

Kandi mu kuMukunda ukwo, ntakintu kiMubabaza mwokwipfuza gukora. Ariko hamwe mwokora ikiMubabaza, ijoro ryose amarira ashushe yoshunguruka ku matama yanyu mwihana. Kuko atacotuma mubabaza Data. Mbega mwo… Ntiwobabaza akana gatoya kawe, ntiwoshima kubikora na mba. Ntiwoshima kubabaza umutima w’umugore wawe canke w’umugabo wawe. Bicura iki k’Umwami n’Umukiza wawe ? Mbega wobikora, asangwa uMukunda…

Umutsima wa buri munsi.

Natwe twamenye kandi twizeye urukundo Imana Idufitiye. Imana n’urukundo; kand’ uguma mu rukundo aguma mu Mana, Imana Ikaguma muri we. 1 Yohana 4:16

24-0315

56-0613 Yehova Yire

Yamara Yona Yari mu nda y’urufi, amaboko abohewe inyuma y’umugongo, yasubiye inyuma, hejuru y’ikiyaga c’imipfunda, imbere mu nda y’urufi ; muvuga ku biboneka, we yari abifise. Iyo aravye kuri uru ruhande : inda y’urufi. Aravye kuri ruriya ruhande : inda y’urufi. Hose aho yaraba : inda y’urufi. Rero yari asugerejwe. None Yona yavuze iki ? Yavuze ati, « Ni ibihendo vy’ubusa, nta na kimwe nja kwizera. » Yavuze ati, « Nzosubira kukubona Mwami mu rusengero rwaWe rwera. » Ntiyabona inda y’urufi ; we yarondera urusengero.

Yaco muraba ku biboneka, itegereze isezerano. Ukwo woba urwaye kwose, itegereze uyo muntu uwo ari We, w’igitangaza, Yatanze isezerano. Imana Niko Yavuze.

Umutsima wa Buri Munsi

Umwami Imana ntitebeje isezerano ryayo, uko bamwe biyumvira kw iritevya. Ariko yihanganira mwebge, ntigomba ko hagira abahona, arikw igomba ko bose bihana.
2 Petero 3:9

24-0314

65-1205 Ibintu Bitegerezwa Kuzobaho

Yesu Yasavye ikintu kimwe gusa, mw’isengesho ryiWe Yabwiye Data. Murazi ivyo ari vyo? Ikintu kimwe, inyuma y’ukwitanga kwose kwiWe Yagize hano mw’isi, ubuzima Yabayemwo, inzira Yaciyemwo. Yasavye ikintu kimwe Ati, « Aho Nzoba ndi, abe ari ho bazoba bari. » Yasabiye ugufatanya kwacu. Ico nico kintu gusa Yasavye Data mw’isengesho, kubana nawe ibihe bidashira. Namba ushaka gusoma ibi ni muri Yohana 17, umurongo wa 24. Ese ingene twoshobora kuMwipfuza?

Umutsima wa Buri Munsi

Data, abo wampaye ndagomba kw aho ndi na bo bahabana nanje, ngo barabe ubgiza bganje wampaye, kuko wankunze itanguriro ry’isi ritarashirwaho. Yohana 17:24

24-0313

55-1007 Ubushobozi bwo Gufata Ingingo

Isezerano—turi kumupaka w’igihugu uyu mugoroba. Bibiliya ivuga iti : « Hejuru y’ibintu vyose, nifuza ko wororanirwa mu ruhande rw’amagara meza. » ivyo nivyanyu. Imana Yarabisezeranye, kandi iryo sezerano ni iryanyu nk’uko ryari ryiza kuri isirayeri. Yavuze iti, « Narabahaye ico gihugu. Narungitse umuarayika wanje iyo nkingi y’umuriro imbere yanyu kugira ngo Ibarongorere kuja aho hantu… » ugukira indwara kuva ku Mana ni ukwanyu. Imana Yarabibasezeraniye. Yarungitse Mpwemu Yera, yabarongoreye aho hantu… aho muzoshika hose. Amen, ivyo ni ivyacu.
Ya Mana nyene Yatanga isezerano kuri isirayeri yaraRibahaye, mwebwe, kandi ukwo yari ari ejo n’uyu munsi niko ari kandi niko azokwama kugeza n’ibihe bidashira. Arungika ibimenyetso bimwe utwumiza tumwe n’ibitangaza bimwe. Ariko ntazoza kubibahereza kumutemere w’ifeza. Utegerezwa kugenda kugira ngo uwutore.
Kandi ubwo nyene ukiMusaba ivyo, umunyamowabo ashaje azoba ahagaze harya, ca umushiburira hanze vyihuta.

