Pasika 2026 – Igikorane Kidasanzwe C’Isangira Ryera Hamwe N’Ukwozanya Ibirenge

Bakunzi Bagenzi Benegihugu b’Ubwami,

Iyi Pasika yasezeranywe kuba Pasika ihambaye kuruta izindi zose Umugeni Yigeze kugira. Twamye twicaye imbere y’Umwana, turiko turakura, tumenya abo turi bo. Ukunengesera kwa Yesu Kristo kuriko kuragaragazwa muri umwe wese muri twebwe mu gihe Ijambo RyiWe, Ijwi RyiWe, Ririko Rirasemerera, Inkona ku yindi, Riduhamagarira ku Mazimano Yacu y’Ubukwe.

Uko umwaka utashe muri iki gihe Umugeni Arindirana igishika ukuza kw’impera y’iyinga ya Pasika. Igihe Azoduhuza kw’isi yose iminsi ine ikurikirana, tuMusenga, tuMushimira, tuMushemeza; kubera ko Yazutse Akaba muri umwe wese muri twebwe. Umukwe n’Umugeni bariko baracika UMWE.

Ariko Araduha uyu mwanya udasanzwe wo kwegeza kure ibintu vyose vyo mw’isi bidukikije maze tukamarana umwanya na We gusa. Nta bisamaza vy’iyi si, mu gihe turema isi yacu bwite turi kumwe na We. Twugara inzugi zacu, tuzimya ibikoresho vyacu vyose vy’ubuhinga bwa none n’ikintu cose codusamaza ngo kidukure kuri We.

Icipfuzo gikomeye umwe wese muri twebwe afise ni ukuMwegera birushirije. Turashaka kubaho ubuzima bwo kuMwiyegurira kuruta; kwama turi mu bugombe bwiWe butunganye. Turiteguriye Ukuza kwiWe. Nta kintu na kimwe muri iyi si, canke mu buzima bwacu, gihambaye kuruta ibi.

Yaduhaye aka karyo kadasanzwe ko kumarana umwanya na We gusa, kuMuvuga no kuMuzirikana. Kwinjira mu bwiza bwiWe no kuMwugurira imitima yacu, BIZOBA ARI UBUZIMA BUHINDUTSE KU MUGENI WIWE!
Arazi ko bishobora kuba bigoye kuri bamwe muri mwebwe mufise abana, umuryango, n’ibindi dutegerezwa gukora, ariko nitwakoresha isegonda yose dufise kugira ngo tuvugane naWe, tuMwegere, tuMwugururire imitima yacu, hazoba impinduka mu kugendana na We, gushika aho tutazosubira kuba nk’uko twari tumeze.

Nk’uko Yabigize mu gihe ca Mose igihe Yinjiza abana biWe mu ngo zabo, amaraso yari yarashizweko kandi bariko baritegurira Ukuvayo kwabo; ni ko n’iyi mpera y’iyinga idasanzwe ya Pasika Yateguye kuba kuri umwe wese muri twebwe.

Urutonde rwacu ruzoba uku gukurikira :

KU WA KANE

Hari ku munsi wa kane mw’ijoro aho Umwami Yesu Yafungura Ifunguro rya nyuma ari kumwe n’abigishwa biwe, mu kwibuka Pasika imbere y’ukuvayo kw’abana b’Isirayeli. Mbega akaryo dufise ko gusangira n’Umwami mu mihana yacu, imbere y’impera y’iyinga ihezagiye, kandi tukaMusaba ngo Aduharire ivyaha vyacu, kandi Aduhe ivyo dukeneye vyose mu rugendo rwacu.

