26-0222 Umuntu Ahunga Mu Nyonga Z Uhoraho

Ubutumwa: 65-0217 Umuntu Ahunga Mu Nyonga Z Uhoraho

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Myagazi b’Intama,

Mbega icubahiro n’akaryo dufise ko kuvuga ngo: “Turi Imyagazi y’Intama y’Imana, abo Yarungikiye intumwa mumarayika waYo w’indwi kugira ngo abahamagare kandi abagaburire Manu yaYo Yabitswe kandi Yanyegeje.”

Turanyuzwe kandi twizera ko ubu Butumwa ari Ijwi ry’Imana Ryarungitswe gutunganya Umugeni WaYo. Twizera ko igishishwa kiriko kirikura ku ngano, kandi ubu Umugeni WaYo Aryamye imbere y’Umwana, AFYONDA AVUZA kugira ngo Yere.

Kandi nico tubereye ng’aha, mugenzi, kuguma imbere y’Umwana gushika umugwi wacu mutoyi w’abantu ng’aha, gushika uhindutse uweze cane kuri Kristo, uhinduke umukate ku meza yiWe. Ico ni co nshaka ko ukora.

Umuntu wese atizera ko GUFYONDA UKAVUZA no kwumviriza Ijwi ry’Imana Ryemejwe Rivuga ari ryo Jwi Rihambaye kuruta ayandi yose utegerezwa kwumviriza, ni umuntu ahunga inyonga z’Umwami.

Utegerezwa guhangana na vyo, canke ukagira ico ubikozeko. Ufise inshingano, umuntu wese arayifise, kandi utegerezwa guhangana n’ivyo bintu.

Ese ukuntu iyi mvugo y’iki gihe ari ukuri kandi ihambaye. Hariho amacakubiri menshi cane mu bahamagawe n’Imana. Mbega ni ngombwa cane kuvuza ama bande mw’ishengero kugira ngo umuntu yumvirize Ijwi ry’Imana, canke ubu ni ngombwa cane kubari mu gikorwa c’Imana kwigisha Ijambo?

Imana Yahamagaye kandi Ishira ubusuku hano kugira ngo Ijambo Rigume imbere y’abantu. Ni Abungere. Ijambo Ryigisha ibi. Ni abo kwubahwa no guterwa iteka nk’abantu Imana Yahamagaye kandi Yashizeho.

Ntidushobora, kandi ntidukwiye, kwigera tuvuga ko atari Umugeni. Ivyo ni IKINYOMA kandi ntibijanye n’ivyo umuvugishwa yatwigishije. Narumvise abantu bavuga bati: “Namba batavuza ama bande mu mashengero yabo, baba barwanya Ijambo.” Ntukwiye kwigera uvuga ikintu nk’ico. Ivyo binyereka ko ufise impwemu mbi.

Narumvise abandi bavuga ngo “Bose bategerezwa kwumviririza rimwe na BT atari uko bari inyuma y’ubugombe bw’Imana”. Ntukwiye na rimwe kuvuga ikintu nk’ico. Imana Yonyene ni Yo Izi uwuri Umugeni n’uwutari Umugeni. Iyo si impwemu y’Umugeni kuvuga ikintu nk’ico.

Mbere na bamwe mu bantu bumviririza rimwe na BT bavuga ngo, “niwaja mw’ishengero kwumviriza ama bande ntiwumviririze hamwe n’abandi mu nzu yawe ukora ibitari vyo!” Ivyo sivyo beneData na bashikanje. Namba uvuga ivyo, HAGARIKA, uvuga ibitari vyo. Umuntu wese ategerezwa gukora nk’uko YUMVA ARONGOWE N’UHORAHO GUKORA.

Abakozi b’Imana benshi bumva ko kuvuga ubutumwa ari inzira Imana Yatanze muri iki gihe. Tubona gusa ibintu ugutandukanye, ivyo ni ibisanzwe. Ni kangahe MweneData Branham yakoze iyo ngereranyo nyene? Duherutse kumwumva ku bibazo n’inyishu, igihe abantu bariko baravuga ko MweneData Jackson ari mu makosa, yarabaciriyeko iteka kugira ico bavuze kimurwanya n’ishengero ryiwe.

