Ubutumwa: 61-0730M Amabwirizwa Gaburiyeli Yahaye Daniyeli
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakundwa Bafise Intumbero,
Mbega Urushana rw’igitangaza twaronse mu gihe twiga Ibihe Ndwi vy’Ishengero, hanyuma rero Imana Ikaduhishurira mbere n’ibindi mu Gitabu c’Ivyahishuriwe Yohana ca Yesu Kristo. Ingene ibice bitatu vya mbere vy’Ivyahishuriwe Yohana vyari Ibihe vy’Ishengero, hanyuma rero ingene Yohana yazamuwe mu gice ca 4 n’ica 5 atwereka ibintu vyategerezwa kuzoza.
Mu gice ca 6, Yarahishuye ingene Yohana yasubiye kugwa kw’isi kugira ngo abone ibintu biriko biraba bizova mu gice ca 6 gushika mu gice ca 19 c’Ivyahishuriwe Yohana.
Ese ukuntu Umugeni azohezagirwa kuw’iyinga mu gihe twumva Ijwi ry’Imana Rivuga biciye ku mumarayika waYo w’indwi w’inkomezi kandi Rikatubwira ibigiye guhishurwa hanyuma.
Ndanezerewe cane no kubamenyesha ko ubu tuzotangura icigwa gihambaye c’Amayinga Mirongirindwi Ya Daniyeli. Umuvugishwa yavuze ko bizofatanira mu Butumwa busigaye imbere y’uko twinjira mu Dushashara Ndwi; Inzamba indwi; Amagorwa atatu; umugore ari mu zuba; kwirukana ca gisato gisa n’agahama; ibihumbi ijana na mirongo ine na bine vyashizweko ikimenyetso; vyose bishika hagati y’iki gihe.
Igitabu ca Daniyeli ni co kirangamisi nyaco c’ikiringo n’igihe tubayemwo, kandi naho cosa n’ikigoye gute, Imana izokimenagura maze Ikigire icoroshe kuri twebwe.
Kandi Imana irazi ko arivyo ndiko ndarondera ubu, kugira ngo nshobore kwirura ihanga ryaYo no kuribwira ibiri hafi, haba hano muri iki gitondo, no hanze biciye mu bihugu izo bande zizojamwo, kw’isi yose, ko turi mu gihe c’iherezo.
Turi abantu Imana Yatoranije bipfuza kandi basenga uwo munsi n’iyo saha. Kandi amaso yacu arangamije mw’Ijuru, kandi turindiriye Ukuza kwaYo.
Twese tube nka Daniyeli maze duhindukirize amaso yacu yerekeje mw’Ijuru, mu gusenga no mu kwinginga, mu gihe tuzi mu gusoma Ijambo no kwumva Ijwi RyaYo, ko ukuza kw’Umwami kuriko kuregereza ningoga; turi kw’iherezo.
Dufashe Data gushira ku ruhande uburemere bwose, icaha cose, ukutizera kwose gutoyi kwodutera vyoroshe. Reka noneho twiruke tuja ku mpera y’umuhamagaro wo mw’ijuru, kuko tuzi ko igihe cacu gifise aho kigarukira.
Ubutumwa bwarasohotse. Vyose birateguye ubu; turarindiriye kandi turaruhutse. Ishengero Ryashizweko ikimenyetso. Ababisha bariko bararushiriza gukora ibibi. Amashengero ariko acika amadini birushirije, ariko abera baWe bariko baraza baKwegera.
Turafise Ijwi Risemerera rivuye mu bugaragwa, Rihamagarira abantu gusubira ku Butumwa bw’inkomoko; gusubira ku bintu vy’Imana. Turatahura mu Vyahishuriwe Yohana ko ibi bintu biriko biraba.
Ni muze mwifatanye natwe kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe Imana Izoduhishurira Ijambo RyaYo, mu gihe dutangura icigwa cacu gihambaye c’Igitabu ca Daniyeli.
MweneData Joseph Branham.
61-0730M – Amabwirizwa Gaburiyeli Yahaye Daniyeli