Data wo mw’ijuru, turakenguruka kuri ivyo, uwundi mwanya wo gukoranira hamwe, muri uru ruhande rw’Ubugingo Budashira. Kandi turindiriye muri iki gitondo ugusubirana kw’inkomezi ziva kuri Wewe, zidutere intege mu rugendo ruri imbere. Twakoranye nk’uko abana b’Abaheburayo babigira mu gitondo ca kare, kugira ngo baronke manu yari yarabaronkejwe mw’ijoro, kugira ngo ibafashe ku munsi ukurikira. Dukoraniye kuri Manu ya mpwemu, muri iki gitondo, kugira ngo iduhe inkomezi z’urugendo.

Twese dutangure isaha icumi na zibiri ku mugoroba ku masaha y’aho tuba kugira ngo twumvirize Isangira Ryera 62-0204, hanyuma umuvugishwa azotujana mu Gikorane kidasanzwe c’Isangira Ryera n’Ukwozanya Ibirenge mu mpera y’iyo bande, izoba iriko iravuzwa ku rubuga rwa Lifeline (mu congereza), canke ushobora kuvoma ico gikorane mu congereza canke mu zindi ndimi mu gufyonda kuri uyu muhora uri munsi.

KU WA GATANU

Reka tuje gusenga n’imiryango yacu isaha zitatu zo mu gitondo, (isaha icenda ku mutaga mu Burundi) hanyuma rero dusubire isaha zitandatu ku mutaga (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), dutumire Umwami ngo Abane natwe, Yuzuze inzu zacu Mpwemu Yera mu gihe tuMwishikanira.

Ese ivyiyumviro vyacu vyosubira kuri urya munsi i Kaluvariyo, ubu hakaba haciye imyaka irenga 2000, kandi tubone Umukiza Wacu Amanitse ku musaraba. Twibuke igiciro kinini Yarishe kubwacu. Yari Umwana w’Imana atagira icaha, ariko Yategerezwa kubabara kurusha ukwo uyundi muntu yoba yarashoboye kubabara, kuko ivyaha vyacu vyari kuri We.

Yategerezwa kuMurungika mu kuzimu aciriwe urubanza (Murabona?), kuko Yatwaye ivyaha vyacu. Kandi Kristo Yarapfuye, Ari umugororotsi; Kristo Yapfuye Ari umunyavyaha. Murabona? Kristo ubwiWe Ntiyigeze Akora icaha, ariko Yikoreye ivyaha vyacu.

Hanyuma isaha zitandatu n’igice ku mutaga (isaha icumi na zibiri n’igice ku mugoroba mu Burundi), twifatanye mu mihana yacu kugira ngo twumvirize: 57-0419 Ugutungana.

Hanyuma dufatanirize hamwe gusenga ubwo nyene inyuma y’igikorane, mu kwibuka kubambwa kw’Umwami Wacu.

KU WA GATANDATU

Reka twongere twese twifatanye mw’isengesho isaha zitatu mu gitondo (isaha icenda ku muhingamo mu Burundi) n’isaha zitandatu ku mutaga (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), maze dutegure imitima yacu kubw’ibintu bikomeye Azodukorera hagati yacu.

Nshobora kuMwumva Avuga Ati: “Satani, ingo ng’aha!” Ni Shebuja ubu. Arashika, Akura urwo rufunguzo rw’urupfu na kuzimu kw’ifyinga ryiwe, Arumanika kw’ifyinga ryiWe bwite. “Ndashaka kukumenyesha. Wamaze igihe kirekire uri umunyaruyeri. Ndi Umwana w’Imana nzima Yavutse ku nkumi. Amaraso yanje aracatose ku musaraba, kandi umwenda wose wararishwe! Nta burenganzira ugifise. Urambuwe. Mpa izo mfunguruzo!”

Hanyuma isaha zitandatu n’igice ku mutaga (isaha icumi na zibiri n’igice ku mugoroba mu Burundi), twese tuzohurira hamwe kugira ngo twumvirize Ijambo: 57-0420 Uguhamba.

Mbega UMUNSI W’INTIBAGIRANA Ugiye kuba ku Mugeni WiWe kw’isi yose.

Hanyuma tuje hamwe mw’isengesho ubwo nyene inyuma y’igikorane.

