25-0810 Matukio Ya Sasa Yanadhihirishwa Na Unabii

Ubutumwa: 65-1206 Matukio Ya Sasa Yanadhihirishwa Na Unabii

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni w’Ukuri kandi Muzima,

Igihe Yesu, Jambo ubwiWe, Yaza kw’isi haraheze imyaka 2000, Yaje nk’uko Yari Yavuze ko Yoza, nk’Umuvugishwa. Ijambo Ryiwe Ritangaza, ko imbere y’uko Agaruka, ukugaragara kwuzuye kw’Umuntu wa Yesu Kristo kuzosubira kugaragara mu mubiri, mu muvugishwa. Uwo muvugishwa yaraje, izina ryiwe ni William Marrion Branham.

Ni gute umuntu yoshobora kutamenya ko kwumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana na bo ku ma bande Ridaciye ku ruhande atari Ubugombe bw’Imana butunganye? Turazi ko Ijambo Ryama Riza ku muvugishwa waYo ; Nta yindi nzira Rishobora kuzamwo. Ritegerezwa kuza biciye mu muhora w’Imana Yatubwiye mbere. Ubwo ni bwo buryo bwonyene Rizozamwo. Imana Igendera mu nzira Yasezeranye ko Izokoresha. Nta na rimwe Inanirwa kubikora nk’uko Yama Ibikora.

_Umwe wese muri bo afungura ikintu kimwe, bose batamvye muri Mpwemu, bose bari bafise vyose bahuriyeko; ariko igihe bashika ku gihe co gutandukana, Ijambo ni Ryo Ryakoze ivyo gutandukanya. No muri iki gihe ni ko biri! Ijambo Ryakoze ivyo gutandukanya! Igihe kigeze…

Turabona ko igihe kiriko kiraba ubu, Ijambo Ririko Riratandukanya. Umugeni aregwa kwishimikiza cane ku muvugishwa iyo bavuga ngo, “hariho abandi Imana Yahamagaye, abagabo buzuye Mpwemu Yera kugira ngo barongore Umugeni iki gihe. Ukeneye vyinshi gusumba ayo mabande gusa. Imana Yashizeho abagabo iki gihe kugira ngo barongore ishengero.”

“Ugerageza kwiyumvira ko ari wewe wenyene uri mu mugwi. Ikoraniro ryose ni iryera!” Imana Ntiyigeze Ikora gutyo. Yari akwiye kuba yamenye neza ibiruta ivyo. Kandi yavuze ati, “Ego, ishengero ryose ni iryera. Ugerageza kwigira… » Namba twobivuga uno munsi, imvugo yo mw’ibarabara ngo, « Ibuye riri ryonyene ku musenyi. »

Mose yamenye ko Imana Yamurungitse hariya kubera ivyo.

Imana Irafise vy’ukuri abagabo buzuye Mpwemu Yera kugira ngo barongore Umugeni WaYo; babarongorera KURI UKO NIKO UHORAHO AGIZE, INTUMWA MUVUGISHWA. Kuko Ubutumwa n’intumwa ari kimwe. Iyo ni yo nzira Imana Idahinduka Yatanze y’iki gihe, kandi iminsi yose.

Kubera ko bumvirije ikosa. Igihe Mose, uwagaragajwe n’Imana, akaba n’umurongozi wo kubereka inzira ija mu gihugu c’isezerano, kandi bari bashitse kure cane, ariko rero ntibari kubandanyana na we…. None, abizera barashobora kubibona, ariko abatizera ntibashobora kubona Ivyo vyagaragajwe.

Si wewe gusa watowe ngo uronke uku Guhishurirwa guhambaye kw’igihe c’iherezo ry’iki gihe, ariko Imana, biciye ku mabande yaYo y’Imfungurwa Zabitswe, Ivuganira n’Umugeni waYo Mukundwa hagati y’imirongo.

Rero namba uri umuhungu w’Imana canke umukobwa w’Imana, wari mu Mana ibihe vyose. Ariko Yari Azi uburiri n’igihe wari gushirwamwo. Rero ubu waragizwe ikiremwa, umwana w’Imana, umuhungu canke umukobwa w’Imana yagaragajwe kugira ngo uhangane n’ingorane y’iki gihe kugira ngo ugaragaze Imana y’ukuri kandi nzima y’iki gihe, Ubutumwa buriko burasohoka muri iki gihe. Ni ko biri! Wahinguriwe hariya itanguriro ry’isi ritarashirwaho.

Mbega ikete ry’urukundo riri hagati y’imirongo k’Umugeni waYo, IMANA ISHIMWE!!! Si uko gusa Yatumenye kandi Akaduhitamwo imbere y’uko itanguriro ry’isi rishirwaho, ariko hano Aratubwira ko Yaduhisemwo ngo tube abahungu n’abakobwa biWe bagaragajwe ku bw’ IKI GIHE. Yadushize hano kw’isi iki gihe, hejuru y’abandi bera bose kuva mu ntango, kuko Yari Azi ko twohura n’ingorane y’iki gihe yo kugaragaza Imana y’ukuri kandi Nzima y’iki gihe, Ubutumwa Buvugwa muri iki gihe.

Twari mu Mana, uruvyaro, ijambo, ibiYigize kuva kw’itanguriro, ariko UBU twicaye HAMWE ahantu ho mw’Ijuru muri Kristo Yesu, tuvugana na Yo mw’Ijambo RyaYo, biciye mw’Ijambo RyaYo; kuko turi IJAMBO RYAYO, kandi Rigaburira imishaha yacu.

Ntidushobora, kandi ntituzokwinjiza ico ari co cose mu buzima bwacu atari Ijambo ry’Imana Ritavanze. Turazi kandi twizera ko ari inzira Imana Yatanze y’iki gihe.

Twokunda ko mwifatanya natwe kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) mu gihe twumviriza iryo JWI RYONYINE, Ijwi ry’Imana ku mabande, mushobora kuvuga AMEN kw’Ijambo Ryose mwumviriza.

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa: Ibintu Bishika Muri Iki Gihe Bisigurwa
N’Ubuvugishwa 65-1206

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza
Ubutumwa:
Itanguriro 22
Gusubira mu Vyagezwe 18:15
Zaburi 16:10/22:1/22:18/22:7-8/35:11
Yesaya 7:14/9:6/35:7/50:6/53:9/53:12/40:3
Amosi 3:7
Zekariya 11:12/13:7/14:7
Malaki 3:1 / 4:5-6
Uwera Matayo 4:4 / 24:24 / 11:1-19
Uwera Luka 17:22-30 / 24:13-27
Abaheburayo 13:8 / 1:1
Uwera Yohana 1:1
Ivyahishuriwe Yohana 3:14-21 / 10:7