Ndiko ndavuga ubutumwa gusa mu buryo bw’iri kete ivyo nizera ko ari inzira Imana Yatanze ya Branham Tabernacle. Ni beneData na bashiki bacu. Barakunda Umwami n’ubu Butumwa. Uko ni ko bumva Umwami Ariko Arabarongora. Umwami Ashimwe.

Babibona mu buryo bumwe kandi tubibona mu bundi buryo, ni vyiza. Sinshobora kubibona mu buryo bwabo kandi ntibashobora kubibona mu bwanje. Kubwanje, hari uburyo bwinshi Imana Yatanze, ariko hariho INZIRA IMWE yonyene ITUNGANYE, KANDI KUBWANJE, IYO NI GUFYONDA UKAVUZA.

Ndasenga ko ntatahurwa nabi ng’aha. Kurambika ibiganza no gusengera abantu bijanye n’Ijambo 100%. Gusiga amavuta no gusengera abarwaye ni Ijambo ry’Imana Rijanye n’Ivyanditswe. MweneData Branham yaravuze ubutumwa kandi yaratwigishe twese kuba Ijambo. Ariko nshaka INZIRA ITUNGANYE Y’IMANA YATANZE….WIZERE GUSA KUKO IMANA YAVUZE UKO. Ivyo ni vyo ndiko ndihatira gukora.

Ariko ubu ku bijanye no gukira, ni imbabazi z’Imana gusa ko We, “Kubw’imishishagu yiwe mwakize.” Rero, Ijambo Rivuga gutyo, ivyo bikwiye kuba bihagije, ariko namba utavyizera mw’Ijambo, rero hariho ingabire mw’Ishengero, nk’abagabo bahumekewe kumenya ingene bigisha ivyo, ivyo bizotuma bigaragara neza cane, ni vyo, n’ukwizera ko kwizera.

Nizera igikorwa c’Imana kirimwo 5. Nizera ko Imana Yahamagaye abantu kuvuga ubutumwa no kwigisha Ijambo. Ariko, nizera ko kwumviriza Ijwi ry’Imana ku ma bande ari INZIRA Y’Imana ITUNGANYE KUBWANJE.

Mu kwumviriza ama bande, nta n’ubwo ntegerezwa gutahura, GUSA NIZERA IJAMBO RYOSE NUMVA. Nta muntu, nta mukozi w’Imana, nta handi hantu nshobora kuja aho nizera IJAMBO RYOSE kandi nkashiraho amerekero yanje y’ibihe bidashira, atari amabande.

Nta na rimwe kuva ku ntango y’igihe Imana Yigeze Iha abantu baYo akaryo n’ubushobozi bwo kwiyumvira Ijwi RyaYo Rivuga umunwa ku gutwi. Ibanga ryose rihishurirwa mu ma bande. Ikibazo cose gishurirwa ku ma bande. Ivyo Umugeni Akeneye vyose kugira ngo Atunganywe biri ku ma bande.

Ijambo Ryose Rivugwa ku ma bande ni Ijambo ry’Imana. Nshobora kudatahura canke ngo nshobore gusigura vyose, kandi sintegerezwa kubikora. Ansaba gusa kuvuga AMEN KW’IJAMBO RYOSE, kandi AMABANDE niho hantu HONYENE nshobora kubikora.

Ariko igihe—igihe utegerezwa gukora ikintu gitandukanye, igihe utegerezwa guhagarara ku kwizera kwawe kw’ico uzi ko ari Ukuri, ni ho hari ibigoye, ni ho bitagenda neza, aho nyene.

Nizera n’ibimbamwo vyose, ko turi mu Bugombe bw’Imana butunganye kandi ko turi mu bwato tuja i Ninewe. Nokwipfuza ko isi iza ikajana natwe mu bwato bwacu kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha imwe y’ijoro mu Burundi) mu gihe twumva Imana Ivugana n’Imyagazi y’Intama zaYo.

MweneData Joseph Branham.

Ubutumwa : 65-0217 « Umuntu Ahunga Mu Nyonga z’Uhoraho. »

Ivyanditswe vyo gusoma :

Yona 1 :1-3

Malaki 4

Uwera Yohana 14 :12

Luka 17 :30