Umutsima wa buri Munsi
Kandi uruvyaro rwawe ruzokwegukira amarembo y’abansi barwo.
Itanguriro22 :17

24-0312

58-0927 Kuki tutari Idini

Mwari mubizi ? Ubu, ni mwumvirize, bagore. Mwebwe, bagore b’abaKristo, bitonda, b’abagororotsi, muri ikintu ciza Imana Yahaye umugabo, atari ukwo, Yari kumuha ikindi kintu. Ego mugenzi. Murabona ? mu kuremwa kwa mbere umugore ntiyarimwo. Umugore si icaremwe c’Imana. Yakuwe mu mugabo. Imana, mu mugabo, Yari Yaremyemwo umugabo n’umugore. Maze, aca arabatandukanya. Igihe umugabo yari yabaye kw’isi, yita amazina ibikoko, no kuba hano igihe kirekire, Yakuye urubavu rwa Adamu mu mubiri wiwe, kugira Yironkere ikintu kivuye mu kindi, aca Aremamwo umugore. « Adamu Yabumbambumbwe ubwa mbere, Eva aca arakurikira. » Ubu ni mwitegereze.

Kandi Adamu si we yahenzwe, arik’ umugore ni we yahenzwe, agwa mu bicumuro.

Imana Yatoye umugabo. Umurwanizi Ahitamwo umugore. Ni murabe, neza na neza, ingaruka z’ibiriko biraba ubu. Itegereze Ishengero nyaryo ry’Imana, rizovuga riti, « Yesu ! » AntiKristo wewe azovuga ati, « Mariya ! » Ni mwitegereze izo Mpwemu. Murabona ? Ng’izo.

Umutsima wa Buri Munsi

Uhoraho Imana abaza uwo mugore, at’ Ico wakoze ico n’igiki?
Itanguriro 3:13

24-0311

61-0205M Ivyitezwe
Narasomye ibijanye na Abraham Lincoln , Umuntu wo mu Bumanuko ahambaye , uwavuye mu bwato Hariya I New orleans, hanyuma yarababonye ahantu bagurisha abagurano hariya , bariko baragurisha umugabo ahambaye , umuntu w’inguvu w’igihagararo gihambaye . Kandi umugore wiwe yari ahagaze hariya n’utwana tubiri , arira, kuko bari bagiye kumugurisha ngo bamuhe abagore banini banini b inguvu gurtyo bironkere abaja banini banini kandi b’ingivu. Abraham Lincoln yapfunditse ingumu yiwe nk’uku , hanyuma avuga ati, « Ivyo ni amakosa, nzobisambura, naho vyotwara ubuzima bwanje . » yarabikoze kandi niko vyagenze, ariko yarabisambuye. Yarabimenaguye nyene.
Reka ndakubwire, mwenedata, ukutizera ni ukwo umurwanizi. Reka ndagusambure, Mwami. Ntaco bintwaye namba vyohitana ubuzima bwanje. Reka nsambure ico kintu mw’ishengero ryanje, utwo turimbi, n’ibindi, tubona, twebwe kubwa Mpwemu, twese twabatijwe mu mubiri umwe, kandi turi Abakristo. Turi benedata. Ntaco bitwaye namba umuntu ava mw’ishengero rya Church of God no mw’ishengero rya Assemlies , hanyuma uyu akaba ari Umubatisiti, canke Umupresipiteriyano ; turi beneData ; ico nico turi, turi beneData muri Kristo. Reka ducagagure, Ducagagure utu turimbi twose. Turashobora kuramvurira amaboko yacu kuri mwenedata wese.

