20-0830 Ntiwishimikize Ubwenge bw’Iwawe

Ubutumwa: 65-0120 Ntiwishimikize Ubwenge Bw Iwawe

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Inkukuma Zikoranira Hamwe

Mukunzi « Umwe muri Bo »,

Mbega twariko turakora iki kuw’iyinga uheze ? Twari dukoraniye mu ngo z’ama Bande zacu, dusenga twese mw’Izina ryiWe. Twarabatijwe muri Mpwemu Yera, igihe ubushobozi bwa rirya Jwi bwaza. Ivyo yabakoreye urya munsi, Yadukoreye co kimwe natwe. Turanezerewe cane no kuvuga tuti, TURI UMWE MURI BO.

Mbega uburuhukiro. Mbega amahoro. Mbega ivyizigiro ku Mugeni wiWe mu gihe tuMwumviriza Avugana natwe kandi Atubwira ko turi Umugeni wiWe Atunganye kandi ko turi mu bugombe bwiWe butunganye. Nta bundi buryo na bumwe, nta rindi jwi na rimwe, nta bundi Butumwa na bumwe bwoshobora gutunganya Umugeni wiWe, atari Ijwi ryiWe rivugira mu ntumwa yiWe y’igihe yagaragajwe.

Abatizera, batagira uguhishurirwa kwuzuye, bavuga bati, « Ushimikira ku muntu birengeje ; ha icubahiro Yesu » TURABIKORA, kuko twizeye yuko atari umuntu turiko turumviriza, nta n’ubwo turiko turaha icubahiro urya muntu, ariko ni Yesu Kristo Avugira mu ntumwa yiWe yagaragajwe, kandi turiko turaMuha icubahiro cose. Yaraduhishuriye yuko ari WE ubugira kandi, Avugana n’Umugeni wiWe aciye mu kanwa k’umuntu nk’uko Yasezeranye ko Yobikoze.

Aho niho dukorera amakosa, muri iri joro. Tugerageza gushira icubahiro cose, na Kristo, hariya inyuma mu kindi gihe. Bibiliya Yavuze Iti, “Ni Wawundi nyene ejo, uno munsi, no mu bihe bidashira.” Ari ng’aha muri iyi nyubako, muri iri joro, nk’uko Yigeze kugendagenda muri Galilaya canke Yerusalemu.

Iyo umuntu yigisha maze akavuga ati, “ntutegerezwa kwizera Ijambo ryose kuri ayo ma bande, umuhanuzi yakoze amakosa, nawe yaravyivugiye, kandi dushobora kuyakwereka. Hariho itandukaniro igihe ari Imana Yavugira muri we n’ivyiyumviro vyiwe bwite canke n’ivyo avyibazako.”

Igihe umuntu ahagarara maze akavuga yuko ari umukozi w’Imana, umwungere w’ishengero w’ahantu hanaka, maze ntiyizere yuko Yesu Kristo Ari Wawundi nyene mu kantu kwose (kiretse mu mubiri w’umuntu), wawundi nyene ejo, uno munsi no mu bihe bidashira, iyo ni imbuto yo kudasenyera ku mugozi umwe.

Wawundi nyene mu kantu kwose! Hanyuma UMUNTU umwe akazobabwira ko hariho amakosa mu vyo avuga, ariko ko mu bushobozi no mu gusigwa kwa Mpwemu Yera biciye muri we, azobabwira ikiri canke ikitari Ijambo? EKA JEWE NTAVYO AZOMBWIRA. Umumalayika w’Uhoraho Yabwiye umuhanuzi wiWe ati, “Zana abantu bakwizere WEWE.” Kandi turabikora, Ijambo ryose. Yavuze Ati,

Mw’Izina rya Yesu Kristo! Ntiwongereko ikintu kimwe. Ntukureko, ushireko ivyo uvyibazaKo ubwawe. Vuga gusa ivyavuzwe kuri ayo ma bande. Kora neza na neza ivyo Umwami Imana Yategetse gukora. NtiwongereKo.

Iyo Imana Ivuze Ijambo, Ntikeneye umugabo uwo ari we wese canke umugore uwo ari we wese, canke uwo ari we wese, wo kuvuga ico Ivyo bisigura. Imana Ivuga neza ico Iba Ishatse kuvuga. Ariko ntibashaka kwishimikiza kuvyo Ijambo Rivuga, bashaka kwishimikiza ku bwenge bwabo. Bashaka kwishimikiza ku co umukozi w’Imana kanaka yavuze mu gishingo c’ico Imana Yavuze. Ivyanditswe bitubwira yuko bari batwikiriwe.

Umuhanuzi yatubwiye yuko Ivyanditswe vyisubiramwo. Nk’uko vyari bimeze mu minsi ya Sodomu na Gomora, niko bimeze uno munsi. Nk’uko vyari bimeze mu minsi Yesu Yari ng’aha kw’isi, niko bimeze uno munsi. Nk’uko vyari bimeze mu minsi umuhanuzi wiWe yari ng’aha, niko bimeze uno munsi.

Igihe mweneData Branham yari ari i Tucson, Arizona, ikiringo c’imyaka itatu, abakozi b’Imana ntibigeze bamutumira na rimwe kuja kuvuga ubutumwa iwabo. Kuki ? Yavuze ko ari ukubera bagiye hamwe maze bavuga yuko ni hagira umuntu n’umwe anzana iwe ahavugirwa ubutumwa, uwo muvugabutumwa bomuca.

Uno munsi, iyo muvuze n’akanyamuneza muti, “Turi Ishengero ry’Amabande. Dutumira umuhanuzi waYo kuvuga inyuma y’aho bavugira ubutumwa muri buri gikorane,” uriya mwungere, na rirya shengero, baracibwa.

Ariko ijwi ryanje ni ryacecekeshwa n’urupfu, aya ma bande azoguma avuga, kandi muzomenya yuko ivyo navuze biriko birashika.

Ibi ni vyo twizera ku vyerekeye Ijwi riri ku ma Bande :

« Intama zaNje zizi Ijwi ryaNje. Ijwi ryaNje ryaremejwe kuri bo, yuko ari ukuri. Vyaragaragaye yuko ari Ijwi ryaNje. » Rero, ubu murabe, ntibategerezwa gukurikira irindi jwi iryo ari ryo ryose. Ntibazobikora.
« Intama zaNje zizi Ijwi ryaNje, kandi uwo zitazi ntizizomukurikira. »

Rero muze tuje hamwe kuri uwu munsi w’iyinga isaha 7:00 ku muhingamo kw’ isaha y’i Jeffersonville kugira ngo twumvirize Rirya Jwi Ritubwira : Ntiwishimikize Ubwenge bw’Iwawe 65-0120

MweneSo Joseph Branham.