25-1214 Umunsi Mukuru WInzamba

Ubutumwa: 64-0719m Umunsi Mukuru WInzamba

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Atunganye,

Ibi si ivyo nikuriye mu mutwe gusa, bagenzi. Ibi ni UKO NIKO UHORAHO AGIZE, Ivyanditswe.

UmuKristo wese yipfuza kuba Umugeni, ariko turazi ko Umugeni wiWe Azoba ari inkehwa zatoranijwe gusa. Turazi ko Afise ubugombe bw’akagobero, ariko Umugeni wiWe Ategerezwa kuba mu bugombe bwiWe butunganye. Rero, dutegerezwa kurondera Imana mw’Ijambo RyaYo, hanyuma biciye mu Guhishurirwa, tuzomenya ubugombe bwaYo butunganye n’ingene twoba Umugeni WaYo.

Dutegerezwa gusesa Ivyanditswe, kuko turazi ko Imana ITIGERA Ihindura ivyiyumviro vyaYo ku bijanye n’Ijambo RyaYo. Imana Ntiyigera ihindura integuro yaYo. Niyigera Ihindura ICO ARI CO COSE. Uko yabikoze ubwa mbere kuratunganye. Ivyo Yakoze ejo Izobikora co kimwe uno munsi.

Uko Yahaye agakiza umuntu kuva mu ntango, Izotegerezwa guha agakiza umuntu uno munsi gutyo nyene. Uko Yakijije indwara umuntu wa mbere, Itegerezwa kubikora gutyo nyene uno munsi. Uko Imana Yahisemwo guhamagara no kurongora Umugeni WaYo, Izobikora gutyo nyene uno munsi; kuko Ni Imana kandi Ntishobora guhinduka. Ijambo ritubwira ko Yesu Kristo UKO YARI ARI ejo, n’uyu musi niko Akiri, niko Azokwama n’ibihe bidashira.

Rero, iyo dusomye Ijambo RyaYo, turashobora kubona neza Ingene Yahisemwo guhamagara no kurongora Umugeni WaYo igihe cose. Yahisemwo UMUNTU UMWE. Yavuze ko bari Ijambo ry’igihe cabo. Umuvugishwa yatubwiye ko ITIGEZE Igira umugwi w’abantu; bafise uburyo butandukanye, ivyiyumviro bitandukanye, kandi ikiruta vyose, Yavuze ngo, IJAMBO RY’IMANA NTIRIKENEYE INSIGURO.

Gutyo, ivyo umuvugishwa wese yavuze mu gihe cose ntibishobora kwongerwako canke ngo bikurweko. Ritegerezwa kuba Ijambo kw’Ijambo ivyo YAVUZE. Biroroshe cane niwambaza iyihe inzira Imana Yatanze ….GUMANA N’UMUVUGISHWA.

Ubu, ntituzi neza gusa inzira Imana Yatanze kuva kw’itanguriro, Umwami Azovuga mbere biciye ku mumarayika wiWe maze Atubwire ivyo Azokora muri kazoza, kugira gusa Yemeze rindi rimwe ko, IMANA IDAHINDURA INTEGURO YAYO.

Inyuma y’aho Umugeni WiWe (twebwe) Azoba Yavuye muri iyi si kandi Akahamagarirwa Amazimano y’Ubukwe, Imana Izohamagara gute Abayuda 144.000 batoranijwe? Umugwi w’abantu ?

Rero, iri Shengero (Umugeni) Rikimara gukwegerwa hamwe, Riraduzwa; kandi iryo banga ry’Agashashara k’Indwi, canke Agashashara k’Indwi, ibanga ryo kugenda. Kandi Abayuda Bahamagarwa n’ibanga ry’Inzamba y’Indwi, ari bo bavugishwa babiri, Eliya na Mose, kandi baragaruka.

Rero, Umugeni Akimara gukwegerwa hamwe, tuzoduzwa. Turazi ko hari ikintu kimwe gusa gishobora gukwegera Umugeni hamwe, Mpwemu Yera, kandi Mpwemu Yera ni Ijambo RyiWe, kandi Ijambo RyiWe ry’iki gihe ni Ijwi Ry’Imana, kandi Ijwi ry’Imana ni…

Nimba nabababaje mu kuvuga ivyo, mumbabarire, ariko, numvise ko ivyo bishobora kubabaza, ariko, ndi Ijwi ry’Imana kuri mwebwe. Murabona ? Ivyo ndabivuze ubugira kandi, kiriya gihe hari munsi y’uguhumekerwa, murabona.

