25-1130 Igikorwa C Akaroruhore

Ubutumwa: 64-0705 Igikorwa C Akaroruhore

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Gikorwa c’Imana c’Akaroruhore,

Ubuzima bwose bw’ukuri bwari mu mutumba, umurayi, no mu gishishwa, ubu buriko bukoranira muri twebwe, Uruvyaro Cami rw’Imana, Ibikorwa vyiwe vy’akaroruhore, kandi buriko butegurirwa kuzuka, hamwe n’iyimbura. Alufa yacitse Omega. Uwa mbere yacitse uwa nyuma, uwa nyuma na we ubu ni uwa mbere. Twaraciye mu nzira runaka maze tuba Ibikorwa vyiwe vy’Akaroruhore, igice cavuye kuri We.

Umugeni n’Umukwe ni Umwe!

Imana Yeretse umuvugishwa waYo imbere y’igihe umwe wese muri twebwe, Ibikorwa vyaYo vy’Akaroruhore, mu kwerekwa. Mu gihe yari ahagaze hariya ari kumwe n’Umwami yitegereza Umugeni Aca imbere yiwe.

Yarabonye umwe wese muri twebwe. TWESE amaso yacu yari ahanze KURI WE NEZA. Yavuze ko turi abantu basa n’abeza kuruta abandi bose yigeze kubona mu buzima bwiwe. Hariho gusa ikintu kinaki cari kidukikuje. Twari abeza cane kuri We.

Nimwibuke, uku kwari UKWEREKWA Umugeni; Uko Yoba Asa, no kutubwira neza na neza ivyo Yari Ariko Arakora. Nimwumvirize neza.

Azova mu mahanga yose, acike Umugeni. Umwe wese yari afise umushatsi muremure, kandi ata vyo kwisiga amarangi, ari abakobwa beza vy’ukuri. Kandi bariko barandaba. Ivyo vyerekana Umugeni ava mu mahanga yose. Murabona ? We, umwe wese yaserukira ihanga, uko batambuka mu buryo butunganye bahuje n’Ijambo.

Umugeni, reka mvuge ivyo ubugira kandi, UMUGENI, wo mu mahanga yose yari ahanze amaso ku mwungere wabo, ku mugwi w’abantu….OYA, ivyo sivyo yavuze. Bari bahanze amaso KU MUVUGISHWA, bamuraba.

Igihe cose bagumiza ijisho ryabo ku muvugishwa, batambukira mu gutungana. Ariko rero aratugabisha, hari ikintu cabaye. Bamwe baramukurako amaso batangura kuraba ikindi kintu cavuyemwo uruzazane.

Kandi, rero, ntegerezwa kuMuraba. Azova mu nzira z’Ijambo ni ntaraba, igihe ariko ararengana, n’iyo yabikora. Nkumbure kizoba ari igihe canje, igihe nzoba ntagihari, murabona, igihe nzoba nararangije, canke ico ari co cose.

Ategerezwa kuMuraba, Atari ukwo Azova mu nzira mu gihe Arengana. Ariko aca avuga ngo nkumbure coba ari igihe canje, igihe nzoba nararangije, igihe nzoba ntagihari hano, Bazova mu nzira mu kutarangamiza amaso yaBo kuri we.

Yariko aragabisha neza UMUGENI, Mutegerezwa kugumiza amaso yanyu kw’Ijwi Ry’Imana Riri ku ma bande. Iyo ni yo nzira Imana Yatanze y’iki gihe. Iryo ni ryo Jwi Rizohuza kandi Rizotunganya Umugeni. Niwakura amaso n’amatwi yawe kw’Ijwi, Uzova ku murongo winjire mu ruzazane.

Ubutumwa bwose burushiriza gutomoka. Ni Imana y’ubushobozi Iriko Irahishurwa imbere yacu, Igaburira Umugeni waYo Manu Yanyegejwe dushobora kurya Yonyene. Ni ubutunzi burenze ku bandi bose, ariko ni Imfungurwa Zanyegejwe z’Umugeni.

Mbega igihe c’Ugukenguruka Umugeni Ariko Aragira, Afungura Ijambo, Ahinduka Umugeni Jambo Atunganye w’Igikorwa c’Akaroruhore.

Ni Wenyene, nk’Umukwe, “Yanswe n’abantu, Asuzuguwe kandi Yanswe n’amashengero.” Umugeni Ahagaze gutyo. Ni igiki? Ni Igikorwa Ciwe c’Akaroruhore, murabona, ni Ijambo Ashobora gukoreramwo, ni Ryo Ashobora kugaragaza. Ukwankwa!

Nimuze mwifatanye natwe ku munsi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha imwe y’ijoro mu Burundi) mu gihe Imana Ivuga biciye ku mumarayika waYo w’inkomezi, Idukeba kandi Ikadutunganya kugira ngo tube Igikorwa c’Akaroruhore c’Imana.

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa : 64-0705 Igikorwa c’Akaroruhore

Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’igikorane :

Yesaya 53:1-12.
Malaki 3:6.
Uwera Matayo 24:24
Uwera Mariko 9:7
Uwera Yohana 12:24 / 14:19