Ubutumwa: 60-0515e Kugirwa Abana bImana
- 25-0504 Kugirwa Abana bImana
- 21-0620 kugirwa Abana bImana
- 18-0603 Kugirwa Abana bImana
- 16-0221 Kugirwa Abana bImana
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakunzi Mwagizwe Abana b’Imana,
Ubu dufungura ibintu bikomeye vy’Imana kandi dufise ugutahura gutomoye kw’Ijambo RyaYo. Imana Yaduhaye Uguhishurirwa kw’ukuri kw’Ijambo. Ivyiyumviro vyacu vyose vya mpwemu nta ruzazane na rutoya bifise.
TURAZI neza na neza Uwo ari We. TURAZI neza na neza ico Ari co. TURAZI neza na neza aho turiko turaja. TURAZI neza na neza abo turi bo. TURAZI Uwo twizeye kandi turazi neza ko Ashobora kuzigama ivyo twiyemeje kuri gushika uwo munsi.
Yaravuze kandi Yarahishuye amabanga yose yari yaranyegejwe kuva ku kuremwa kw’isi. Yaratubwiye ingene abandi bama banse inzira yiWe Yatanze kandi bipfuza uburongozi butandukanye, ariko ko Yogira umugwi mutoyi uzoguma ari umwizigirwa kw’Ijambo RyaYo.
Kw’isi yose, ntibazokoranira ahantu hamwe kugira ngo bagire ibintu bahuriyeko. Ariko utugwi dutoduto two muri bo tuzosanzara kw’isi yose.
Imana Ishimwe, dusanzaye kw’isi yose, ariko twunze Ubumwe nk’umuntu umwe mu Gufyonda Tukavuza no kwumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana natwe.
Reka gusa dushike ku rwego rwo hejuru maze tubone imbere y’igihe ivyo Izoba Iriko Iratubwira biciye ku mumarayika waYo w’inkomezi ku munsi w’iyinga.
Bakunzi batowe nanje, ubu mwicaye hamwe ahantu ho mw’Ijuru. Si hanze gusa aho ari ho hose, ariko ahantu ho “ mw’Ijuru”; ni ikibanza cawe nk’uwizera. Warasenze kandi witeguriye Ubutumwa. Mwakoraniye hamwe nk’abera, mwabatijwe muri Mpwemu Yera, mwuzuye imihezagiro y’Imana. Mwarahamagawe, mwaratoranijwe, impwemu yanyu yinjira mu kirere co mw’Ijuru.
Ivyoshobora kuba, Mpwemu Wanje Yera Azoba Ariko Aragendagenda hejuru y’umutima wose. Mwaravutse bushasha kandi mwabaye ikiremwa gishasha muri Kristo Yesu. Ivyaha vyanyu vyose biri munsi y’Amaraso. Muri mu gusenga gutunganye, amaboko n’imitima yanyu bidugijwe kuri Jewe, munsengera hamwe ahantu ho mw’Ijuru.
Mwaratoranijwe, mwarahiswemwo mu Kumenya Kwanje Imbere y’igihe. Abatowe, Abejejwe, Abatsindanishirijwe kubw’ugutoranywa. Ntibishoboka ko muhendwa. Narabashizeho imbere y’itanguriro ry’isi. Muri Imana ntoya, Mwaradomweko ikimenyetso ca Mpwemu Yera w’isezerano; si abavukiye mu muryango gusa, abagizwe Abahungu n’Abakobwa banje.
Nzobahezagira n’ugukira kuvuye ku Mana, ukumenya imbere y’igihe, uguhishurirwa, iyerekwa, inkomezi, indimi, insobanuro, ubwenge, ubumenyi, n’imihezagiro yose yo mw’Ijuru, hamwe n’umunezero utavugwa kandi wuzuye Ubwiza.
Umutima wose uzokwuzura Mpwemu waNje. Muzoba mugendana, mwicaranye, ahantu ho mw’Ijuru. Nta ciyumviro kibi na kimwe muri mwebwe, nta n’itabi na rimwe ritumuwe, nta n’impuzu ngufi, nta n’iki, kirya canke ikindi, nta ciyumviro kibi na kimwe, ata n’umwe afise ikirwanya uwundi, bose baganira mu rukundo no mu guhuza, bose bafise umutima umwe ahantu hamwe.
Maze giturumbuka hazoza ijwi rivuye mw’Ijuru nk’umuyaga uhinda ukomeye kandi Nzobahezagira imihezagiro yose ya mpwemu. Ico gihe muzoba nka Dawidi, mutamba imbere y’Isandugu, mubwira isi ko mudaterwa isoni, MURI UMUGENI WANJE W’IBANDE ! Mufyonda mukavuza kandi mwizera IJAMBO RYOSE Mvuga. Ntimuzo, kandi ntimushobora kunyiganyiga !
Abandi boshobora Kuvyanka, canke ntibabitahure, ariko kuri mwebwe, Ni Umwambaro w’Iteka wanyu. Nk’uko Dawidi yabwiye umugore wiwe ati, “Mwibaza ko iki cari ikintu, rindira ejo, tuzoba turiko twumviriza n’ayandi ma bande, dutazira Umwami, twuzuye Mpwemu waYo; kuko tuba muri Kanani, turi mu nzira ija mu gihugu c’isezerano.”
Ico gihe Nzoraba hasi ndi mw’Ijuru maze Ndababwire nti:
“Uri Umugeni uhuje n’umutima Wanje.”
Iyi mihezagiro irashobora kuba iyawe nawe. Ngw’ino, wifatanye natwe kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) maze ubone ukuhaba kw’Uhoraho nk’uko bitigeze bibaho mbere mu gihe twumviriza Ijwi ry’Imana ry’iki gihe Ritubwira kandi Rituzanire Ubutumwa: Kugirwa Abana b’Imana #1, 60-0515E
Mwibuke, ibi ni ivy’ishengero, si ivy’umuntu wo hanze. Ni ibanga mu mvugo ifobetse kuri we, ntashobora kubitahura, bimuca hejuru y’umutwe, biramusiga ntaco abiziko. Ariko, kw’Ishengero, ni ubuki buri mu rutare, ni umunezero utavugwa, ni ivyizigiro bihezagiye, ni inanga y’umutima, ni ivyizigiro vyacu hamwe n’imfashanyo yacu, ni Igitandara c’Ibihe, yooo, ni vyose vyiza. Kuko ijuru n’isi bizovaho, ariko Ijambo ry’Imana Ntirizokwigera Rivaho.
MweneData Joseph Branham.
Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’Ubutumwa :
Yoweli 2:28
Abanyefeso 1:1-5
1 Ab’i korinto 12:13
1 Petero 1:20
Ivyahishuriwe Yohana 17:8
Ivyahishuriwe Yohana 13