Ubutumwa: 63-0317m Imana Yihisha Mu Biciye Bugufi Hanyuma Ikihishura Muri Ivyo Nyene
- 25-0302Imana Yihisha Mu Biciye Bugufi Hanyuma Ikihishura Muri Ivyo Nyene
- 23-0709 Imana Yihisha Mu Biciye Bugufi Hanyuma Ikihishura Muri Ivyo Nyene
- 22-0116 Imana Yihisha Mu Biciye Bugufi Hanyuma Ikihishura Muri Ivyo Nyene
- 21-0110 Imana Yihisha Mu Biciye Bugufi Hanyuma Ikihishura Muri Ivyo Nyene
- Inkona Zirakoranira Hamwe
- 19-0317 Imana Yihisha Mu Biciye Bugufi Hanyuma Ikihishura Muri Ivyo Nyene
- 17-0318 Imana Yihisha Mu Biciye Bugufi Hanyuma Ikihishura Muri Ivyo Nyene
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakunzi Birungu vyo mu Kidengeri,
Kuwa 28 ukwezi kwa kabiri, Vyaraturagaye. Fiuuu, fiuuu, Abamarayika Indwi baje bavuye mu bihe bidashira kandi babonetse ku Ntumwa Mumarayika w’Indwi w’Imana. Yadugijwe mw’ipiramide y’umugwi w’inyenyeri. Ico gihe, igicu c’insigabwenge cabonetse mu kirere hariya Arizona. Cari ikimenyetso, Imana Yariko Irarungika umumarayika w’indwi waYo kugaruka i Jeffersonville kwugurura Udushashara Ndwi.
Kuwa 28 ukwezi kwa kabiri 2025, imibumbe indwi yaratonze mu kirere. Umugeni Ariko Aritegurira gukoranira hamwe kugira Yumvirize Udushashara Ndwi.
Muratumiwe, n’Umwami UbwiWe, gukoranira hamwe n’Umugeni kw’isi yose, kwumiriza Ijwi Ry’Imana Rihishura Uguhishura kw’Udushashara Ndwi.
Umunsi abavugishwa n’abanyabwenge bipfuje kandi barindiriye kuva kw’itanguriro ry’igihe, biriko biraba. Umumarayika w’inkomezi uwo Imana Yavuze ko Yorungika kw’isi mu minsi ya nyuma yaraje kwugurura no guhishura amabanga y’Imana yanyegejwe, ku buryo Umwami Wacu Yesu Ashobora kugaruka kubw’Umugeni WiWe w’umwizigirwa no kudutwara mu Mazimano yacu y’Ubukwe.
Inshingano yanje ya mbere, mu gihe ninjiye mu rusengero rushasha, nahezagiye ubugeni bw’umusore n’inkumi bari mu biro. Bibe ikigereranyo, ko nzoba umukozi w’Imana w’umwizigirwa kuri Kristo, kugira ntegure Umugeni kubw’ibirori vyo kuri urya Munsi.
Uyu munsi, iri Jambo Ririko Rirashitswa. Imana Ivugira mu mumarayika waYo, ategura Umugeni waYo kubw’birori vyo kuri urya Munsi. Dukurikiza amabwirizwa yaYo urudome ku rundi. Umugeni Yariteguye ubwiWe mu KUGUMANA N’IJWI RY’IMANA RIRI KU MABANDE.
Ni ibiki twumvise nyene mu nzozi n’ivyeretswe ? Imfungurwa, NG’IZI, iki nico kibanza. Ijwi Ryaramubwiye Riti, « Injiza Imfungurwa. Zibike. Ubwo ni bwo buryo bwonyene bwo kubagumiza ng’aha, ni ukubaha Imfungurwa. »
Benshi bizera ko bisigura gusa « gumana gusa n’Ijambo, » kandi ivyo NI UKURI, arabivuga, ariko Umugeni vyongeye Azosoma hagati y’imirongo mu gihe Umukwe Ariko Aravugana n’Umugeni.
N’ivyeretswe Imana Itanga ng’aha ku kibanza, bitahurika nabi cane. Ni yo mpamvu munyumva ku mabande, mvuga nti, « Muvuge ivyo amabande avuga. Muvuge ivyo ivyeretswe bivuga. » Ubu, namba mwikanguye neza, murabona ikintu kinaka. Murabona ? Nizigiye ko ntazotegerezwa kugifata mu kiganza no kukibereka.
N’ivyeretswe ntivyatahurika, mbere n’inyuma yuko abahaye insiguro. Ivyo ni vyo yariko aratubwira, namba mudashaka kuzazanirwa, canke kudatahura, Mufyonde Muvuze maze mwumve neza na neza ivyo Ijwi Ry’Imana Rivuga.
Ndazi ko Ijambo Rifise insiguro nyinshi, ariko ng’iyi insuguro yanje : inzozi n’ivyeretswe vyavuga kimwe vyose ; mugumane n’amabande. Namba mufise ikibazo, muje mu mabande. Amabande Ni Imfungurwa Zabitswe n’Imana. Muvuge gusa ibiri ku mabande ; ntimwongereko na kimwe. Amabande ni Uko Niko Uhoraho Agize ku Mugeni. Ijambo Ryaje ku muvugishwa wenyene. Umuvugishwa ni we musiguzi w’Imana WENYENE w’Ijambo. Umuvugishwa yategerezwa guhamagara no kurongora Umugeni. Nzocirwa urubanza n’ibivugwa ku MABANDE.
Vyose binyerekeza ku MABANDE.
Bakunzi banje Birungu vyo mu kidengeri, kuri jewe, GUFYONDA NO KUVUZA NI IMANA MU BICIYE BUGUFI MURI KINO GIHE.
Uko iyinga rije, ndushiriza kunezerwa ; ni ibiki bigiye guhishurwa uno munsi mu gihe Umugeni WiWe Akorana kugira ngo Yumvirize Ubutumwa ? Ndazi ko Mpwemu Yera Azosiga umwe wese muri twebwe mu gihe Ahishura Ijambo RyiWe nk’uko bitigeze biba mbere. Ndumva, mu mwanya uwo ari wo wose nyene, ko Azoza maze Akadutwara ku Mazimano y’Ubukwe Bwacu.
Turi abahungu n’abakobwa b’Imana. Turi uruvyaro ruva ku Mana. Turi abaragwa b’isi. Tuzogenzura ibidukikije. Tuzovuga ibintu bibeho. Turi Umugeni.
Twishikane ubugira kandi ku gikorwa, kandi twiyegurire ubwacu Kristo.
MweneData Joseph Branham.
Igenekerezo : 2 Ukwezi kwa Gatatu 2025
Ubutumwa : Imana Yihisha mu Biciye Bugufi Hanyuma Ikihishura Muri Ivyo Nyene.
Isaha : Isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (Isaha imwe yo mw’ijoro mu Burundi.)