25-0309 Icanzo Hagati Y Ibihe Ndwi Vy Ishengero N Ibimatanishije Udushashara Ndwi

Ubutumwa: 63-0317e Icanzo Hagati Y Ibihe Ndwi Vy Ishengero N Ibimatanishije Udushashara Ndwi

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bagarukanywe,

Sinigeze nduha kwumva Ijwi ry’Imana Ritubwira abo turi bo, aho tuva, aho tuja, ivyo tuzoragwa, n’ingene Adukunda.

Ubuherezi bw’ivya mpwemu, ihanga ry’ubwami, rihereza Imana ibimazi vya mpwemu, ivyamwa vy’iminwa yabo, bashima Izina ryaYo.” Mbega—mbega abantu! Yarabaronse.

Ukwirurwa n’amahoro vyacu vyonyene bizanwa n’ukwumva Ijwi ry’Imana Rivugana natwe, hanyuma tugasubira kuvugana na Data mu gutanga ibimazi vya mpwemu biciye ku vyamwa vy’iminwa yacu, dushima Izina ryiWe.

Iyi si yose iriko iraniha. Ibidukikije biriko biraniha. Tuniha kandi turindiriye ukuza kw’Umwami. Iyi si ntaco idufitiye. Twiteguriye kugenda no kuja mu Mazimano yacu y’Ubukwe no Muhira Iwacu ho muri kazoza turi kumwe na We n’abo bose basanzwe bari hariya, neza hirya y’igihuzu c’igihe, baturindiriye.

Reka duhaguruke twinyiganyize! Shiture agatimanama kacu, twikangure ku biriko biraba ubu nyene n’ibizoba mu kanya nk’ako gukubita urugohe.

Nta na rimwe muri kahise k’isi vyashobokeye Umugeni wa Kristo ko Yunga ubumwe kw’isi yose, bose mu gihe kimwe neza na neza, kugira ngo Yumve Ijwi ry’Imana Rivuga kandi Rihishurira Ijambo ryaYo Umugeni waYo.

Abizera, mwibaze, ni irihe jwi, ni wuhe mukozi w’Imana, ni uwuhe muntu, ashobora guhuza no gushira hamwe Umugeni wa Kristo ? Namba uri Umugeni wa Kristo, urazi gusa ko ata rindi Jwi Ririho Atari Ijwi ry’Imana Riri ku mabande.

Ego, Mpwemu Yera Ari muri umwe wese muri twebwe, muri buri rwego rw’ishengero, ariko Imana ubwaYo Yatubwiye ko Izocira isi urubanza Yisunze Ijambo RyaYo. Umugeni Arazi ko Ijambo RyaYo Riva ku muvugishwa waYo. Umuvugishwa waYo ni we WENYENE musobanuzi avuye ku Mana w’Ijambo RyaYo. Ivyo yavuze ntibishobora kwongerwako canke ngo bigabanywe. Ni Ijambo, ku mabande, twese tuzocirwako urubanza, kandi nta rindi jambo canke insobanuro y’iryo Jambo.

Ntibishoboka ko hari irindi jwi ryohuza Umugeni. Ijwi ry’Imana Ryonyene Riri ku mabande Rishobora guhuza Umugeni WaYo. Ni Ryo Jambo Ryonyene Umugeni Ashobora kwemeranyako. Ni Ryo Jwi Ryonyene Imana ubwaYo Yagaragaje ko Ari Ijwi RyaYo ku Mugeni WaYo. Umugeni WiWe Ategerezwa kuba mu Ciyumviro kimwe n’Uguhuriza hamwe kugira ngo Abe kumwe na We.

Abakozi b’Imana barashobora gukora igikorwa c’Imana, abigisha barashobora kwigisha, abungere barashobora kuragira, ariko Ijwi ry’Imana Riri ku mabande Ritegerezwa kuba ari ryo Jwi Rihambaye kuruta ayandi yose bategerezwa gushira imbere y’abantu. Ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa c’Umugeni.

Namba ufise Uguhishurirwa kw’ivyo, rero ibi nivyo bigiye gushika.

