Ubutumwa: 64-0830E Ibibazo n Inyishu #4
- 25-0215 Ibibazo n Inyishu #4
- 24-0519 Ibibazo n Inyishu #4
- 22-1023 Ibibazo n Inyishu #4
- 18-0225 Ibibazo n Inyishu #4
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Muryango w’i bwami,
Hariho ahantu HAMWE honyene hemejwe aho ushobora kuja kwumva Uhoraho Avuga biciye ku mumarayika wiWe kandi Akubwira Ati: “Wame wibuka, uri umwana w’Imana, Umuryango w’i bwami ufise Amaraso y’i bwami. Nta Maraso meza mw’isi asumba ayawe. Muri abana baNje, basanzaye kw’isi yose, navyariye Kristo.”
Turi Umuryango w’i bwami w’Imana Ufise Amaraso y’i bwami Atemba mu mitsi yacu. Abana bavyariwe Kristo biciye mw’Ijwi ry’Imana Rivuga mu muvugishwa waYo w’inkomezi. Nta gishobora kuba ciza gusumba ivyo bagenzi banje.
MweneData Branham, mbega Umugeni Azokenera kwimukira i Jeffersonville canke muri Arizona kugira ngo Abe mw’Izamurwa?
“Hazoba babiri ku buriri ; Nzotwara umwe kandi Ndeke umwe ; na babiri mu murima, Nzotwara umwe Ndeke umwe.” Murabona ? Rero kumbure ba…Kw’isi yose, ntibazokoranira ahantu hamwe kugira ngo bagire ibintu bahuriyeko. Ariko utugwi dutoduto two muri bo tuzosanzarira kw’isi yose.
Rero mu buryo bw’umubiri, ntituzoba turi ahantu hamwe mu mwanya umwe. Ariko Imana Ishemagizwe, Yari Ifise mbere umugambi mwiza kuruta wo guhuza Umugeni WaYo.
Turasengera amashengero yose n’amakoraniro akoraniye ku—ku—ku tu mikoro dutoduto hanze, mu gihugu cose, gushika ku nkengera y’ikiyaga c’Uburengero, kuduga mu misozi ya Arizona, gushika mu biyaya vya Texas, gushika ku nkengera y’ikiyaga co mu buseruko, hirya no hino mu gihugu, Mwami, aho bakoraniye. Amasaha menshi aradutandukanya, ku mwanya, ariko, Mwami, turi kumwe muri iri joro nk’umuce umwe, abizera, turindiriye Ukuza kwa Mesiya.
Iki gihe, Ntakoranya Umugeni WiWe gusa Avuye muri iki gihugu honyene, ariko Ariko AraDUkoranya kuva mu migabane 7 y’isi. Kuva muri Afrika gushika muri Antarctique. Amerika y’Uburaruko na Amerika y’Epfo, Aziya, Australiya n’Uburaya. Ariko Arakoranya kandi Ahuza Umugeni WiWe nk’UMUCE UMWE kugira ngo twumvirize Ijwi ry’Imana.
Yatubwiye ngo tuje mw’ishengero; mbere aho bigisha igice c’Ijambo, GUSHIKA aho dushobora kuronka ishengero aho bigisha IJAMBO RYOSE. Imana Ishimwe Umugeni ubu Yararonse aho hantu, Ijwi ry’Imana Riri kuma bande ni IJAMBO RYOSE.
Waba uri mw’ishengero ryawe ryo muhira ry’ama bande, mw’ishengero ryawe aho imiryango myinshi ikoranira, canke akazu k’ivyatsi mu mashamba yo muri Amazone canke muri Afrika, aho ari ho hose ushobora gufyonda Ukavuza kugira ngo wumvirize Ijwi ry’Imana Rivuga umunwa ku gutwi, uzoba uri mw’ISHENGERO RY’IJAMBO RYOSE.
Twarabonye iryo shengero ry’Ijambo Ryose kandi turabatumiye kwifatanye natwe kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe twumviriza: Ibibazo N’Inyishu #4, 64-0830E.
MweneData Joseph Branham