25-0831 Kuki utaka? Vuga!

Ubutumwa: 63-0714m Kuki utaka? Vuga!

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Shengero ry’Imana,

Imana Yaravuze kandi Yavuze Iti: “Sinkorera kw’isi, kiretse biciye mu bantu. Ndi—Ndi—Ndi Umuzabibu; muri amashami. Kandi Nzokwimenyekanisha gusa igihe Nshobora kuronka umuntu UMWE. Kandi naramuhisemwo, William Marrion Branham. Namurungitse guhamagara Umugeni Wanje. Nzoshira Ijambo RyaNje mu kanwa kiwe. Ijambo Ryanje Rizoba ijambo ryiwe. Azovuga Amajambo YaNje kandi avuge ivyo Mvuga vyonyene.”

Ijwi ry’Ivyanditswe Ryavuze biciye mu Nkingi y’Umuriro maze riramubwira riti: “Naraguhisemwo, William Branham. Uri uwo muntu. Naguhagurukije kubw’iyi ntumbero. Nzobikwemeza nkoresheje ibimenyetso n’utwumiza. Uzomanuka guhishura Ijambo RyaNje no kurongora Umugeni Wanje. Ijambo RyaNje Ritegerezwa gushitswa Riciye kuri WEWE.”

Umuvugishwa wacu yari azi ko yarungitswe kubw’iyo ntumbero nyene yo guhishura amabanga yose yo muri Bibiliya no kurongorera Umugeni w’Imana mu Gihugu c’Isezerano. Yari azi ko ivyo yavuze, ko Imana Yovyubahiriza kandi Ikabishitsa. Ndashaka ko utigera wibagira iryo Jambo. Ivyo umuvugishwa wacu yavuze, Imana Izovyubahiriza, kuko Ijambo ry’Imana Ryari muri William Marrion Branham. Ni Ijwi ry’Imana kw’isi.

Yari azi ko ari intumwa mumarayika w’indwi w’Imana yasizwe. Yari azi mu mutima wiwe ibintu vyose Imana yari yamuvuzeko mw’ijambo RyaYo. Ivyariko biraturira ibwina mu mutima wiwe vyari vyacitse ukuri. Yari yasizwe kandi yamenye ko yari afise UKO NIKO UHORAHO AGIZE. Nta kintu na kimwe cari kigiye kumuhagarika kuja kuvuga Ijambo ry’Imana.

Imana Yamubwiye Iti: «Ijambo ryanje, nawe, intumwa yaNje, muri ikintu kimwe.» Yari azi ko ari we yatowe ngo avuge Ijambo ry’ukutihenda. Ivyo ni vyo vyonyene yari akeneye. YOVUGA, MAZE IMANA IKABISHITSA.

Uguhishurirwa kw’ubu Butumwa HAMWE n’intumwa y’Imana kwasize ukwizera kwacu nk’uko bitigeze bibaho mbere. Kwadusohoye mw’izinguzingu rikomeye. Kwadutandukanije n’ibintu vyose kiretse ubu Butumwa BwaYo, Ijambo RyaYo, Ijwi Ryayo, Amabande yaYo.

Naho twoba turi inkekwa gute, naho twoba dutwengwa gute, dukekezwa gute, nta tandukaniro na ritoya rihari. TURABUBONA. TURABWIZERA. Hariho ikintu kiri muri twebwe. Twari twaratoranirijwe kuBUbona kandi nta na kimwe kizoduhagarika kuBWIzera.

Twibuka ivyo iryo yerekwa ryavuze, “subirayo ubike Imfungurwa”. Ni hehe hari iyo nzu y’ububiko? Branham Tabernacle. Ni hehe hari ico ari co cose mu gihugu, canke kw’isi yose aho ari ho hose, kizogereranywa n’Ubutumwa dufise? NI Ijwi Ryonyene Ryemejwe n’Imana ubwaYo ngo Ribe Uko Niko Uhoraho Agize. IRYO JWI RYONYENE!

Ni hehe handi twoshobora, canke twoshaka kuja, igihe yavuga ati;

Aha niho Imfungurwa zabitswe…
Zabitswe ng’aha. Ni ku mabande. Zizoja kw’isi yose ku ma bande, aho abantu bari, mu mazu yabo.
Izo bande zizogwa nyene mu minwe y’abatoranijwe b’Imana. Irashobora kurongora Ijambo, Izorongora ikintu cose neza na neza mu nzira yaco. Ni co gituma yansubije gukora ibi: “Bika Imfungurwa ng’aha”.

Turi Umugeni Jambo WaYo Atunganye Yagumanye n’Imfungurwa ZaYo Zabitswe. NtiDukeneye gusubira gutaka, Tuvuga Ijambo gusa maze Tukabandanya Tuja imbere, kuko TURI Ijambo.

Nta na kimwe co kwiganyira. Nta bikorane vy’amasengesho vy’ijoro ryose dukeneye kugira ngo tumenye abo turi bo, Ijambo Ryarabiduhishuriye. Turazi abo turi bo, neza nk’umuvugishwa w’Imana, kandi yaramaze kutubwira ko yariko aragenda.

Umwe wese muri twebwe! Waba uri umugore wo mu nzu, canke waba uri umukozi wo munzu mutoya, canke waba uri umutamakazi, canke umusore, canke umutama, canke ico uri cose, turagiye, uko biri kwose. Nta n’umwe muri twebwe azosigara.” Amen! “Umwe wese muri twebwe aragiye, kandi nta kindi na kimwe kigiye kuduhagarika.”

Muravuga ivyo kuduha UKWIZERA kw’Izamurwa !!!

Ni uze wifatanye n’igice c’Umugeni w’Imana mu gihe dukoranira hamwe kw’Ijwi ry’Imana Ryemejwe, mu gihe Ivugana natwe kandi Itubwira Iti: Mukunzi wanje, Uwo Naisemwo, Umugeni Wanje, Kuki Utaka ? Vuga, maze ubandanye imbere.

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa: 63-0714M Kuki Utaka? Vuga!

Igihe: isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi)

Ikibanza: Ariko hariho Ishengero Rimwe Ryonyene Nyaryo, kandi ntiwifatanya na Ryo. Urivukiramwo. Murabona? Kandi iyo urivukiyemwo, Imana Nzima Irakora ubwaYo biciye muri wewe, kandi Ikimenyekanisha. Murabona ? Aho ni ho Imana Igerera, mw’Ishengero RyaYo. Imana Ija mw’Ishengero iminsi yose, Iba mw’Ishengero. Iba muri wewe. Uri Ishengero RyaYo. Uri Ishengero RyaYo. Uri Ihema Imana Igereramwo. Uri Ishengero ry’Imana Nzima, wewe ubwawe.