Ubutumwa: 63-0707m Ikirego
- 25-0921 Ikirego
- 23-1015 Ikirego & Isangira ryera
- 22-0416 Ikirego
- 21-0404 Ikirego
- Ijambo ry’Umunsi / Umutsima wa Buri Munsi
Bakunzi Barekuriwe,
Ubu, hariya, “bo,” atari umunyavyaha. “Bo”, ni ukuvuga ishengero ry’ico gihe, babonye ikosa kuri uwo Mugabo Yari Ijambo. Si vyo ? Babonye ikosa kuri uwo Mugabo Yari Ijambo. Ubu babona ikosa mw’Ijambo Rikora biciye mu muntu.
Kuva mu ntango isi yaraMuhevye, yaraMwanse, yanse kugumana n’Ijambo RyiWe igumana n’imigenzo yabo, za nemera zabo, ivyiyumviro vyabo. Bama bahusha integuro y’Imana; Imana, nk’Umuntu, Yari Ijambo kandi ubu Ijambo Rikora biciye mu muntu.
Ariko mu gihe cacu Yavuze Ati: “Nzogira umugwi mutoyi, abatowe bakeya. Bari muri Jewe kuva kw’itanguriro. BazoNyakira, bizere Ijambo RyaNje n’umuntu nahisemwo ngo ahishure Ijambo RyanNe. Azoba ari Ijwi RyaNje kuri bo.”
“Ntibaterwa isoni no gutangaza Ijwi RyaNje. Ntibazoterwa isoni no kubwira isi ko Nasubiye kuza kandi ko Niyerekanye ubwaNje biciye mu mubiri w’umuntu nk’uko Navuze ko Nobikoze. Iki gihe ntibazosenga uwo muntu, ahubwo bazoNsenga, Ijambo, Rizovuga biciye mu muntu. BazoNkunda kandi bazoMvugira ku mugaragaro n’ibibabamwo vyose.”
“Rero, nabahaye ivyo bakeneye vyose kugira ngo babe Umugeni WaNje. Nabakomeje n’Ijambo RyaNje ; kuko BO ARI IJAMBO RYANJE Ryihaye umubiri. Iyo bakeneye gukira, bavuga Ijambo RyaNje. Iyo bafise intambamyi iyo ari yo yose ibabangamiye, bavuga Ijambo RyaNje. Iyo bafise umwana yazimiye, bavuga Ijambo RyaNje. Ico bakeneye cose, bavuga Ijambo RyaNje, kuko bo ari Ijambo RyaNje Ryihaye umubiri muri bo.”
“Barazi abo bari bo, kuko Narabihishuriye. Bagumye ari imvugakuri n’abizigirwa kw’Ijambo RyaNje kandi bakoranira hamwe kubw’Ijwi RyaNje. Kuko bazi Ijwi RyaNje, Ijambo RyaNje, Mpwemu Yera WaNje. Barazi ko, aho Ijambo Riri ariho Inkona Zizokoranira.”
Mu gihe umuvugishwa wiwe azovuga Ijambo RyiWe kandi akarega uru runganwe kubera kubambwa kwa kabiri kwa Yesu Kristo, agatangaza ko baciriwe urubanza, Umugeni Azoba Ariko Aranezerwa. Kuko turazi ko TURI Umugeni Wiwe Yemeye kandi Yakiriye Ijambo Ryiwe. Turasemerera bivuye ibwina mu mutima wacu kandi tuvuga duti:
Ndi uwaWe, Mwami. Ndirambitse kuri iyi alutari, ndishikanye uko nzi ko bishoboka jewe ubwanje. Kura isi muri jewe, Mwami. Nkuramwo ibintu bishobora kubora; mpa ibitabora, ni Ryo Jambo ry’Imana. Ese noshobora kuba hafi cane y’Ijambo, gushika aho Ijambo Rizoba riri muri jewe, nanje ndi mw’Ijambo. Ubikore, Mwami. Ese ntokwigera ndaRitera ibitugu.
Hariho ubuzima, kandi hariho urupfu. Hariho inzira nziza, kandi hariho inzira mbi. Hariho ukuri, kandi hariho ikinyoma. Ubu Butumwa, iri Jwi, Ni inzira itunganye Imana Yatanze y’iki gihe. Muze mwifatanye n’igice c’Umugeni w’Imana w’inkomezi mu gihe tuzokoranira hamwe kubw’Ijambo Ryiwe Ryahishuwe maze twumvirize Ubutumwa: Ikirego 63-0707M
MweneData Joseph Branham