Ubutumwa: 64-0823M Ibibazo N Inyishu 1
- 26-0125 Ibibazo N Inyishu 1
- 24-0428 Ibibazo N Inyishu 1
- 22-1002 Ibibazo N Inyishu 1
- 18-0204 Ibibazo N Inyishu 1
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Branham Tabernacle,
Ndaramukije Umugeni wa Yesu Kristo wo kw’isi yose, Yizera ko Branham Tabernacle, Ijwi ry’Imana, ari ryo shengero ryabo ryo mu karere aho bagaburirirwa mu buryo bwa mpwemu na Manu Yanyegejwe Yabitswe kandi Yazigamiwe Umugeni Wa Kristo.
Aha ni imuhira iwanje h’ifatiro; iki ni icicaro canje gikuru; ng’aha niho tugerereye. Rero, ubishire mu bwenge icoshika cose. Rero, namba uri umunyabwenge, uzofata ikintu kinaka. Icoba cose, iki ni icicaro cacu gikuru, ng’aha nyene!
Abizera benshi bama batahura nabi canke bagashira iciyumviro cabo canke insobanuro yabo ku vyo umuvugishwa yavuze ng’aha, ariko abwira Umugeni atomora ati, “Namba uri umunyabwenge, uzofata ikintu kinaka, iki ni icicaro cacu gikuru, ng’aha nyene!”
Yashaka kuvuga iki muri ivyo ?
Igihe MweneData Branham yari ng’aha, benshi ntibamutahuye kandi biyumvira ko Umugeni Ategerezwa kuja muri Arizona akamukurikira hariya, kugira ngo abe mw’Izamurwa. MweneData Branham yabishuye neza ati: MUGUME NG’AHA, IKI NICO KIBANZA.
Umugwi munini wose wabo warahagurutse muri iyo nzira, kandi bashaka kuja aha no gukora biriya, maze kubabwira ngo bagume hariya. Mugume hariya, mugume ng’aha nyene; iki nico kibanza.
Abantu bavuye ahantu hose muri Amerika baja muri Arizona, ariko yababwiye neza ati: Mugume ng’aha, iki nico kibanza!
Mugume muri Jeffersonville ? Ivyo ni vyo yavuze!
Uguhishurirwa kwanje ni uku, Yari Imana, Ivuga biciye ku muvugishwa waYo kandi Ibwira abantu ngo, “MUGUMANE N’AMABANDE.” Ico ni CO KIBANZA!
Yarababaye cane kandi yavuze ko ategerezwa gukora ikintu kinaka hamwe n’abo bantu bose. None ategerezwa gukora iki? None yobarungika mw’ishengero irihe? None botegerejwe kuja hehe? None MweneData Branham yavuze ko ategerezwa gukora iki?
Rero ubu, ntegerezwa gusubiza ng’aha abo bana kugira ngo baronke ico barya. Bari hariya mu bugaragwa bicwa n’inzara.
Ntiyavuze ko bokenera kuja mw’ishengero ryo mu karere k’iwabo kugira ngo baronke utuvunguka duto duto boshobora gufungura. Yavuze ngo ategerezwa KUBASUBIZA NG’AHA kugira ngo baronke ivyo barya, atari uko BOKWICWA N’INZARA.
UGUHISHURIRWA KWANJE BAGENZI.
Rero, ntidusubire kumutahura nabi, canke kuvuga ikintu atavuze, mu kuvuga ngo, “MweneData Branham yashaka ko uwizera wese yimukira muri Jeffersonville kugira ngo abe Umugeni.” MweneData Branham yari azi ko abo bantu bose, n’uwizera WESE wo kw’isi yose, batoshobora kwimukira no kuba muri Jeffersonville. Ivyo ntivyoshoboka. None yashaka kuvuga iki? Yariko AHURIZA Umugeni Wa Kristo KUMABANDE yari yarafashwe amajwi kandi abitswe kugira ngo Umugeni Ayafungureko.
