25-0608 Umurongozi

Ubutumwa: 62-1014e Umurongozi

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Wishira Hamwe,

Ubu Imana Yamye Irungika abarongozi baYo. Ntiyigeze Ibura umurongozi, mu bihe vyose. Imana Yamye Ifise umuntu munaka aYiserukira kuri iyi si, mu bihe vyose.

Imana Ntishaka ko twishimikiza ugutahura kwacu canke ivyiyumviro vyose vyakozwe n’abantu. Ni co gituma Irungikira Umugeni waYo Umurongozi; kuko Afise ugutahura, ingene Agenda n’ico Akora. Imana NTIYIGEZE NA RIMWE IHINDURA gahunda yaYo. NtiYigeze na rimwe Inanirwa kurungika Umurongozi Kw’ihanga ryaYo, ariko wewe utegerezwa kwemera uwo Murongozi.

Utegerezwa kwizera Ijambo Ryose Ivuga biciye ku Murongozi WaYo. Utegerezwa kugenda mu buryo Umurongozi WaYo Avuga ko ugenda. Niwashika ku kwumviriza no kwizera ayandi majwi nk’umurongozi wawe, uzoba uriko urazimira.

Uwera Yohana 16 havuga ko Yari afise vyinshi vyo kutubwira no kuduhishurira, niyo mpamvu Yorungika Mpwemu Yera WiWe ngo Atuyobore kandi Abitubwire. Yavuze ko Mpwemu Yera ari umurongozi muvugishwa umurongozi w’ibihe vyose. Gutyo, abavugishwa biWe barungitswe guserukira Mpwemu Yera kugira ngo barongore Umugeni WaYo.

Mpwemu Yera Yarungitswe kurongora ishengero, si umugwi w’abantu. Mpwemu Yera ni ubwenge bwose. Abagabo baba ab’imigenzo, ntibagire ico bitaho.

Si uwo muntu, ahubwo ni Mpwemu Yera MURI uwo muntu. Umuntu yatoye ngo aMuserukire ubwiWe kandi abe umurongozi wacu wo kw’isi ni uwurongowe n’Umurongozi wacu wo mw’Ijuru. Ijambo Ritubwira ko dutegerezwa gukurikira uwo Murongozi. Ivyo twiyumvira vyose, ivyumvikana ko bibereye, canke ivyo uwundi muntu avuga, ntituri abo kugira ico tubizeko, ni igikorwa c’umurongozi kandi we wenyene.

Imana Irungika Umurongozi, kandi Imana ishaka ko wibuka ko uwo ari we Murongozi yashinzwe.

Umurongozi muvugishwa wacu yashinzwe n’Imana kugira ngo avuge Ijambo RyaYo. Ijambo RyaYo NI IJAMBO RY’IMANA. Umurongozi muvugishwa, kandi we wenyene, afise insobanuro y’Imana y’Ijambo. Imana Yamubwiye Ijambo RyaYo umunwa ku gutwi. Gutyo, ntushobora kwigera uhakana, ngo uhindure canke ngo uharire Ijambo ry’Umurongozi wawe.

Utegerezwa kumukurikira, kandi ni we wenyene. Niwaba utabikora, uzosanga wazimiye. Ibuka, iyo umuhevye, Umurongozi Imana Yashinze, uba uri ku ruhande rwawe, rero dushaka kuguma twegereye umurongozi Yatoye, kandi tukwumva no kwumvira Ijambo Ryose Ivuga biciye kuri we.

Umurongozi wacu yatwigishije ko isezerano rya kera ryari igitutu c’isezerano rishasha.

Igihe Isirayeli yava muri Egiputa ija mu gihugu c’isezerano, mu Kuvayo 13:21, Imana Yari Izi ko batigeze bagenda muri iyo nzira mbere. Hari ibirometero mirongo itandatu na bitanu gusa, ariko naho vyari ukwo bari bakeneye ikintu co kujana na bo. Botaye inzira yabo. Ni co gituma Yo Imana Yabarungikiye Umurongozi. Kuvayo 13:21, ikintu nk’iki, “Ndarungitse Umumarayika Wanje imbere yanyu, Inkingi y’Umuriro, kugira ngo Ibazigame mu nzira,” kugira ngo Abayobore muri iki gihugu c’isezerano. Kandi abana b’Isirayeli bakurikiye uwo Murongozi, Inkingi y’Umuriro (ijoro), Igicu ku murango. Igihe Yahagarara, na bo barahagarara. Igihe Yagenda, na bo baragenda. Kandi amaze kubashikana hafi y’igihugu, kandi batari babereye kujabuka, Yongeye kubasubiza mu bugaragwa.

Yavuze ko ari ryo shengero ry’uyu musi. Twari kuba twamaze kugenda iyo twikosora gusa tukaja mu rutonde, ariko Yategerejwe kutuyobora hirya no hino no hirya no hino.

