Ubutumwa: 62-0204 Ingaburo yera
- Pasika 2025 – Igikorane Kidasanzwe C’Isangira Ryera Hamwe N’Ukwozanya Ibirenge
- 24-0330 Uguhambwa
- 24-0328 Ingaburo yera
- 23-0408 Uguhambwa
- 23-0406 Guteranya Ingaburo Yera
- 20-0411 Uguhambwa
- 19-0420 Uguhambwa
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni wa Kristo,
Mbega igihe c’ubwiza Umugeni azoba afise muri iyi mpera y’iyinga ya Pasika. Nizera ko bizoba bimwe mu bintu bihambaye vy’ubuzima bwacu; igihe tutazokwigera twibagira na rimwe. Impera y’iyinga y’intibagirana.
Pasika yose cabaye igihe kidasanzwe ku Mugeni, mu gihe twugara inzugi zacu kw’isi yo hanze mu kuzimya ibikoresho vyacu vyose n’ibisamaza vyo mw’isi, maze tugasubira gusa kuMushikanira ubuzima bwacu. Ni impera y’iyinga yose tuMushikaniye mu gusenga, mu gihe tuvugana na We ku munsi ku munsi, hanyuma rero tukumva Ijambo RyiWe.
Umwansi aradusamaza mu buzima bwacu kandi atuma dutwarwa n’ibintu vyinshi vy’ubuzima gushika aho vyacitse ibigoye cane kwiyugarana kure y’isi no kuvugana na We. Mbere n’ibikoresho nyene dukoresha kugira twumvirize Ijambo, Satani arabikoresha kugira ngo aduteshe umwanya wacu.
Ariko iyi mpera y’iyinga izoba itandukanye, kandi idasa n’iyindi n’imwe mpera y’iyinga ya Pasika twigeze tugira.
Igihe Umwami Yashira ku mutima wanje kwumviriza Udushashara, nta ciyumviro nari mfise c’ingene ivyo vyari kugwa ku kirangaminsi. Ariko nk’uko vyama, igihe ciWe kiratunganye. Haciye iminsi ibiri y’iyinga twaratewe iteka ryo kwumviriza Agashashara ka 4, Igihe c’Inkukuma, kw’igenekerezo rya 6 ukwezi kwa kane, umunsi w’amavuko y’umuvugishwa; ese ukuntu vyari bibereye.
Ariko ubu, Umwami Aratubikiye n’ibindi vyinshi. Nk’uko nabivuze, igihe numva Umwami Ashize ku mutima wanje kuvuza Udushashara, naramenye ko vyofata amayinga menshi yo guheza kuzivuza mu gihe hari Ubutumwa 10 muri urwo rukurikirane.
Uko naraba ku kirangaminsi, nabonye ko Pasika yaguye imbere y’uko duheza kwumviriza urukurikirane rwose. Naciye nibwira muri jewe nti, ndakeka ko dutegerezwa guhagarika kwumviriza Udushashara kandi ko Azompa Ubutumwa bwa Pasika.
Mu kanya gatoya nabonye…bizoba BITUNGANYE. Turashobora kubandanya tuvuza Udushashara kandi Agashashara k’Indwi kazovuzwa ku munsi w’iyinga wa Pasika mu gitondo. Sinashobora kuvyemera, vyari bihuye neza n’urutonde. Namenye ico gihe nyene nti, UYU NI WEWE MWAMI.
Naranezerewe cane kandi ndindiranye igishika cinshi cane igihe cacu ca Pasika turi kumwe twese, kandi turi kumwe na We. Namenye ko Ari We Yaduteguriye urutonde.
Gutyo, Umwami ni Yabishaka, tuzobandanya kwumviriza Udushashara mu mpera y’iyinga yacu idasanzwe cane ya Pasika.
KU WA KANE
Hari ku munsi wa kane mw’ijoro aho Umwami Yesu Yafata Ingaburo ya nyuma Ari kumwe n’abigishwa biwe, mu kwibuka Pasika y’imbere y’ukuvayo kw’abana ba Isirayeli. Mbega akaryo dufise ko gusangira n’Umwami mu mihana yacu, imbere y’impera y’iyinga yacu yera, tukamusaba ngo Aduharire ivyaha vyacu, kandi Aduhe ivyo dukeneye vyose mu rugendo rwacu.
