25-0914 Mbega Ubuzima Bwawe Burabereye Ubutumwa Bwiza?

Ubutumwa: 63-0630E Mbega Ubuzima Bwawe Burabereye Ubutumwa Bwiza?

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi beneData na bashiki bacu,

Ndakunda Umwami, Ijambo ry’Imana, ubu Butumwa, Ijwi RyaYo, umuvugishwa waYo, Umugeni WaYo, gusumba ubuzima ubwabwo. Vyose NI KIMWE KURI JEWE. Sinigera nshaka kugira imyumvikano ku kanyuguti kamwe, agace na kamwe, canke IJAMBO RIMWE Imana Yanditse mw’Ijambo RyaYo canke Yavuze biciye mu muvugishwa waYo. Kuri jewe vyose ni Uko Niko Uhoraho Agize.

Imana YaraRyiyumviriye, hanyuma Iribwira abavugishwa baYo, maze bandika Ijambo RyaYo. Hanyuma Yarungitse umumarayika waYo w’inkomezi, William Marrion Branham, kw’isi mu gihe cacu kugirango Ishobore kwihishura ubwaYo mu mubiri w’umuntu ubugira kandi nk’uko Yakoze hamwe na Aburahamu. Hanyuma Yavugiye mu muvugishwa waYo kugirango abe Ijwi Ry’Imana kw’isi, kugirango ahishurire kandi asigurire Umugeni WaYo Yatoranijwe amabanga yose yari yaranyegejwe kuva kw’itanguriro ry’isi.

Ubu, Umugeni WaYo, MWEBWE, muriko muracika Ijambo Ryihaye umubiri, Umwe naYo, Umugeni Jambo Wayo Yashumbushijwe.

Ndazi ko ntatahurwa muvyo mvuga no muvyo nandika. Ndashobora kuvuga nicishije bugufi nk’uko umuvugishwa wacu yavuze, ko ntize kandi ndazi ko ntashobora kwandika canke kuvuga neza ivyo numva mu mutima wanje. Ndemera ko bisa naho nandika mu buryo bugumye rimwe na rimwe. Iyo ndabikoze, si ukwerekana ukutubaha, canke kugira inyifato mbi canke gucira urubanza umuntu, sivyo na gatoya. Ndabikora bivuye ku rukundo ruri mu mutima wanje mfitiye Ijambo Ry’Imana.

Nshaka ko umwe wese yemere kandi yizere ubu Butumwa Imana Yarungitse ko ari ubwo gusohora Umugeni WaYo. Sinigeze numva mu mutima wanje canke niyumvira ko abavugabutumwa batokwigera basubira kuvuga ubutumwa, vyoba bigiye kurwanya Ijambo Ry’Imana. Mfise umwete gusa w’Ijwi ry’Imana ku ma bande. Nizera ko ari Ijwi ngirakamaro gusumba ayandi ABAVUGABUTUMWA BOSE bategerezwa gushira UBWAMBERE imbere y’abantu. Ibi ntibisigura ko badashobora kuvuga ubutumwa, nshaka gusa kubahimiriza kuvuza ama bande mu mashengero yabo igihe abantu bakoraniye munsi y’ukwo gusigwa.

Ego, nokunda kubona isi yose yumviriza Ubutumwa bumwe mu mwanya umwe kw’isi yose. Atari ukubera « jewe » nabivuze, canke kubera « jewe » nahisemwo ibande yo kwumviriza, ariko numva ata nkeka ko Umugeni Yobona ukuntu Imana Yaciye inzira y’ukugene ibi bishika mu gihe cacu.

Iki gihe iyo tuba dufise amajwi yafashwe ya Yesu Avugira kuma bande, atari inyandiko za Matayo, Mariko, Luka canke Yohana z’ivyo Yesu Yavuze (kuko bose babivuze bitandukanye gatoya) ariko dushobora kwumviriza Ijwi Rya Yesu, igihagararo ciWe, imvugo zo mwibarabara nka za hain’t, totes na fetches ziWe n’amatwi yacu, mbega umukozi w’Imana uno munsi yobwira ishengero ryiwe ngo, « Ntituvuza Ijwi Ryafashwe Rya Yesu mw’ishengero ryacu, nahamagariwe kandi nasigiwe kuvuga Ubutumwa, kandi nkaRisubiramwo. MuRyumvirize gusa ni mwataha muhira. » Mbega abantu bobishigikira ? Birababaje kuvuga, ariko ni vyo neza na neza bariko barakora uno munsi. Nta TANDUKANIRO rihari, uko bovyoza kwose bakabisiga ivyera.

Kubwanje, MweneData Branham yaraduhaye akarorero. Yarakunda igihe amashengero yose, imihana, canke aho baba bari hose, bari ku muhora wa telefone ku buryo bashobora kwumviriza Ubutumwa bose mu mwanya umwe. Yari azi ko bashobora, kandi boronka amabande maze bakayumviriza mu nyuma, ariko yashaka ko bahuriza hamwe kandi bakumva ubwo Butumwa bose mu mwanya umwe… KUBWANJE YARI IMANA YEREKA UMUGENI IVYOBAYE MU GIHE CACU N’IVYO ATEGEREZWA GUKORA.

