Ubutumwa: 64-0823E Mituna Mpe Biyano #2
- 26-0201 Ibibazo N Inyishu #2
- 24-0505 Ibibazo N Inyishu #2
- 22-1009 Ibibazo N Inyishu #2
- 18-0211 Ibibazo N Inyishu #2
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakunzi Biswi Vy’Inkona,
Aho Umuvyimba Uri, ni ho Umugeni Azokoranira hamwe. Kandi kuri twebwe, hariho ahantu hamwe honyene hatunganye dushobora kuronka iyo Manu y’inyama nshasha: mu gufyonda tukavuza no kwumviriza Ijwi ry’Imana ku ma bande.
Tuvuge kuri Manu NSHASHA, turanashobora gutangura kwiyumvira ivyo dufise nyene ku ntoke zacu? Ijwi ry’Imana nyene Rivugana n’Umugeni WaYo Mukundwa ku ma bande, aho ata gucacisha, ata kwibaza, ata kubaza ibibazo canke gukekeranya ko ivyo turiko turumviriza ari Imana, Ikoresheje ijwi ry’umuntu, kugira ngo Ivuge Uko ni ko Uhoraho Agize ku Mugeni WaYo.
Mu guhishurirwa, twizera ko ari ho hantu honyene tunashobora kuja kuruhura ubugingo bwacu kuko Amajambo twumviriza atari amajambo y’umuntu, canke insiguro yiwe canke iciyumviro ciwe congewe kuri Yo, ahubwo ni Ijambo ry’Imana Ritosoye Rivugana natwe Ibiswi vy’Inkona, Rihishura Ijambo RyaYo.
Dufataniriza kw’Ijambo. Turasoma Ijambo RyaYo muri Bibiliya zacu. Turumva mbere ko Imana Yagenye kandi Yahamagaye abantu buzuye Mpwemu Yera WaYo, basubiramwo kandi bavuga Ijambo ry’Imana, ariko muri iki gihe cacu, Imana Yaraduhaye ahantu dushobora kwumviriza IJAMBO RyaYo RITUNGANYE RYAVUZWE, mu gufyonda tukavuza.
Data wa twese mbere Yahaye Umugeni WiWe akaryo ko kubaza ibibazo vyari ku mutima wacu ku buryo tworonka inyishu itunganye:
- Satani arashobora gukoresha ingabire yo kuvuga indimi zitamenyekana canke ubuvugishwa mu muntu afise Mpwemu Yera?
- Yesu Yashaka kuvuga iki muri Matayo 12, umurongo wa 32 ?
- Turagusavye usigure 1 Ab’i Korinto 13:8-12?
- Abagore baremerewe gukora mu bikorwa vya Leta iyo bafise umugabo akora hamwe n’abana ?
- Mbega ni bibi ko umugore azinga umushatsi?
Imana Yatanze uburyo bwinshi cane bwo guhezagira no gukomeza Umugeni WaYo, ariko hariho ahantu honyene Yatanze aho Umugeni WaYo Ashobora kugira ukwizigira 100% ko ivyo bariko barumva ari IJAMBO RYAYO RITUNGANYE. Isoko rimwe ry’Amazi y’Ubuzima aho Ibiswi vy’Inkona Bishobora kunywa aho ata bushobozi na bumwe bw’ukwandura na bumwe. GUFYONDA TUKAVUZA.
Ndabatumiye kuza kunywa kuri iyo Soko kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha imwe y’ijoro mu Burundi) aho tuzokwumviriza 64-0823E “Ibibazo N’Inyishu #2.”
MweneData Joseph Branham