25-0928 Igihe c’Ukwegerana.n’Ikimenyetso Caco

Ubutumwa: 63-0818 Igihe c’Ukwegerana.n’Ikimenyetso Caco

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Wegeranye,

Ndanezerewe, n’ivyo twiteze bihambaye, vyo kuba muvyo Imana Iriko Irakora vyose mu gihe cacu. Ivyiyumviro vy’Imana uhereye kw’itanguriro biriko birashitswa imbere y’amaso yacu, kandi turi igice cavyo.

Muri Bibiliya yose, abavugishwa barahanuye kandi bavuze ivyari bigiye gushika. Rimwe na rimwe ubwo buvugishwa ntibwashitse imyaka amajana mu nyuma, ariko igihe ukunengesera kw’igihe kwashika, vyarashitse ; kuko iciyumviro c’Imana kivuzwe biciye mu muvugishwa waYo GITEGEREZWA gushika.

Umuvugishwa Yesaya yavuze ati, « Inkumi izosama inda. » Umuryango wose w’Abaheburayo waronse umukobwa wabo mutoya wari witeguriye kuronka uyo mwana. Bamuguriye ibirato bisanzwe, n’ibirato birebire, hamwe n’agapupe gatoya, hanyuma bitegurira ukuza kw’uyo mwana. Ibihe n’ibihe vyararenganye ariko mu nyuma Ijambo ry’Imana Ryarashitse.

Nama nibaza nk’umwana w’umuhungu akiri muto ariko aregera mu bigero, Mwami, ndabona mw’Ijambo RyaWe yuko Wamye Ushira hamwe ihanga ryaWe mu gushitsa Ijambo RyaWe. Washize hamwe abana baWe b’Abaheburayo kubw’umuntu, Mose, Wabarongoresheje Inkingi y’Umuriro bagana mu Gihugu c’Isezerano.

Igihe Wahinduka umubiri hanyuma Uba hano kw’isi, Washize hamwe abigishwa baWe. Wabatandukanije n’ikintu cose hamwe n’umuntu wese kugira Ubahishurire Ijambo RyaWe. Ku munsi wa Pentekote, Wakoranirije hamwe ubugira kandi Ishengero RyaWe mu kibanza kimwe, bahuje umutima n’inama imbere y’uko Uza hanyuma Ubahe Mpwemu Yera.

Nariyumviriye, gute ivyo vyoshoboka uyu munsi Mwami ? Umugeni WaWe Akwiragiye kw’isi yose. Mbega Umugeni bose bazoza i Jeffersonville ? Simbona ukuntu ivyo vyoshika Mwami. Ariko Mwami, ntiwigeze Uhindura integuro yaWe. Ni Ibwirizwa RyaWe, nta buryo na bumwe bwo kubihagarika. Uzobikora gute ?

IMANA ISHIMWE…UYU MUNSI, turashobora kubibona n’amaso yacu bwite, kandi ikirushirije, TURI IGICE CAVYO : Ijambo Rihoraho ry’Imana Rishikijwe. Ntituri mu kibanza kimwe IMBONA NKUBONE, dukwiragiye kw’isi yose, ariko Mpwemu Yera YASHIZE HAMWE UMUGENI WIWE KUBW’IJWI RY’IMANA IJAMBO RYIWE RYAVUZWE KANDI RISHIRWA KU MA BANDE, Ikintu Ntabanduka c’Imana uyu munsi, ni ugukoraniza hamwe no GUSHIRA HAMWE UMUGENI WAYO… KANDI NTA NA KIMWE GISHOBORA KUBIHAGARIKA.

Imana Iriko Ikoraniriza hamwe Umugeni WaYo. Ariko Ariyunga uhereye mu Buseruko hamwe no mu Burengero, mu Buraruko no mu Bumanuko. Hariho igihe co kwegerana, kandi nico kiriko kirashika ubu. Ariko Yiyunga kubw’iki ? Izamurwa. Amen !

Igihe co kwegerana kiriko kiriko kirashika UBUNYENE !!! N’igiki kiriko kiradushira hamwe ? Mpwemu Yera kubw’Ijambo RyiWe, Ijwi RyiWe. Turiko twishira hamwe kubw’iki ? IZAMURWA !!! Twese turagiye kandi NTA N’UMWE tuzosiga inyuma.

Imana Iriko IraMutegura. Ego mugenzi, gushira hamwe ! Ariko Yishira hamwe n’iki ? N’Ijambo !

Ijambo ry’igihe cacu ni iRihe? UBU BUTUMWA, IJWI RYAYO, Ijwi ry’Imana ku Mugeni WaYo. Si umuntu. Si abantu. Si umurwi. IJWI ry’Imana ku ma bande, Ryemejwe n’Inkingi y’Umuriro.

« Isi n’ijuru bizovaho, ariko Ijambo RyaNje Ntirizovaho. » Ariko Ariyunga na UKO NIKO UHORAHO AGIZE hatitaweho ivyo idini iryo ari ryo ryose canke umuntu uwo ari we wese yovuga.