Nshobora guca nsubiramwo hano nyene nkavuga nti, iri JAMBO RIMWE gusa ry’intumwa mumarayika w’Imana yemejwe ryoba rihagije ku bantu bose biyita abizera ubu Butumwa bw’igihe c’iherezo kugira ngo basabe umwungere wabo GUFYONDA AKAVUZA mu mashengero yabo canke akava ku butegetsi kugira ngo bashobore gutora umwungere afise UGUHISHURIRWA KW’UKURI KUVA KU MANA.

Rero, Inzamba Yaravuze maze abo bavugishwa babiri baraboneka mu gihe Adashobora kugira umumarayika wiWe w’indwi n’Umugeni wiWe hano kw’isi mu gihe kimwe baje. None Ahamagara Abayuda gute? Uko Yahamagaye Umugeni wiWe w’Umunyamahanga.

Kandi Abayuda bahamagawe n’ibanga ry’Inzamba y’Indwi, ari bo bavugishwa babiri…

Umugeni Ategerezwa kuva mu nzira, kugira ngo Aduge ubu; rero abasavyi babiri, abasavyi babiri b’Imana, mu Vyahishuriwe Yohana, abo bavugishwa babiri, barashobora kugaragara ku rubuga, kugira ngo babavugirize Inzamba y’Indwi, babamenyeshe Kristo.

Biragaragara neza ko Imana Idahindura integuro yaYo. Yarungitse abavugishwa baYo. Gutyo, Umugeni WaYo Azogumana n’inzira yiwe yatanzwe, umuvugishwa mumarayika wiWe, Ijwi ry’Imana ku ma bande.

Rero kugira ngo bitomoke neza, Imana Yasubiye kuvuga, maze Ibwira Umugeni WaYo Iti: Wagumye uri umwizigirwa kuri Jewe n’inzira yaNje Nateguye, rero inzira yaNje yatanzwe y’iki gihe cawe izokubwira iti:

Umumarayika w’indwi, intumwa, avuga ati: «Ng’uyu Umwagazi w’intama w’Imana ukuraho icaha c’abari mw’isi!»

IRYO JWI Rirahambaye cane; IJWI RY’IMANA Rivugira mu mumarayika waYo w’indwi ku ma bande. Imana Igiye gukoresha IRYO JWI, IJWI RY’UMUMARAYIKA WAYO W’INDWI. SI UMUGWI…SI JEWE…SI UMWUNGERE WANYU…IJWI RY’INTUMWA MUMARAYIKA WIWE W’INDWI kugira ngo Atwimenyekanishe ubwiWe, Umwami Wacu Yesu Kristo.

Gutyo, TURAZI ko :

  • TURI UMUGENI WIWE.
  • TURI MU BUGOMBE BWIWE BUTUNGANYE.
  • TURIKO TURIKURIKIRA INTEGURO YIWE Y’IKI GIHE MU GUFYONDA TUKAVUZA.

Igice c’Umugeni WiWe kizoba kiriko kirakorana kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha imwe mw’ijoro mu Burundi) twumviriza umwungere wacu, intumwa mumarayika w’Imana, William Marrion Branham, kandi azoba ariko aravuga kandi aduhishurira ko ata rindi shengero, ata wundi mugwi w’abantu kuva kw’itanguriro ry’isi wigeze kugira akaryo dufise ko guhurizwa hamwe, wumviriza Imana Ivugana nabo Idaciye ku ruhande.

Mbega ukuntu turi abantu bahezagiwe. Turanezerewe cane. Turakenguruka cane. Umugeni ariko araba UMWE n’Umukwe.

MweneData Joseph Branham

Umusi mukuru w’Inzamba 64-0719M.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:

Abalewi 16
Abalewi 23:23-27 .
Yesaya 18:1-3.
Yesaya 27:12-13.
Ivyahishuriwe Yohana 10 :1-7
Ivyahishuriwe Yohana 9:13-14
Ivyahishuriwe Yohana 17:8