25-0518 Kugirwa Abana bImana 3

Ubutumwa: 60-0522m Kugirwa Abana bImana 3

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Nkumi Itunganye,

Iyo Dufyonda Tuvuza, ni ubuki mu gitandara, ni umunezero utavugwa, ni ivyizigiro bihezagiye, ni inanga y’ubugingo bwacu, ni ivyizigiro vyacu hamwe n’ugushigikirwa kwacu, ni Igitandara c’Ibihe, ni ikintu cose ciza, ni Inzira Imana Itanga y’iki gihe.

Kubera ko Dufyonda Tukavuza, Ijwi ry’Imana Ryaratureheje; Ryaturehereje kuri Kristo, nk’Inkumi Itunganye kw’Ijambo RyaYo. Turafise ariko Umurezi umwe, Ijwi Rimwe, umuvugishwa umwe, ariko araturongora na Mpwemu Yera.

Ariko iri ni ishengero, ndiko ndabigisha. Ivyo bija ku ma bande. Ndashaka ko abantu bumviriza ama bande bibuka ko ivyo ari ivy’ishengero ryanje.

Mbega ukuntu ari icemezo kuri twebwe ko turi mu Bugombe BwaYo Butunganye. Ama bande ni ay’ishengero ryiwe. Ariko aratwigisha. Ariko aratubwira ngo, ni mwumvirize ama bande.

Yatanguye uru Rukurikirane rw’Ukugirwa Abana b’Imana mu kutubwira ivyabaye iminsi mikeyi gusa imbere y’aho. Hanyuma, ku Butumwa bwose, avuga ivy’igihe yari yajanywe. Ese ukuntu bitegerezwa kuba bihambaye ko Umugeni Yumva ivyabaye n’ivyo Umugeni Yamubwiye.

Umuvugishwa wacu azocirwa urubanza n’Ijambo yigishije kandi yasize ku ma bande. Umugeni wo hariya Yamubwiye ko azokwemerwa n’Umwami Wacu. Hanyuma azoMutwereka nk’ikamba y’igikorwa c’ibango ryiwe, hanyuma tuzosubira kw’isi kugira ngo tubeho ibihe bidashira.

Ijambo Ryose twumva ni utuvunji tw’inzahabu. Tuguma gusa tuRisukura kandi tuRisukura uko ahishura vyinshi mu gihe dusoma hagati y’imirongo.

Ese ukuntu dukunda kuRisangira na beneData na bashikibacu tuti, “Ibi mwavyumvise?”

«Mbega ntiyaduhisemwo muri We imbere y’uko isi ibabaho»? Iryo ni iragi ryacu. Imana Yaraduhisemwo, kandi Irareka Yesu Araza maze Ariha ikiguzi. Ivyo ni ibiki? Ugusesa kwiWe kw’Amaraso YiWe, kugira ngo ntihagire icaha coharurwa kuri twebwe. Ntana kimwe muvyo mukora.

Hanyuma, neza inyuma y’ivyo, warumvise ibi?

« Uwera, Uwera, Uwera ni We Uhoraho. » Muhanze amaso kuri Kaluvari, kandi nta na kimwe kizobahagarika! Ukuntu mwigenza mu buzima bwanyu nyene, mugendera mu Nzira Nkuru y’Umwami, musizwe Amavuta y’agaciro y’ugusigwa, mugendera Ahera h’Ahera. Fiuuu! Amen.

Twari nk’inkoni ya Aroni, inkoni y’umusaza yumye yari yaragendanye imyaka mirongo ine mu bugaragwa. Ariko ubu, kuko twagumye aho Hantu Hera twumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana natwe ku ma bande, turatutuje kandi twashuritse, twuzuye Mpwemu Yera WaYo, kandi turi Umugeni WaYo Asemerera n’impwemu zacu zose ziri mu mahaha yacu tuti :

  • Uwera, Uwera, Uwera, Uwera, ni We Uhoraho, ama bande ni yo yambere mu mitima yacu.
  • Uwera, Uwera, Uwera, Uwera, ni We Uhoraho, Yaduhisemwo isi itararemwa.
  • Uwera, Uwera, Uwera, Uwera, ni We Uhoraho, turi Umugeni wa Yesu Kristo.
  • Uwera, Uwera, Uwera, Uwera, ni We Uhoraho, ivyo abantu bavuga, ntaco bihindura, ntituriko turakura ama bande ku rubuga, turiko turayavuza birushirije.
  • Uwera, Uwera, Uwera, Uwera, ni We Uhoraho, duhanze amaso yacu Kaluvariyo, kandi nta nakimwe kigiye kuduhagarika.

Ndanezerewe cane no gufatanya imitima na benshi hano bazi ko Iri Ari Ijambo ry’Imana Ritihenda. Hanyuma Ni—Ni Ukuri, Ijambo Ryose ni Ukuri, Iryungane ryose, akanyuguti kose. Kandi hamwe n’ubuntu bw’Imana, twaragiriwe ibakwe ryo kubona Igihugu tuzojamwo umunsi umwe.

Nimuze mwifatanye natwe ku munsi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe umuvugishwa afata Ijambo Ryose akaguma gusa arisukura, kandi AzoRijana mw’Itanguriro maze Arisukure, Arishire mu Kuvayo yongere Arisukure, mbere no mu Vyahishuriwe Yohana; kandi vyose Ni Yesu!

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa:
Kugirwa Abana b’Imana igice ca 3 #3 60-0522M Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 22 ukwezi kwa gatanu mu gitondo umwaka wa 1960

Ivyanditswe:

Matayo 28:19
Yohana 17:7-19
Ivyakozwe n’Intumwa 9:1-6, Igice ca 18 n’ica 19
Abaroma 8:14-19
1 Ab’i Korinto 12:12-13
Ab’i Galatiya 1:8-18
Abanyefeso Igice ca 1
Abaheburayo 6:4-6, 9:11-12.