Ubutumwa: 63-0630m Ukuvayo Kwa Gatatu
- 25-0907 Ukuvayo Kwa Gatatu
- 23-1001 Ukuvayo Kwa Gatatu
- 22-0414 Ukuvayo Kwa Gatatu
- 21-0718 Ukuvayo Kwa Gatatu
- Ijambo ry’Umunsi / Umutsima wa Buri Munsi
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni w’Ukuvayo kwa Gatatu,
Iyo udafise ijisho rya mpwemu, ntubitahura. Ariko ijisho rya mpwemu rishobora kubona Ububasha bw’Imana bugenda kuko Buri kumwe neza na neza n’Ijambo. Ni Jambo, kandi Ijambo ry’Imana Ntiryigera Rihinduka. Ivyo Yakoze mu ntango, Iriko Irabikora n’ubu kandi ijisho rya mpwemu rirabibona, riravyizera, kandi RIRAVYUMVA.
Isi yoshobora kutavuga rumwe nanje ku vyo nizera ko ari inzira Imana Yatanze ku bwa kino gihe : Ijwi Rihambaye kuruta ayandi yose utegerezwa kwumviriza ni Ijwi ry’Imana Riri ku ma bande. Mutegerezwa kuvuza ama bande mu mashengero yanyu, ariko NIMBA mwizera vy’ukuri ubu Butumwa, rero ntimushobora kutemeranya n’ivyo umuvugishwa w’Imana avuga.
Kuri uyu w’iyinga tuzokoranira hamwe nk’uko abana b’Abaheburayo babigira kugira ngo baronke manu yaba yabahawe mw’ijoro, yobazigama umunsi uza. Tuzokorana kubwa Manu yacu ya Mpwemu Izoduha inkomezi z’Ukuvayo kwacu guhambaye kugiye kuza vuba.
Nta buryo namba bwiza buriho kuruta kureka Ijwi ry’Imana Rikabivuga ubwaYo, kuvyerekeye Yo nyene, n’ubu Butumwa tugiye kwumviriza BURAKWIYE !
Imana Yafashe umuntu umwe mu bugaragwa, Iramwigisha. Iraheza Iramugarura, afata ibintu mu minwe, maze asohora abantu. Urabona ico nshaka kuvuga? Ntishobora guhindura umugambi waYo. Ni Imana.
Rero aha Iratubwira neza ko Itigera Ihindura umugambi waYo. Ivyo Yakoze kuva mu ntango, Izobisubiramwo mu mpera, Yarabisezeranye. Rero ubu dutegerezwa kumenya Umugambi waYo w’ico gihe kuko uzoba ari uwo Mugambi nyene ubu.
Ntizokwigera Ikorana n’umugwi. Ntiyigeze Ibigira. Ikorana n’umuntu ku giti ciwe; kandi Yarabikoze, kandi Izobikora. Yarasezeranye, no muri Malaki 4, ko Yobikora.
Nta na rimwe Ikorana n’umugwi. Rero, Yasezeranye ko mu gihe cacu Izorungika umuntu Umwe, Malaki 4, afise Uko Niko Uhoraho Agize.
Uko ni ko biri. Hariho rero isezerano ryaYo, ivyo Yasezeranye, ivyo Yavuze ko Izokora, rero ng’ibi. Mbega abantu bahimbawe, twotegerejwe kuba; Ibaha ikimenyetso, ikimenyetso casezeranywe mw’Ijambo RyaYo, Ijambo Ryasezeranywe. Yasezeranye ko Izobikora.
None Imana Yahisemwo gute kurongora Umugeni WaYo ico gihe?
Imana Yahisemwo, mu gihe c’Ukuvayo. Yahamagaye umugwi. Kandi muri uwo mugwi, ndashaka ko mubona ikintu, Yaronse babiri bonyene bagiye mu gihugu c’isezerano. None Yahisemwo kubasohora akoresheje iki?
Ng’ibi. Ibi birahambaye cane kugira ngo ubwenge bwa mpwemu bubitahure. Ni gute Imana Yahisemwo kurongora no kujana Umugeni mu Gihugu c’Isezerano?