Ubikore, Mwami. Ukize abarwaye. Wirure abarushe. Uhe umunezero impahazwa. Uhe amahoro abarushe, Uhe imfungurwa abashonje, Uhe ivyo kunywa abanyotewe, Uhe umunezero abababaye, Uhe ishengero ubushobozi. Mwami, Uzane Yesu hagati yacu muri iri joro, mu gihe turiko turitegurira gufata Isangira Ryera Rigereranya umubiri wiWe wajanjaguritse. Turasenga, Mwami, ngo Atugendere mu buryo budasanzwe…
Hezagira abandi, Mwami, kw’isi yose, barindiranye umunezero ukuza kw’Umwami, amatara atunganijwe, n’ibiyo bicamwo imyotsi yose bisukuye, n’Umuco w’Ubutumwa Bwiza Ukayanganira ahantu h’umwijima.
Twese dutangure isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba kw’isaha y’aho tuba kugira ngo twumvirize Isangira Ryera 62-0204, hanyuma umuvugishwa azotujana mu Gikorwa cacu kidasanzwe c’Isangira Ryera n’Ukwozanya Ibirenge, kizoba kiriko kiravuga ku rubuga rwa Lifeline (mu congereza), canke mushobora kuvoma igikorane mu congereza canke mu zindi ndimi mu gufyonda ku kiraro kiri munsi.
Ikizokurikira Ubutumwa, tuzokoranira hamwe n’imiryango yacu mu mihana yacu maze dufate Ingaburo y’Umwami.
KU WA GATANU
Reka dusenge n’imiryango yacu isaha zitatu mu gitondo (isaha icenda ku mutaga kw’isaha yo mu Burundi), hanyuma rero dusubire isaha zitandatu ku mutaga (isaha cumi na zibiri ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi), dutumire Umwami ngo Abane natwe, Yuzuze inzu zacu Mpwemu Yera mu gihe twishikana ubwacu kuri We.
Ese ubwenge bwacu bwosubira kuri urya munsi i Kaluvariyo, ubu hakaba haciye nk’imyaka 2000, kandi tukabona Umukiza wacu Amanitse ku musaraba, hanyuma rero tukiyemeza gutyo nyene kwama dukora ibihimbara Data :
Kandi namba uyu munsi ari uwuhambaye cane, umwe mu minsi ikomeye, reka turabe mu mice itatu itandukanye ico uwo munsi usigura kuri twebwe. Twoshobora gufata ijana. Ariko, muri iki gitondo, natoye gusa ibintu bitatu bitandukanye, bihambaye cane dushaka kuraba, mu bihe bike bikurikira, ivyo Kaluvariyo Yasigura kuri twebwe. Kandi ndasenga ko bicira urubanza umunyavyaha wese ari ng’aha; bigatuma uwera wese aja ku mavi yiwe; ivyo biratuma umuntu wese arwaye ashira ukwizera kwiwe ku Mana, maze agende, akize; umunyavyaha wese, akizwa; uwasubiye inyuma wese agaruka, kandi amaramazwa ubwiwe n’uko ari ; kandi uwera wese, anezerwa, kandi agira umwete mushasha n’ivyizigiro bishasha.
Hanyuma isaha zitandatu n’igice ku mutaga (isaha cumi na zibiri n’igice ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi), twifatanye mu ngo zacu kugira ngo twumvirize: 63-0323 Agashashara ka Gatandatu.
Hanyuma dufatanirize hamwe gusenga buno nyene inyuma y’igikorane, mu kwibuka ukubambwa kw’Umwami Wacu.
KU WA GATANDATU
Dusubire twifatanye twese mu masengesho isaha zitatu mu gitondo (isaha icenda ku mutaga kw’isaha yo mu Burundi) hamwe n’isaha zitandatu ku mutaga (isaha cumi na zibiri ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi), maze dutegure imitima yacu ku bintu bihambaye Azodukorera hagati yacu.
Ndashobora kuMwumva Avuga Ati: “Satani, ngwino hano !” Ni We Mutegetsi ubu. Arashika, Akura urwo rufunguzo rw’urupfu na kuzimu ku mafyinga yiwe, Arushira ku mafyinga yiWe Bwite. “Ndashaka kukumenyesha. Wabaye umuhumvyi igihe kirekire bikwiye. Ndi Umwana w’Imana Nzima Yavutse ku nkumi. Amaraso yaNje Aracatose ku musaraba, kandi umwenda wose wararishwe! Nta burenganzira ugifise. Urambuwe. Mpereza izo mfunguzo ! »
Hanyuma isaha zitandatu n’igice (isaha cumi na zibiri n’igice ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi), tuzoja hamwe twese kugira twumvirize IJAMBO : 63-0324M Ibibazo n’Inyishu ku Dushashara.