Umukozi w’Imana wese w’ukuri yizera Ubutumwa azokwemera ko ata na kimwe gihambaye nko kwicara munsi y’ugusigwa kw’Ijwi Ry’Imana, Ryafashwe amajwi kandi Ryashizwe ku ma bande. Umugeni Azokwizera, kandi Azogira Uguhishurirwa, ko Ubu Butumwa ari Ijambo Ry’Imana Ry’iki gihe. Nshobora vyonyene guca urubanza n’Ijambo, ariko uwutovuga ko ubu Butumwa ari Icishimikizo Ntanyiganyizwa cabo nta Guhishurirwa afise kw’Ijambo ry’iki gihe, rero, boshobora gute kuba Umugeni WaYo ?

Si ukuBusubiramwo gusa, kuBuvuga canke kuBwigisha, ariko kuBwumviriza kuma bande ni ho HANTU HONYENE Umugeni Ashobora kuvuga ko Yizereye Ijambo Ryose. Ubu Butumwa ni Uko Niko Uhoraho Agize. Ivyo mvuga canke nigisha si Uko Niko Uhoraho Agize, ariko ivyo Ijwi Ry’Imana Rivuga kuma bande NI… ni Ijwi RYONYENE Ryemejwe n’Inkingi y’Umuriro.

Ndazi ko hariho beneData na bashikibacu bavuga, kandi bafata ko, « Namba mutumviriza Ubutumwa Branham Tabernacle yatangaje, mudasoma amakete y’Inkona Zikoranira Hamwe, kandi ntimwumvirize mu mwanya umwe imuhira iwanyu ntimuri Umugeni », canke, « Ni bibi kuja ku rusengero, mutegerezwa kuguma imuhira iwanyu. » IVYO SI VYO NAMBA. SINIGEZE niyumvira ivyo, mvuga ivyo, canke nizera ivyo. Ivyo vyateye n’ugutandukana kwinshi, kwiyumva nabi, no kudafatanya hagati mu Mugeni kandi umwansi akoresha ivyo mu gutandukanya abantu.

Sinigera nshaka gutandukanya Umugeni, nshaka guhuza Umugeni mu gihe Ijambo Ryavuze ko DUTEGEREZWA GUHUZA NK’UMUNTU UMWE. Ntitwotegerejwe gutongana, ariko nta na kimwe kindi gishobora kuduhuza atari Ijwi Ry’Imana Riri ku ma bande.

Ntitwotegerejwe guharira no kubwira abantu ivyo BATEGEREZWA GUKORA atari uko ntibari Umugeni, mukore gusa uko UMWAMI ABARONGORA. Baracari beneData na bashikibacu. Dukeneye gukundana no kwubahana.

Rero ntimutongane. Murabona ? Ishavu rivyara ishavu. Ako kanya, mubabaza Mpwemu Yera kandi Aja kure yanyu, muzoba muriko muratongana. Rero Mpwemu Yera Arigurukira. Ishavu rivyara ishavu.

Hamwe n’ivyo umuvugishwa yavuze ng’aha, sinigera nshaka kubabaza Mpwemu Yera. Sinigera nshaka gutongana. Dushobora guhanurana mu rukundo, ariko atari ugutongana. Namba naravuze ico ari co cose cashavuje uwo ari we wese mu vyo nanditse canke navuze, ndabasavye mumparire, siyo yari intumbero yanje.

Nk’uko nabivuze mbere, numva umuhamagaro ku buzima bwanje uvuye ku Mwami wo kwereka abantu Ijwi Ry’Imana ry’iki gihe. Abandi bakozi b’Imana bafise iyindi mihamagaro kandi nkumbure babona ibintu ugutandukanye. Umwami Ashimwe, bakora ivyo BUMVA barongowe na Mpwemu Yera gukora. Igikorwa c’ibango ryanje ni ukubwira Umugeni gusa nti, “FYONDA UVUZE” kandi “Ijwi Ry’Imana Riri ku ma bande Ni Ijwi Rihambaye gusumba ayandi ushobora kwumviriza.” “Nizeye ko abavugabutumwa botegerejwe kuvuza Ijwi Ry’Imana Riri kuma bande mu mashengero yabo.”

Amakete nandika buri yinga ni ay’igice c’Umugeni yumva ko bari igice ca Branham Tabernacle. Ndazi ko abandi benshi bayasoma, ariko mfise inshingano gusa zo gukora nk’uko numva ndongowe gukorera ishengero ryacu. Ishengero ryose ririgenga ; bategerezwa gukora nk’uko bumva barongowe n’Umwami gukora, ivyo bikaba ari Ijambo 100 kw’ijana. Sindabarwanya, ntitwemeranya gusa. Ariko kuri jewe na Branham Tabernacle, dushaka gusa kwumviriza Ijwi Ry’Imana Riri kuma bande.

Ndatumiye isi kwifatanya natwe buri yinga. Ndabahimiriza namba badashobora kwifatanya natwe, gutora ibande, ibande iyo ari yo yose, no gufyonda bakavuza. Bazosigwa nk’uko batavyigeze mbere. Rero, ndabatumiye iri yinga kwifatanya natwe kuw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe duhurira hamwe maze tukwumviriza, 63-0630E Mbega Ubuzima Bwawe Burabereye Ubutumwa Bwiza ?

MweneData Joseph Branham.