Politike? Idini? Yahisemwo umuvugishwa, afise ikimenyetso c’insigabwenge c’Inkingi y’Umuriro, kugira ngo abantu ntibazokwihende. Ivyo umuvugishwa yavuze vyari Ukuri. Kandi Imana Yaramanutse, mu Nkingi y’Umuriro, maze Irigaragaza, Yerekana Ijambo RyaYo. Ni vyo ? Ivyo ni vyo Yakoze mu kuvayo kwaYo kwa mbere. Ukuvayo kwa kabiri kwaYo…
Rero, kugira ngo abantu ntibakore ikosa, Yabarungikiye umuvugishwa afise ikimenyetso c’insigabwenge c’Inkingi y’Umuriro kubera ukuvayo kwabo guhambaye.
None Yakoze iki mu kuvayo kwa mbere? Yarungitse umuvugishwa, asizwe afise Inkingi y’Umuriro, aca ahamagara abantu. Uko kwari ukuvayo kwaYo kwa mbere…
Ukuvayo kwa kabiri. Yazanye Umuvugishwa, Yasizwe, uwo ari Umwana WaYo, Imana-Umuvugishwa. Mose yavuze ko azoba Umuvugishwa; kandi Yari Afise Inkingi y’Umuriro, Akora ibimenyetso n’ibitangaza…
Kandi ng’aha Yarasezeranye ivyo nyene mu kuvayo mu minsi ya nyuma, kandi Ntishobora kubihindura…
Benshi bazovyemeza mu kuvuga ngo, ego, yarungitse umuvugishwa guhamagara Umugeni, ariko ubu Mpwemu Yera Azorongora Umugeni biciye mu gikorwa c’Imana; ariko ivyo Ntiyabivuze…reka tubandanye gusa gusoma.
Raba Inkingi y’Umuriro Yarabahamagaye, Ibajana mu gihugu c’isezerano, bari munsi y’ugusigwa kw’umuvugishwa. Inkingi y’Umuriro bashobora kuraba, Ibajana mu gihugu c’isezerano, barongowe n’umuvugishwa yasizwe. Kandi baguma bamuhakana. Si vyo? Ego cane.
Iyi Nkingi nyene y’Umuriro iriko Irarongora abantu ubugira kandi mu Gihugu c’isezerano, Inganji y’Imyaka Igihumbi.
Inkingi y’Umuriro, munsi y’uburongozi bw’Imana…Imana yari Umuriro, kandi Inkingi y’Umuriro yasize gusa amavuta umuvugishwa. Inkingi y’umuriro yari guhagarara nk’icabona co mw’Ijuru c’uko Mose yahamagawe.
Ubu, mwibuke, Mose ntiyari Inkingi y’Umuriro. Yari umurongozi yasizwe, munsi y’iyo Nkingi y’Umuriro, kandi iyo Nkingi y’Umuriro Yemeza gusa Ubutumwa bwaYo n’ibimenyetso n’ibitangaza.
Nta kosa ririho bagenzi. Si ivyo ndiko ndavuga; ndi mweneSo gusa. Ariko, n’ico Imana Iriko Irabemeza, n’ico kibigira Ukuri. Iyo Inkingi y’Umuriro nyene Yakoresheje mu kundi kuvayo kubiri, Yarayizanye muri mwebwe iki gihe, kandi YaYigaragaje biciye mu vy’ubumenyi.
Imana Ntiyigera Ihindura umugambi waYo. Imana Irafise inzira Yateguriye Umugeni WaYo iki gihe : Inkingi y’Umuriro, munsi y’uburongozi bw’Imana…Imana Yari uwo Muriro, kandi Inkingi y’Umuriro Yasize amavuta gusa umuvugishwa.
Hariho Ijwi Rimwe Ryonyene, umuvugishwa umwe, afise Uko Niko Uhoraho Agize, William Marrion Braham. Si we Inkingi y’Umuriro, ariko ni we murongozi yasizwe munsi y’iyo Nkingi y’Umuriro.
Twese twipfuza kuba mu Bugombe bw’Imana BUTUNGANYE. Ijambo RyaYo Ryemejwe NI Ryo bugombe bwaYo butunganye. Ijambo Ryemejwe ry’iki gihe cacu ni ubu Butumwa. Umuvugishwa waYo Yatorewe kurongora Umugeni waYo. Namba utavyizera, ntushobora kuba Umugeni waYo.
Ni muze maze mwitegurire Ukuvayo kwacu guhambaye mu kwumviriza Ijambo ry’Imana Ritunganye hamwe natwe kuw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe twumviriza : Ukuvayo Kwa Gatatu, 63-0630M.
MweneData Joseph Branham.