Bategerezwa gusa gukurikira umurongozi wabo nk’uko YAKURIKIYE INkingi y’Umuriro kandi akaYumviriza Ivuga. Yababwira ivyo Imana Yavuze kandi bategerezwa kwumvira Ijambo Ryose Yavuze. Yari Ijwi ry’Umurongozi. Ariko barabajije bongera baraharira n’umurongozi Imana Yashinze, gutyo bayerera mu bugaragwa imyaka 40.

Hariho abakozi b’Imana benshi mu minsi ya Mose. Imana yari Yabashinze gufasha abantu, mu gihe Mose atashobora kubikora vyose. Ariko igikorwa cabo cari co kwerekeza abantu ku vyo Mose yavuze. Bibiliya ntaco Ivuga kuvyo abo bagabo bavuze, Ivuga gusa ivyo Mose yavuze ko ari Ijambo ryo kuyobora iryo hanga.

Igihe Imana Yakura Mose ku rubuga, Yosuwa yashinzwe kurongora abantu, ivyo bikaba bigereranya Mpwemu Yera muri iki gihe. Yosuwa nta kintu gishasha yigishije, canke ngo agerageze gufata ikibanza ca Mose, canke ngo agerageze gusobanura ivyo uwo murongozi yavuze; yasomye gusa ivyo Mose yavuze maze abwira abantu ati: «Nimugume kw’Ijambo. Nimugume kuvyo Mose yavuze». Yasoma gusa ivyo Mose yavuze.

Mbega ikigereranyo c’uyu munsi. Imana Yaragaragaje Mose Ikoresheje Inkingi y’Umuriro. Umuvugishwa wacu yagaragajwe n’iyo Nkingi y’Umuriro nyene. Amajambo Mose yavuze yari Ijambo ry’Imana kandi Ryashizwe mw’Isandugu. Umuvugishwa w’Imana yaravuze mu gihe cacu kandi vyashizwe ku mabande.

Igihe Mose yakurwa ku rubuga, Yosuwa yashinzwe kurongora abantu mu kuzigama Amajambo Mose yavuze imbere yabo. Yababwiye kwizera no kugumana n’Ijambo Ryose umurongozi w’Imana avuga.

Yosuwa yama asoma ivyo Mose yanditse Ijambo ku Rindi mu mizingo. Yashize Ijambo imbere yabo iminsi yose. Ijambo ry’iki gihe cacu Ntiryanditswe, ariko Ryafashwe mw’ijwi kugira Mpwemu Yera Ashobore gutuma Umugeni WiWe Yumva Ijambo kw’Ijambo ivyo Yavuze, mu Guyonda Akavuza.

Imana Ntiyigera Ihindura gahunda yaYo. Ni Yo Murongozi wacu. Ijwi RyaYo ni Ryo Ririko Rirarongora kandi Rihuza Umugeni WiWe uno munsi. Turashaka gusa kwumviriza Ijwi ry’Umurongozi wacu mu gihe Riturongora n’Inkingi y’Umuriro. Ni ubumwe butaboneka bw’Umugeni wa Kristo. Turazi Ijwi RyiWe.

Iyo umurongozi wacu ashitse kuri alutari, afatwa na Mpwemu Yera kandi ntaba akiri we, ahubwo ni Umurongozi wacu. Arangamiza umutwe hejuru mu kirere, asemerera ati: «Uko ni ko Uhoraho Agize, Uko ni ko Uhoraho Agize, Uko ni ko Uhoraho Agize !» Kandi uwugize Umugeni wa Kristo wese kw’isi yose aza kuri we nyene. Kubera iki? TURAZI UMURONGOZI WACU NEZA UKO AVUGA.

Umurongozi wacu = Ijambo
Ijambo = Riza ku muvugishwa.
Umuvugishwa = Umusobanuzi w’Imana wenyene; Umurongozi waYo wo kw’isi.

Guma inyuma y’Ijambo! Ego cane, mugenzi! Gumana n’uwo Murongozi. Guma inyuma yaRyo nyene. Ntuje imbere yaRyo, uguma inyuma yaRyo. Reka Rikurongore, NtuRirongore. Urireke Rigende.

Namba udashaka kuzimira, n’uze wumvirize Umurongozi wacu mugihe Avuga biciye ku murongozi wiwe yashinzwe wo kw’isi kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi).

MweneData Joseph Branham.

Ubutumwa : 62-1014E Umurongozi.
Ivyanditswe :
Uwera Mariko 16:15-18
Uwera Yohana 1:1/16:7-15
Ivyakozwe n’Intumwa 2:38
Abanyefeso 4:11-13/4:30
Abaheburayo 4:12
2 Petero 1:21
Kuvayo 13:21