Ubutumwa: 65-1128m Ahantu Honyene Imana Yatanze Ho Gusengera
- 25-0713 Ahantu Honyene Imana Yatanze Ho Gusengera
- 21-1128m Ahantu Honyene Imana Yatanze Ho Gusengera
- 19-1229 Ahantu Honyene Imana Yatanze Ho Gusengera
- 17-1217 Ahantu Honyene Imana Yatanze Ho Gusengera
- 15-1129M Ahantu Honyene Imana Yatanze Ho Gusengera
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Muryango wa Yesu Kristo,
Ikintu kimwe kiriko kirashika nkuko bitigeze bibaho mbere ku Mugeni wa Yesu Kristo kw’isi yose. Ibintu twumvise kandi twipfuje kubona biriko birashitswa ubu imbere y’amaso yacu.
Mpwemu Yera Ariko Akoraniriza hamwe Umugeni WiWe nkuko We Yabivuze ko Yobikoze, kubw’inzira yiWe YONYENE Yateguwe kubw’uyu munsi, Ijwi ry’Imana ku ma bande.
Ariko Arahishura kandi Yongera Yemeza Ijambo RyiWe kuruta uko vyari mbere. Nk’iriba rya arutwaze, Uguhishura kuriko kuradudubiriza imbere muri twebwe.
Yooo, ubwo bumwe bwa Kristo muri Mpwemu hamwe n’Ishengero ryiWe ubu, igihe umubiri uhinduka Ijambo, kandi iryo Jambo rihinduka umubiri, ryaragaragaye, riremezwa. Ivyo gusa Bibiliya Yavuze ko bishobora kuba muri iki gihe, biriko biraba, umunsi k’uwundi. Yemwe, birarundanye ningoga hariya muri buriya bugaragwa, n’ibintu biriko birashika kuburyo binandengera.
Buri munsi, Uguhishura kurushirije kubandanya guhishurwa kandi kugaragazwa muri twebwe. Nk’umuvugishwa, ibintu biriko biraba kandi bishika vyihuta cane, biranaturengera…IMANA ISHIMWE !!!
Igihe cacu cashitse. Icanditswe kirashitse. Umubiri uriko uhinduka Ijambo, kandi Ijambo Ririko Rihinduka umubiri. Ivyo umuvugishwa gusa yavuze vyoshitse biriko birashika ubu.
Kuki twebwe ?
Nta mwambiro, nta jwi ritamenyekana, nta gusobanura kw’umuntu gukenewe hagati muri twebwe. Turiko turumviriza gusa Ijambo ata Gatotsi Ritunganye Rivuye mu kanwa k’Imana nk’uko Ivugana natwe umunwa ku gutwi.
Rero turabona ko rya Jambo nyene Ryasezeranywe, rya Luka, rya Malaki, ayo yandi masezerano yose y’uno munsi, yagizwe umubiri, abana na twebwe, yuko twumvise n’amatwi yacu ; rero turaMubona ubu ( n’amaso yacu) Asobanura Ijambo RyiWe, ntidushaka insobanuro iyo ari yo yose y’umuntu.
Mugeni, gusa ntibikeneye gusobanurwa gusumba aho. Ni Imana, Ihagaze imbere y’Umugeni WaYo mu mubiri w’umuntu, dushobora kubona n’amaso yacu bwite, Ivuga kandi Isobanura Ijambo RyaYo Bwite, kandi Irishira kuri bande. Ijambo Ritunganye kandi Rifatwa amajwi n’Imana ubwaYo, kubw’ivyo ntiRikeneye insobanuro iyo ari yo yose y’umuntu.
• Imana Ivugana n’Umugeni WaYo idaciye ku ruhande, ku ma bande.
• Imana Isobanura Ijambo RyaYo Bwite, ku ma bande.
• Imana Yihishura ubwaYo, ku ma bande.
• Imana Ibwira Umugeni WaYo Iti, ntukeneye insobanuro iyo ari yo yose y’umuntu, Ijambo RyaNje ku ma bande niRyo UKENEYE RYONYENE MUGENI WANJE.
Mwibuke, nimwava ng’aha, mutangure mugendagendere inyuma y’igishishwa ubu; muraja mu rutete, ariko mwibere mu Kubaho kw’Umwana. Ntimwongereko, kuvyo navuze; ntimukureko, ivyo navuze. Kuko, Jewe mvuga Ukuri uko ndaKuzi, nkuko Data YaKumpaye. Murabona?
Imana Yateguye INZIRA YONYENE ITUNGANYE kubw’Umugeni mu gukora ivyo Yadutegetse gukora. Ibi ntivyigeze bishoboka kugeza uyu munsi. Nta kwibaza, kwiyumvira, nta kibazo, nta kibazo namba ikintu kinaka cokwongerwako, cokurwako, canke cosobanurwa. Umugeni Yarahawe Uguhishura kw’ukuri : KUVUZA AMA BANDE NI INZIRA Y’IMANA ITUNGANYE.
Kandi yamara, reka nsubire kubivuga. Uguhishura kwaNje ni ukw’Umugeni wa Yesu Kristo, si abandi, UMUGENI, NTAKINDI KINTU Akeneye kiretse Ijwi ry’Imana ku ma bande.
Ariko igihe kimwe uwo Mpwemu Yera vy’ukuri…Ijambo ry’inkomoko Rije muri wewe (Ijambo, Yesu), rero, mweneData, Ubutumwa si ikinyegezwa kuri wewe maze ; uraBuzi, mweneData, Bwose bwagaragariye imbere yawe.
Ubutumwa si ibanga kuri jewe. Yesu Kristo uko Yari ejo ni ko Ari n’ubu kandi niko Azokwama ibihe bidashira. Ijuru n’isi vyitwa Yesu. Yesu Ni Ijambo.