Umutsima wa buri Munsi

Kuko muri Mpwemu umwe, twese ari ho twabatijwe ngo tube umubiri umwe , naho boba Abayuda cank’Abagiriki , naho boba Abagurano cank’abidegemvya. Kndi twese twanyweshejwe Mpwemu umwe.
1 Ab’i Korinto 12 :13

24-0310

24-0309

61-0414 Ntimugire ubwoba, Ni Jewe

Kuki tubatiza ? Amazi ntagucungura, ariko ni ukwubaha icagezwe. Kuba twakira ingaburo yera, ntibibacungura ariko ni kwubahiriza ivyagezwe. Muba muriko gusa mura…

Gukubita hejuru ahavugirwa ubutumwa sivyo bibakiza indwara. Gukubita hejuru ahavugirwa ubutumwa sivyo bibacungura. Mwoshobora gukubita hejuru ahavugirwa ubutumwa gushika impwemu zanyu ziheze hanyuma… hanyuma mugapfira aho, uguma utaracungurwa kugeza wemeye kandi wizeye ko Yesu Yapfuye mu kibanza cawe, gutyo ukaMwizera nk’Umucunguzi waWe bwIte. Umukozi w’Imana wese ng’aha yoshobora kurambika ibiganza vyiwe ku muntu uwo ariwe wese agwaye ng’aha, akongera akamusengera kuva ubu gushika hirya y’ejo mw’ijoro. Nta kintu na kimwe kizoshika kugeza wemeye ico Yesu Yagukoreye. Rero kubw’ivyo, ntabwo biva ku bakozi b’Imana, muri uyu canke uwundi ariko biva ku kwizera kwacu bwite mu gikorwa carangiye, ico Kristo Yadukoreye i Kaluvariyo.

Umutsima wa Buri Munsi

Yadushikanishije ukwizera mur’ ubu buntu duhagazemwo, kandi tunezerezwa no kwizigira kuzobona ubgiza bg’Imana.
Abaroma 5:2

24-0308

24-0307

64-0312 Igihe amaso yabo yuguruka, baramumenye.

Imana ntikeneye umusobanuzi uwo ari we wese. sinshobora gusobanura ijambo ryayo canke uwo ari we wese ngo asobanure ijambo ryaYo. NiWe nyene ubwiwe ari umusobanuzi. Iyo avuze ko azokora ikintu, Aragikora, kandi ivyo birakwiye. Ni ivyo. Yavuze ko yobikoze hama arabikora. Ivyo birahagije. Nta muntu numwe akenewe wo kuvuga ngo iri ni Rirya, canke Rirya ngo ni iri, niWe abikora ubwiwe. Insobanuro zacu ntaco zimaze kuVyanditswe. UbwiWe Aravuga kandi nivyo.

Kwitanguriro, igihe yavuga ati : “ni habeho umuco” umuco ubaho, ivyo ntibikeneye insobanuro. “inkumi izosama inda. “yarayisamye.”nzosuka Mpwemu wanJe kubari n’umubiri bose.” Yarabikoze ntibikeneye insobanuro iyo ari yo yose

Kirya yasezeranye ko azokora muri iyi minsi, Yaragikoze. Ntigikeneye gusobanurwa; nico cisobanura ubwaco . Niwe musobanuzi ubwiWe

Umutsima wa Buri Munsi

Ni jewe, Uhoraho, mbivuze: bizoshika, kand’ ari jewe mbikoze.
Ezekiyeli 24:14

24-0306

65-0219 Uyu munsi iki canditswe kirashitswe

Ni gute rero aba bantu batashoboye kumenya uwo Yari ? Vyagenze gute kugira ntibabimenye ? Vyashitse gute, mu gihe vyari vyerekanywe ku mugaragaro. Vyagenze gute kugira ntibabibone ? Mugihe Ya…

Mbega Ijambo ! Nimuvyiyumvireko « uyu munsi, iki canditswe kirashitse imbere y’amaso yanyu. » Ninde yabivuze ? Imana ubwaYo, Isobanura Ijambo ryaYo. « Uyu munsi iki canditswe kirashitse. » Mesiya ubwiWe, Yari Ahagaze mw’ikoraniro, Asoma Ijambo ryo muri Bibiliya ryari rijanye naWe ubwiWe, hanyuma rikavuga riti, « Uyu munsi iki canditswe kirashitse. » N’uko naho kandi, ntibamenye ibijanye naWe.

