26-0301 Urubuto Ntiruraganwa N Igishishwa

Ubutumwa: 65-0218 Urubuto Ntiruraganwa N Igishishwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Jambo w’Inkumi,

Nicaye ng’aha muri iki gitondo kandi numva ukwo gusigwa mu gihe numviriza, nsoma kandi niga ubu Butumwa Umugeni Azokwumviriza ku munsi w’iyinga. Ubuzima bwanje bwose burasizwe. Umutima wanje uriko urabiragira n’umunezero wo kumenya ko, TWESE TUZOKORANIRA HAMWE KW’ISI YOSE DUFISE UKU GUSIGWA KUMWE. Tuzoba turiko turanezerwa, dushima Umwami, mu mwanya umwe, mu gihe Avugana n’umwe wese muri twebwe kandi Ahishura Ijambo RyiWe.

Ugusigwa kuzoba gukomeye cane ku buryo hazoba induru n’ugusemerera ngo “haleluya, amen, Izina ry’Uhoraho Rishimwe” kw’isi yose mu mwanya umwe, mu gihe tuzotera Ijuru hamwe n’amashimwe n’ugusenga kwacu.

Ni ibiki bizoba biriko biraba ? Imana Izoba Iriko Irahuza kandi Ivugana n’Umugeni WaYo. Tuzoba Umuce Umwe, dufise inama imwe n’umutima umwe mu gihe Azotwihishurira kandi Akatwigaragariza.

Nta hantu hahambaye kuruta ushobora kuja, nta Jwi Rihambaye kuruta ushobora kwumviriza; nta gusigwa guhambaye gusumba Ijwi ry’Imana Rivugana nawe ku ma bande Ridaciye ku ruhande.

Imana Yararinze Ijambo RyaYo kuva mu ntango kandi Yatanze ahantu abana baYo bose bashobora kuja bakaYumva Ivuga kandi Isigura Ijambo RyaYo bwite. Ahantu hatagira ugukekeranya, ata kwizigira, ata kwibaza; Ni ahantu Imana Yatanze ho kwumviririza UKO NIKO UHORAHO AGIZE.

Iyo biguhishuriwe, bimeze nk’umuco munini wacanywe mu mutima wawe no mu bugingo bwawe…uvuza induru uti: « iki ni co. Ndakibona. Ndi UMWE N’IJAMBO. NDI IJAMBO. NDI UMUGENI. NARASHITSE.”

Biriko biraba, kandi ntibabizi. Murabona, ni vyo. Murabona? Ego, mugenzi. “Kuko aho Umuvyimba uri, ni ho inkona zizoba zikoraniye,” nk’uko nyene isi iri. Murabona? Ico ni co bivuga. Umuvyimba ni iki? Ijambo. We Ni Ijambo, Umuvyimba, Kristo! “Kristo muri wewe,” Wawundi nyene ejo, uno munsi, n’ibihe bidashira. Ese ukuntu ari ukuri!

Mu gihe dukorana kugira ngo twumvirize Ijambo, imyitwarariko yose, imibabaro yose, ingorane zose, birazimangana ata camira. Turanezerwa mu gihe tubona ko ata na kimwe co kwiganyira; turi Umugeni WiWe. Ntari kumwe natwe gusa, ARIKO ARI MURI TWEBWE. TURI UMUGENI W’URUBUTO JAMBO. Vyose biratunganye. Igihe ciWe kiratunganye. Turatunganye.

Turanyuzwe cane kandi turakenguruka cane kuvuga ko turi Ijambo RyiWe Ryavutse ku nkumi Ryagaragajwe; Yesu Kristo Wa wundi nyene ejo, uno munsi, n’ibihe bidashira, Ariho kandi Agerera muri twebwe. Haleluya!

Ntidushobora kugira imyumvikano kw’IJAMBO NA RIMWE. Dutegerezwa kwumviriza Ijwi ry’Imana ku ma bande.

Woba warigeze kubona inkona igira imyumvikano ? Oya, mugenzi. Nta myumvikano muri yo. UmuKristo w’ukuri na we ni uko. Ntiyoroshe. Azohiga gushika abironse. Amen. Ego, mugenzi. Azoronka Inyama ziwe. Ashaka Manu nshasha. Azomanuka hariya kandi azokwimba gushika Ayibonye. Azorushiriza kuguruka hejuru. Nimba ata n’imwe muri iki kiyaya, izoduga hejuru gatoya. Uko uja hejuru ni ko ushobora kubona vyinshi. Rero ni igihe c’uko inkona z’uyu munsi ziguruka hejuru cane, zimba mu masezerano y’Imana, ntizibeho ku vyokurya vy’ibinyakabaka vyishwe imyaka iheze; muve muri vyo.

Itegure Mugeni, tuzoba turiko turarya iyo Manu nshasha, twicaye munsi y’ugusigwa gukomeye kuruta ukundi kwose kwigeze kubaho, kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe twumviriza: 65-0218 Urubuto Ntiruraganwa N’Igishishwa.

Turatumiye Umugeni wo kw’isi yose kwifatanya natwe kugira umunsi mukuru kubw’Inzira y’Imana Itunganye Yatanze y’iki gihe. Ahantu honyene UMUGENI Ashobora kuvuga amen kw’Ijambo Ryose. Aho ugusigwa kurengeye vyose kwa Mpwemu Yera kuvuga kandi gutunganya Umugeni WiWe mu Gufyonda no Kuvuza hamwe no kwumva no kwakira Ijambo RyiWe.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe:

Matayo Mweranda 24:24
Luka Mweranda 17:30
Yohana Mweranda 5:24 / 14:12
Abaroma 8:1
Ab’i Galatiya 4: 27-31
Abaheburayo 13:8
1 Yohana 5:7
Ivyahishuriwe Yohana 10
Malaki 4