Ubu Butumwa, Iri Jwi, ni Ijambo ry’Imana Ryavuzwe ry’iki gihe kandi Rizohuza kandi Ritunganye Umugeni Wa Yesu Kristo.
Umuvyimba ni wo inkona zifungura. Rero, inkona ifatwa muri Bibiliya, nk’umuvugishwa. Umuvugishwa ni inkona. Imana—Imana Yiyita Inkona, kandi turi “ibiswi vy’inkona” rero, a—abizera. Murabona? Kandi umuvyimba bafungura ni uwuhe? Ni Ijambo. Aho Ijambo Riri hose, kamere nyakuri k’iyo nyoni kazokwiyerekana.
Ni hehe hari Iritosoye, Ryemejwe, ata gutahura nabi, Uko Ni ko Ijambo Ry’Uhoraho Rigize ry’iki gihe ? Hariho ahantu hamwe honyene, Amabande.
Noshobora kubandanya no kubandanya, nsubiramwo amajambo ku yandi, ariko ubu Butumwa n’ivyo MweneData Branham yavuze bisaba Uguhishurirwa kuvuye Mana. Dutegerezwa gusoma hagati y’imirongo biciye mu guhishurirwa, ariko tuvuge ivyo yavuze. Kuko Ni IJAMBO RITOSOYE.
Ibibazo n’Inyishu z’ivy’iki gihe hamwe n’ivyo NIZERA.
Iki gihe, abakozi b’Imana benshi bariko barabwira abantu ko mu kugira Ishengero ry’Amabande ryo muhira tuba turi inyuma y’Ijambo n’ivyo MweneData Branham yavuze ngo dukore. Bumva ko dutegerezwa kuja mu co bita kandi babona ko ari ishengero.
Hariho vy’ukuri amajambo menshi cane aho MweneData Branham avuga ibi mu buryo butomoye.
Ubu, uje kw’ishengero rimwe ryiza ry’Ubutumwa Bwiza Bwuzuye maze wironkere ishengero ryo muhira.
Kandi ndavyizera n’umutima wanje wose, kuko ari we yabivuze. Ariko nizera ko ivyo tubikora mu KUGIRA ISHENGERO RYA BANDE RYO MUHIRA. Ikibanza turimwo si co gihambaye ku Mwami. Iyo ni inyubakwa gusa. Ariko inshingano yacu ku Mwami ni ukugumana n’Ijambo RyiWe, SI IKIBANZA CANKE INYUBAKWA. Ico kibanza ntigikiza kandi ngo gitunganye Umugeni, NI IJAMBO RIBIKORA.
Iyo ngiye mu nyubakwa y’ishengero, ariko bibagiye IKINTU NYAMUKURU: kwumviriza Ijwi ry’Imana mu Gufyonda Ukavuza, kandi bakaRisubiriza kwumviriza GUSA abakozi b’Imana bavuga Ubutumwa, mbega ivyo bizoguhaza neza kandi bigaburire ubugingo bwawe? Vyoshobora guhaza ubugingo bwawe mweneData na mushikanje, ariko ntibizohaza Umugeni.
Reka nsubiremwo hano mvuge ko hari abantu ibihumbi n’ibihumbi batagira inyubakwa y’urusengero bajako. Mbega barazimiye? Namba badafise umwungere canke ishengero, ivyo bisigura ko badashobora kuba Umugeni? Namba uba ku birometero 160 vy’inyubakwa y’ishengero, utegerezwa kuja kuri urwo rusengero? Ariko namba mba kure cane, mbega ndategerezwa? Ntegerezwa kwumviriza umuvugabutumwa ku murongo wa internet (ikibiriraho), ariko sinshobora kwumviriza bande ku murongo wa internet (ikibiriraho)? Inyubakwa iboneka, umuvugishwa aravuga ko ari co kintu gihambaye kuruta ibindi vyose dutegerezwa kujamwo?
Ni hehe umuvugishwa yashaka kujana Umugeni ?
Namba udashobora kuza hano kuri tabernacle, rondera ishengero ahantu hanaka; genda kuri ryo.