Hatisunzwe ivyo ari vyo vyose UMUNTU yovuga, turiko dukoranirizwa hamwe n’Ijwi rya UKO NIKO UHORAHO AGIZE Ryemejwe maze Riragaragazwa kubw’igihe cacu. Si kubw’insobanuro z’umuntu munaka ; kuki twokora ivyo ? Ivyo birahinduka ku muntu uwo ari we wese, ariko Ijwi ry’Imana ku ma bande NTIRYIGERA RIHINDUKA kandi Ryatangajwe n’Inkingi y’Umuriro ubwaYo kuba Ijambo ry’Imana hamwe n’Ijwi ry’Imana.

Ikibazo cavyo, umuntu, ntazi umurongozi wiwe. Ego, mugenzi. Bazokwiruka inyuma y’idini, bazokwiruka inyuma ya musenyeri canke umuntu, ariko ntibazokwiruka inyuma y’Umurongozi, Mpwemu Yera mw’Ijambo. Murabona ? Bavuga bati, « Yoo, rero, ndakekeranya guhinduka uwashize icizere mu muntu ; ndakekeranya ko nzonyerera. » Yoooo, ni ivyo !

Aho ni ho ibihari vyatanguriye mu makoraniro yabo maze bavuga bati, « Murabona, bariko bashira hejuru umuntu, MweneData Branham. Bamufata nk’Imana kandi bariko bamwiruka inyuma, umuntu, si Mpwemu Yera. »

Ubujuju, turiko DUKORANIRA kw’IJWI RY’IMANA RYAVUZWE RIRAGARAGAZWA BICIYE MURI UYO MUNTU. Nimwibuke, uwo ni we muntu Imana Yahisemwo kugira abe Ijwi RyaYo kugira ngo ahamagare hanyuma arongore Umugeni WaYo muri iki gihe. Iryo ni Ryo Jwi RYONYENE Ryagaragajwe n’Imana ubwaYo.

Ariko ku rundi ruhande, BAriko bakoranira hamwe kubw’ABANTU. NTIbazovuza Ijwi ry’Imana ku ma bande mu mashengero yabo. Murashobora kwiyumvira ivyo ??? Umukozi w’Imana avuga ko yizera ubu Butumwa ko Ari Ubutumwa bw’igihe, Uko Niko Uhoraho Agize, ariko ugasanga ariko azana ivyitwazo vyo KUTAvuza iryo Jwi mu mashengero yabo, ariko umuvugabutumwa ku bantu BATEGEREZWA kumwumviriza hanyuma abandi bavugabutumwa bigisha Ijambo… nuko bavuga ko turiko turakurikira umuntu !!!

Twarumvise kuw’iyinga uheze ico Imana Yakoreye abo bantu !!

Turiteguriye Ubukwe. Turiko turahinduka Umwe na We. Ijambo Rihinduka mwebwe, kandi muhinduka Ijambo. Yesu Yavuze ati, « Uwo munsi muzobimenya. Ico Data Ari cose, nico Ndi ; kandi ico Ndi cose, nico muri ; kandi ico muri cose, nico Ndi. Uwo munsi muzomenya ko Ndi muri Data, namwe muri muri Jewe, naNje Ndi muri mwebwe. »

Urakoze Mwami kubw’Uguhishura kwaWe ubwaWe n’ukwacu, muri iki gihe cacu. Mu gutegura umugeni WaWe kubw’Ijambo Ryavuzwe.Turazi ko turi mu bugombe bwaWe butunganye kubwo kugumana n’Ijwi RyaWe Ryafashwe amajwi.

Ndatumiye isi kwumviriza Ijwi ry’Imana Ryonyene Ryemejwe mu gihe cacu kuri uyu w’iyinga. Muratumiwe kuza kwifatanya natwe kuw’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mugihe twumviriza : 63-0818, Igihe C’Ukwegerana N’Ikimenyetso Caco. Namba mudashobora kwiyunga ku muhora wa terefone maze mwumviririze hamwe natwe, tora bande, BANDE IYO ARI YO YOSE ; zose ni Uko Niko Uhoraho Agize, maze mwumvirize Ijambo ry’Imana Ribatunganya hanyuma Ribategurire ukuza kwiWe kuri hafi.

MweneData Joseph Branham.

Zaburi 86 :1-11
Uwera Matayo 16 :1-3

Ariko Yishira hamwe. Ariteguye. Kuki ? Ni Umugeni. Ukwo ni ukuri. Kandi Ariko Yishira hamwe n’Umukwe WiWe, murabona, kandi Umukwe ni Ijambo. « Ubwa mbere na mbere Jambo Yariho kandi Jambo Yahoranye n’Imana kandi uwo Jambo Yari Imana. Kandi Jambo Yambaye umubiri Abana natwe. »