Umutsima wa Buri Munsi

Atangura kubabgira, at’ Ivyo vyanditswe birashitse uyu musi, nk’ukw amatwi yanyu yiyumviye. Luka 4:21

24-0305

61-0124 Impumyi Barutimayo

Asangwa mutizera ko Mpwemu Yera ariho, basi guma kw’isezerano, hama ugumane na ryo. gumana na ryo nturirekure. Nturirekure. Nimba mutizera ko Ari ukiza indwara, uko indwara yawe yoba imeze kwose , canke ingorane yawe uko yoba imeze kwose, ubu nyene nturindire umurongo wo gusengera abarwaye ; ahubwo fata urigumye rero maze uvuge uti, Mana ndi mu biganza vyaWe.

Hama Satani azovuga ati, « ntumeze neza. »

Ibi nivyo Yambariye, « raba hano, wewe unteshe umutwe. Asangwa udashobora…hamwe wobishaka…nimba ushaka kunyumva nshingira intahe ubwiza bw’Imana, guma mu micungararo.Umenye ko utazoshobora kumpagarika. Hamwe gusa woba ukunda kwumviriza ibishingantahe vy’Imana n’amashimwe yo gukira indwara kw’Imana, guma mu micungararo, ngiye gutangura kwumvikanisha ijwi ryanje mu buryo bwose bushoboka ata guhagarara. Guma ng’aho uheze uvyumvirize. Guma mu micungararo. »

Umunsi wa mbere, nta mitende ; uwukurikira nta gahengwe ; uwukurikira nta kigenda. Nzobandanya nshinga intahe, nshima Imana, ndengana ibicu vy’umwijima. Yaratanze isezerano. Kandi munyuma, ryarashitse. Azokwihebura hama ace ahunga.

24-0304

51-0729A Izuka rya Lazaro
Ndashobora kuMubona ntiyari abereye cane kurabwa. Bibiliya ivuga ko ata bwiza yari afise bwotumye tumwipfuza. Ntiyari umuntu w’igihangange apima imetero zibiri. Yari Umuntu muto muto. Yari afise umubiri muto muto w’inkomezi afise ibitugu bihese,uko niko yari ameze. Bavuga ko yari afise imvi mu bwanwa bwiwe imbere yo gukwiza imyaka mirongo itatu. Aca ahindukiza amabega yiwe nk’uku avuga ati : “ Musazawawe azozuka.”

Yooo Mana we. Yavuze ati, “ Ego Mwami ndazi ko azozuka k’umunsi wa nyuma.” Abayuda barizera izuka rusangi. Yavuze ati : “ Ndazi ko azozuka k’umunsi wa nyuma Yari umuhungu nyaWe. Kandi Imana Izomuzura k’umunsi wanyuma.”

Ndashobora kubona Yesu avuga ati : “ Ariko ni jewe zuka n’ubugingo. Ndi,”— atari “nzoba” canke “narabaye”, ariko “ Ndi” (muri kubu), – “ Ndi Izuka n’Ubugingo. Uwunyizeye ntazokwigera apfa.”

Umutsima wa Buri Munsi
Amaze kuvuga Ivyo, asemerera n’Ijwi rirenga, ati Lazaro, ngwino, sohoka.
Yohana 11:43

