25-0727 Izamurwa

Ubutumwa: 65-1204 Izamurwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Ata Bisabwa,

Umwami Yaduhaye igihe nk’ico ciza mu ndwi iheze mw’ihuriro mugihe Yaduhishurira Ijambo RyiWe. Yaremeje, kubw’Ijambo RyiWe, ko Icishimikizo cacu Ntanyiganyizwa ari : Ijambo RyiWe, Ubu Butumwa, Ijwi ry’Imana ku mabande ; vyose ni bimwe, Yesu Kristo wa wundi ejo, uyu munsi n’ibihe bidashira.

Twarumvise ukuntu umurwanizi agerageza gutandukanya Ubutumwa n’intumwa, ariko Umwami Ashimwe, Imana ubwaYo Yavugiye mu mumarayika waYo w’inkomezi hanyuma Iratubwira Iti :

Turabona yuko iyo umuntu aje, arungitswe n’Imana, yagenywe n’Imana, afise NIKO UHORAHO AGIZE y’ukuri, ubutumwa n’intumwa ni umwe kandi ni ikintu kimwe. Kuko arungikwa guserukira NIKO UHORAHO AGIZE, Ijambo ku rindi, ku buryo we n’ubutumwa bwiwe ari ikintu kimwe.

Ntushobora gutandukanya Ubutumwa n’intumwa, ni bimwe, UKO NIKO UHORAHO AGIZE. Ntaco bitwaye uko uwo ari we wese yasizwe w’ikinyoma yovuga, Imana Yavuze ko ari bimwe kandi bidashobora gutandukanywa.

Rero Yatubwiye ko tudakeneye akayungiro kugira dufate imigera iyo turiko turumviriza amabande, kuko nta migera canke umutobe urimwo umugera muri Buno Butumwa. Ni iriba ryiWe rya Arutwaze ryama ritemba ata birohe kandi rikeye. Ryama ridudubiza, ntiryigera rikama, ribandanya ryisukiriza, riduha Uguhishura kurushirije kw’Ijambo RyiWe.

Yatwibukije KUTIGERA TWIBAGIRA ko isezerano ryiWe kuri twebwe ari ntakekeranywa, ridaharirwako, ariko ahanini, ni akaburarugero.

Asangwa ari urukundo, imfashanyo, canke uguheba, iyo ikintu kitagira ibisabwa ni ICISHIMIKIZO NTANYIGANYIZWA kandi ntigishimikiye ku bintu vyiharije canke ibisabwa : kizoshika uko vyogenda kwose.

Kubw’ivyo Yashatse kuvyemeza ashimitse, rero Yatubwiye uyu munsi ko Ivyanditswe VyiWe Biriko Birashika imbere y’amaso yacu.

Rirya z-u-b-a nyene riserukira mu buseruko niryo z-u-b-a nyene rirengera mu burengero. Kandi urya M-w-a-n-a w’Imana Ava mu buseruko hanyuma Akigaragaza ubwiWe nk’Imana Yiyerekanye mu mubiri, ni We M-w-a-n-a w’Imana mu gice c’uburengero hano, Ariko Arigaragaza ubwiWe hagati mw’ishengero rino joro, wa wundi ejo, uyu munsi, n’ibihe bidashira. Umuco w’akagoroba w’Umwana Waraje. Uyu Munsi iki Canditswe Kirashitse imbere yacu.

Umwana w’Umuntu Yaragarutse mu mubiri w’umuntu mu gihe cacu, nk’uko Yasezeranye ko Yobikoze, guhamagarira Umugeni gusohoka. Ni Yesu Kristo Ariko Avugana natwe Adaciye ku ruhande, kandi ntihakenewe insobanuro y’umuntu. Ico dukeneye gusa, ico dushaka gusa, ni Ijwi ry’Imana Rivugira kuri bande Rivuye ku Mana ubwaYo.

Ni uguhishurirwa kw’ukugaragazwa kw’Ijambo Ryagizwe ukuri. Kandi tubayeho muri ico gihe; Imana Ishimwe; uguhishurwa kw’ibanga ryaYo ubwaYo.

Mbega igihe c’ubwiza Umugeni Ariko Aragira, Ahagaze mu nyonga z’Umwana, Yeze. Urugano rwasubiye ku rugano ubugira kandi, kandi nta mwambiro hagati muri twebwe. Ni Ijambo gusa Ritanduye Ry’Imana Rivugana natwe, Ritubumbabumba kandi Rikaturemamwo ishusho ya Kristo, Ijambo.

Turi abahungu n’abakobwa b’Imana, ibimugize vyiWe Yatoranirije kuza muri kino gihe, igihe gihambaye mu mateka y’isi. Yari Azi ko tutozimiye, tutogize imyumvikano, ariko twobaye Ijambo Mugeni WiWe w’ukuri kandi w’umwizigirwa, Urubuto Cami rw’Aburahamu RwiWe Rwasezeranywe ko Ruzoza.

Izamurwa riri hafi. Igihe carangiye. Araje kubw’Umugeni WiWe Yateguye ariko Aracari mu Nyonga z’Umwana, Yumviriza Ijwi RyiWe Ryambika Umugeni WiWe. Vuba tuzotangura kubona abakunzi bacu bari hirya ya ca gihuzu c’igihe, barindiriye kandi bipfuza kubana natwe.

Amabande ni inzira y’Imana yateguwe gutunganya Umugeni WaYo. Aya mabande ni co kintu conyene kizohuriza hamwe Umugeni WaYo. Aya mabande ni Ijwi ry’Imana ku Mugeni WaYo.

Ndabatumiye kuza kandi mwifatanye natwe, igice c’Umugeni WiWe, uyu w’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo kw’isaha ya Jeffersonville (isaha cumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mugihe twumviriza twese ikintu citeguye gushika vuba bidatevye: Izamurwa 65-1204.

MweneData Joseph Branham.