Ijambo Ritubwira ko Adamu yatakaje iragi ryiwe, isi. Ryavuye mu kiganza ciwe rija k’uwo yarigurishijeko, ari we Satani. Yagurishije ukwizera Imana kwiwe, ku vyiyumviro vya Satani. Yatakarije agace kose mu biganza vya Satani. Ryavuye mu kiganza ciwe rija kwa Satani.

Imana ni Imana y’ibiriho vyose, ahantu hose, ariko umuhungu wayo Adamu yari afise iyi si mu bubasha bwiwe bwite. Yarashobora kuvuga, yashobora kwita izina, yashobora kuvuga, yashobora guhagarika ibidukikije, yashobora gukora ivyo ashaka vyose. Yari afise ububasha bushitse kandi burengeye ubundi bwose kw’isi.

Adamu yarabitakaje vyose, ariko Imana Ishimwe, ivyo yatakaje vyose n’ivyo yahevye vyose vyaracunguwe n’Umucunguzi wacu w’Incuti yo hagufi, nta wundi atari Imana Mushoboravyose, Yabaye Imanuweli, umwe muri twebwe. UBU, NI IVYACU.
Turi abahungu n’abakobwa biwe bazoganza bakaba abami n’abaherezi hamwe na We. Turafise ubugingo budashira na We hamwe n’abo dukunda bose. Nta ndwara, nta mubabaro, urupfu, gusa ibihe bidashira twese hamwe.

Iyo twiyumviriye ivyo, tworeka gute Satani akadukubita hasi? Ni IVYACU, aho niho turiko turaja vuba cane. Yaduhaye ikintu gikomeye kuruta ibindi vyose yoshobora kuduha. Iyi minsi mikeyi y’ibipimo n’ibigeragezo kuri iyi si birohamishwa n’ingoga hamwe n’INTSINZI YACU IKOMEYE IRI NEZA MU MINSI IRI IMBERE YACU.

UKWIZERA kwacu ntikwigeze kuba ugukomeye kuruta. Umunezero wacu ntiwigeze uba mwinshi nk’uwo. Turazi abo turi bo n’aho tuja. Turazi ko turi mu Bugombe Bwiwe Butunganye mu kugumana n’Ijambo Ryiwe. Ico dukeneye gukora conyene ni ukugumana n’amabande no kwizera Ijambo Ryose; atari ugutahura na gatoya, ARIKO KWIZERA IJAMBO RYOSE…kandi TURABIKORA !

Ukwizera kuva ku kwumva, kwumva Ijambo. Ijambo Riza ku muvugishwa. Imana Yarabivuze. Imana YaraRifashe amajwi. Imana YaraRihishuye. TuraRyumva. TuraRyizera.

Ushobora kuronka uku Guhishurirwa honyene mu kwumviriza Ijwi ry’Imana ku mabande.

Ivyo vyose, ivyo Kristo Azokora kw’iherezo tuzobihishurirwa muri iri yinga, mu Dushashara Indwi, Imana Niyo Yabiturekurira. Murabona ? Ni Vyiza. Bizohishurwa. Kandi bihishurwe, uko Udushashara Tumenagurwa Tukaturekurirwa, rero niho dushobora kubona ico ari co uwo mugambi uhambaye w’ugucungura, hamwe n’igihe n’ingene bigiye gukorwa. Vyose bihishijwe muri iki Gitabu c’amabanga ng’aha. Vyadomweko ikimenyetso, Yahagurutse Afise Udushashara Indwi, kandi rero Umwagazi w’Intama ni We wenyene Ashobora kuTumenagura.

Kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) igice c’Umugeni kw’isi yose kizoba kiriko kirumviriza Ijwi ry’Imana bose mu mwanya umwe. Tuzoba turiko dutera ijuru n’amasengesho yacu kandi turiko turaYisenga. Ndabatumiye kuza kwifatanya natwe mu gihe tuzokwumviriza: Icanzo Hagati y’Ibihe Ndwi vy’Ishengero n’Ibimatanije Udushashara Ndwi, 63-0317E

Ndasavye ntimwibagire ivy’ihinduka ry’igihe i Jeffersonville mu mpera y’iryi yinga.

MweneData Joseph Branham