Ubugira kandi, ni hehe hari amahitamwo yiwe ya mbere ho kurungika abantu? Kuri Branham Tabernacle, Ijambo, amabande. Ivyo ni vyo Imana Yahaye Umugeni WaYo ngo Akore muri iki gihe c’iherezo, kandi turiko turabikora iminsi yose NO ku munsi w’iyinga uwo ari wo wose.
Rero kugira sintahurwe nabi. SINDIKO NDAVUGA ko mutegerezwa kwumviriza ama bande hamwe na Branham Tabernacle kugira ngo mube Umugeni. SINDIKO NDAVUGA ko mutotegerezwa kuja mw’ishengero. SINDIKO NDAVUGA ko mudashobora kwumviriza abakozi b’Imana. Namba mwizera ivyo, muba muri kure y’Ijambo. Ndiko ndavuga ko kwumviriza Ijwi ry’Imana ku ma bande ari ryo Jwi Rihambaye cane MUTEGEREZWA KUMVIRIZA, kandi nizera ko umwungere wese yotegerejwe kuvuza Iryo Jwi, ama bande, mu mashengero yabo. Ariko baragize urwitwazo rwose rubaho rwo KUTAVUZA AMABANDE. Namba iryo ari ryo shengero ryawe, nturiko urafungura Ijambo.
Ibi biragaragara ko ari vyo atashaka ko bishika kandi n’ivyo abantu bariko barakora.
Namwebwe, muje ku rushengero; ntimugume i muhira, ntimuje kuroba, ku ruhigi, n’ibintu nk’ivyo ku munsi w’iyinga.
Ntitubikora. Duhurira hamwe ku kintu conyene kizohuza Umugeni, Ubu Butumwa, Iri Jwi.
Ubugira kandi, jewe nizera kuja ku rushengero. Hari amashengero menshi kw’isi yose ariko arashira imbere ama bande kuri alutari zayo, Umwami Ashimwe. None nizera ko utegerezwa kuguma i muhira atari uko nturi Umugeni? OYA, OYA, OYA….Sinigeze ndavyiyumvira, sinigeze ndavyizera. Nshaka gusa ko MUFYONDA MUKAVUZA aho mwoba muri hose canke urushengero mujamwo.
Nimba udafise Uguhishurirwa kw’ivyo ariko aravuga, rero woshobora kuvuga neza uti: “Sintegerezwa kwumviriza MweneData Branham canke mbere sintegerezwa KWEMERANYA n’ivyo avuga vyose. Mbere yarabivuze, hariho abandi bagabo benshi cane bahamagawe n’Imana.
Bandanya. Turabona ng’aha, avuga ati: “Twoja mu rundi rushengero rutemeranya nawe?” Ata nkeka, si…Si jewe buye ryonyene riri kw’isesero y’ikiyaga, murabizi. Hariho—hariho nyene abandi bagabo bubaha Imana ahantu hose; Nizigiye ko ndi umwe muri bo.
Ijwi ry’Imana Riri ku ma bande Ni IBUYE RYANJE, URUTARE RWANJE. Ni Ryo Jwi nshaka kwumviriza kandi niryo Jwi nshaka ko Branham Tabernacle yumviriza.
Namba mwipfuza kwifatanya natwe, murahawe ikaze cane beneData. Mwifatanye natwe ku munsi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha imwe y’ijoro mu Burundi) mu gihe twumviriza Ijwi ry’Imana Rivuga kandi Ryishura ibibazo vyinshi mwoba mufise ku mutima wanyu. Kandi mwumvirize mwebwe nyene namba ivyo navuze muri iri kete bivuye mw’Ijambo canke namba natahuye nabi ivyo Imana Ibwira Umugeni WaYo.
Ivyo avuga ku ma bande ni Uko Niko Uhoraho Agize. Si ivyo mvuga ko avuga, canke ivyo nizera ko avuga, kandi Imana YONYENE ni Yo Ishobora kuguha Uguhishurirwa kw’ukuri.
MweneData Joseph Branham