26-0104 Ivyobo Vyatobotsemwo Imishwena

Ubutumwa: 64-0726e Ivyobo Vyatobotsemwo Imishwena

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Banywi b’Iriba Rya Arutwaze,

Mbega Noheli n’Umwaka Mushasha twagize. Twarakiriye kandi twaratekuruye ingabire z’Imana zarungikiwe Umugeni WaYo. Ingabire yacu ya mbere yari Ingabire ikomeye kuruta izindi zose ya Noweli Yari Yigeze gutekerwa. Imana ubwaYo Yitekeye mu mubiri w’umuntu maze Irungikira ico giseke isi. Ni Ingabire yaYo ya mbere ikomeye yo kugarukana Umugeni WaYo.

Hanyuma Imana Yarungikiye Umugeni WaYo ikindi giseke kininiya. Yaradukunze cane ku buryo Yaje maze Yihishura mu mubiri ubugira kandi ku buryo Yoshoboye kuvugana natwe umunwa ku gutwi. Yashaka ko Yo n’Umugeni WaYo bacika Umwe.

Kandi ubu, bagenzi, ntimuntahure nabi. Ese novuga ibi n’icubahiro mu mutima wanje, nzi ko ndi umuntu yagenewe Ibihe Bidashira azorenguka imbere y’Urubanza umunsi umwe: Abantu ibihumbi n’ibihumbi barabura ingabire yabo. Murabona? Ntibashobora kubitahura. Kandi bararaba bakanavuga bati: “Yooo, ni umuntu gusa.” Ivyo ni ukuri. Mbega Yari Imana canke Mose yacunguye abantu? Yari Imana muri Mose. Murabona? Baririye umucunguzi. Kandi igihe Imana Yabarungikira umucunguzi, barananiwe kubibona, kuko vyaciye mu muntu, ariko ntiyari umuntu, Yari Imana muri uwo muntu.

Iki gihe, ubugira kandi, abantu ibihumbi n’ibihumbi bariko barabura ingabire yabo bavuga bati: “Ntutegerezwa kwumviriza ama bande, ubu hari abandi bagabo basizwe,” ni ukuri, ariko barananirwa kumenya ko ari ryo Jwi RYONYENE Ryemejwe n’Imana, Rivuga Uko Niko Uhoraho Agize Riciye muri uwo muntu. Iryo jwi ni Urimu na Tumimu, Ica Ntabanduka caYo c’iki gihe.

Iyo turiko turumviriza Ijwi RyaYo ku ma bande tuba turiko turanywa vy’ukuri kw’Iriba rya Arutwaze ry’Imana, Ridakeneye inguvu, nta gukwega, nta kwifatanya, nta gukama ; turizera gusa tukanaruhukira kw’Ijambo Ryose Rivuzwe.

Mu kwumviriza iryo Jwi Riri ku ma bande, bijanye na Yesu ubwiWe, turafise ikimenyamenya c’ukuri ca Mpwemu Yera mu gihe cacu.

Hari rero ikimenyamenya c’inkomoko ca Mpwemu Yera ! Nta na rimwe Arambwira ikintu ico ari co cose kitari co. Ico, “Ni ikimenyamenya ca Mpwemu Yera, ni uwushobora kwizera Ijambo.” Mushobora kuRyakira.

Imana Yaraduhaye Isoko dushobora kunywako umunota wose wa buri munsi. Ryama Ari Rishasha. Si ikintu kidatemba, Ni Isoko RyaYo Ridakama kandi Ryihagije ; dutegerezwa gusa Gufyonda Tukavuza.

Mu kuvuga ivyerekeye INGABIRE iva ku Mana, murashobora kwiyumvira ingene iyi Ngabire Ihambaye vy’ukuri ? Mu Gufyonda Tukavuza gusa no kwumviriza Ijwi RyaYo ku ma bande, ni Ryo Ryonyene…IJWI RYONYENE mw’isi aho tudakeneye akayungiro, igikoresho co gukumira imyanda, canke ikintu ico ari co cose. Dutegerezwa kwumviriza gusa, kwizera, no kuvuga amen kw’Ijambo Ryose.

Imana ubwaYo Yaratanze iyi nzira, UBURYO BWAYO BWONYENE, bwo kuronka Ubugingo Budashira, mbere igihambaye kuruta, KUGIRA TUBE UMUGENI WAYO. Turashobora gusa kwifashisha ibere ryaYo maze tukavoma inkomezi zacu mu kwumviriza kw’Isoko RyaYo, Ijwi RyaYo, El Shaddai Avugana n’Umugeni WiWe.

Ese uyu mwaka woba umwaka Aza kubwacu, Umugeni WiWe Mukundwa. Turi magabo kandi turindiranye igishika cinshi. Umunsi uwo ari wo wose tuzobona ico twipfuje kubona kiba. Tuzotahura, mu mwanya wo gukubita urugohe, ko tuzoba twavuye ng’aha, duhamagawe ku Mazimano yacu y’Ubukwe.

Mwami, igihe tuzobona iyo meza ihambaye iri hariya kubw’ayo mazimano, ireha ibilometero ibihumbi, tuzorabana hakurya y’imeza, ibicocoro bifise ibimenyetso vy’intambara, amarira y’umunezero amanuka ku matama yacu…Umwami Azoboneka mu bwiza bwiWe, ukwera kwiWe, Aze ku meza maze Azofata ibiganza vyiWe Bwite hanyuma Ahanagure amarira ku maso yacu, ati: “Ntimusubire kurira, vyose birarangiye. Mwinjire mu munezero w’Umwami. Imibabaro y’inzira izosa nk’aho ataco imaze ico gihe, niyo twashika ku mpera y’inzira.

Ngwino maze unywe, kandi unywe, wongere unywe kw’Isoko Yatanzwe y’iki gihe hamwe natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi). Ni ho hantu HONYENE ushobora kwisanzura neza kandi uvuge AMEN kw’Ijambo Ryose wumviriza. Ni Iriba rya Arutwaze Yahaye Umugeni WiWe kunywako.

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa: 64-0726E Ivyobo Vyatobotsemwo Imishwena

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:

Zaburi 36:9
Yeremiya 2:12-13
Yohana Mweranda 3:16
Ivyahishuriwe Yohana igice ca 13