26-0111 Ahantu Umukwe Wo MwIjuru NUmugeni Wo Kw Isi Bazoba Muri Kazoza

Ubutumwa: 64-0802 Ahantu Umukwe Wo MwIjuru NUmugeni Wo Kw Isi Bazoba Muri Kazoza

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi wanje,

Ndagukunda cane. Uri akara ko mu mara yanje n’igufa ryo mu magufa yanje. N’imbere y’uko Ndema inyenyeri, ukwezi, isi yaNje yose, Narakubonye kandi Ndagukunda ico gihe. Nari nzi ko uri igice caNje, Umukunzi Wanje Umwe rudende. Wewe naNje twari UMWE.

Umunsi Nipfuza kandi Narindiriye kuva nkikubona ico gihe, nukwo washitse. Ubu Ndabahamagara kandi ndabahuza kuva mu buseruko no mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko, biciye mw’Ijwi RyaNje. Muri ivyiyumviro vyaNje, Ijambo RyaNje, Umugeni WaNje, Yagaragajwe.

Naripfuje kubabwira ikintu cose kiri mu mutima waNje, ku buryo Navyanditse Nkoresheje abavugishwa baNje kandi Nagumye Ndabikingiye imyaka ibihumbi. Benshi baraBisomye, kandi baraVyizera mu binjana vyose, ariko Nagumije ibintu vyinshi ibanga gushika MUSHITSE. Ni mwebwe MWENYENE nzoBibwira.

Bipfuje kumenya no kwumva ibi bintu vyose bitangaje Nagumije binyegeje, ariko nk’uko Nagusezeraniye, Nararindiriye kandi NaraBigumije ari ibanga gushika ubu, nyene KUBWAWE, NI WEWE UMWE WANJE KANDI WENYENE.

Naragusezeraniye ko Nzoza Nsubire kwihishura mu mubiri w’umuntu, ku buryo Noshobora kubabwira, no kubahishurira ibi bintu vyose. Nashaka ko mwumviriza IJWI RYANJE rivugana namwe Ridaciye ku ruhande.

Nasize abandi benshi Mpwemu Yera WaNje, kugira ngo Ndababwire urukundo rwaNje, ariko nk’uko Namye Nkora, kandi Sinshobora guhinduka na rimwe, Natoye umuntu umwe: Umumarayika waNje, umuvugishwa waNje, kugira ngo abe Ijwi RyaNje ku buryo Noshobora kubabwira Uko ni ko Uhoraho Agize.

Nashaka kukubwira, ko utakijijwe ku munsi munaka.. Wamye ukijijwe. Naje gusa kugira ngo Ndagucungure. Wari ukijijwe kuva mu ntango kuko wari ufise Ubugingo Budashira kuva mu ntango. Gutyo, mu maso yaNje, ivyaha vyawe vyose ntibishobora no kubonwa naNje, ikintu conyene numva ni ijwi ryawe. Mbona gusa uguhagarariye.

Mbega ukuntu nipfuje kukubwira ibintu vyinshi cane. Umutima wanje uriko urabiragira kubera umunezero. Mbega ukuntu Ndindiranye igishika Amazimano yacu y’Ubukwe, Inganji yacu y’imyaka igihumbi turi kumwe. Kugira ndakubwire mu buryo bwiramvuye ikintu cose kijanye n’Ahantu hacu turi kumwe ho muri Kazoza tuzoba. Ukuntu Naguteguriye ikintu ico ari co cose, kandi ikintu ico ari co cose kiri mu buryo bukunogeye.

Mukunzi wanje, nimba wibaza ko ari ivy’igitangaza ubu kwumviriza Ijwi RyaNje Rivugana nawe, rindira gusa, iki ni igitutu gusa c’uko bizoba bimeze igihe tuzoba muri ico Gisagara turi kumwe. Umuvugishwa wawe azoba mbere iruhande yawe; azoba ari umubanyi wawe.

Tuzogendagenda muri ayo mabarabara y’izahabu tunywere hamwe kuri iryo soko. Tuzokwinjira mu maparadizo y’Imana turi kumwe n’Abamarayika bazunguruka kw’isi, baririmba indirimbo…. Mbega umunsi uzoba umeze gute !

Ndazi ko inzira isa n’iyigoye, kandi rimwe na rimwe iragukomerera cane, ariko izokworoha, kandi irushirize kworoha, igihe Turi kumwe.

Ubu rero, ngiye gusubira kubakoraniriza hamwe no kuvugana namwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), ndababwire vyose ku vyerekeye “Ahantu Umukwe Wo mw’Ijuru n’Umugeni Wo Kw’Isi Bazoba Muri Kazoza”. Mfise igishika co kwifatanya namwe ico gihe.

Mwibuke, kandi ntimukavyibagire na rimwe, Ndabakunda cane.

Mu Gishingo ciWe,

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe:
Matayo Mweranda 19:28
Yohana Mweranda 14: 1-3.
Abanyefeso 1:10
2 Petero 2:5-6 / Igice ca 3
Ivyahishuriwe Yohana 2:7/6:14/21:1-14.
Abalewi 23:36
Yesaya igice ca 4 / 28:10 / 65:17-25
Malaki 3:6.