25-0112 Ivyahishuriwe Yohana Igice Ca Kane Igihimba Ca 3

Ubutumwa: 61-0108 Ivyahishuriwe Yohana Igice Ca Kane Igihimba Ca 3

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi b’Ibihe Bidashira,

Igihe kirageze co gukuraho inkofero yacu y’intambara maze tukambara ivyiyumviro vyacu vya mpwemu, kuko Imana Iriko Iritegurira guha Umugeni waYo Uguhishurirwa kwinshi kw’Ijambo ryaYo.

Izoba Iriko Iraduhishurira amabanga yose ya kahise. Izotubwira ibigiye kuzoba muri kazoza. Ivyo abandi bose bo muri Bibiliya babonye gusa canke bumvise, Izoduhishurira akantu kose k’Ijambo RyaYo n’insiguro yaRyo kuri twebwe.

Tugiye kwumva no gutahura insiguro y’ibimenyetso vyo muri Bibiliya: Ibinyabugingo, Ikiyaga c’Ibirahuri, Intambwe, Inyana, Umuntu, Inkukuma, Intebe y’Imbabazi, Abarinzi, Abakuru, Amajwi, Igikoko n’Igishushanyo caco.

Tuzokwumva kandi dutahure vyose ku bijanye n’abarinzi b’Isezerano rya Kera. Yuda: umurinzi wo mu Buseruko; Efurayimu: umurinzi wo mu Burengero; Reyubeni: umurinzi wo mu Bumanuko; na Dani: umurinzi wo mu Buraruko.

Nta kintu na kimwe cari gushobora kuza aho ari ho hose iruhande y’iyo ntebe y’imbabazi kidaciye kuri iyo miryango. Intambwe, ubwenge bw’umuntu; Inka: inyana y’indogoba ; Inkukuma: Ukwihuta kwaYo.

Ukuntu Ijuru, isi, hagati, n’ahantu hose, bari abarinzi. Kandi hejuru hari Inkingi y’Umuriro. Nta kintu na kimwe cakora kuri iyo ntebe y’imbabazi kidaciye kuri iyo miryango.

Ubu hariho abarinzi b’Isezerano Rishasha: Matayo, Mariko, Luka na Yohana, bagenda batumbera imbere. Irembo ryo mu buseruko ririndwa n’intambwe, irembo ryo mu buraruko ririndwa n’inkukuma iguruka, Yohana, umuvugabutumwa. Hanyuma umuganga wo kuri uru ruhande, Luka, uwo mugabo.

Ubutumwa Bwiza Bune burinda Umuhezagiro wa Pentekote hamwe n’Ivyanditswe vyose kugira ngo Bushigikire neza na neza ivyo bavuze. Kandi ubu Ivyakozwe n’Intumwa bigaragaza uno munsi hamwe n’Ubutumwa Bwiza Bune ko Yesu Kristo ari Wawundi ejo, uno munsi, n’ibihe bidashira.

Iyo uwasizwe w’ukuri w’Imana avuze, ni Ijwi ry’Imana! Dushaka gusa gusemerera tuti, «Uwera, Uwera, Uwera, ku Mwami!»

Nta buryo na bumwe bwo kuRija kure. Mu vy’ukuri, ntidushobora kuRija kure, kuko ntiRizotuja kure. Twashizweko ikimenyetso gushika ku Munsi w’ugucungurwa kwacu. Nta kintu na kimwe co muri kazoza, nta kintu kiriho ubu, ingorane, inzara, inyota, urupfu, canke NTA NA KIMWE, gishobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristo Yesu.

Imbere y’ukwo isi iremwa amazina yacu yari yanditswe mu Gitabu c’Ubugingo c’Umwagazi w’Intama kugira ngo tubone UYU MUCO, ngo twakire Iri Jwi, ngo twizere Ubu Butumwa, ngo twakire Mpwemu Yera w’igihe cacu kandi tugendere muri We. Igihe Umwagazi w’intama Yicwa, AMAZINA YACU yanditswe ku Gitabu mu gihe nyene Izina ry’Umwagazi w’Intama Ryandikwamwo. IMANA ISHIMWE!!

Gutyo, nta kintu na kimwe gishobora kudutandukanya n’ubu Butumwa. Nta kintu na kimwe gishobora kudutandukanya n’iryo Jwi. Nta kintu na kimwe gishobora kudutwara Uguhishurirwa kw’iri Jambo. Ni ivyacu. Imana Yaraduhamagaye kandi Iraduhitamwo kandi Iradutoranya. Vyose ni ivyacu, ni ivyacu.

Hari uburyo bumwe gusa bwo kuronka ibi vyose. Utegerezwa kwozwa n’amazi y’Ijambo. Utegerezwa kwumva Ijambo imbere yo gushobora kwinjiramwo. Kandi hari uburyo bumwe gusa ushobora kwegera Imana, ni mu buryo bw’Ukwizera. Kandi Ukwizera kuzanwa n’ukwumva, ukwumva Ijambo ry’Imana, kwerekanywe kuva k’Uwera w’abera kuja mu ntumwa y’igihe.

Rero, ngaha, umumarayika w’igihe c’ishengero ariko arerekana muri ayo mazi uyu Mugabo uwo ari we hano, yerekana imbabazi ziWe, Amajambo yiWe, urubanza rwiWe, izina ryiWe. Vyose vyerekanwa hano aho mutandukanijwe n’ukuvyizera. Murabitahura?

Ntuhagarike kwumviriza amabande, gumana nayo gusa. Birondere mw’Ijambo maze murabe namba ari ukuri. Ni Inzira Imana Yatanze y’iki gihe.

Muze mwifatanye natwe muri kino gihe c’ubukanyi mu gihe tuzoba turi hamwe kw’isi yose maze twumvirize Ijwi Ry’Imana Rihishura Ijambo RyaYo ku Mugeni nk’uko bitigeze biba mbere. Nta gusigwa guhambaye kuruta gufyonda tukavuza maze tukumviriza Ijwi RyaYo.

Bivuye ibwina mu mutima wanje ndashobora kuvuga nti: Ndanezerewe cane ko nshobora kuvuga ko ndi Umwe muri Bo n’umwe wese muri mwebwe.

MweData Joseph Branham.

Ubutumwa: 61-0108 “Ivyahishuriwe Yohana, Igice ca kane Igihimba ca III”

Igihe: Isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (Isaha imwe yo mw’ijoro mu Burundi).