24-0303

57-0825m Abaheburayo igice ca kabiri #1

Imana Imisi yose yama Ishinga intahe. Ubuzima bwawe buzoshinga intahe. Sinzi igishingantahe cawe, ariko ubuzima bwawe buravuga cane birengeje ku buryo ijwi ryawe ritokumvikana, ubu—ubuzima bwawe bw’iminsi yose buzoshinga intahe y’ico uri. Imana Irashinga intahe, ego. Mpwemu Yera ni ikidodo, kandi ikidodo gishirwa ku mpande zibiri z’urupapuro. Barakubona igihe uri ng’aha hamwe n’igihe wagiye. Si kw’ishengero gusa, ariko umusi wose w’ibikorwa. Ushizweko ikidodo ku mpande zibiri, imbere n’inyuma. Kubw’umunezero ufise, n’ubuzima ubayeho washizweko ikimenyetso imbere n’inyuma, aho rero uca umenya ko wakijijwe kandi n’isi irazi ko wakijijwe, kubw’ubuzima ubayeho, kuko Imana Irashinga intahe. Ni hashimwe Izina ryiWe Ryera.

Umutsima wa Buri Munsi

Kandi n’Umwami wacu ni ko yageze kw abavuga ubutumwa bgiza batungwa n’ubutumwa.
1 Ab’i Korinto 9:14

24-0302

*53-0831 Imana Yaravuganye na Mose *

Amashengero uyu munsi, menshi muri yo arondera abantu bafise ubukerebutsi, umuntu kanaka azi kubana n’abantu kandi umuntu asshobora gukora iki na kiriya ashobora kurondera aho abantu baruhukira bakinezereza, bagakina ivyo bita golf, hamwe n’ibirori n’ibindi.

Rero, isi irondera abakerebutsi beza, ariko Imana Irondera abatandukanya, abo bazokwitandukanya ubwabo. « Nimuve muri bo, emwe bantu banje ntimwifatanye n’ivyaha vyabo. » mwitandukanye…

Muri Egiputa umwagazi w’intama waratanzwe, Imana Yashizeho ubudasa. Yatandukanije A— Abisirayeri na— n’abanyamahanga, hanyuma ashiraho itandukaniro hagati yabo. Ihanga ry’Imana ni ihanga ryashizwe iruhande, ihanga ryera, abantu b’igitangaza, abantu biharije, abakora ibitangaza.

Kubw’ ivyo isi ntizokwigera ibatahura. Kubwo ivyo ntimukiyumvire isi, iyumvire kubijanye n’Imana ivyo nivyo bibereye.

Umutsima wa Buri Munsi

Nuko Roti ahitamw’ico kiyaya cose co kuri yorodani ; aragenda aja i burasirazuba bahana inta.
Itanguriro 13 :11

24-0301

64-0306 Uruta Salomo Ari hano

Imana, iminsi yose mu bihe vyose, Yamye Itanga ingabire zaYo ku bantu bayo. Ukwo niko Yagaragara Akanamenyekana, kubwo ingabire ziWe za Mpwemu. Nuko Iyo Imana Irungitse ingabire ya Mpwemu ku bantu baYo, hanyuma iyo ngabire ntiyakirwe, rero, abo—abo bantu baca baja mu mwijima w’umuzitanya. Igihe cose, mu bihe vy’Ishengero, igihe Imana Irungikiye ikintu kinaka abantu, ingabire, hanyuma bakayanka, abo bantu baca batabwa kure n’Imana kubera bataye imbabazi z’Imana.

Yooo, mbega umutekano wobaye iri joro, ukuntu vyobaye ibihambaye kurusha ubwihisho bwose bw’ama bombe n’i—n’ibibanza vyose twokwiyumviriye, namba iki gihugu, citwa igihugu giKristo, cokwakira ingabire y’Imana cahawe, Mpwemu Yera w’Ubwiza Yasutswe muri iyi minsi ya nyuma. Mbega ukuntu vyogenze iyaba iki gihugu coMwakiriye, hobaye umutekano urushirije kurusha ahantu hose bogiye. Ariko baramwanse, rero nta kindi gisigaye atari urubanza n’akajagari.

Umutsima wa buri munsi

Ninde azi ubwenge ? N’atahure ivyo ! Ni nde w’umuhanga ? N’abimenye ! Kukw inzira z’Uhoraho ar’iziroranye, kand’abagororotsi ni bo bazozigendamwo ; arikw abacumura bazozigwamwo.
Hoseya 18 :9

An Independent Church of the WORD,