Ubutumwa: 63-0322 Agashashara ka Gatanu
- 25-0413 Agashashara ka Gatanu
- 23-0820 Agashashara ka Gatanu
- 22-0227 Agashashara ka Gatanu
- 21-0221 Agashashara ka Gatanu
- Inkona Zirakoranira Hamwe
- 19-0504 Agashashara ka Gatanu
- 17-0408 Agashashara ka Gatanu
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakunzi Baruhutse,
Turi ng’aha. Twarashitse. Ukugaragara kw’Ijambo kwaremeje ko Uguhishurirwa kwacu kw’Ubu Butumwa kuva ku Mana. Turi mu BUGOMBE BWAYO BUTUNGANYE mu kugumana n’Ijwi ry’Imana ku mabande.
Ni gute ari ngira kamaro Gufyonda Tukavuza? Amajambo twumva ku mabande arahambaye cane, ni ayera cane, ku buryo Imana ubwaYo Itashobora kuyazeza n’Umumarayika…mbere n’umwe mu Bamarayika baYo bo mw’Ijuru. Vyategerezwa guhishurirwa no kuzanirwa Umugeni WaYo n’umuvugishwa waYo, kuko uwo ni we Ijambo ry’Imana Rizako, umuvugishwa waYo, WENYENE.
Imana Yamenaguye Udushashara, Iduhereza intumwa mumarayika w’indwi waYo wo kw’isi, kandi Imuhishurira Igitabu cose c’Ivyahishuriwe Yohana. Hanyuma, Imana Iravuga biciye ku mumarayika waYo wo kw’isi kandi Ihishurira VYOSE Umugeni WaYo.
Utuntu dutoduto twose twaravuzwe kandi turaduhishurirwa. Imana Yaratwitaho cane ku buryo Itatubwiye gusa ivyabaye ng’aha kw’isi kuva mu ntango z’ibihe, ariko Yaravuze biciye ku mumarayika waYo, maze Itubwira ibiriko biraba ubu nyene ahantu hameze nka paradizo.
Ntiyashaka ko twiganyira, canke ngo ntitumenye neza ico kazoza kadufitiye nitwava muri rino hema ryo kw’isi. Rero, Imana ubwaYo Yatwaye umumarayika waYo w’indwi w’inkomezi hirya y’igihuzu c’igihe, kugira ngo ashobore kuBibona, kuVyumva, mbere no kuvugana n’abari Hariya. Ntiryari iyerekwa, yari HARIYA.
Imana Yamujanye hariya kugira ngo agaruke atubwire ati: “Nari hariya, naraBibonye. Biriko biraba UBU NYENE.. Ba mama, ba data, benewacu, bashiki bacu, abahungu bacu, abakobwa bacu, abagore bacu, abagabo bacu, ba sogokuru na ba nyogokuru, Mose, Eliya, ABERA BOSE bagiye bari hariya mu Myambaro Yera, bariko bararuhuka kandi barindiriye TWEBWE”.
Ntituzosubira kurira, kuko Hazoba umunezero gusa. Ntituzosubira kubabara, kuko Hazoba uguhimbarwa gusa. Ntituzokwigera dupfa, kuko Hazoba hari ubuzima gusa. Ntidushobora gusaza, kuko twese tuzoba imiyabaga ibihe bidashira.
Ni ugutungana…ku gutungana…no kugutungana, kandi turiko turaja hariya!! Kandi nka Mose, nta n’ikinono tuzosiga, TWESE TURAGIYE…UMURYANGO WACU WOSE.
None GUKUNDA uwo mumarayika w’indwi w’inkomezi ni ngirakamaro gute?
Kandi Rirasemerera, riti: «Abo wakunze bose…» impera y’igikorwa canje. Nta mpera nkeneye. Yavuze ati: «Abo wakunze bose, n’abagukunze bose, Imana Yarabaguhaye.»
Ndabasavye dusubire tubisome : Yavuze iki?….Imana Yara*Ba*guhaye!!
Kandi tuzokwifatanya na bo maze dusemerere tuti, “Turiko tuBiruhukirako”.
None aho tuzoja h’ibihe bidashira haruhukiye ku ki? IJAMBO RYOSE RYAVUZWE KU MABANDE. Ndakengurukira cane Umwami ko Yaduhaye Uguhishurirwa kw’Ukuri ko Gufyonda Tukavuza ari co kintu GIHAMBAYE CANE KURUTA IBINDI Umugeni Ategerezwa gukora.
Woba wipfuza kuruhukana natwe? Ngwino wifatanye natwe kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe tuzokwumva vyose ku bijanye n’ico kazoza kadufitiye, aho turiko turaja, n’ingene twoshikayo, mu gihe tuzokwumviriza Ijwi Ry’Imana Rivuga kandi Ryugurura: 63-0322 Agashashara ka Gatanu.
MweneData Joseph Branham
Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:
Daniyeli 9:20-27.
Ivyakozwe n’Intumwa 15:13-14.
Abaroma 11:25-26
Ivyahishuriwe Yohana 6:9-11/11:7-8/22:8-9.