Mbega UMUNSI W’INTIBAGIRANA ugiye kuba ku Mugeni WiWe kw’isi yose.
Hanyuma dusubire dukoranire hamwe mu masengesho buno nyene inyuma y’igikorane.
K’UW’IYINGA
Tubanze ubwambere tuvyuke kare nk’uko mweneData Branham yabigize mu gitondo aho akagenzi kiwe gatoya, inyoni bita rouge gorge, kamuvyura isaha icumi n’imwe zo mu gitondo. Dushimire Uhoraho ko Yazuye Yesu mu bapfuye :
Isaha icumi n’imwe iki gitondo, akagenzi kanje gatoya gafise igikiriza gitukura kagurukiye kw’idirisha maze karamvyura. Vyasa n’aho umutima wako mutoya woturitse, kavuga kati, « Yazutse. »
Kw’isaha zitatu zo mu gitondo (isaha icenda ku mutaga kw’isaha yo mu Burundi) hamwe n’isaha zitandatu ku mutaga (isaha cumi na zibiri ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi), reka twongere twifatanye mu ruhererekane rw’amasengesho yacu, dusengeranire kandi twitegurire kwumva Ijwi ry’Imana.
Kw’isaha zitandatu n’igice ku mutaga (isaha cumi na zibiri n’igice ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi), tuzohurira hamwe kugira ngo twumvirize Ubutumwa bwacu bwa Pasika: 63-0324e Agashashara k’Indwi.
Kw’isaha y’icenda ku muhingamo (isaha zitatu zo mw’ijoro kw’isaha yo mu Burundi), reka dusubire twifatanye mu gusenga, tuMushimire IMPERA Y’IYINGA NZIZA YADUHAYE TURI KUMWE NAWE HAMWE N’UMUGENI WIWE KW’ISI YOSE.
Kuri beneData na bashikibacu bo mu mahanga, nk’umwaka uheze, ndipfuza kubatumira ngo mwifatanye natwe kw’isaha ya Jeffersonville, mu bihe vyose vy’amasengesho biri kuri uru rutonde. Ariko rero, ndabona ko kuvuza amabande ku wa kane, ku wa gatanu no ku wa gatandatu ku muhingamo kw’isaha ya Jeffersonville vyoba bigoye cane kuri benshi muri mwebwe, rero ndabasavye mwumve umwidegemvyo wo kuvuza ubwo Butumwa ku gihe kiborohereye. Ariko rero, noshima ko twese twifatanya ku munsi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, isaha ya Jeffersonville, (isaha cumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) kugira ngo twumvirize hamwe Ubutumwa bwacu bwo ku munsi w’iyinga.
Ndipfuza kandi kubatumira mwebwe n’abana banyu ngo mube mu migambi ya Creations, mu kwandika mu kinyamakuru, no mu bibazo vya YF, ivyo umuryango wanyu wose ushobora kuryoherererwa hamwe. Twibaza ko muzobikunda mu gihe vyose bishingiye kw’IJAMBO tuzoba turiko twumviriza muri iyi mpera y’iyinga.
Ku bijanye n’urutonde rw’impera y’iyinga, amakuru yerekeye ugutegura igikorane c’Isangira Ryera, ibikoresho bizokenerwa mu migambi ya Creations, Ibibazo vya Pasika, n’ayandi makuru, murabe ibiraro biri aha hepfo.
Reka tuzimye amatelefone yacu mu mpera z’iyinga ya Pasika kiretse gufata amafoto, kwumviriza Umutsima wa Buri Munsi, no kuvuza amabande ari ku rubuga rwa The Table, urubuga rwa Lifeline, canke ikiraro gishobora kuvomwako.
Ni iteka rininiya kuri jewe kubatumira mwebwe n’umuryango wanyu ngo mukoranire hamwe n’Umugeni kw’isi yose mu mpera y’iyinga yuzuye UGUSENGA, UGUTAZIRA NO GUKIRA INDWARA. Nizera ko vy’ukuri ari impera y’iyinga izohindura ubuzima bwawe ibihe bidashira.
MweneData Joseph Branham