Ubutumwa: 64-0213 Hanyuma Yesu Araza Maze Arahamagara
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni Jambo,
Tubaho mu bihe vy’umwijima, ariko NTA BWOBA dufise, Databuja Yaraje. Yaje gushitsa Ijambo RyiWe mu gihe c’iherezo. Ico Yari Ari ico gihe, nico Ari uno munsi. Ukwigaragaza kwiWe n’ibimuranga Yari Afise ico gihe, ni ko biri n’uno munsi. Aracari Ijambo ry’Imana, Yigaragaza mu mubiri w’umuntu mu mumarayika wiWe w’indwi w’ubushobozi kandi Yaraduhishuriye, ko turi Umugeni Jambo RyiWe Rizima.
Nta mwanya dufise wo guharira canke wo gutera induru; twararenganye ico gihe; turiko tuja imbere, dutegerezwa gushika hariya. Mpwemu Yera Yaje hagati yacu. Umwami Yesu mw’ishusho ya Mpwemu Yarihishuye kandi Yarigaragaje Aciye mu muvugishwa wiWe ko Ari Ijwi Ry’Imana ku Mugeni wiWe.
Yavuze ko Azoza. Yavuze ko Azobikora. Yavuze ko Azoseruka ku rubuga mu gihe ca nyuma kandi Akore ivyo bintu nk’uko Yabikoze igihe Yaza mu mubiri ubwa mbere, kandi ng’uyu hano Ariko Arabikora. Ni igiki kibateye ubwoba? NTA NA KIMWE!!!
Turi mu nzira ija mu Bwiza! Nta kintu na kimwe kizoduhagarika. Imana Igiye kwemeza Ijambo RyaYo. Sinitayeho ibishika. Igihe co gukora kirageze. Igihe kirageze co kwizera canke kutizera. Uwo murongo utandukanya ushikira umugabo wese n’umugore wese warashitse.
Mwavutse kubw’intumbero kanaka. Igihe Umuco Wakurasira, Wagukuyemwo umwijima wose. Igihe wumviriza Ijwi RyiWe Rivugana nawe ku ma bande, hari ikintu cabaye. Ryavuganye n’ubugingo bwawe. Ryavuze Riti: «Databuja Yaje, Araguhamagara, nturuhe, ntutinye, NdaGuhamagara, Uri Umugeni WaNje».
Yemwe bantu, mumenye neza! Ntimugafate amahirwe adakwiye kuri ivyo. Imana Irafise integuro : Ijambo RyaYo Ryarafashwe amajwi kuma bande. Databuja Yaraje Araguhamagara. Ni uze mu nzira y’Imana Yatanze.
Databuja Agiye gusubira guhuza Umugeni WiWe kw’isi yose n’Ijwi RyiWe. Agiye kudutera intege, kuturemesha, kudukiza indwara, kutuzana mu Kubaho kwiWe kw’ubushobozi kandi Atubwire Ati :
Databuja Yaje kandi Araguhamagaye. Oo munyavyaha, oo muntu arwaye, mbega ntubona ko Databuja Yigaragaje mu biremwamuntu, hagati y’abizera? Yaje ngo Ahamagare abana biWe bizera mu magara meza. Yaje ngo Ahamagare abanyavyaha bihane. Wewe waguye, wewe munywanyi w’ishengero, Databuja Yaje kandi Araguhamagaye.
Mbega ugusukwa kwa Mpwemu Yera WiWe Umugeni Azoba Ariko Aragira kuri uyu w’iyinga mu gihe Imana Izosubira gukoraniriza hamwe abana bayo maze Ikinjira mu mihana yacu, mu mashengero yacu, mu makoraniro yacu, kandi Ikaduhamagara Ivuga Iti: “Databuja Yaje, Arahamagara. Ico mukeneye cose, ni icanyu.”
Mureke ayo majambo yinjire ibwina mu mitima yanyu beneData na bashikibacu. ICO UKENEYE COSE, DATABUJA YAJE KANDI ARAKIGUHA.
Data Uri mw’ijuru, Ewe Mwami, reka vyongere bishike. Ibi bintu vyose navuze : «Yesu Yaje Araguhamagaye.» Mbega Akora iki iyo Aje ? Arahamagara. None reka vyongere bibe, Mwami. Reka Mpwemu Yera WaWe Aze mu bantu uno mugoroba, Umwami Yesu mw’ishusho ya—ya Mpwemu. Aze uno mugoroba Yihishure, maze Yigaragaze.
MweneData Joseph Branham
Ubutumwa: 64-0213 Hanyuma Yesu Araza Maze Arahamagara
Igihe : Isaha zitandatu zo ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville. (Isaha imwe y’ijoro mu Burundi)
Ivyanditswe: Yohana Mweranda 11:18-28