Ubutumwa: 65-1126 Ibikorwa Ni Ukwizera Kugaragajwe
- 65-0622 Ibikorwa Ni Ukwizera Kugaragajwe
- 21-1126 Ibikorwa Ni Ukwizera Kugaragajwe
- 19-0201 Ibikorwa Ni Ukwizera Kugaragajwe
- 17-1203 Ibikorwa Ni Ukwizera Kugaragajwe
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Jambo Ryihaye umubiri,
Haleluya! Isi ibibwe y’umutima wacu yarateguwe n’ukwumviriza Ijambo kandi Ryaduhishuriye, ko TURI Umugeni wa Kristo w’ingeso nziza; Umwana w’Imana w’agaciro, atagira icaha, w’ingeso nziza, ahagaze hamwe n’Umugeni Jambo ryiza, ata gasembwa, Yogejwe n’Amazi y’Amaraso YiWe Bwite.
Twacitse Ijambo Ryagaragaye Ryihaye umubiri, kugira ngo Yesu Ashobore kudutwara, abo yari Yatoranije imbere y’uko isi iremwa, mu gikiriza ca Data.
Isi irashobora kubona ukugaragara k’Ukwizera kwacu mu buryo twigenza, no kugaragaza ko twaronse Uguhishurirwa kw’ukuri kuva ku Mana kw’Ijambo RyaYo Ryemejwe, kandi ko tutagira ubwoba. Ntitwitaho ivyo isi yose ivuga canke yizera…NTA BWOBA DUFISE. Gufyonda tukavuza ni inzira Imana Yatanze ku Mugeni wa Yesu Kristo.
Hari benshi bavuga ko bizera ubu Butumwa bw’igihe c’iherezo, bizera ko Imana Yarungitse umuvugishwa, bizera ko William Marrion Branham yari intumwa mumarayika w’indwi, bizera ko yavuze Uko Niko Uhoraho Agize, ariko NTIBIZERA ko Ijwi ari ryo jwi rihambaye kuruta ayandi yose utegerezwa kwumviriza. Ntibizera ko yavuze Amajambo y’ukutihenda. Ntibizera ivyo kuvuza ama bande mu mashengero yabo.
None ivyo bisigura iki? BISIGURA KO BITABAHISHURIWE!
Ni uguhishurirwa. Yabibahishuriye ku bw’ubuntu bwiwe. Nta na kimwe wakoze. Ntiwakoze ubwawe kugira ngo ushike mu kwizera. Namba warigeze kugira ukwizera, waguhawe n’ubuntu bw’Imana. Kandi Imana Yarabiguhishuriye, rero ukwizera ni uguhishurirwa. Kandi Ishengero Ry’Imana Ryose Ryubatswe ku guhishurirwa.
Kubera UKWIZERA twahishuriwe ko ubu Butumwa ari Ijwi ry’Imana Ryafashwe amajwi ku ma bande, kandi Ryabitswe, kugira ngo Rigaburire kandi Rishitse ku gutungana Umugeni wa Yesu Kristo.
Ni UKWIZERA kw’inkomoko, kutavanze muvyo Imana Yavuze ko ari Ukuri. Kandi Kwashinzwe mu mutima wacu no mu bugingo bwacu kandi nta na kimwe kizoKunyiganyiza. Kuzoguma aho nyene gushika umuvugishwa waYo atwerekanye k’Umwami Wacu.
Ntidushobora kwifasha. Yaduteguriye kwakira no kwizera Ivyo imbere y’ukuremwa kw’isi. Yari azi ko twokwakiriye Ijwi RyaYo muri iki gihe. Yaratumenye imbere y’igihe kandi Yatugeneye kuvyakira.
Hanyuma, ibikorwa Mpwemu Yera Ariko Arakora uno munsi, biciye muri ayo mayerekwa atigera yihenda, amasezerano atigera yihenda, ibimenyetso vyose vy’intumwa vyasezeranywe muri Bibiliya, vya Malaki 4, kandi, na, yooo, Ivyahishuriwe Yohana 10:7, ivyo vyose biriko birashika: kandi vyemejwe n’ubumenyi, mu bundi buryo bwose. Kandi iyo ntababwira Ukuri, ivyo bintu ntivyobaye. Ariko nimba nababwiye Ukuri, birashinga intahe ko nababwiye Ukuri. Aracari Wawundi, ejo, uno munsi, n’ibihe bidashira, kandi ukugaragara kwa Mpwemu WaYo kuriko kunyakura Umugeni. Reka ukwo kwizera, uguhishurirwa kugwe mu mutima wawe, ko, “Iki ari co gihe.”
Iki ni co gihe. Ubu ni bwo Butumwa. Iri ni Ijwi ry’Imana rihamagara Umugeni Wa Yesu Kristo. Yooo, Shengero, ese Umwami Yotegura isi ibibwe y’umutima wawe kugira ngo ugire Ukwizera kandi Aguhishurire ko kwumviriza iri Jwi, ku ma bande, ari vyo bizotunganya kandi bihuze Umugeni wa Yesu Kristo.
Ndasubiye kubatumira kuza kwifatanya natwe ku munsi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi), kugira ngo utware UKWIZERA kwawe mu mbuga zo hejuru, kandi wicarane natwe ahantu ho mw’ijuru mu gihe twumviriza Ijwi ry’Imana Ridutegurira ukuza kwiWe kwa vuba.
MweneData Joseph Branham.
Turabasavye mudusengere kubw’iyinga riza mu gihe tuzotangura ikambi yacu ya mbere ya Still Waters.
Ubutumwa : Ibikorwa Ni Ukwizera Kugaragajwe 65-1126
Ivyanditswe vyo gusoma :
Itanguriro 15:5-6, 22:1-12
Ivyakozwe n’Intumwa 2:17
Abaroma 4:1-8, 8:28-34
Abanyefeso 1:1-5
Yakobo 2:21-23
Uwera Yohana 1:26, 6:44-46