25-0511 Kugirwa Abana bImana 2

Ubutumwa: 60-0518 Kugirwa Abana bImana 2

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Buherezi bw’Ubwami,

Reka abantu bose bihekenye, bakomantaze ubugingo bwabo, bagumye umutima. Uyu munsi, Umugeni wa Yesu Kristo Ariko Arasemerera Ati :

Uyu Munsi, ubu buvugishwa burashitse imbere y’amaso yacu.

Nizera ko, umwe muri iyi minsi y’ubwiza, igihe iri shirahamwe mpuzamashengero rizoja hamwe, maze papa mushasha agakurwa muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kandi agashirwa ngaho bijanye n’ubuvugishwa, ico gihe bazogira igishushanyo ca ca gikoko.

Ijwi ry’umugishwa w’Imana ryarabivuze kw’igenekerezo rya 19 ukwezi kwa cumi na kabiri 1954, maze haciye amezi 9, Robert Prevost, ubu azwi nka Papa Léon XIV, yaravutse. Ubu ni we papa mushasha w’i Roma. « Uko ni ko Uhoraho Agize » Yarashitse.

Igenekerezo rya 7 ukwezi kwa gatanu, 1946, IMANA Yashize umuvugishwa waYo muri Green’s Mill, Indiana, kugira ngo Imuhe igikorwa caYo no gutangariza isi Iti : iyi ni intumwa mumarayika waNje w’indwi ikomeye, Ijwi RyaNje kw’isi. Ni mumwumvirize.

Igihe Umumarayika w’Uhoraho Yahura nanje hanze ng’aho i Green’s Mill, Indiana, haraheze imyaka umunani, amaze kuba ankurikira kuva nkiri umwana, nkanerekwa, igihe nagenda kuri We, Yavuze Ati: “Ni waba imvugakuri, ugatuma abantu bakwizera, nta kintu na kimwe kizohagarara imbere y’isengesho.”

William Marrion Branham ni Ijwi ry’Imana Ryatowe kw’isi. Umuvugishwa w’inkomezi uwo Ijambo ry’Imana Rizako. Bijanye n’Ijambo, ni we WENYENE musobanuzi w’Ijambo ry’Imana ava ku Mana.

Yaragaragajwe n’Imana ubwaYo, n’Inkingi y’Umuriro.
Igenekerezo rya 7 ukwezi kwa gatanu 2025, SATANI yashize Inama yiwe y’abakaridinali mu rusengero rwitwa Sixtine i Roma kugira ngo batore Icariho ca Kristo, kugira ngo bashitse Uko Niko Uhoraho Agize.

Yaremejwe n’umuntu hakoreshejwe UMWOTSI WERA.

Umugeni Wa Kristo kw’isi yose Ariko Aranezerwa, Avuza induru, Asemerera kandi Ashima Umwami nk’uko twumva, kandi tukabona n’amaso yacu, ubuvugishwa bw’umuvugishwa buriko burashika.

Ni nk’aho twoba turiko turabona Ikiyaga Gitukura cugurutse imbere y’amaso yacu. Manu nshasha igwa ivuye mw’ijuru. Amamiliyoni y’inkware zigaburira Umugeni. Amazi ava mu Rutare. Umuriro umanuka utongora ikimazi hamwe na Eliya.

Ubugishwa buriko burashika ku munsi ku munsi. Ijambo Ry’Imana Ry’isezerano Ririko Riragaragara mu buzima bwacu. Ibintu biriko biraba hirya no hino yacu. Umugeni Yariteguye mu kwumviriza no kwizera Ijambo. Turi Ijambo Ryihaye umubiri.

Vy’ukuri, twashitse. Igihe kiri hafi. Umugeni Ariko Aranezerwa kandi Ariko Afataniriza hamwe kw’isi yose nk’uko bitigeze biba mbere. Umuvugishwa ariko arahumuriza Umugeni mu kutubwira ko turi ubuherezi bw’ubwami bw’Imana, ihanga ryera, abantu badasanzwe bahamagawe, batoranijwe, batowe, bashizwe ku ruhande.

UBU TURI Abahungu n’Abakobwa b’Imana, barongowe na Mpwemu w’Imana; atari umuntu, ariko na Mpwemu. Turazi, ata gukekeranya na kumwe, ko TURI UMUGENI WAYO. UKWIZERA kwacu kuriko kurashika ku rundi rwego rushasha ku munsi ku munsi. Nta kiduhagarika canke kidutevya, Imana Yarabihishuye kandi Yarabiteye mu mutima wacu no mu bugingo bwacu.

Umugeni Yaramenye neza abo turi bo. Turi mu Gihugu cacu c’isezerano ca mpwemu, dufise vyose. Turafise amahoro yo mw’Ijuru, imihezagiro yo mw’Ijuru, Mpwemu wo mw’Ijuru. VYOSE NI IVYACU. Turiko turitegurira gusa ivyo Itubikiye.

Inzamba y’Umwami izovuga, abapfiriye muri Kristo bazobanza kuzuka. Iyi mibiri yo mw’Ijuru izomanuka maze yambare imibiri yo kw’isi, y’ubwiza kandi izohindurwa mu kanya nk’ako gukubita urugohe. Tuzozamurirwa hamwe na bo, gusanganira Umwami mu kirere.

Mbega umunsi. Mbega igihe. Nta buryo nshobora kuvuga mu majambo y’abantu ivyo twese turiko turumva mu bugingo bwacu. Imitima yacu iriko iratera. Ntituriko turatuma biba, Mpwemu Yera Ameze nk’iriba rya arutwaze Ribiragira imbere muri twebwe. Umugeni Yararindiriye uyu mwanya kuva mu minsi ya Adamu…KANDI UBU TURI NG’AHO.

Turabahaye ikaze. Turabatumiye. Turabinginze. Ngw’ino mwifatanye natwe mu gihe c’igitangaza isi yigeze kumenya, mu gihe twumviriza Ijwi ry’Imana Riduhishurira Ijambo RyaYo kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) mu gihe twumviriza: 60-0518 Ukugirwa Abana b’Imana 2,

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’Ubutumwa :
Itanguriro 1:26
Abanyefeso Igice ca Mbere
Abaroma 8:19
Ab’ Galatiya 1:6-9
Abaheburayo Igice ca Gatandatu
Yohana 1:17