24-1229 Ivyahishuriwe Yohana Igice Ca Kane Igihimba Ca 1

Ubutumwa: 60-1231 Ivyahishuriwe Yohana Igice Ca Kane Igihimba Ca 1

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bera Bambaye Imvune Zera,

Igihe twumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana natwe, ikintu kinaka kiraba i bwina mu mushaha wacu. Turahinduka rwose kandi abadukikuje basa nk’abazazanirwa. Ninde ashobora kuvuga ikiriko kiba mu mitima yacu, mu bwenge bwacu, no mu mushaha wacu, mugihe Ijwi ry’Imana Rihishura Ijambo RyiWe ku Butumwa bwose twumviriza?

Nk’umuvugishwa wacu, twiyumva dutwawe mw’ijuru rya gatatu hanyuma impwemu yacu isa nk’iyiva muri uyu mubiri upfa. Nta majambo ahari yo gusobanura ukuntu twiyumva mugihe Imana Ihishurira Ijambo RyaYo twebwe uko bitigeze kubaho.

Yohana yatwawe ku kizinga Patimo hanyuma asabwa kwandika ivyo yabonye no kubishira mu gitabu citwa Ivyahishuriwe Yohana, kugira bize bitangwe mu bihe vyose. Ayo mabanga yari yarahishijwe kugeza aho yahishurirwa twebwe biciye mu marayika ntumwa w’indwi waYo yatoranijwe.

Nuko Yohana yumvise ryaJwi nyene hejuru yiwe hanyuma atwarwa mw’ijuru rya gatatu. Rya Jwi Ryamweretse ibihe vy’ishengero, ukuza kw’Abayuda, ugusukwa kw’ivyago, Izamurwa, Ukugaruka, Inganji y’Imyaka Igihumbi, hamwe n’Ahantu Hahoraho Hazoba abacunguwe baYo. Yaramutwaye hanyuma yereka mbere ibintu vyose Yohana nk’uko Yavuze ko Yobikoze.

Ariko ninde Yohana yabonye igihe yabona imyiteguro? Nta numwe vy’ukuri yabimenye kugeza uno munsi.

Ikintu ca mbere yabonye mu kugaruka yari Mose. Agereranywa n’abera bapfuye bazozuka, ibihe bitandatu vyose bisinziriye. Kandi si Mose wenyene yari ahagaze hariya, ariko Eliya yari hariya nawe.

Uwo Eliya yari ahagaze yari nde?

Kandi Eliya yari hariya; intumwa y’igihe ca nyuma, ari kumwe n’umugwi wiwe, w’abahindutse, Abazamuwe.

IMANA ISHIMWE… HALELUYA… ninde Yohana yabonye ahagaze hariya? Ntawundi atari intumwa mumarayika w’indwi w’Imana, William Marrion Branham, hamwe n’UMUGWI WIWE WAHINDUWE, WAZAMUWE… UMWE WESE MURI TWEBWE!! Eliya yagereranywa n’umugwi wahinduwe. Mwibuke Mose yabaye uwa mbere,hanyuma hakurikira Eliya. Eliya yategerezwa kuba intumwa y’igihe canyuma, kugira we n’umugwi wiwe bazuke… baze… neza, haze Izamurwa, ndavyibaza. Mose yazanye ukuzuka, hanyuma Eliya azana umugwi Wazamuwe. Kandi, bose bari baserukiwe neza hariya.

Tuvuge kuvy’ugukurwako umwitwikiro, uguhishura, n’Uguhishurirwa.

Ng’uyu! TuraMufise ubu, Mpwemu Yera, Yesu Kristo, wawundi nyene ejo hahise, uno munsi, n’ibihe bidashira. Uri… Arakubwira Ubutumwa, Arakwigisha, Agerageza gutuma ubona iciza n’ikibi. Ni Mpwemu Yera ubwiWe Avuga Akoresheje iminwa y’umuntu, Akora mu bantu, Agerageza kwerekana imbabazi n’ubuntu.

Turi Abera Bambaye Imvune Zera umumarayika waYoyabonye Baza bava mu mihingo yose y’isi kugira barye Umutsima w’Ubugingo. Dufitaniye amasezerano kandi twashingiwe kuri We kandi twarumvise ukudusoma kwiWe kw’ukuresha mu mutima wacu. Dufise isezerano na We, hamwe n’Ijwi ryiWe Ryonyene. Ntitwigera, kandi ntituzokwigera twiyononesha irindi jwi iryo ari ryo ryose.

Umugeni Ariko Aritegurira kujanwa nk’uko Yohana yakoze; mu Nyonga h’Imana. Tuzozamurwa kw’Izamurwa ry’Ishengero. Ese ukuntu ivyo biryohera umushaha wacu!

Ni iki Agiye Kuduhishurira Ubukurikira?

Imanza; akabuye ka simaragido; hamwe n’ico kagereranwa; ico kakoze. Yasipi, hamwe n’ayandi mabuye yose atandukanye. Azobihera vyose muri Ezekiyeli, hariya mw’Itanguriro, na hariya mu Vyahishuriwe Yohana, ukagaruka hagati ya Bibiliya, abishire hamwe; ayo mabuye yose atandukanye n’amabara.

Ni wawundi Mpwemu Yera nyene, ya Mana nyene, yerekana vya bimenyetso nyene, vya ibitangaza nyene, Ikora vya bintu nyene nk’uko gusa Yabisezeranye. Ni Umugeni wa Yesu Kristo Witegura mu kwumviriza Ijwi ryaYo.

Turabatumiye kwiyunga natwe mu gihe twinjira ahantu ho mw’ijuru isaha cumi na zibiri zo ku mutaga, isaha ya Jeffersonville ( isaha imwe yo mw’ijoro mu Burundi), kwumviriza Eliya, intumwa y’Imana muri kino gihe canyuma, ahishura amabanga yari yaranyegejwe mu bihe vyose.

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa: 60-1231 Ivyahishuriwe Yohana Igice Ca Kane Igihimba ca 1

• Mwibuke Ubutumwa bwacu bw’Umwaka Mushasha, kuwa kabiri mw’ijoro: Ukunyinyurana 62-1231. Nta bundi buryo bwiza bwo gutangura Umwaka Mushasha.