Ubutumwa: 60-1206 Igihe C Ishengero Ry I Simuruna
- 24-1027 Igihe C Ishengero Ry I Simuruna
- 23-0507 Igihe C Ishengero Ry I Simuruna
- 20-1115 Igihe C Ishengero Ry I Simuruna
- Ijambo ry’Umunsi / Umutsima wa Buri Munsi
- 19-0127 Igihe C Ishengero Ry I Simuruna
- 16-0316 Igihe C Ishengero Ry I Simuruna
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni Wuzuye Mpwemu Yera,
Hariho umugwi umwe wonyene w’abantu ; umugwi udasanzwe cane w’abantu, bashoboye kwumva ico Mpwemu Avuga muri iki gihe ca nyuma. Ni umugwi udasanzwe wakiriye Uguhishura kw’iki gihe. Uwo mugwi ni uw’Imana. Umugwi udashobora kwumviriza, si uw’Imana.
Umugwi ushobora, kandi wumviriza ico Mpwemu Avuga, uronka Uguhishura kw’Ukuri. Turi abafise Mpwemu W’Imana. Turi abavyawe n’Imana kandi babatijwe na Mpwemu Yera. Turi Umugeni WaYo Yuzuye Mpwemu Yaronse Uguhishura kw’igihe cacu.
Bisigura iki kuri twebwe Gufyonda Tukavuza ? UGUHISHURIRWA. Ni ukwumva, kwakira no kugumana n’Inzira Imana Yatanze y’iki gihe. Ijambo ry’Imana nyene umunwa ku gutwi ku Mugeni WaYo. Ni Mpwemu Yera Avugana n’imitima yacu n’ubugingo bwacu.
Turazi ko Imana Ikoresha abantu basizwe na Mpwemu waYo kugira Ivuge, ariko nta handi hantu ho kwumva Uko Niko Uhoraho Agize kiretse mu Gufyonda Kuvuza no kwumviriza IJWI ry’umumarayika ntumwa waYo, William Marrion Branham. Ni ryo Jwi ryonyene ryagaragajwe na Mpwemu Yera ubwiWe. Ni Ijwi ry’Imana, umuvugishwa n’Imana, umwungere w’Imana, kuri twebwe, no kw’isi.
Iyo avuga, tuvuga AMEN kw’Ijambo Ryose ; kuko ni Imana ubwaYo Ivugana natwe. Ijambo RyaYo ni Ryo Jambo Ryonyene Ridakeneye insiguro. Ni Imana Ikoresha ijwi ryiwe kuvugana n’Umugeni WaYo.
Ni Imana ubwaYo Itubwira Iti, « Bana baNje batoya, ntiMwantoye, ariko ni Jewe Nabatoye. Imbere y’uko habaho agace k’akavunguka k’inyenyeri, Ntaranamenyekana kuri mwebwe nk’Imana Yanyu, Narabamenye. Mwari mu vyiyumviro vyaNje, muriho mu vyiyumviro vyaNje vy’Ibihe Bidashira. Muri Umugeni WaNje w’ukuri w’Urubuto Jambo Ryavuzwe.
Naho mwari mu Vyiyumviro VyaNje vy’Ibihe Bidashira, Sinabavuze gushika ku gihe caNje cashinzwe kandi cagenywe. Kuko Namenye ko MWOBAYE umugwi waNje udasanzwe wogumanye n’Ijambo RyaNje.
Abandi bose barananiwe, ariko Namenye ko mutonaniwe.
Ndazi ko muhamwa kandi mutwengwa kuko mwagumanye n’umuhanuzi waNje, ariko muri Umuzabibu WaNje w’Ukuri Udaca ku ruhande rw’Ijambo RyaNje, kandi mwagumye muri ab’ukuri kandi abizigirwa ku muvugishwa waNje avuga Amajambo YaNje.
Hariho abandi benshi bigishijwe mu bwizigirwa, ariko iminsi yose ntibiga ukuntu bikenewe kuvuga gusa kuvyo Navuze biciye mu ntumwa yaNje.
Ese ukuntu dutegerezwa kwitondera kwumva ijwi RIMWE, kuko Mpwemu Afise Ijwi rimwe naryo ni Ijwi ry’Imana.Yooo, ese ukuntu bihambaye kwumva Ijwi ry’Imana biciye mu ntumwa zaYo, hanyuma rero zivuga ivyo zahawe kubwira amashengero.
Ijambo RyaNje Ryamye Riza ku muhanuzi waNje, ariko muri iki gihe, Mfise Ijwi RyaNje Ryafashwe amajwi ku buryo hatobaho AMAKOSA N’AMWE mu vyo Nabwiye Umugeni. Hari umugozi umwe w’icuma, igipimo kimwe, kandi ni IJAMBO Navuze biciye mu mumarayika waNje. Nko mu gihe cose, umuhanuzi waNje ni Ijambo ry’ico gihe.
Ayo mabande, ijwi ryiwe, ni ikete ry’urukundo kuri twebwe. Mu gihe umwansi adahengeshanya kudukubita hasi biciye mu bigeragezo vyacu n’imibabaro yacu n’ingorane, Yarungitse umumarayika waYo w’inkomezi kutubwira ko ata kintu na kimwe kiretse urukundo rutoranya rw’Imana kuri twebwe, rutwemeza ko Yadutoye kuko tutazonyiganyiga.
Intumbero yaYo ihambaye n’uko inyuma yuko twababaye akanya gatoya, Izotugira abatunganye, Idutsimbataze kandi Idukomeze. Yatubwiye ko n’Umwami Yesu Yatunganiye mu marushwa yiWe. Mbega umuhezagiro Yadusigiye. Kuko mu marushwa yacu, Yatwinjije mu gutungana.
Yubaka kamere kacu mu bigeragezo vyacu no mu mibabaro yacu. Kuko kamere kacu ntikabaho ata marushwa. Rero, amarushwa yacu ni INTSINZI kuri twebwe, si ingabire.
Dushobora kuYereka urukundo rwacu gute?
•Mu kwizera ivyo Ivuga.
•Kugumana n’Ijambo RyaYo.
•Kujana umunezero mu bigeragezo vyacu n’imibabaro yacu, Yo, Yemera ko bishika mu bwenge bwaYo buhambaye.
Ukuntu Iduza impwemu yacu mu kwumva Ijambo RyaYo. Ijwi RyaYo Riremesha ubugingo bwacu. Iyo dufyonda tukavuza maze tukaYumva Ivuga, imitwaro yacu yose iraremuruka. Ntidushobora no gutangura kwibaza ubuhe butunzi twabikiwe biciye mu mibabaro yacu yose.
Yooo, Mugeni Wa Yesu Kristo, ese ukuntu nezerewe kuba Umwe muri Bo hamwe n’umwe wese muri mwebwe. Mbega umunezero wuzuye umutima wanje kumenya ko Yaduhaye Uguhishurirwa kw’Ijambo RyaYo. Iyo Itubwira ko bizoba vyegeranye cane ku buryo vyohenda n’uwatoranijwe iyo biba bishoboka, Yaduhaye UGUHISHURIRWA KW’UKURI.
Ni muze, mwinjire muri Mpwemu hamwe natwe uno w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba mu Burundi) mu gihe tuzokwumviriza Ijambo Ritunganye : 60-1206 — Igihe c’Ishengero Ry’i Simuruna,
MweneData Joseph Branham.