Kandi Izina Riri mw’Ijambo kuko We Ni Ijambo. Amen! None rero We Ni igiki? Ijambo Risobanuye nikwo kugaragazwa kw’Izina Ry’Imana.
Imana Iriko Ikoraniriza hamwe Umugeni WaYo hamwe n’Ijwi RyaYo, Iryo Yafashe amajwi maze Aribikira uno munsi, kugira Ashobore gushira hamwe Umugeni WaYo nk’ikintu Kimwe. Umugeni Azobibona hanyuma ABitahure NK’INZIRA YONYENE Ishobora gukoraniriza hamwe Umugeni WaYo.
Yarabikoze imyaka 60 iheze kugira Itwereke ukuntu Yari Igiye kubikora uyu munsi. Turi « rimwe mu mashengero yiwe dufatanije ku muhora umwe wa terefone »
Namba ntizeye kuja ku rusengero, ni kuki mfise urusengero ? Turayafise mu gihugu cose, dufatanije ku muhora w’itelefone rya joro, kuri buri birometero kwadarato amajana atatu, hariho rumwe mu masengero yanje.
Abakozi b’Imana benshi babwira amashengero yabo ko gukoranira ku « muhora umwe wa terefone » canke « gukurikira ikibiriraho », « kwumviriza Ubutumwa bumwe mu mwanya umwe », atari ukugenda ku rusengero. WE YARABIVUZE KO VYARI IVYO ! Ntibazi gusa Ijambo canke ntibashobora gusoma ikete ry’urukundo nk’uko Umugeni Abishobora.
Ishengero n’iki ? Reka gusa turabe ukwo MweneData Branham yavuze uko ishengero ryari.
Amashengero menshi, menshi yararonse ibikoresho nk’ivyo mufise hano muri Tabernacle. Turafatanije ku muhora umwe wa telefone kandi n’ab’i Phoenix, ahantu hose igikorane kiri, bararonka neza mu… Kandi bakoranira mu mashengero, no muhira, n’ibintu nk’ivyo, biciye mu mirongo myiza.
MweneData Branham abwira abantu vy’umwihariko mu « miryango yabo » hamwe « n’ibintu nk’ivyo » bari rimwe mu mashengero yiwe dufatanije ku murongo umwe wa terefone. Imihana, ibituro vy’ibitoro, inyubako, imiryango ikoraniye hamwe ku murongo umwe wa terefone yaca iba ishengero.
Reka dusome ubugira kandi IKETE RY’URUKUNDO.
Turasengera amashengero yose n’amakoraniro akoraniye hirya no hino y’i—y’i—y’izi mikoro ntoya ahantu hose, mu gihugu cose, mu nzira yose gushika mu Gice c’Uburengero, gushika mu misozi ya Arizona, no hepfo mu biyaya vya Texas, ukereza no mu Gice c’Ubuseruko, mu gihugu cose, Mwami, aho bakoraniye. Amasaha menshi atandukanye, turi hamwe, ariko, Mwami, dukoraniye hamwe iri joro, nk’ikintu kimwe, abizera, turindiriye Ukuza kwa Mesiya.
Rero gukoranira hamwe ku murongo umwe wa terefone, twumviriza MweneData Branham TWESE MU MWANYA UMWE ; dukoraniye hamwe nk’ikintu kimwe, abizera, barindiriye Ukuza kwa Mesiya.
Ariko uvuga uti asangwa ukora ivyo uyu munsi, ukwo si ukuja ku rusengero, sivyo, si ugukoranira hamwe birushirije kugira tubone umunsi wegereje, mbega si ukuja kw’ishengero ?
Reka ndababaze ikibazo kimwe kandi mwishure ikoraniro ryanyu. Hamwe MweneData Branham yoba ari hano uno munsi, mu mubiri, kandi mugashobora kumwumviriza ikibiriraho canke ku murongo umwe wa terefone buri w’iyinga mu gatondo, mwese mu mwanya umwe hamwe n’Umugeni wo kw’isi yose, abungere, mwokwifatanya KU MUHORA UMWE WA TEREFONE hanyuma mukwumviriza MweneData Branham canke mwokwigisha ?
MweneData Branham aravuga vy’ukuri ko inshingano yanyu ni ishengero ryanyu. Asangwa mwoba mwari hano imyaka mirongo itandatu iheze maze MweneData Branham akaba yariko agirisha igikorane, ariko ishengero ryanyu ntiryocitabiriye yamara bogira ibikorane vyabo (ivyo abakozi b’Imana bakoze ico gihe), mwogenda kw’ « ishengero ryanyu », canke mwogenda kw’ishengero « Branham Tabernacle » kumviriza MweneData Branham ?
Ndabaha inyishu yanje. Nohagarara ku gishimaryango mu mvura, urubura canke umuyaga mwinshi kugira ninjire mu Rushengero kwumviriza umuvugishwa w’Imana. Namba NARI ngiye kuri rurya rundi rushengero, nohindura amashengero iryo joro.
Ariko urya mugore, yari azi yuko ubushobozi bwari muri ico kintu canke butari muri co, ariko yari azi ko Imana Yari muri Eliya. Aho ni ho Imana Yari : mu Muvugishwa waYo. Yavuze ati, « Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, sintandukana nawe. »
Ndabatumiye kwifatanya natwe hamwe no kuba rimwe mu mashengero ya MweneData Branham dufatanije ku muhora umwe wa terefone uyu w’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo kw’isaha ya Jeffersonville (isaha cumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza Ijwi ry’Imana Rizotuzanira Ubutumwa : Ahantu Honyene Imana Yatanze Ho Gusengera 65-1128M.
MweneData Joseph Branham