KU W’IYINGA

Reka tubanze tuvyuke kare nk’uko MweneData Branham yabigize mu gitondo igihe umugenzi wiwe mutoyi, akanyoni gafise igikiriza gitukura, kamuvyura isaha icumi n’imwe zo mu gitondo. Gusa reka dushimire Uhoraho kubera Yazuye Yesu mu bapfuye:

Isaha icumi n’imwe z’igitondo, umugenzi wanje mutoyi afise igikiriza gitukura yaragurukiye hejuru kw’idirisha maze aramvyura. Vyasa n’aho umutima wiwe mutoya woturika, avuga ati, « Yazutse. »

Kw’isaha zitatu zo mu gitondo (isaha icenda ku muhingamo mu Burundi) twongere twifatanye mu ruhererekane rw’amasengesho yacu, dusengeranire kandi twitegurire kwumviriza Ijwi ry’Imana.

Kw’isaha zitatu n’igice zo mu gitondo (isaha icenda n’igice z’umuhingamo mu Burundi), tuzohurira hamwe kugira ngo twumvirize Ubutumwa bwacu bwa Pasika: 65-0418M Ni Uguseruka Kw’Izuba.

Kw’isaha zitandatu ku mutaga (isaha cumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), tuzoduza amajwi yacu tuMushimire kubw’Inkomezi zitanga Ubugingo.

Kw’isaha y’icenda ku muhingambo (isaha zitatu z’ijoro mu Burundi), twongere tuje hamwe mu gusenga, tuMushimire IMPERA Y’IYINGA Y’IGITANGAZA YADUHAYE TURI KUMWE NAWE HAMWE N’UMUGENI WIWE KW’ISI YOSE.

Kuri beneData bo mu mahanga, nk’umwaka uheze, ndipfuza kubatumira ngo mwifatanye natwe ku masaha ya Jeffersonville, ku bihe vyose vy’amasengesho biri kuri uru rutonde. Ariko rero, ndabona ko kuvuza ama bande ku wa kane, ku wa gatanu no ku wa gatandatu ku muhingamo kw’isaha ya Jeffersonville vyoba bigoye cane kuri benshi muri mwebwe, rero ndabinginze mugire umwidegemvyo wo kuvuza ubwo Butumwa ku gihe kibabereye. Ariko rero, noshima ko twese dufatanya ku munsi w’iyinga isaha zitatu n’igice mu gitondo, isaha ya Jeffersonville, (isaha icenda n’igice z’ijoro mu Burundi) kugira ngo twumviririze hamwe Ubutumwa bwacu bwo ku munsi w’iyinga.

Ndipfuza kandi kubatumira mwebwe n’abana banyu ngo mube mu migambi ya Creations, mu kwandika ibinyamakuru no mu gutegura ibikoreshwa, ivyo umuryango wanyu wose ushobora kuryoherererwa hamwe. Twibaza ko muzobikunda kuko vyose bishingiye kw’IJAMBO tuzoba turiko turumviriza muri iyi mpera y’iyinga.

Ku bijanye n’urutonde rw’impera y’iyinga, amakuru yerekeye ugutegura igikorwa c’Ingaburo Yera, ibikoresho bizokenerwa mu migambi ya Creations, n’ibindi, rabe umuhora uri hepfo.

Reka twugare amatelefone yacu mu mpera z’iyinga rya Pasika kiretse gufata amafoto, kwumviriza Umutsima wa Buri Munsi, no kuvuza ama bande ari kuri rubuga The Table, Lifeline, canke umuhora ushobora kuvomwako.

Ni iteka rininiya kuri jewe kubatumira wewe n’umuryango wawe ngo muze hamwe n’Umugeni kw’isi yose mu mpera z’iyinga yuzuye UGUSENGA, UGUTAZIRA NO GUKIRA INDWARA. Nizera ko vy’ukuri ari impera y’iyinga izohindura ubuzima bwawe ibihe vyose.

MweneData Joseph Branham